Tumenye Yesu Christo

Tumenye Yesu Christo Ni co gituma na ntaryo nkobereza kugira umutima utanyagiriza ikibi ku Mana canke ku bantu.Ivyakozwe

Kristo yatugobotoye ngo tube mu mwidegemvyo: nuko muhagarare mushikamye, ntimukongere kuzingirwa n'ugutwazwa ituntu n'ub...
11/01/2021

Kristo yatugobotoye ngo tube mu mwidegemvyo: nuko muhagarare mushikamye, ntimukongere kuzingirwa n'ugutwazwa ituntu n'ubuja.
Ab'i Galatiya 5:1

inyenyeri zo kw ijuru zikorokera hasi, nk'uk' umusukoni uzungagizwa n'igihuhuta ugahungurura insukoni zawo zitararunguri...
11/01/2021

inyenyeri zo kw ijuru zikorokera hasi, nk'uk' umusukoni uzungagizwa n'igihuhuta ugahungurura insukoni zawo zitararunguriza: ijuru ririzinga, nk'umuzingo w'igitabo kizinzwe: imisozi yose n'ibizinga vyo mu kiyaga vyose bikurwa ahantu havyo. Abami bo mw isi n'abaganwa n'abakuru b'abagabisha b'abasoda n'abatunzi n'abanyenkomezi n'abagurano bose n'abidegemvya bose binyegeza mu masenga no mu bitandara vyo ku misozi; babarira imisozi n'ibitandara, bati Ni mutugweko, muduhishe inyonga z'Ivyagiye kur' irya ntebe n'uburake bg'Umwagazi w'Intama; k*k' umusi uhambaye w'uburake bgabo ush*tse, kandi ni nde ashobora guhagarara?
Ivyahishuriwe Yohana 6:13-17

Hanyuma y'ayo marushwa y'ico gihe, uwo mwanya izuba rizocura umwiza, n'ukwezi ntikuzoba kucaka umuco wakwo, n'inyenyeri ...
11/01/2021

Hanyuma y'ayo marushwa y'ico gihe, uwo mwanya izuba rizocura umwiza, n'ukwezi ntikuzoba kucaka umuco wakwo, n'inyenyeri zizokoragurika zive kw ijuru, n'ivy' inkomezi vyo mu majuru bizonyiganyizwa. Bun' ikimenyetso c'Umwana w'umuntu kizobonekera kw ijuru, ni ho amoko yose yo mw isi azoboroga, bazobona Umwana w'umuntu aje mu bicu vyo kw ijuru ari n'ububasha n'ubgiza bginshi. Azotuma abamarayika biwe n'ijwi rirenga ry'inzamba, bakoranye abatoranijwe biwe, bave mu birere bine, guhera iy' ijuru ritangurira kugeza iyo riherera.
Matayo 24:29-31

Kand' amennye ica gatanu kimatanije ico gitabo, mbona musi y'igicaniro impwemu z'abishwe babahora ijambo ry'Imana no gus...
11/01/2021

Kand' amennye ica gatanu kimatanije ico gitabo, mbona musi y'igicaniro impwemu z'abishwe babahora ijambo ry'Imana no gushinga intahe bari bafise. Batakambisha ijwi rirenga, bati Databuja wera w'ukuri, uzogeza ryari kudaca amateka no kudahora abari mw isi amaraso yacu? Umuntu wese muri bo ahabga imvune yera, babarirwa kumara iyindi misi baruhuka, gush*tsa ah'igitigiri c'abagurano bagenzi babo na bene Se, bagira bicwe nka bo kizoshikira.
Ivyahishuriwe Yohana 6:9-11

mwegereye na Yesu, umuhuza ahesha isezerano risha, mwegereye n'amaraso acucagirwa, avuga ivyiza kurusha aya Abeli.Abaheb...
11/01/2021

mwegereye na Yesu, umuhuza ahesha isezerano risha, mwegereye n'amaraso acucagirwa, avuga ivyiza kurusha aya Abeli.
Abaheburayo 12:24

Yemwe abari mw isi yose, muvugirize Uhoraho impundu.Zaburi 100:1
11/01/2021

Yemwe abari mw isi yose, muvugirize Uhoraho impundu.
Zaburi 100:1

Kukw abo tunigana atar' ab' inyama n'amaraso, ariko tunigana n'abakuru n'abafise ububasha n'abaganza iyi si y'umwiza, n'...
10/01/2021

Kukw abo tunigana atar' ab' inyama n'amaraso, ariko tunigana n'abakuru n'abafise ububasha n'abaganza iyi si y'umwiza, n'impwemu mbi z'ahantu ho mw ijuru. Kubg' ivyo mwabire ibirwanishwa vyose vy'Imana, kugira ngo mushobore kudatsindwa ku musi mubi, kandi ni mwaheza vyose mugahagarara mushikamye. Nuko rero mushikame, mukenyeje ukuri, mwambaye ukugororoka nk'icuma gikingira igikiriza, mwambaye inkweto z'ivyo ubutumwa bgiza bg'amahoro bibiteguza; kandi hamwe n'ivyo vyose mwabire inkinzo y'ukwizera, ni yo muzoshoboza kuzimisha imyampi ya wa Mubi yose yaka umuriro.
Abanyefeso 6:12-16

Ico gikoko kifatwa mpiri, bo na wa muvugishwa w'ibinyoma, yakorera vya bimenyetso mu maso yaco, akabizimirisha abemeye g...
09/01/2021

Ico gikoko kifatwa mpiri, bo na wa muvugishwa w'ibinyoma, yakorera vya bimenyetso mu maso yaco, akabizimirisha abemeye gushirwakw ikimenyetso ca ca gikoko n'abasenga igishushanyo caco. Vyompi bitererwa bibona mu kiyaga caka umuriro n'amazuku.
Ivyahishuriwe Yohana 19:20

Ar'i kuzimu, ararangamiza, ababazwa cane, abona Aburahamu ari kure, na Lazaro ari mu gikiriza ciwe.Luka 16:23
09/01/2021

Ar'i kuzimu, ararangamiza, ababazwa cane, abona Aburahamu ari kure, na Lazaro ari mu gikiriza ciwe.
Luka 16:23

Bazohanwa, ni kwo guhona kw'ibihe bidashira, kuva mu nyonga h'Umwami no mu bgiza bg'ubushobozi bgiwe, 2 Ab'i Tesalonike ...
09/01/2021

Bazohanwa, ni kwo guhona kw'ibihe bidashira, kuva mu nyonga h'Umwami no mu bgiza bg'ubushobozi bgiwe,
2 Ab'i Tesalonike 1:9

Abo bazoja mu gihano kidashira, arikw abagororotsi bazoja mu bugingo budashira.Matayo 25:46
09/01/2021

Abo bazoja mu gihano kidashira, arikw abagororotsi bazoja mu bugingo budashira.
Matayo 25:46

Maz' azobgira n'abar' i bumoso, ati Mva i ruhande, mwa bivume mwe, muje mu muriro utazima wateguriwe wa Murwanizi n'abam...
09/01/2021

Maz' azobgira n'abar' i bumoso, ati Mva i ruhande, mwa bivume mwe, muje mu muriro utazima wateguriwe wa Murwanizi n'abamarayika biwe.
Matayo 25:41

Address

Lilayi

Telephone

0973994991

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Tumenye Yesu Christo posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Place Of Worship

Send a message to Tumenye Yesu Christo:

Share