14/06/2026
NIMURODI ni Umuntu ki ?
π "Kushi yavyaye Nimurodi; ni we yatanguye kuba umunyenkomezi mw'isi." (Itanguriro 10:8)
Inyuma y'umwuzure wa Nowa, isi yari igifise ururimi rumwe n'ivyiyumviro bimwe. Muri ico gihe havutse umugabo yitwa Nimurodi. Bibiliya imwita "umunyenkomezi mw'isi" kandi "umuhigi w'umuhinga imbere y'Uhoraho". Yari umuntu afise ubwenge, ububasha n'ubuyobozi bukomeye. Yashinze ubwami bwiwe mu gihugu c'i Shinari, aho havuye igisagara ca Babeli, canke Baburoni.
Abahinga b'amateka bavuga ko Baburoni yabaye kimwe mu bisagara bikomeye vya kera. Ariko Bibiliya yerekana ko ico gisagara cari n'ikimenyetso c'ukwanka kugamburukira Imana.
Abantu bavuga bati:
π "Nimwiyizire twiyubakire igisagara n'umunara ushike mw'ijuru, twiheshe izina rya rurangiranywa." (Itanguriro 11:4)
Aho gushira ukwizera kwabo ku Mana, bariyizeye ubwabo. Aho gukurikira ivyo Imana yavuze, bakurikira ivyiyumviro vyabo. Uwo ni wo mutima wa Baburoni.
Mu mateka ya Bibiliya yose, Baburoni ntiyabaye gusa igihugu, yabaye ikimenyetso c'idini rivanga ukuri n'ikinyoma, rigashira imigenzo y'abantu mu kibanza c'Ijambo ry'Imana.
Uyu musi, abantu benshi bavuga ko bakurikira Imana, ariko bagakurikiza inyigisho zitaboneka muri Bibiliya.
β Kunamira ibishushanyo
Imana yavuze iti:
π "Ntukibazire ibishushanyo c... ntukavyunamire canke ngo ubikorere." (Kuvayo 20:4-5)
Ariko abantu benshi barunama imbere y'ibishusho, babisoma, babisenga kandi babisaba imfashanyo.
β Gusaba aberanda canke Mariya
Bibiliya ivuga iti:
π "Kuko hariho Imana imwe, kandi hariho Umuhuza umwe hagati y'Imana n'abantu, uwo ni Kristo Yesu." (1 Timoteyo 2:5)
Nta mweranda n'umwe Bibiliya idutegeka gusenga canke gusaba ngo aduhuze n'Imana.
β Kwemera ko abapfuye babandanya kubaho kandi bavugana n'abazima.
Bibiliya ivuga iti:
π "Abapfuye nta co bazi." (Umusiguzi 9:5)
Abapfuye barasinziriye gushika ku muzuko. Ni co gituma gukorana n'impwemu canke gusaba abapfuye ari ubuhendanyi bwa Satani.
β Guhindura Isabato y'Imana
Imana yavuze iti:
π "Wibuke umusi w'Isabato, uwugumize wera." (Kuvayo 20:8)
Yezu, intumwa n'abigishwa bose baziririza Isabato y'umusi ugira indwi. Nta hantu na hamwe Bibiliya yigeze ihindura Isabato ngo ibe ku musi wa mbere w'indwi (Dimanche).
Nk'uko Baburoni ya kera yagerageje gusubirira Imana n'inyigisho z'abantu, ni ko Baburoni yo mu vy'impwemu yo muri iki gihe iriko irakora.
Ni co gituma Imana itanga ubutumwa bwihutirwa bwo mu minsi y'iherezo:
π "Bantu banje nimuve iwe, kugira ngo mwoye kwifatanya n'ivyaha vyiwe, mwoye kuzosangira nawe ivyago." (Ivyahishuwe 18:4)
Imana ifise abantu bayo ahantu hose, mu madini yose. Ariko irabahamagarira gusubira ku kuri kwuzuye kw'Ijambo ryayo.
β
Subira kuri Bibiliya.
β
Subira ku mategeko y'Imana.
β
Subira kw'Isabato y'umusi ugira indwi.
β
Subira kuri Kristo wenyene nk'Umukiza n'Umuhuza.
Baburoni izohona, ariko ukuri kw'Imana kuzohoraho ibihe bidashira.
Mbega uzokurikira Baburoni canke uzokurikira Umwagazi w'Intama aho aja hose?