08/11/2019
Igifise ubuzima cose kizopfa!
Iyo umuntu apfuye, haba ibi bikurikira:
1°Umubiri uhinduka ivu.
2°Impwemu ica itangura kurondera ubundi bugingo butari bwakire iyindi mpwemu canke ikirukana iyindi impwemu ibubamwo, kugirango ikomeze iragi rw'uwapfuye (inzu yayo yambere). Impwemu zimwe zimwe zihindura n'ivyiyumviro vy'ubugingo bwa benshi mubazizengurutse kugirango zironke abayoboke bazokomeza iryo ragi. Izo ni impwemu bami.
3°Ubugingo buca buja mu cumba burindiriramwo urubanza.
Ubugingo bwose bufise ayandi mahirwe yo kugaruka kuba kw'isi kugirango busarure ivyamwa vy'ubuzima bwabwo bwambere. Abagororotsi bagaruka kabaho mu bwiza n'umunezero, ababi nabo bakaza gukozwa isoni.
Impwemu irashobora kuba mu bugingo bwinshi no guhindura ivyiyumviro vya benshi mu kiringo c'urukurikirane rw'urunganwe rwinshi gushika ku musi izociribwako urubanza. Ubwo bugingo bwose iyo buva bukagera burabirwa muri bwa bugingo bwambere (ubugingo mwami) nk'ubugingo bumwe kandi bwose bucirirwa urubanza hisunzwe impwemu yaba muri bwa bugingo bwambere nyene.
Impwemu mbi n'abayo bose barazima. Iyo mpwemu yakwa ububasha bwo gukora igatsindwa ibihe bidashira. Impwemu yatsinze nayo ica iganza isi nshasha.
Nk'akarorero, kuvuka kwa Kristu kwaranze urubanza rw'igihe c'isezerano rya kera, hanyuma impwemu yatsinze nayo ni idini ry'abayuda canke Aburahamu. Impwemu z'abansi zose (Egiputa, Babuloni, Ubugiriki, Roma,...) zarazimye. Idini ry'abayuda kurundi ruhande yahindutse ubukristu. Umwuzukuru wa Aburahamu, Yesu Kristu, yahindutse ihuriro rya vyose. Yivanga no mu vyiyumviro vy'abansi biwe.
Kristu, inyuma y'urupfu rw'umubiri wiwe, Impwemu yiwe ntiyabaye mu bigishwa biwe gusa, ahubwo yahurije hamwe abayoboke ibakuye mu mpande zitandukanye z'isi. Inyuma y'ibinjana bitatu, ubugingo bwiwe bwaragarutse kw'isi bwigarurira ububasha bwose mu vya politike n'iyobokamana. Bose Imana ibarabira muriwe. Bose hamwe n'Umwami wabo bafatwa nk'umubiri umwe kuko babamwo canke babayemwo Impwemu imwe rudende. Bafise ivyiyumviro vyiwe (1 Ab'i Kiringo 2:15-16; 1 Ab'i Korinto 1:10; Ab'i Filipi 4:6).