24/05/2018
KUKI IVYO TWASEZERENIWE BITIHUTA GUSHIKA??
Iconikibazo gihanze uwariwe wese. Twama tucibazako ariko tukaburinyishu.
¶ bamwe bakavuga ngo NISAHA YOKWISHUGWA ITARASHIKA
¶ abandi bakavuga ngo SATANI ATUNGWANYA CANE BIGATUMA AMASEZRANO YACU ATEBA.
Izonyishu zose zishoborakubazo ,
Nimba isaha yokwishugwa itaragera , canke nimba satani atugwanywa cane bigatuma namasezerano yacu ateba, NONE TUBIBEMWO GUTE????
Abanyefeso 6:18; musengere muri mpwemu ibihe vyose ,muburyo bwose bwogusenga no kwinginga, kandivyo mubibere maso ,mukobeje gwose, musengere abwere Bose.
Kuberiki Paulo yavuze uko, kuki yashimangiye kuriryo jambo ngo GUSENGERA MURIMPWEMU IBIHE VYOSE? Nuko azi nezako , TURI MURUGAMBA.
Muricogice nyene cabanyefeso 6:12 , havugango, kukwabo tunigana atarabi nyama namaraso ariko tunigana nabakuru nabafise ububasha nabaganza iyisi yumwiza nimpwemumbi zahantu ho mwijuru.
Paulo , ahera kwibutsa abanyefeso , urugamba dufise ugwarigo. Nibazako muricogihe abanyefeso bariko bibjajara bibonera ko umengo biroroshe , nurimaka BARIJAJARA paulo acabibuca inkomezi zabotugwana uko zingana kugirango abanyefeso batahure urugamba uko rukomeye. Muntumbero yokubabwira uko bashobora gutsinda urugamba , arangiriza kuriki co kumurongo wa 18. Ngo
MUSENGE.
beneda, ntakindi kizotuma ivyacu twasezeraniwe binyaruka kudushikako Atari ISENGESHO,
¶ gusenga Niko kuzotuma dutsinda satani atuma ayacumasezerano atadushikako.
¶ gusenga kuzodutuma twongegwa inkomezi zokwihangana nubwo isaha yacu yokwishugwa yoba itarashika.
¶ umwanya wawe wogusenga nuwongereko, ugusenga gukingura ijuru.
¶ ivyowasezeraniwe vyose uzobibona, wewe fatumwanya usenge.
Just take time and pray