Missionary Manu Ladislas

Missionary Manu Ladislas “Ntiduhindura ubusa ubuntu bw’Imana, Kristo yaje kugira ngo uwumwizeye wese abeho kandi ahumeke ubu*ima, ubu*ima bw’ubwiza gusa”

Ubu*ima bw Umuhamagaro (6)….. mu kurangiza…Tugitangura kino cigwa c ubu*ima bw umuhamagaro, twaraboneye hamwe yuko Yesu ...
18/05/2026

Ubu*ima bw Umuhamagaro (6)

….. mu kurangiza…

Tugitangura kino cigwa c ubu*ima bw umuhamagaro, twaraboneye hamwe yuko Yesu Kristo yaje mw isi afise icamuzanye, ntiyaje nkuwutazi icari kimuzanye, kuko muri *Yohana 4:34, Yesu avuga ngo imfungurwa zanje nugukora ivyo Uwantumye agomba….*

Kandi saho gusa twarabonye nahandi yavuze ko *atakuwe mw ijuru no gukora ivyo agomba ahubwo gukora ubugombe bw Imana (Yohana 6:38)*
Muyandi majambo rero, Yesu yari azi icamuzanye, kandi kugira ngo ash*tse uwo mugambi wamuzanye yarishiriyeho inkingi zine zamushoboje gukora ico gikorwa;

1. Yubakiye umu*ima bwiwe k’ugusenga
2. ⁠Yubakiye ubu*ima bwiwe kw Ijambo ry Imana,
3. ⁠Yubakiye ubu*ima bwiwe k ukwumvira Imana
4. ⁠Yubakiye ubu*ima bwiwe Ku kurongorwa na Mpwemu Yera.

Izo nkingi uko ari zine, natwe uyu musi ni twazubakirako, ndizera ntakekeranya yuko ishengero ry Imana rizosohora ubugombe bw Imana hano kw isi. Ikibabaje n uko abantu benshi, naho bazi ko bahamagawe, usanga bafise umwete muke cane wo gusenga, nta mwete bashira mu guserangura ivyanditse vyera ngo bamenye ico Bibiliya yigisha, Bibiliya bazisiga munzu, ku*isoma babigize umu*iro! Abandi nabo naho basoma canke bakumva Ijambo, ugasanga bafise umwete muke wo kuryitondera no gukora ivyo rivuga!

Hari nabandi bazi yuko igikorwa co gusenga ari ingabire Imana yahaye abitwa abasenzi gusa, ahibambewe!!! Umuntu wese yavyawe n Imana ahamagarirwa kwiyubakira igicaniro co kuganira n Imana mu gusenga!

Ndavugana na wewe u*i ko wahamagawe, wewe nyene wahawe igikorwa icarico cose na Yesu, mu nkomezi zawe ntibizokunda ko ugish*tsa, tangura uyu musi wigi kwama usenga ubudasiba, naho yoba iminuta mirongo itatu ku musi,
Tangura kumarana umwanya n Imana wiga ivyanditse vyera,

Gira umwete mu kwitondera ico Ijambo rivuga, hama kandi urongorwe na Mpwemu Yera, ivyo ntibizofasha wewe gusa, ahubwo n abakuri hafi, umuryango wawe, ishengero ukoreramwo, igihugu urimwo, Imana izogukoresha kandi isohoze ico yatanguranye nawe.

Ndangize ndabashimira ukuntu mumaze imisi mukurikira kico cigwa kivuga k umuhamagaro n ingene twowubamwi tugash*tsa ubugombe bw Imana.
Ndizera ntakekeranya ko ushobora kuba warafashijwe aha canke hariya.

Aho bukera tuzotangura icigwa gishasha uko Mpwemu azoba aturongoye, tubasabe mukomeze gukurikirana no gusangiza n abandi, ariko ikirusha vyose, ntibirangirire mu kumenya gusa, ahubwo tubishire mu ngiro, kuko ariho tuzobona akanovera kavyo keza.

Muhezagirwe n Uwiteka!!!

Ubu*ima bw umuhamagaro (5)Inkingi ya 4: Mpwemu YeraInkingi igira kane ubu*ima bwa Yesu bwari bwubakiyeko yar Mpwemu Yera...
18/05/2026

Ubu*ima bw umuhamagaro (5)

Inkingi ya 4: Mpwemu Yera

Inkingi igira kane ubu*ima bwa Yesu bwari bwubakiyeko yar Mpwemu Yera, usomye neza Bibiliya muri Luka 4:18~19 handitswe ngo:

1. Ngo Mpwemu w’ Uhoraho ari kuri jewe, nico catumye andobanuza amavuta kugira ngo mbwire aboro ubutumwa bwiza: Yantumye kumenyesha abarindwa ko barekuwe, n impumyi ko zihumuka, no kubohora abanywagutse imitima.
2. No kumenyesha abantu umwaka wo kwemererwamwo n’ Uhoraho

Uravye neza ayo majambo, ni nkaho Luka yariko ashira mu nca make igikorwa c ubu*ima bwose bwa Yesu Kristo muriyo mirongo ibiri, ariko kandi agashira inguvu cane mu kugaragaza ko Yesu ari we Kristo, kuko ariwe yasutweko amavuta na Mpwemu Yera kugira ngo akore ivyo vyose vyanditse muriyo mirongo.

Mu yandi majambo rero inyuma y ibikorwa vya Yesu vyo kwamamaza inkuru y ubutumwa bwiza. Kubohora ababoshwe, kunesha umugwanizi, kuducungura n ibindi vyose…. Hari hanyegeye ubushobozi bwa Mpwemu Yera. Hamwe no gusenga, kugendera mw Ijambo rya Se hamwe no kubaho ubu*ima bwose bwa Yesu kwumvira, YARI YUZUYE MPWEMU YERA!!!

Iki n ikintu ngira kamaro cane, kuko ata Mpwemu Yera ntibikunda ko tuba abana b Imana kandi ntibishoboka ko duhesha Imana icubahiro mu buryo ibishaka,
Usomye Ivyanditse vyera urabona Yesu amarana n abigishwa biwe imyaka 3, abigisha amakuru y Ubwami bw Imana. Kandi wanashaka rimwe na rimwe yarabarungika no kuvuga ubutumwa bwiza, mu maso y abantu womenga bari bamaze gutungana, womenga vyari bihagije, ariko imbere y Imana ntibari bwagere kugenda, kabone naho bari bamaze kwakira ubumyenyi bwose bwivy Ubwami bwiza bw Imana, harico bari bakenye! Bari bakenye Mpwemu Yera, ubushobozi butuma Ijambo rihinduka ubu*ima!!!

Abantu benshi rero iyo bagize ubumenyi buke bwa Bibiliya, baca batangura gusimbira mu kirere, bakibwira ko hageze guhagurukana ubutumwa bwiza, bakibagira ko n abigishwa babariwe kumanza kurindira!! Be nabo iyo bashikiwe n ibibazo muriyo nzira, ntibaragama, kuko bafise ubumenyi gusa ariko ntibakiriye Mpwemu w Imana atuma ubwo bumenyi bucika ubu*ima!!

Iyo ishengero ryuzuye ubumenyi gusa bwa Bibiliya ariko ridafise Mpwemu Yera, n amakoraniro asanzwe gusa nk ayandi!!! Ishengero riba irya Kristo kubera Mpwemu Yera, wewe nanje tuba abana b Imana kubwo kuvuka ubwa Kabiri!!

Rero ndaguhamagarira kwuzura Mpwemu Yera uyu musi ngo agushoboze gusohoza ico wahamagariwe.
Abigishwa barindiriye Mpwemu Yera bangana 120 (Ivyakozwe 1:15), ishengero rito cane!! Ariko Mpwemu Yera amaze kumanuka muri bo, Petero avuga ubutumwa bwiza, abarenga 3,000 bizera Umwami Yesu kandi baranabatizwa! (Ivyakozwe 2:41), kandi ubandanije usoma urabona Ishengero rya Kristo ryabandanije gukura Mpwemu Yera amaze kumanuka, Ivyakozwe n Intumwa 4:4 usomye neza, ishengero ryari rigeze ku bantu barenga 5,000!!

Mpwemu Yera yakuye ishengero ku bantu 120 arishikana ku bantu 5,000 mu kanya gato, kandi sivyo gusa ishengero ryakomehe kugwira no kwaguka, none uyu musi Igikorwa catanguriye ku bantu 120 kigeze kw isi Yose, Ese ubushobozi bwa Mpwemu Yera!!!

Uwo Mpwemu Yaje gufasha ishengero rya mbere gusohoza ibwirizwa nyamukuru ryo kwamamaza ubutumwa Bwiza, ari nayo mpamvu igikorwa nyamukuru c ishengero sugukorana gusa, ahubwo n ukwamamaza Kristo no gushikana benshi ku gakiza!!

Inkuru y Umunezero uyu musi, n uko uwo Mpwemu Yera yakoreye muribo kuzanira umwimbu ubwami bw Imana ariwe wewe nanje twakiriye! Ikibazo ni kimwe gusa! Ni kuki none tutabona ibikorwa yakoreye muri bo biba muri twebwe??? Uko imyaka igenda niko tubona ishengero riguma ritakaza akanovera!! Ariko abantu b Imana harageze ko twongera kwinginga Imana ngo ikoreshe ishengero ivyo yakoresheje aba mbere,

Ese warakiriye Mpwemu Yera? Bibiliya iduhamagarira kwuzura Mpwemu Yera (Efeso 5:18), niwe twahawe nk ikimenyetso ko turi abana b Imana kandi ko twadomweko ikidodo.
Mwakire uyu Musi kugira ngo agushoboze gusohoza ico wahamagariwe, kuko ntaco wewe nanje twokora tutamufise, ntaco ishengero ryokwishoboza canke ngo rinagereko ritamufise, shaka ugire ubumenyi bwinshi bwuzuye isi yose, udafise Mpwemu Yera, uzoba umufarisayo hamwe n umunyabwenge w ivyanditwe gusa! Mpwemu niwe atuma ubumenyi bw ijambo ry Imana bugaragaza ubushobozi bw Inkuru y agakiza!!

Akira Mpwemu, kandi ntaba ahantu Ijambo ry Imana ryirengagijwe, kuko icamuzanye n ugushingira intahe iryo Jambo no kuriserura ko ari ukuri!!

“Ariko muzohabwa ubushobozi Mpwemu Yera ni yabazako……

Senga uyu musi : “Mpwemu Yera, ngwino wuzure umutima wanje, undongore, unyigishe kandi unshoboze gusohoza ico nahamagariwe, mw Izina rya Yesu Kristo, Amen.

Musangize abandi niba mwafashijwe.

*Ubu*ima bw Umuhamagaro (4)*Inkingi ya 3: Kwumvira (Obedience)Imisi mike iheze, twarabonye ko umuntu wese ari muri Krist...
15/05/2026

*Ubu*ima bw Umuhamagaro (4)*

Inkingi ya 3: Kwumvira (Obedience)

Imisi mike iheze, twarabonye ko umuntu wese ari muri Kristo afise inshingano zo gusohoza igikorwa yahamagariwe, abenshi baratangura ariko ntibarangiza! ariko twisunze ubu*ima bwa Yesu Kristo, turigishwa intambuko, ubu*ima canke inkingi twokwubakirako kugira ngo ico Kristo yatangurije muri twebwe tuze dushike ku musozo waco.

Uyu musi rero reka tuvugane ku nkingi igira 3 Yesu yubakiyeko ubu*ima bwiwe, iyo nayo nuko yari umuntu yumvira Imana, yashira ubugombe bwiwe ku ruhande hama agashira imbere ubugombe bwa Data, Imana.

Abifilipi 2:8
“Kand’ abonetse afise ishusho nk’iy’ umuntu, yicisha bugufi, araganduka no gush*tsa ku rupfu rwo ku musaraba.”

Iri jambo rirakomeye!! Kugira ngo ducungurwe wewe nanje, Kristo yategerezwa gupfa urupfu rwo ku musaraba!! Kandi urupfu rwiwe ntirwamubereye insanganya, yaje abizi!!! Mbega ukwumvira!!! Uribaza ko wewe nanje, hamwe uyu musi Imana yodusaba gukora ikintu ku bwayo gituma tuhasigaza amagara yacu tugapfa, wibaza ko ari bangahe bobiishobora?? Ni bangahe biteguriye gushira amagara yabo hasi kubw umuhamagaro?

Ico wizera vy ukuri, niba utiteguriye no gushira amagara yawe hasi kubwaco, nturacizera vy ukuri!! Kristo yashize amagara yiwe ku musaraba, Abigishwa biwe bayashize hase, abantu benshi basheshe amaraso kugira ngo ubutumwa wumva uyu musi bugushikire, niyo mpambu iyo wumva ubutumwa bwiza mu gihe nk iki c amahoro, ukwiye kwama ushima!!

Kwumvira Imana rero kuratuma usohoza umurimo Imana yaguhamagariye gukora,
Muri Bibiliya turabona akarorero k umuntu umwe Imana yahaye ubwami, ariko aca arabwakwa kuko yahisemwo kutumvira Imana,
Uwo nawe s uwundi, n Umwami Sauli.

Incuro ya mbere Saul agarariza Imana tuyisanga muri 1 Samuel igice ca 13, aho Uwavugishwa n Imana Samueli yamubariye kurindirira ku gicaniro imisi ndwi, kugira ngo batange ibimazi imbere y Imana, Sauli yibwira ko Samueli uwavugishwa n Imana yatevye, aca ahitamwo kwitangira ibimazi kandi atari abirekuriwe, ico kintu yakoze cababaje Imana kuko cagaragaje yuko Sauli atizeye Imana, ahubwo ubwoba bw Intambara bwamuteye gukora ibihushanye nivyo yari yabwirijwe.

Imana yarababaye imutumako Uwavugishwa nayo Samuel
1Samuel 13:13
“Maze Samueli abwira Sauli, ati wakoze ic ubupfu, iyo wumvira icagezwe Uhoraho Imana yawe yakugeze, Uhoraho nawe yokomeje ubwami bwawe ibihe vyose mu Bisirayeli.”

Saho gusa, usomye igice ca 15 naho nyene urabone Sauli yongera kugarariza Imana igihe Imana yamutuma kurandura abamaleki, ariko we ahitamwo ku*iguriza umwami w ico gihugu hamwe n ibitungwa bimwe bimwe, ico kintu congera kubabaza Imana kuko yakoze kubiri n ubugombe bw Imana.

Imana yongera gutuma Samueli
1Samueli 15 22 ~23
22. Samweli aramwishura, ati mbeg Uhoraho ahimbarwa n ibimazi vyoswa n ibindi bimazi gusumba uwumwumviye? Erega kwumvira gusumba ibimazi, no kuyoboka gusumba ibinure vy impfizi z intama.
23. ⁠Kuk ubugarariji arico kimwe n icaha c ubupfumu, kandi kuba ntagondwa ni kimwe no gusenga ibishushanyo n ibigirwamana. *Ko wanse ijambo ry Uhoraho, nawe yanse k uba ku ngoma.*

Urabona ingaruka yo kutumvira? Igikorwa Imana yari yaratanguje muri Sauli yaciye acakwa, ubwami bwiwe ntibwakomeje, yaciye abwakwa, Imana ica itoranya Dawidi!!

Ndasenga ndagusabira ngo Imana igushoboze kutazotakaza ikibanza yaguhaye kubera ukutumvira!
Igikorwa icarico cose wahamagariwe kubamwo, ni wahitamwo kwirongora, ukirengagiza uburongozi bw Uwaguhamagaye, ntibikunda ko ico gikorwa ukigeza ku musozo, Imana ica itoranya uwundi abandanya niryo yerekwa!!

Yesu yarumvira!! muri matayo igice ca 4, urabona Yesu aja mu bugaragwa kugeragezwa n umugwanizi, usomye neza kirya gice, uzosanga havuga ko ari Mpwemu Yera yamujanyeyo!! Ni nde yokwemera kuja mu bugaragwa? Nta mazi, nta mfungurwa, nta kintu na kimwe kimeze neza kibayo, ariko igihe Mpwemu Yera yamurongora kujayo, Kristo ntiyanse!!

Igihe yabona umusaraba imbere yiwe, yasenze yinginga Imana imufashe kugira ngo ash*tse icamuzanye naho hoba mu rupfu!!

Uwo Yesu nyene uyu musi araduhamagarira wewe nanje kumwumvira
Muri Yohana 14: 15 aravuga ngo, “ni mwankunda muzokwitondera ivyagenwe vyanje.”

Mwene Data, urumvira Imana? Inkingi ya mbere n ugusenga, iya kabiri n Ijambo ry Imana. Ariko rero iyo dusenga tugasoma Ijambo ariko ntiturigendere, vyose bicika ubusa!!
Ivyo wigisha abandi, ba ari wewe umanza kubigendera!! Niho uzobona Mpwemu Yera akora ku mitima y abantu!

Ndaguhamagarira uyu musi kwubakira inshingano zawe ku bu*ima bwo kwumvira, Bibiliya iravuga ngo abarongorwa na Mpwemu nibo bana b Imana, anka ubu*ima bwo kwirongora, Saba Yesu agufashe kumenya ibice mu bu*ima bwawe yipfuza ko utangura kumwumviramwo.

Ikibazo c uyu musi :
Ni hehe mu bu*ima bwanje ntariko ndumvira Imana? N ikihe kintu Imana imaze igihe impamagarira kubamwo, gukora, ariko ndiko nirengagiza?

Musangize abandi…

*Ubu*ima bw’ Umuhamagaro (3)**Inkingi ya 2: Ijambo ry Imana*Mu bintu nyamukuru tumaze imisi turabira hamwe vyari bigize ...
14/05/2026

*Ubu*ima bw’ Umuhamagaro (3)*

*Inkingi ya 2: Ijambo ry Imana*

Mu bintu nyamukuru tumaze imisi turabira hamwe vyari bigize ubu*ima bwa Yesu Kristo kandi akaba ari nazo nkingi zikomakomeye igikorwa (ministry) ciwe cari gishingiye ko zatumye aroranirwa mu gusohoza umugambi w Imana, inkingi ya mbere twisunze ivyanditse twasanze bwari ubu*ima bwo gusenga, Ubu*ima bwiwe bwose Yesu yari afise ikibanza, kandi bugoravye, mu gihe abandi basinziriye, we yakesha ijoro asenga, kandi ukwo gusenga bwari ubu*ima bwiwe bw ibanga, ntiyaja kumugaragaro,

Twisunze ivyo, narababwiye yuko umuntu wese yahamagawe n Imana ariko akagira ubu*ima butagira amasengesho, kiragoye ko Imana ikorera muri we mu buryo bwuzuye, kuko ukudasenga gutuma atandukana (disconnected) n ubushobozi bukorera muri butumwa bwiza.

Ariko rero iyo dusenga cane hari inyota ivuka muri twebwe, Ugusenga kuvyara gukunda Imana, kurema muri wewe icipfuzo co gushaka kuyimenya vy Ukuri, kandi ukwo gushaka kuyimenya kugusunikira mu vyanditse vyera kuko ariho Imana yihishurira, Ico iri, ico yakoze, ico iriko irakora, ico wewe uri, ico igushakako, ico yipfuza kw ishengero…… vyose yabihishuye mw Ijambo ryiwe.

Iyo ugusenga kw umuntu kutamutera kunyoterwa cane ivya Mpwemu, aba akwiye kwibaza niba ariko asenga mu buryo bukwiye, mbere wanashaka ugusenga gutegerezwa gusunikwa n Ijambo wakiriye muri wewe, kuko ugusenga kwose ukora utabitewe no gusobanukirwa neza ivyanditse, akenshi uzosanga ari amarangamutima muntu gusa ariko atarimwo ukuri!!!

Ugusenga hamwe n Ijambo ry Imana birajana!! Iyo bitandukanye habaho ikibazo!!!

Na Yesu yari ashingiye kw Ijambo ry Imana.
Muri Yohana 8:26
“Mfise ivyo kubabarira vyinshi, no kubacira urubanza. Kand’ uwantumye n’ uw’ ukuri; *ivyo namwumvanye ni vyo mvuga mw isi.*”

Ivyo Kristo yigisha yabikuye kuri Data, kandi n ububasha yabivuganye yabuhawe na SE, kuko Abo Imana ihaye Ijambo ibahana n ububasha buriherekeje.

Yohana 12:49
“Kukw ivyo ntabivuze mvyigeneye, ariko Data yantumye, niwe yangeze ivyo nkwiye kuvuga n ivyo nkwiye gusigura”

Yohana 8:28
“Nuko Yesu arababwira, at’ aho muzomanikira Umwana w umuntu niho muzomenya ko ndi We, *kandi ko ataco nkora nigeneye; uko Data yanyigishije, niko mbivuga.*

Ubu*ima bwiwe bwose Yesu Kristo, bwari bwubakiye kuvuga kugendera no gukora ico yumvanye Data!! Ntiyapfa kwigisha ivyo yishakiye, uko avyumva canke ukwo abantu bashaka kuvyumva!!! Yigisha neza na neza ico yatumwe kuvuga kandi mu buryo yatumwe kukivugamwo adahushije!!

Ese icompa abakozi b Imana benshi tugatahura kino kintu!! Ndamaze kubona ukwirerangiza gukomeye cane mu bakozi b Imana, birengagiza kwiga ivyanditse vyera ngo bamenye ubugombe bw Imana buhishijwe mw Ijambo!! Burya Ijambo ritekeye ubugombe bwa nyene kurivuga, rero igikorwa cacu nk abakozi b Imana, imbere yuko twigisha Ijambo iryariryo ryose, tugomba kumanza kwiga ubugombe nyezina bw Imana bunyegeye muriryo Jambo.

Ikibazo abenshi basoma agace kamwe gusa, hama bagahaguruka baja imbere bakibwira ngo ibisigaye Mpwemu Yera araza gukora!!! Naho nemeranya nabo ko Mpwemu akora, ntarenga akarimbi kaho wamushingiye!! Duhamagarirwa kumenya no gutahura ivyanditse vyera mu buryo bwimbitse.

Igihe kimwe Yesu ariko ageragezwa n umurwanizi mu bugaragwa, yamuneshesheje Ijambo, kuko Yesu yatura avuga ngo…:”handitswe ngo…”

Yesu ni Adam wa kabiri, Adam wa Mbere Imana yaramuhaye Ijambo, imubwira kuryitondera, ariko biramunanira! Ariko Adamu wa Kabiri (Yesu Kristo), yaneshereje umugwanizi aho Adam wa mbere yananiriwe, *KWUMVIRA IJAMBO* handitswe ngo….

Icompa ubwo bukatubera ubu*ima!!!
Bibiliya iratwigisha mugitabo c Abi Kolosayi 3:16
“Ijambo rya Kristo ribe muri mwebwe rigwiriye, ririmw ubwenge bwose; mwigishanye, muhanurane, muririmba zaburi n indirimbo n amatazirano y ivya Mpwemu, muririmbire Imana mu mitima yanyu mubiheshwa n ubuntu bwayo”

Bibiliya s igitabo co gusoma gusa! *Bidusaba kuyiga no kurondera gutahura ico yigisha!!* ikibazo dufise, abantu benshi ntibanayisoma!!! Barayigendana ariko ntibazi ivyo yigisha!!! Uyu musi ndaguhamagarira kuva muri ukwo kwirengagiza!! Menya Imana usenga, soma Ijambo ryayo hama uryubakireko, rikubere urufatiro muvyo ukora vyose. Iga gutahura ico rivuga, niho uzobaho ubu*ima yigisha, kandi niho uzobwira abantu ubugombe bwa Nyene Ijambo!!

Kand sinogenda ntaberetse yuko ukwirengagiza Ijambo bifise ingaruka. Uzobona umukozi w Imana aguma asubiramwo ivyo yavuze kuko atuzuye Ijambo, canke akihutira kurangiza ubutumwa, canke akaramba ariko ugasanga ntaco abantu batahanye, canke ugasanga ivyo yigisha ntanaho bisa bisanira nivyo Ijambo ririko riravuga.

Nkuko dufise abantu benshi bacibaza yuko igikorwa ca Yesu co kuvuma umusukoni gisigura yuko abantu bose badafise ivyamwa bazovumwa canke bagahanwa!! Ariko kirya gice nticigishwa ku vyamwa!! Wanashaka siyo ntumbero Yesu yari afise igihe yavuma kirya giti!! Ariko uy musi dufise abantu benshi bigisha babwira abantu ko bisigura kwama ivyamwa!!!

Kutamenya kurica!! Ugeze aho uri, wiyumvira uko wiyumvira, ukora ivyo ukora wisunze aho ugeza mu kumenya kwawe, ntushobora gukora ibirengeye ubumenyi ufise, kandi Imana ntishobora kugukoresha kurusha umwanya wawe utanga w amasengesho.

Sauli Imana yamwatse ubwami kuko yirengagije Ijambo ryayo, kandi Bibiliya iravuga neza ko Imana yazinutswe abisirayeli kuko banse ubwenge, bagata ukumenya!! Kandi Ijambo riratwibutsa yuko uwirata wese akwiye kwirata ko Yamenye Imana!!!

Iyo Mana wirirwa uhamagara, urayizi??? Iyo Mana wirirwa wigisha abandi, wewe ubwawe urayizi? Bibiliya ivuga Kristo, kandi igikorwa twahamagariwe n uguhishura Kristo dukoresheje Ivyanditse, ariko nitwaba mu mw ijima wo kutamenya ico Bibiliya yigisha, ntibikunda ko tumuhushura uko ashaka!!

Tangura uyu musi, soma Bibiliya. Uyisome yose kugira umenye Inkuru y Ubwami bw Imana. Inkuru ivuga ku Mwami n Ubwami bwiwe. Itondere amategeko y ubwo Bwami, kandi uzobaho.

Inkingi ya mbere igikorwa ca Kristo cari gishingiyeko : Amasengesho.
Iyakabiri ; Ijambo!!

ugusenga kw ukuri kujana n Ijambo ry Imana!!!

Musangize abandi!!

*Ubu*ima bw Umuhamagaro (2)*Ubushize twarabonye, twisunze ivyanditse Vyera, yuko abana b Imana bose bafise umurimo baham...
13/05/2026

*Ubu*ima bw Umuhamagaro (2)*

Ubushize twarabonye, twisunze ivyanditse Vyera, yuko abana b Imana bose bafise umurimo bahamagariwe gukora, kandi ikintu ngirakamaro ko ari kubaho ubu*ima u*i canke warahishuriwe ico witezweko mu mubiri wa Kristo. Naho tutagiye ibwina cane, ndizera yuko umuntu wese yatahuye mu nca make yuko ubu*ima bwiwe muri Kristo atari insanganya, ahubwo ko ari umugambi Imana yatanguje kuva kera, noneho igahamagara wewe nanje kugira ngo tube ibikoresho vyayo mu gusohoza uwo mugambi.

Ubu*ima bwa Yesu buratwigisha neza kubaho ubu*ima budufasha gusohoza uwo mugambi twahamagariwe, kuko kumenya gusa ico wahamagariwe ntibihagije, bisaba ko ubaho ubu*ima bugushoboza gusohoza ico wahamagariwe, abantu benshi barashobora kubaho bazi ico bahamagariwe nico bagizwe muri Kristo, ariko kubera ko babayeho ubu*ima budashingiye ku mushinge w ukuri bakananirwa gusohoza umugambi w Imana ku bu*ima bwabo.

Yesu Kristo, kabone naho yari Imana, nawe nyene igikorwa ciwe cari cubakiye ku nkingi zine zari zigishigikiye kandi ari nazo zatumye ash*tsa umugami w Imana ku bu*ima bwiwe, kumbure je nawe, hamwe twokwisunga izo nkingi, tukazubakirako natwe, vyodufasha gusohora umugambi w Imana ku bu*ima bwacu.

*Inkingi ya 1: Amasengesho*

Ubu*ima bwa Yesu bwari bwubakiye ku gusenga, ku mutaga yagaragara mu bantu ariko mu kibanza abandi batabona, yaba ari mu mwanya wo gusenga.

Luka 5:16, Bibiliya ivuga ngo :”Ariko we yigunga mu bugaragwa, asenga.”

Igikorwa co gusenga mu bu*ima bwa Yesu, ntiyari amahitamwo, nico ubu*ima bwiwe bwose bwari bwubakiyeko, mbere wanashaka ivyanditse bitwereka yuko imbere yuko atangura igikorwa, yamaze imisi 40 n amajoro 40 atarya kandi atanywa ariko arasenga Imbere y Imana (Matayo 4:2)

Amaze iyo misi yose, amanuka gutoranya abigishwa biwe 12, ariko mbere yuko abatoranya, Bibiliya yerekana ko yamaze ijoro ryose mu masengesho

Luka 6:12~13
12. Mur iyo misi avayo, aja ku musozi gusenga: akesha ijoro asenga Imana
13. ⁠Ijoro rikeye, ahamagara abigishwa biwe, atoranyamw’ icumi na babiri, abita intumwa.

Ubu*ima bwa Yesu, igikorwa cose yakora cabanzirizwa no gusenga, n imbere yuko yitanga ku musaraba kugira ngo aducungure wewe nanje, Ijambo ritwereka Yesu asenga ku musozi i getsemane (Luka 22:42~44)

Ugusenga ni kumwe mu nkingi igikorwa ciwe cari cubakiyeko, kandi ntiyasenga iyo asugarijwe n ibibazo gusa, hama mu munezero canke mu mubabaro, mu nzara canke mu gahimbo, imbere yuko akora igikorwa icarico cose Yesu yarasenga.

Inyuma y ibitangaza abantu babona akora, hari hahishijwe ubu*ima bwo gusenga, ikigu*i yatanga niwe yar akizi,
Uyu musi natwe duhamagarirwa kwubaka ubu*ima bwacu ku nkingi y amasengesho, umukristo w ukuri arasenga! Kabone naho woba warahamagawe ukaba u*i nico wahamagariwe, urashobora kunanirwa gush*tsa umuhamagaro wawe mu gihe unaniwe kwubaka ubu*ima bwo gusenga imisi yose.

Nama nkunda kubivuga kenshi, ugukura kw umuntu wo mu mpwemu ntikubonekera gusa mu ngabire yahawe yo kuvuga ubutumwa, kuririmba, gukiza abagwaye, canke ibindi, ahubwo kubonekera mu bushobozi afise bwo kwicara ku birenge vya Kristo akamara umwanya uhagije imisi yose imbere yiwe mu gusenga.

Aho niho twakirira inkomezi zo gusohoza igikorwa twahamagariwe, aho niho kamere yacu ipfira, aho niho icaha kinesherezwa, aho niho twuzurana nawe vyukuri, aho niho twakirira iyerekwa ryico dukwiye gukora.

Ndashaka ngo uyu musi ndagutere intege, Senga!!! Inyuma y igikorwa cose c umuvyuro cabaye, haba hariho abantu bamaze kabiri mu kibanza co gusenga, n igihe Mpwemu Yera amanuka, naho ryari isezerano ryasezeranwe, yamanutse abigishwa bamaze igihe bariko barasenga. Nta vyikora mw isi yose impwemu! Ugomba gutanga ico kigu*i!!

Bibiliya iratubwira,
1 Abitesalonike 5:17
“ musenge ubudasiba;”

Abi filipi 4:6
“Ntimugire ico mwiganyira, ariko muri vyose ivyo mugomba bimenyeshwe Imana,mu gusenga no mu kwinginga bifatanije no gukenguruka.”

1 Petero 5:7
“Muyikorere amagara yanyu yose (mu gusenga), kukw’ibababara”

Abaroma 8:26
“Ni ko na Mpwemu adufasha mu ntege nke zacu: kuko tutazi uko dukwiye gusenga, ariko Mpwemu ubwiwe aradusengera, aniha iminiho itovugwa”

Hari imirongo myinshi muri Bibiliya iduhamagarira kwubaka igicaniro mu gusenga,
Ugusenga kuratandukanye, kuko kugabuwe mu buryo butatu,
1. Ugusenga nk ikiganiro kiri hagati ya Se n umwana,
2. ⁠Ugusenga nk umuntu asaba yinginga mu kibanza c uwundi,
3. ⁠Ugusenga nk umunyavyaha atakamba asaba kugirirwa neza mur gasamburamanza,

Mu nyigisho za Kristo ubwo bwoko bwose bwo gusenga arabutwigisha, ariko uyu musi siyo ntumbero yacu, intumbero yacu niyo gushinga inkingi ya mbere ariyo gusenga, Ubakira umuhamagaro wawe, ubu*ima bwawe, ivyo ukora vyose ku masengesho, iga kwegera Imana nayo izokwegera, ihamagare nayo izokwitaba!

Ikibazo c uyu musi: “Mbega ubu*ima bwanje bwo gusenga ndiko ndabwubaka gute? Igihe nasenga nkumva Mpwemu Yera ankorako hari ryari? Ni kuko igihe cose ngiye mu kibanza co gusenga bitanyorohera gusenga?

N.B : Amasengesho y akazuyazi ntazogushoboza gusohora umugambi w Imana ku bu*ima bwawe!!! Muhezagirwe.

Missionary Manu Ladislas……✍🏼

*Ubu*ima bw Umuhamagaro*Umuntu wese yahamagawe n Imana afise inshingano zo gusohora umugambi w Imana ku bu*ima bwiwe, Nt...
12/05/2026

*Ubu*ima bw Umuhamagaro*

Umuntu wese yahamagawe n Imana afise inshingano zo gusohora umugambi w Imana ku bu*ima bwiwe,
Nta muntu numwe yavutse ubwa kabiri adafise igikorwa Kristo yamushinze.

Hariho Abo Imana yahamagariye kuba Intumwa, abandi bahamagarirwa kuba abavugishwa, abandi kwamamaza ubutumwa bwiza, abandi kuba abungere, abandi kwigisha (Efeso 4:11), uwutari murabo nawe nyene Imana ntiyamusize inyuma, afise ibindi bintu Imana yamushinze.

Ikibazo abizera benshi tugira, n ukutamenya aho uhagaze. Umuntu akabaho atazi ico yahamagariwe gukora, imyaka ikagenda avuga ko yahuye na Kristo ariko ugasanga ntaramenya intumbero y Ubu*ima bwiwe,
Ikintu ngirakamaro tugomba kwibuka, imbere yuko umenya ibikorwa shingiro ugomba gukora kugira ngo ush*tse umuhamagaro wawe, n ingirakamaro kumanza kumenya ico wahamagariwe, ico Imana igushakako, ntube mu mwijima utazi iyo uva niyo uja, utazi Impamvu warakiriye Mpwemu Yera.

Muri Luka 2:49, Yesu, agifise imyaka 12, yari azi neza aho akwiye kuba. Aho abavyeyi bamurondera bababaye, bamubonye yababajije ikibazo, “ntimwari mu*i yuko bikwiye ko mba kwa Data?”
Mu yandi majambo Yesu yar azi ikibanza akwiye kubamwo, ntiyari abayehi ubu*ima bwo kwitega ko ibintu biba ata ntumbero, yari afise impamvu zigaragara zituma aba hano canke hariya.

Muri Bibiriya, hariho ibice vyinshi bitwereka ko Yesu yari azi icamuzanye,
Muri *Yohana 4:34,* Yesu yabwiye abigishwa biwe ati : *“indya zanje n ugukora ico uwantumye agomba, no guheraheza igikorwa ciwe.”*

Yari afise icamuzanye kandi yari akizi neza ata gukekeranya, ubwo nibwo bu*ima buyobowe n intumbero, kubaho u*i ico wahamagariwe nico ukwiye gukora neza na neza udakekeranya, kuko uwo niwo mushinge wo kubaho ubu*ima bw Umuhamagaro.

Yohana 6:38 *“Kuko ntakuwe mw Ijuru no gukora ivyo nigombera, ariko nazanywe no gukora ivy’ uwantumye agomba.”*

Yesu yari azi icamuzanye, yari azi ibisobanuro vy umuhamagaro wiwe neza! Wewe urazi ico Imana yaguhamagariye? Ishengero usanzwe winjiriramwo, kubera iki uririmwo? Ibikorwa vyose uriko urakora, niki kibigukoresha? N ikibazo gisanzwe ariko gitekenye uburemezi,

Kubaho ubu*ima bwo kutamenya ico wazaniwe mw isi, bituma ukoresha umwanya wawe, uburyo bwawe, amagara yawe n ivyawe vyose mu bintu bidafise indagagaciro z ubu*ima buhoraho, utakaza vyinshi harimwo n ubu*ima bwawe bwite,

Ubwo rero muntu w Imana, ndagomba ngo uyu musi, utangure gufata intambwe yo gutambukira kumenya ico uri, impamvu uri aho uri, ico wahamagariwe n ico Imana igushakako, ivyo nivyo biha ubu*ima bwawe Intumbero.

Muri kino cigwa, nipfuza ko twigishwa n ubu*ima bwa Yesu, kuko yari azi icamuzanye, ubwo rero hariho umushinge canke inkingi zishika kuri zine yubakiyeko ubu*ima bwiwe kugira ngo ashobore gush*tsa ico yazaniwe mw Isi.

Izo nazo tu*igira hamwe imwe imwe ukwayo aho bukera,
Ariko uyu Musi, igikorwa cawe nico kumenya ko wahamagariwe Impamvu, kandi ugomba kumenya iyariyo mu mana,

Mugire akanya keza ko kwiyumvira ku cigwa…

Hallelujah Ndongeye kubaha ikaze mwese mw Izina ry Umwami wacu Yesu Kristo, atari kera cane turashobora kubandanya imiri...
01/10/2022

Hallelujah

Ndongeye kubaha ikaze mwese mw Izina ry Umwami wacu Yesu Kristo, atari kera cane turashobora kubandanya imirimo y ivugabutumwa hano, mutumire n abandi.

07/06/2022

Iyi niyo message yuzuye hanyuma y iyo twar twabahaye, muhezagirwe cane

03/06/2022

Dusangirire hamwe rino Jambo ry Imana,

Yohana 5:6-9, 14

Musangize abandi niba mufashijwe…

“Umusaraba Imbere, Isi inyuma…”“Narahisemwo gukurikira Kristo kandi sinzosubira Inyuma…”Ni akaririmbo benshi dusanzwe du...
09/05/2022

“Umusaraba Imbere, Isi inyuma…”
“Narahisemwo gukurikira Kristo kandi sinzosubira Inyuma…”

Ni akaririmbo benshi dusanzwe dukunda kuririmba iyo tugiye gusenga ariko si benshi bazi iyo uko kwatura kwavuye…

Imyaka irenga 150 irashize, aho amavugiramana b abanyamerika barongorwa na Mpwemu Yera bagatwara ubutumwa bwiza mu gihugu c ubuhindi.

Umukuru w akarere bashikiyemwo ntiyerekwa na gato ivyo bariko bakora kuko ntibabakiriye neza.
Ariko naho biruko bakomeje gukora nkuko barongowe na Mpwemu Yera haca havuka umuvyuro udasanzwe mur ako gace k ubuhindi kitwa Wales.

Umuryango umwe ugizwe n umugabo, umugore n abana babo babiri bahitamwo kwakira Kristo nk Umwami n umukiza wabo.

Abandi bantu bose bo mur ako gace babonye uwo muryango wakira Kristo nabo bahitamwo kwakira Yesu Kristo, haca haba umuvyuro udasanzwe kubwuwo muryango wabereye abandi akarorero

Umutware w aho hantu bimurya mu mutima, akoranya abantu bose bo murako gace, ashira wa mugabo yabanje kwakira Kristo hagati, aramubarira, ihakane Yesu uvuge ko ubivuyemwo canke ndakwicane n umuryango wawe.

Wa mugabo aramwishura mu majambo make ati:
“Narahisemwo gukurikira Yesu”

Umutware ashavuzwa cane no kubona uyu muntu akomeje ukwizera kwiwe, ategeka ko bamanza kwica abana biwe, barabica

Hama arasubira ati Ihakane Yesu, nishe abana bawe nawe ni wabandanya kwemangira Kristo n umugore wawe nawe uramubura kandi nawe nkwice,

Wa muntu w Imana yonger kwatura aravuga
“ Naho ata numwe ari bwifatanye nanje, ndakomeza gukurikir Yesu”

Wa mutware akomeza gushavuzwa n ukwizera kw uwo mugabo, ategeka ko bica umugore wiwe nawe, baramwica.

Yongera kubaza wa mugabo, nubu uracemangira Kristo??

Nawe aramwishura amajambo, aramubwira ati:
“Umusaraba Imbere, isi Inyuma, narahisemwo gukurikira Yesu ubutagisubira inyuma…”

Ari naho akaririmbo kavuye,

Wa mutware ahitamwo kwica uno mugabo.
Agiheza kumwica haca haba igitangaza,

Uwo mutware atangura kwibaza,
Ikintu aba bantu babonye muri Yesu gituma bemera guheba ubugingo bwabo kubwiwe nigiki?
Aribwira ati, uko biri kose hategerezwa kuba harih icihishije nyuma yibi vyose,
Ndashaka nanje kwizera uwo Yesu mmenye igituma abantu bagomba kumupfira.

Uwo mugabo yaturira imbere y abantu bose ati nanje nduwa Yesu, abari bakoraniye aho bise birabatangaza, igisagara cose gihitamwo kwizera Yesu no kumwakir.

Ijambo ry Imana riratubwira ngo :

1 Yohana 3:16

“Iki ni co kitumenyesha urukundo, n’uk’ uwo yatanze ubugingo bgiwe kubgacu: natwe dukwiye gutanga ubugingo bgacu kubga bene Data”

Benshi mu batwitangiye muri runo rugendo ntibanse gupfa bazira Kristo,
Kandi ben abo nibo Bibiliya ivuga ko bazohabwa ubwiza buhebuje ni bazurwa mu bapfuye,

Uriko wemangira Kristo aho uherereye??

09/05/2022

Address

북구 구리로 21
Daegu

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Missionary Manu Ladislas posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Place Of Worship

Send a message to Missionary Manu Ladislas:

Share