Chorale Saint Guido

Chorale Saint Guido Chants Religieux et la Parole de Dieu

  YO KUMUSI W'IMANA UGIRA 24
08/09/2026

YO KUMUSI W'IMANA UGIRA 24

Ijambo ry’Umukama. ku w’8 Nyakanga, Ivuka rya Bikira Mariya Muhimbazwa.________________ .IGISOMWA CA MBERE.Ivyo dusoma m...
07/09/2026

Ijambo ry’Umukama.

ku w’8 Nyakanga, Ivuka rya Bikira Mariya Muhimbazwa.
________________

.

IGISOMWA CA MBERE.

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi (5, 1-4a)

Ng’iri iriyazwe n’Umukama: Ewe Betelehemu Efurata, n’aho uri muto mu bihumbi vy’ibisagara vy’Ubuyuda, ni wewe uzomvyarira uwuzogaba Israyeli: amamuko yiwe, si aya vuba, ni ay’imyaka y’ivu. Ni co gituma Umukama azobakurako ijisho, gushika umusi uwagenewe kwibaruka azovyara: niho rero abandi bavandimwe basigaye bazogaruka mu muryango wa bene Israyeli. Azohaguruka aragize ubusho bwiwe ububasha bw’Umukama n’ubukuru bw’izina ry’Imana yiwe. Bazokwicara batsimbatare, kuko inganji yiwe azoyikwiza hose, gushika ku mbibe z’isi. Kandi, ni we nyene azoba amahoro.

:

IGISOMWA CA MBERE
_______

Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyaroma (8, 28-30)

Ncuti zanje, turazi neza ko Imana ifasha abayikunda, abo yitoreye nk’uko yabitegekanije, ikabagirira ivyiza. Abo yashimye kuva kera, yarabageneye kuzofata agashusho k’Umwana wayo, kugira ngo uno mwana abe imfura y’abavukanyi benshi cane. Abo yigeneye, ni bo kandi yatoye; abo yatoye, ni bo kandi yagize intungane; abo yagize intungane, ni bo kandi yaninahaje.

Iryo ni Ijambo ry’Umukama.

12 (13), 6ab. 6cd

Icit. Nzohimbarwa n’Imana, Yo Mukiza wanje.

Jewe nizigiye urukundo rwawe: umushaha wanje utambe utarike, kuko uzonkiza.

Nshaka kuririmbira Umukama kubera ivyiza vyose yangiriye.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya

Urahiriwe, , kandi urabereye gushemezwa rwose! Kuko izuba ry’ubutungane ryaserutse riva kuri Wewe, ari ryo Kristu Imana yacu.

Aleluya

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na na (1, 1-16. 18-23)

Igisomwa kigufi : 1, 18-23

Ng’aya amamuko ya Yezu Kristu, mwene Dawudi, mwene Aburahamu: Aburahamu yavyaye Izahaki, Izahaki avyara Yakobo, Yakobo avyara Yuda na benewabo, Yuda avyara Peretsi na Zerahi kuri Tamari, Peretsi avyara Hesoromu, Hesoromu avyara Aramu, Aramu avyara Haminadabu, Haminadabu avyara Nahasoni, Nahasoni avyara Salumoni, Salumoni avyara Bowazi kuri Rahabu, Bowazi na we avyara Yobedi kuri Ruti, Yobedi avyara Yese, Yese avyara umwami Dawudi. Dawudi avyara Salomo kuri muka Uriya, Salomo avyara Rehobowamu, Rehobowamu avyara Abiya, Abiya avyara Asa, Asa avyara Yozafati, Yozafati avyara Yehoramu, Yehoramu avyara Oziyasi, Oziyasi avyara Yotamu, Yotamu avyara Akazi, Akazi avyara Ezekiyasi, Ezekiyasi avyara Manase, Manase avyara Amoni, Amoni avyara Yoziyasi, Yoziyasi avyara Yekoniya na benewabo. Muri ico gihe, ni ho batwarwako imbohe i Babiloni. Aho babohorewe bakava i Babiloni, Yekoniya yavyaye Salatiyeli, Salatiyeli avyara Zorobabeli, Zorobabeli avyara Abiyudi, Abiyudi avyara Eliyakimu, Eliyakimu avyara Azori, Azori avyara Sadoki, Sadoki avyara Akimu, Akimu avyara Eliyudi, Eliyudi avyara Eleyazaro, Eleyazaro avyara Matani, Matani avyara Yakobo, Yakobo avyara Yozefu, umugabo wa Mariya, nyina wa Yezu yitwa Kristu.*

Igisomwa kigufi gitangurira aha.:
______

Ng’aya amamuko ya Yezu Kristu: Mariya, nyina wiwe, yari yasabwe na Yozefu; ariko imbere y’uko babana, yari yasamye inda ku bwa Mutima Mweranda. Uyo mugabo wiwe Yozefu yari umuntu w’ingingo, kandi ntiyashaka kumwararaza, ni ko kwigira inama y’ukumuhebera mu mpisho. Amaze kuvyiyumvira, umumarayika w’Umukama aramubonekera ari mu ndoto amubwira ati: «Yozefu, mwene Dawudi, ntutinye kubana na Mariya, umugore wawe, iyo nda afise yayisamye ku bubasha bwa Mutima Mweranda. Azovyara umwana w’umuhungu, izina uzomwita ni Yezu, kuko ari we azokiza ibicumuro igihugu ciwe.» Ivyo vyose vyabaye ngo ijambo ry’Umukama ryari ryavuzwe n’umuhanuzi ritahe, ngo: «Umwigeme azosama inda ayivyaremwo umuhungu, bazomwita Emanweli, ni ukuvuga “Imana iri kumwe natwe”.»

Iryo ni Ijambo ry’Umukama.

Ijambo ry’Umukama.Indwi ya 22 yo mu gihe gisanzwe co mu mwaka, ku wa kane, années paires.🛑DUHIMBAZA UMWERANDA PAPA GEREG...
03/09/2026

Ijambo ry’Umukama.

Indwi ya 22 yo mu gihe gisanzwe co mu mwaka, ku wa kane, années paires.

🛑DUHIMBAZA UMWERANDA PAPA GEREGORI,Umwigisha wa Ekleziya.
________________________________________________

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa yandikiye Abanyakorenti (3, 18-23)

Ncuti zanje, ntihagire n’umwe yihenda; muri mwebwe, nihagira mwe yiyumvira ko ari umunyabwenge ku vy’iyi si, niyigire ikijuju ngo abone guhinduka umunyabwenge w’ukuri; kuko ubwenge bw’iyi si ari ubusazi mu maso y’Imana. Na none handitswe ngo: «Umukama ategera abanyabwenge mu bubangutsi bwabo», kandi ngo: «Umukama arazi ivyiyumviro vy’abanyabwenge, arazi ko ata co bimaze.» Ni uko rero, ntihagire n’umwe yihayagiza mu bantu; kuko vyose ari ivyanyu, ari Pawulo canke Apolo canke Kefasi, ari isi canke ubuzima canke urupfu, ari ivy’ubu canke ibizoza, vyose ni ivyanyu; namwe muri aba Kristu, Kristu na we ni uw’Imana.

Iryo ni Ijambo ry’Umukama.

IZABURI 23 (24) 1-2, 3-4b, 5-6

Icit. Isi ni iy’Imana, kumwe n’ibiri kuri yo vyose.

Isi ni iy’Umukama, kumwe n’ibiri kuri yo vyose, intara n’ibihaba vyose; kuko ari We yayiteretse ku mayaga, akayikomeza kuri yo.

Mbe bane, ni nde azokwurira ku murambi w’Umukama, akaguma mu kibanza ciwe ceranda? Ni urya muntu w’iminwe idahumanye, w’umushaha udatyoye, w’umutima udacambirwa ibintazi w’abapagani.

Ben’uyo muntu n’ahezagirwe n’Umukama, asagirwe n’ubutungane bw’lmana yamukijije: ng’uwo umuryango w’abamurondera, barondera inyonga zawe, Mukama.

INKURU NZIZA
______

Aleluya, aleluya.

Umukama yavuze ati: «Kuva ubu, nzobita abakunzi banje; ivyo nahawe na Data vyose narabibamenyesheje.»

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na (5, 1-11)

*Umusi umwe, Yezu yari akikijwe n’ishengero ribandana ago ryumvirize Ijambo ry’Imana. Na we rero akaba ahagaze ku nkombe y’ikiyagaca Genezareti. Abona rero ubwato bubiri buri ku nkombe y’ikiyaga, abarovyi na bo bari babuvuyemwo ngo boze insenga zabo. Yurira rero muri bumwe, bukaba na bwo ni ubwa Simoni. Yezu aramwinginga ngo asoze gatoyi bave ku nkombe. Yezu yicara muri nya bwato, atangura kwigisha rya shengero. Ngo aheze abwira Simoni ati: «Igiza rero ahari amazi menshi, uheze urekurireyo urusenga urobe.» Simoni amusubiza ati: «Muhanyi, twaraye turaroba ijoro ryose, turaheza nta co twafata; mugabo ko ubivuze, ndaterera urusenga.» Ngo abigire, bafata ifi isinzi, n’urusenga rwabo rutangura gusambuka. Bākura rero bagenzi babo bari mu bundi bwato ngo baze kubafasha. Na bo baraza, buzuza ya mato yompi, mbere ashaka n’ukwibira. Simoni ngo abibone, akubita ibipfukamiro hasi imbere ya Yezu, ati: «Mukama, n’unje kure kuko ndi umunyakabi!» Erega ubwoba bwari bwamutekeye, n’abo bari kumwe nyene, kubera izo fi bari barovye. Eka na bene Zebede, bagenzi ba Simoni, Yakobo na Yohani, bari babufise. Ariko Yezu yabwiye Simoni ati: «Gumya umutima; kuva ubu uzohora uroba abantu.» Ngo bagarukane ubwato ku nkombe, baca basigaho vyose, baramukurikira.

Iryo ni Ijambo ry’Umukama.

  YO KUMUSI W'IMANA UGIRA 23 UMWAKA A.
31/08/2026

YO KUMUSI W'IMANA UGIRA 23 UMWAKA A.

Ijambo ry’Umukama.Indwi ya 22 yo mu gihe gisanzwe co mu mwaka, ku wa mbere, années pairesIGISOMWA CA MBEREIvyo dusoma mw...
30/08/2026

Ijambo ry’Umukama.

Indwi ya 22 yo mu gihe gisanzwe co mu mwaka, ku wa mbere, années paires

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandildye Abanyakorenti (2, 1-5)

Nanje mu kuza iwanyu, benewacu, sinaje kubamenyesha ingingo y’Imana mu mvugo zihinguye no mu bwenge buhejeje. Oya, nta kindi nashatse kumenya muri mwebwe, atari Yezu Kristu, kandi Yezu Kristu yabambwe ku musaraba. Jewe nyene nash*tse iwanyu mfise intege nke, ndi n’ubwoba n’agash*tsi kenshi, kandi imvugo yanje n’inyigisho yanje ntivyari bihagaze ku majambo atomoye y’ubwenge, ariko ico vyerekana ni Mutima n’ubukomezi bwiwe, kugira ngo ukwemera kwanyu ntiguhagarare ku bwenge bw’abantu, ariko gushimikire ku bukomezi bw’Imana.

Iryo ni Ijambo ry’Umukama.

IZABURI 118 (119) 97-98, 99-100, 101-102

Icit. Ukuntu nkunda amabwirizwa yawe, Mukama!

Ukuntu nkunda amabwirizwa yawe, ni yo ndimbura rikarinda rirenga. Amategeko yawe angira inkerebutsi kurusha abansi banje, kuko na ntaryo yamana nanje.

Ndusha ubukerebutsi abigisha banje bose, kuko ivyo ushaka ari vyo mpoza ku mushaha. Ndusha abakera ubwenge, kuko mpora nzigama amategeko yawe.

Mu nzira yose singeza ikirenge mu kabi, kugira ngo nkurikire ijambo ryawe; ingingo yawe sindayirengagiza, kuko ari Wewe unyigisha.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.

Ijambo ryawe, Mukama, ni ryo kuri; muri uko kuri, n’utugire beranda.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na (4, 16-30)

Muri irya misi, Yezu aja i Nazareti, aho yari yararerewe. Araheza arinjira mw’isinagoga, nk’uko yahora abigenza ku misi y’isabato. Arahaguruka ngo asome. Bamuhereza igitabu c’umuhanuzi Izaya; azingurura ahanditswe ngo: «Umutima w’Umukama uri kuri jewe, kuko yansîze ngo mburire Inkuru nziza aboro, andungika gukwiza mu baboshwe ubukiriro, mu bahumye ngo bahumuke, kurókora abababaye n’ukumenyesha umwaka mwiza w’Umukama.» Ahejeje arazinga igitabu, agihereza uwahakora, aca aricara. Abari mw’isinagoga bose bari bamuhanze amaso. Aca atangura kubabarira ati: «Uyu musi, ivyanditswe vyarangutse imbere yanyu.» Bose baramwemera bagatangazwa rwose n’amajambo meranda yavuga. Hanyuma baribaza bati: «None, uwo si wa muhungu wa Yozefu?» Arababarira ati: «Ndabizi ko muhava muncira uyu mugani ngo: Muvuzi, banza wivure wewe nyene! Ivyo twumvise vyose wagize i Kafaranawumi, bigire ngaha mu mavukiro yawe.» Atako avuga ati: «Ni ukuri ndabibabwiye: nta muhanuzi n’ umwe yumvirwa aho yavukiye.» Kandi ndababwiye ukuri: muri Israyeli hari abapfakazi benshi mu gihe ca Eliya, hamwe imvura yatara mu myaka itatu n’amezi atandatu, hagatera inzara kw’isi yose, ariko Eliya ntiyarungitswe ku mugore n’umwe atari ku mupfakazi w’i Sarepta muri Sidoni. Hari kandi abanyamibembe bensbi mu gihe c’umuhanuzi Elize, ariko nta n’umwe muri bo yatyorowe, atari Nahamani Umunyasiriya.» Mu kwumva ivyo, baciye bose banigwa n’ishavu mw’isinagoga; bavuye hasi, bamuhindira inyuma y’igisagara, baramujana gushika hejuru ku musozi igisagara cari cubatsweko, ngo bamucuranguze. Ariko we, abaciye hagati, arigira.

Iryo ni Ijambo ry’Umukama.

30/08/2026

DUKIRIZE AMABOKO TURIRIMBE DUTI

Ijambo ry’Umukama. Indwi ya 21 yo mu gihe gisanzwe co mu mwaka, ku wa gatatu, années pairesIGISOMWA CA MBEREIvyo dusoma ...
25/08/2026

Ijambo ry’Umukama.

Indwi ya 21 yo mu gihe gisanzwe co mu mwaka, ku wa gatatu, années paires

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mw’Ikete rya kabiri Umutumwa Pawulo yandikiye (3, 6-10. 16-18)

Benewacu, Turabategereje kw’izina ry’Umukama wacu Yezu Kristu: nimuhunge uwo muvukana wese yishinga kurera amaboko kandi adakurikiza ivyo twabigishije. Na kare, murazi neza ingene mwotwigana, kuko tutareze amaboko iwanyu, kandi ata we twaririye ivya gusa, ariko twama dukora ijoro n’umutaga, ata gikenurwa, ata buruhe twibanga, kugira ngo ntihagire uwo tugora muri mwebwe. Si uko tutari kubishobora, ariko twashatse kubabera akarorero ngo mutwigane. Na kare, aho twari tukiri iwanyu, ng’ibi ivyo twabategereza: nihagira umuntu yanka gukora, n’areke no kurya. Umukama w’amahoro we nyene ubwiwe n’abahe amahoro imisi yose no mu buryo bwose. Uko ni ko gutasha kwa jewe «Pawulo» kwanditswe n’ukuboko kwanje: ico ni co kizobamenyesha amakete yanje yose. Uko ni ko nandika. Umugisha w’Umukama wacu Yezu Kristu niwamane namwe mwese!

Iryo ni Ijambo ry’Umukama.

127 (128) 1-2, 4-5

Icit. Urahiriwe, wewe wubaha Umukama!

Hahiriwe umuntu wese yubaha Umukama, akagendera mu nzira yiwe! Uzotungwa n’ibikorwa ry’amaboko yawe, uzohirwa, uzonezerwa.

Ng’ivyo ivyiza bizoronkera umuhezagiro umuntu yubaha Umukama! Umukama ari kuri Siyoni n’aguhezagire, ubone Yeruzalemu iroraniwe mu misi yose y’ubuzima bwawe.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.

Rungikira umuco umusavyi wawe, Mukama; unyigishe ivyo ushaka.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na (23, 27-32)

Muri irya misi, Yezu avugira imbere y’ishengero n’abigishwa biwe ati: «Muragowe, mwa banditsi mwe n’Abafarizayo mwiyorobeka, musa n’imva zera inyuma; maze zigasayangana, ariko imbere zuzuye amagufa n’ibore ryose. Na mwebwe inyuma, mu maso y’abantu, mumeze nk’aberanda, ariko imbere mwuzuye ubwiyorobetsi n’ubugome. Muragowe, mwa banditsi mwe n’Abafarizayo mwiyorobeka, murubakira imva z’abahanuzi, mugashariza iz’aberanda, mukavuga ngo: lyo tuba kumwe na ba sogokuruza, ntitwari gufatanya kwica abahanuzi. Ni gutyo mwiyerekana mwiyagiriza ko muri abana b’abishe abahanuzi. Aho rero, nimwuzuze ingero ya ba so!»

Iryo ni Ijambo ry’Umukama.

  yo kw'Idominika ya 22 ,Umwaka A
25/08/2026

yo kw'Idominika ya 22 ,Umwaka A

Tuzirikane Ijambo ry'Ijambo ry’Umukama.Turi ku musi Umukama wa 21 wo mu mwaka A.🛑Uribuka Gusangiza Abandi muri Commentai...
23/08/2026

Tuzirikane Ijambo ry'Ijambo ry’Umukama.
Turi ku musi Umukama wa 21 wo mu mwaka A.

🛑Uribuka Gusangiza Abandi muri Commentaire Ivyo wazirikanye.
__________________________________________

IGISOMWA CA MBERE
________

Ivyo dusoma mu gitabu c’umuhanuzi 22, 19-23

(Nzoshira ku bitugu vyiwe urupfuguruzo rw’inzu ya Dawudi)

Ng’iri ijambo Umukama yashikirije Shebuna umukuru w’abarindasengero b’i Yeruzalemu: 19 «Ngiye kukwirukana uve mu kibanza cawe, ndagukure mu gikorwa cawe. 20 Kuri uyo musi, nzohamagara umusavyi wanje, Eliyakimu mwene Hilikiya. 21 Nzomwambika ikanzu yawe, ndamukenyeze umukanda wawe, ubukuru bwawe nzobushira mu minwe yiwe, abe umuvyeyi w’ababa i Yeruzalemu n’abo mu Buyuda. 22 Nzoshira ku bitugu vyiwe urupfunguruzo rw’inzu ya Dawudi, gutyo niyugurura nta wuzokwugara, niyugara nta wuzokwugurura. 23 Kandi nzomushimangira nk’imāmbo ahantu hagumye; azoba intebe y’ubwami ininahaye y’umuryango wa se wiwe.»

Iryo ni Ijambo ry’Umukama.

138 1-2a, 2bc-3, 6. 8bc

Icit. Mukama, ubuntu bwawe ni ubw’imyaka yose, ntiwirengagize ivyahinguwe n’iminwe yawe.

1 Ndagushimagiza n’umutima wanje wose; ndagucurarangira imbere y’izindi mana. 2 Ndakubita inkoro hasi nerekeza Ingoro yawe nyeranda. Icit.

Ndashimagiza izina ryawe, ku bw’ubuntu bwawe n’ukuri kwawe, kuko waninahaje ijambo ryawe, izina ryawe ukarishira hejuru ya vyose. 3 Aho nagutabaza waranyishuye, waranyubahuye ukomeza umutima wanje. Icit.

6 N’aho Umukama ari hejuru cane, arabona uwuciye bugufi, uwishira hejuru akamumenya akiri kure. 8 Mukama, ubuntu bwawe ni ubw’imyaka yose, ntiwirengagize ivyahinguwe n’iminwe yawe. Icit.

IGISOMWA CA KABIRI
_________

Ivyo dusoma mw’ikete umutumwa yandikiye Abanyaroma 11, 33-36

(Vyose biva kuri we, vyose bibeshwaho na we kandi vyose birora kuri we)

33 Ewe koraniro ry’itunga n’iry’ubwitonzi n’iry’ubumenyi vy’Imana! Ese ukuntu ingingo zayo ata wushobora kuzitohoza n’ukuntu inzira zayo ata wushobora kuzitegera! 34 Ni nde yoba yaramenye iciyumviro c’Umukama? Canke ni nde yoba yaramubereye umuhanuzi? 35 Canke ni nde yoba yaramwitanze akamugabira ngo na we aze amusubize? 36 Nkako vyose biva kuri we, kandi vyose bibeshwaho na we, kandi vyose birora kuri we. Naninahazwe mu myaka yose. Amen!

Iryo ni Ijambo ry’Umukama.

INKURU NZIZA
______

Aleluya. Aleluya.

Uri , kandi kuri uru rutare ni ho nzokwubaka Ekleziya yanje, n’ingabo z’ikuzimu ntizizoshobora kuyisenyura. ( 16, 18)

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na 16, 13-20

( )

Muri irya misi, 13 Yezu amaze gushika mu ntara ya Sezareya ya Filipo, yabajije abigishwa biwe ati: «Abantu bavuga ko Umwana w’umuntu ari nde?» 14 Baramwishura bati: «Bamwe bavuga ngo ni Yohani Batista, abandi ngo ni Eliya, abandi ngo ni Yeremiya, abandi na bo ngo ni umuhanuzi mu bandi.» 15 Yezu araheza ababwira ati: «Mweho muvuga ko ndi nde?» 16 Simoni Petero yishura avuga ati: «Uri Kristu, Umwana w’Imana nzima.» 17 Yezu na we asubizayo, amubwira ati: «Urahiriwe, Simoni mwene Yona, kuko utabihishuriwe n’umubiri n’amaraso, ubihishuriwe riho na Data ari mw’ijuru. 18 Nanje rero ndakubwiye ko uri Petero, kandi kuri uru rutare ni ho nzokwubaka Ekleziya yanje, n’ingabo z’ikuzimu ntizizoshobora kuyisenyura. 19 Nzoguha impfunguruzo z’ubwami bw’ijuru. Ico uzoboha kw’isi kizoba kiboshwe no mw’ijuru, kandi ico uzobohora kw’isi kizoba kibohowe no mw’ijuru.» 20 Agirako yihanikiriza abigishwa ngo ntihagire n’umwe babwira ko ari we Kristu.

Iryo ni Ijambo ry’Umukama.

23/08/2026

Imbere Yuko winjira mubikorwa vyuno musi, Fata akanya Wishire mumutamana wa .

Ihereze Umuvyeyi ,Ivyawe Vyose Arabishikana kwa .

Muvyeyi Bikira Maria .

Adresse

96 Rue De Chevilly L’Haÿ-les-roses
L'Hay-les-Roses
94240

Notifications

Soyez le premier à savoir et laissez-nous vous envoyer un courriel lorsque Chorale Saint Guido publie des nouvelles et des promotions. Votre adresse e-mail ne sera pas utilisée à d'autres fins, et vous pouvez vous désabonner à tout moment.

Raccourcis

Partager