05/02/2014
Mpejeje Kwakira Yesu nk’Umwami n’Umukiza…cangira iki ?
Imana Ishimwe! Uhejeje gufata ingingo igiye guhindura ubuzima bwawe! Ngira ubu uriko uribaza, None ca nkora iki ? Mbe ntangura gute urwo rugendo hamwe n’Imana ? Aha munsi, uraza kubona impanuro z ‘ivuye muri bibiriya twatanze zerekana ivyo utegerezwa kugira (n’izitanu).
1. Utegerezwa kw’umva ico kuronka agakiza bisigura
1Yohana 5 :13 baratubwira : « Ivyo ndabibandikiye mwebge mwizeye izina ry’umwana w’Imana, kugira mumenye yuko mu fise ubugingo budashira. » Imana irashaka ko dutahura yuko dufise ubugingo budashira. Irashaka ko turonka umwidegemvyo kandi tumenya ko twakijijwe (canke ko yadukijije urupfu, umuriro udahera, n’ivyaha). Mu ntangamarara reka dusubiremwo ibice bikomeye :
(a) Twese turabacumuzi. Kandi twese turamaze gumura ku Mana. (Abaroma 3 :23)
(b) Kubgivyo, gutandukana n’Imana Ibihe bidashira, nico gihano dukwiye.(Abaroma 6 :23)
(c) Yesu yabambwe k’umusaraba kubw’ivyaha vyacu (Abaroma 5 :8, 2 Ab’Ikorinto 5 :21). Yafashe ikibanza cacu, n’igihano twebge twari dukwiye kuronka. Ukuzuka kwiwe kwemeje yuko urupfu rwiwe rwahanaguye ivyaha vyacu.
(d) Imana iratanga Imbabazi n’ugukizwa kuri abo bose bashira ukwizera kwabo muri Yesu- bakemera ko ugupfa kwiwe kwari ingero twebge twari dukwiye kuriha kubera ivyaha vyacu (Yohana 3 :16 ; Abaroma 5 :1 ; Abaroma 8 :1)
Iyi ni yo Nkuru Nziza, inkuru y’agakiza turonka muri Kristo Yesu ! Niyaba washize ukwizera kwawe muri Kristo nk’Umwami n’Umukiza , Waronse Agakize- uri mu muryango wa ba kijijwe ! Ivyaha vyawe vyose vyahanaguwe, kandi Imana yasezeranye ko itazokwigera iguheba canke iguta (Abaroma 8 :38-39, Matayo 28 :20). Wibuke ko agakiza kawe gahagaze neza kuri Yesu Kristo (Yohana 10 : 28-29). Niyaba wizeye muri Yesu (wenyene) Nk’ Umukiza, urashobora kuronka umwidegemvyo yuko uzomara ibihe bidashira mw’ijuru Hamwe n’Imana !