05/31/2026
*_IJAMBO RY'UMUKAMA_*
🗓️ *_indwi y’9 yo mu gihe gisanzwe co mu mwaka, ku wa mbere, années paires_*
📖 *IGISOMWA CA MBERE*
📜 _Ivyo dusoma mw’Ikete rya kabiri ry’Umutumwa Petero (1, 2-7)_
Ncuti zanje, Umugisha n’amahoro nibibasagararemwo mu bumenyi bw’Imana n’ubwa Yezu Umukama wacu. Kuko ububasha bw’Imana bwatugabiye ivy’ubu*ima n’ubuyobokamana vyose mu kutumenyesha uwaduhamagaje ubuninahazwa n’ubwiza bwiwe bwite, kuri ivyo nyene yaratugabiye ya mihango y’agaciro kandi y’agakura, kugira ngo bibatere gusangira n’Imana kamere yayo mu kuva mw’ibore ry’igomwe ry’ivy’isi; mbere kubera ico nyene, nimushishikare rwose, ngo mubangikanye ukwemera n’ubwiza, ubwiza n’ubumenyi, ubumenyi n’ubwirinzi, ubwirinzi n’ubwiyumanganyi, ubwiyumanganyi n’ubuyobokamana, ubuyobokamana n’ubukundanyi, ubukundanyi n’urukundo.
```Iryo ni Ijambo ry’Umukama.```
📖 *IZABURI 90 (91) 1-2, 14-15ab, 16*
📜 _Icit. Mana yanje, ni Wewe nizeye._
Iyo nkingiwe n’inkinzo y’Uwuhangamye mw’ijuru, nkibera mw’irebe ry’Umushoboravyose, ndibuka Umukama ari we mahungiro n’amirukiro yanje, Imana yanje nizeye.
«Nzomukimbagiza ko yanyishimikije, nzomukuza ko atiyobagije izina ryanje. Aranyakura nkamwitaba, mu marushwa sindamuvirira.
Ndamuruhura nkamuninahaza, nzomuha kuramba kandi nzomuhishurira urukiza rwanje.»
📖 *INKURU NZIZA*
🎼 *_Aleluya, Aleluya_*
📑 _Imana yaduhaye ubu*ima bw’ijambo ryayo ry’ukuri, kugira ngo tube imfura mu biremwa vyayo vyose._
🎼 *_Aleluya_*
📖 _Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (12, 1-12)_
*Yezu atangura kubwira abigisha n’abashingantahe mu migani ati: «Umuntu yateye imizabibu, arayizitira, yimba mw’ibuye ubwato bw’ukuganiramwo, ayubakamwo inzu y’irerekero, hanyuma ayishinga abarimyi, aca yigira mu mahanga. Igihe kigeze, atuma umusuku kuri ba barimyi ngo bamuhe uruhara rwiwe ku vyamwa vya ya mizabibu. Bo rero baramucakira, baramwegagura, bamusubiza inyuma iminwe igaragara. Arongera abatumako uwundi musuku, uyo na we bamukomeretsa umutwe