21/08/2026
IGIKORANE CO KU WA 19.08.2026
THEME : KUGIRIGWA NEZA NK'IGITSIBO (suite) :
■ Gushigikirwa n'Imana
Imirongo ya Bibiliya : Zab. 103:4, Imig.22:1, Kuv.17:1-7.
Ikikumenyesha ko uri kumwe n'Imana, nuko wamana amahoro. Amahoro nya mahoro, atangwa n'Imana. Ukabona ivyaha bitanguye kugusesema, umenye ko utanguye kunesha, utanguye kuba amahoro.
Muri Zaburi 103:4 hatubgira ko Imana itubohora igacungura ubugingo bgacu ngo ntibuje mu mahonero. Mu kutubohora, idukiza ishari, inzigo, ubugunge, n'ibindi kugira ngo tube umuringoti icishamwo umugisha.
Mu kukugirira neza, Imana imaze kukubohora ibikuboshe vyose, ica ituma abantu bagukunda kugira ngo abe aribo izocishamwo umugisha wawe. Uku niko vyabaye kuri Morodekayi, igihe Namani yari amuciriye urwo gupfa.
Tugomba kuba abakristu barabga neza, bemerwa kandi bakundwa n'abantu. Ibi birazimvye, hari ikiguzi nawe ugomba kuriha. Nubgo abantu batobiha agaciro, Imana yo hazogera igihe ikwibuka.
Igikundiro n'ukwemerwa n'umugisha utangwa n'Imana. Iyo igikundiro c'Imana kikuriko, ivyo ukora birakworohera; abakubonye bose bifuza kugufasha. Igikundiro c'Imana cugurura imiryango idasanzwe; uyu n'umugisha udasanzwe.
Iyo utonye ku Mana, iragushigikira mu rugo, mu kazi, mu kurera abana, mu rudandanzwa,... muri vyose.
Iyo Imama iguhagarikiye, n'abansi baragufasha, nta nakimwe kikunanira. Yamara ivyo bikunda iyo ugendana na Mpwemu Yera.
Nico gituma ari ngombga ko tuba abagenzi ba Mpwemu Yera kugira adushigikire. Guhanga amaso ku bantu nta kimazi, kuko abo nyene wari wizeye nibo bakugwanya.
Menya neza, nta narimwe Imana izogushigikira mu bintu nayo itarimwo! Niko vyabaye kuri Mose.
Ni ngombga rero ko twama mu busabane na Mpwemu Yera kugira ngo aducire agace ntitugwe mu bitarivyo; tumusabe atugire inama ntituyobe.
Iyo Imana igushigikiye, ikubita igitandara umugisha ukagwira mu bantu, ibitangaza vyo muri bibiliya bikambara umubiri. Uko niko bimera kubo Imana ishigikiye.