Diocèse Catholique de Muyinga

Diocèse Catholique de Muyinga Contact information, map and directions, contact form, opening hours, services, ratings, photos, videos and announcements from Diocèse Catholique de Muyinga, Religious organisation, Muyinga.

*_Ijambo ry’Umukama, umusi w’Umukama wa 5 wa Pasika (A)_*```Umusi w’Umukama w’ubutumwa muri Ekleziya.```*IGISOMWA CA MBE...
02/05/2026

*_Ijambo ry’Umukama, umusi w’Umukama wa 5 wa Pasika (A)_*

```Umusi w’Umukama w’ubutumwa muri Ekleziya.```

*IGISOMWA CA MBERE*

_Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa 6, 1-7_

*_(Batoye abantu indwi buzuye Mutima Mweranda)_*

1 Muri irya misi, abigishwa bariko baragwira, Abayuda baturuka mu Bugereki bidodombera Abahebereyi kavukire kuko, mu bikorwa vya misi yose, abapfakazi babo batitwararikwa. 2 Bamwe Icumi na babiri bākura abigishwa bose bababwira bati: «Ntibibereye yuko duheba Ijambo ry’Imana ngo twishinge ivyo kugaburira abantu. 3 None rero benewacu, nimwitorere muri mwebwe abagabo indwi bavugwa neza, buzuye Mutima Mweranda n’ubwenge, tuzobagenere ico gikorwa, 4 nayo twebwe twihebere ivy’ugusenga n’ugushikiriza Ijambo ry’Imana». 5 Iryo jambo rirahimbara ishengero ryose ryari aho. Baca batora rero Sitefano umuntu yuzuye ukwemera na Mutima Mweranda, Filipo, Porokori, Nikanori, Timoni, Parimenasi na Nikola w’i Antiyokiya yaheruka kwinjira mw’idini ry’Abayuda. 6 Babashira imbere y’abatumwa, bamaze gusenga, babagaranzurirako ibiganza. 7 Ijambo ry’Imana rero rirasagamba, igitigiri c’abigishwa kirongerekana cane i Yeruzalemu, ishengero rinini ry’abaherezankuka barayobokera ukwemera.

```Iryo ni Ijambo ry’Umukama.```

*IZABURI 33 1-2, 4-5, 18-19*

_Icit. Tweho nta kindi twishimira atari Izina ry’Umukama Imana yacu._

1 Tere impundu Umukama, mwa ntungane mwe, abagororotsi barakwiye kumushimagiza. 2 Kengurukire Umukama mu kuvuza ikembe, mumuririmbire mu kuvuza inanga y’imirya icumi. *_Icit._*

4 Nkako Ijambo ry’Umukama riragororotse, ibikorwa vyiwe vyose biri mu kuri. 5 Akunda ubutungane n’ingingo, isi yuzuye ubuntu bw’Umukama. *_Icit._*

18 Ehe, ijisho ry’Umukama rihora ku bamwubaha, kuri abo bizigiye ubuntu bwiwe, 19 kugira ngo arokore ubuzima bwabo abakize urupfu, kandi ababesheho mu gihe c’amapfa. *_Icit._*

*IGISOMWA CA KABIRI*

_Ivyo dusoma mw’ikete rya mbere ry’umutumwa Petero 2, 4-9_

*_(Namwe muri umuryango witorewe n’Imana, mufise ubuherezankuka cami)_*

Ncuti zanje, 4 nimumwegere, we rya buye rizima ryashibuwe n’abantu ariko ryashimwe rikagira igiciro mu maso y’Imana, 5 namwe rero nimumere nk’amabuye mazima, mube amabuye y’iyo nyubakwa ya Mutima, muronke ubuherezankuka bweranda, kugira ngo muhereze imbagwa muri Mutima, zishimisha Imana, ku bwa Yezu Kristu. 6 Nanone Ivyanditse bivuga biti: «Nzoshira muri Siyoni ibuye ry’iremezo ryashimwe kandi ry’agaciro, uwuzoryishimira ntazoteterwa». 7 Mwebwe rero abemera, iteka ni rwanyu. Ariko ku batemera bo, iryo buye ryatawe n’abubatsi, ni ryo ryabaye ishimikiro ry’imfuruka, 8 riba ibuye ribatsitaza n’urutare banyererako. Batsitara kuko batemera ijambo, kandi noneho ni co bari bagenewe. 9 Mweho muri umuryango witorewe n’Imana, mufise ubuherezankuka cami, muri igihugu ceranda, mukaba n’icibare c’Imana kugira ngo mumenyeshe ibitangaza vy’uwabakuye mu mwijima, akabashira mu muco w’akatabonetse.

```Iryo ni Ijambo ry’Umukama.```

*INKURU NZIZA*

*_Aleluya, Aleluya_*

_Umukama yavuze ati: «Jewe ndi inzira, ukuri n’ubuzima, nta wuja kwa Data atanciyeko». (Yohani 14, 6)_

*_Aleluya_+

_Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani 14, 1-12_

*_(Jewe ndi inzira, ukuri n’ubuzima)_*

*Mu gihe yari mu kuva kuri iyi si ngo asubire kwa Se wiwe, Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: 1 «Ntimusimbwe n’umutima! Nimwemere Imana na jewe munyemere! 2 Mu ngoro ya Data, hari ibibanza vyinshi. Iyo bitaba ivyo, mba ndababwiye ko ngiye kubategurira ikibanza? 3 Ninamara kugenda nkabategurira ikibanza, nzoheza ngaruke, ndabajane hafi yanje, kugira ngo ahondi habe ari ho muba namwe. 4 Kandi aho nja, murazi inzira irorayo». 5 Toma amubwira ati: «Mukama, ntituzi iyo uja, inzira irorayo twoyimenya dute»? 6 Yezu aramwishura ati: «Jewe ndi inzira, ukuri n’ubuzima. Nta wuja kwa Data atanciyeko. 7 Ko mwamenye, muzomenya na Data. Ubu bwa none muramuzi kandi mwaramubonye». 8 Filipo amubwira ati: «Mukama, twereke Data, bizoba bibaye». 9 Yezu aramwishura ati: «Aho twabaniye, nturamenya ga Filipo? Uwumbonye aba abonye Data. Ushobora kuvuga ute uti: “Twereke Data”? 10 Mbega ntiwemera ko ndi muri Data na we Data akaba muri jewe? Amajambo ndababwira sindayavuga ndayitumye, ni Data aba muri jewe yigirira ibikorwa vyiwe. 11 Ni ukuri nimunyemere! Jewe ndi muri Data, na we Data akaba muri jewe. Canke, mutemeye ivyo mvuga, mupfume muvyemera ku bw’ibi bikorwa nyene. 12 Ni ukuri, ni ukuri ndabibabwiye, uwunyemera azokora na we nyene ibikorwa nkora; ndetse azokora n’ibiruta, kuko ngiye kwa Data».*

```Iryo ni Ijambo ry’Umukama.```

*_Ijambo ry’Imana, indwi ya 4 ya Pasika, ku wa gatandatu_**IGISOMWA CA MBERE*_Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatum...
01/05/2026

*_Ijambo ry’Imana, indwi ya 4 ya Pasika, ku wa gatandatu_*

*IGISOMWA CA MBERE*

_Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa (13, 44-52)_

Kw’isabato ikurikira, igisagara nka cose kirakorana ngo cumve ijambo ry’Imana. Abayuda ngo babone ico gihugu cose, bavyura ishari, batuka Imana, bahinyuza Pawulo mu vyo yavuga vyose. Pawulo na Baranaba barashira amakenga, bababwira bati: «Ni mwebwe mwabwirizwa kubwirwa ubwa mbere ijambo ry’Imana, none ko muryanse, mukaba ari mwebwe nyene mwigaye mubonye ko mudakwiriye ubuzima budahera, hinge twigire mu bapagani. Kuko ari ko Umukama yadutegereje ati: Nagutoye ngo ube umuco w’intara kandi ujane ubukiriro hose gushika ku mpera z’isi.» Abapagani bumvise ayo majambo baranezerwa, baninahaza ijambo ry’Umukama, n’abo bose bari bagenewe ubuhirwe budahera baca baremera. Na ryo ijambo ry’Imana rikwira igihugu cose. Ariko, abagore n’abapfasoni bakunda Imana n’abakuru b’igisagara, bohejwe n’Abayuda, bagirira nabi Pawulo na Baranaba, barabirukana babakura mu ntara yabo. Pawulo na Baranaba na bo babikunkumurirako inkungugu yari ku birenge vyabo, bigira muri Ikoniya. Abigishwa na bo bari buzuye akanyamuneza na Mutima Mweranda.

*IZABURI 97 (98) 1, 2-3a, 3b-4*

_Icit. Isi yose yariboneye wa Mukiza Imana yaduhaye. Canke: Aleluya._

Vyinire Umukama akavyino gashasha, kuko yakoze ibitangaza; urukiza turukesha We, ruva mu kuryo kwiwe kweranda.

Umukama yaramenyesheje intara z’amahanga yuko ari we akiza kandi yuko ari we ntungane; yaributse ingene yakunze n’ingene atazohemukira umuryango w’Israyeli.

Ba kavantara bose bariboneye ingene Imana yacu ikiza. Wa si iyo uva ukagera, komera amashi Umukama, samiriza akanyamuneza.

*INKURU NZIZA*

*_Aleluya_*

_Ni ivy’ukuri turavyiyiziye: Kristu yarazutse. Mwami, Nyeninganji, tuzigame mu rukundo rwawe._

*_Aleluya_*

_Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (14, 7-14)_

*Muri irya misi, Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: «Ko mwamenye, muzomenya na Data. Ubu bwa none, muramuzi kandi mwaramubonye.» Filipo amubwira ati: «Mukama, twereke Data, bizoba bibaye!» Yezu aramwishura ati: «Aho twabaniye, nturamenya ga Filipo we? Uwumbonye aba abonye Data. Ushobora kuvuga ute, uti: “Twereke Data?” Mbega, ntiwemera ko ndi muri Data na we Data akaba muri jewe? Amajambo mbabwira sindayavuga ndayibwiye: ni Data aba ari muri jewe yirangurira ibikorwa vyiwe. Ni ukuri nyemere! Jewe ndi muri Data, na we Data akaba muri jewe; canke, nimupfume muvyemera ku bw’ibi bikorwa nyene. Ni ukuri ni ukuri ndabibabwiye: uwunyemera azokora na we nyene ibikorwa nkora; ndetse azokora n’ibiruta, kuko ngiye kwa Data; nkaba nzogira ivyo muzosaba kw’izina ryanje vyose, kugira ngo Data aninahazwe muri Mwana. Nimwagira ico musaba kw’izina ryanje nzogikora.»*

*_Ijambo ry’Imana, ku wa 1 Rusama, Umweranda Yozefu, umukozi_*```Mu Burundi, ni Umusi Mukuru cane```*IGISOMWA CA MBERE*_...
30/04/2026

*_Ijambo ry’Imana, ku wa 1 Rusama, Umweranda Yozefu, umukozi_*

```Mu Burundi, ni Umusi Mukuru cane```

*IGISOMWA CA MBERE*

_Ivyo dusoma mu gitabu c’Amamuko (1, 1. 26-2, 3)_

Mu ntango, Imana yaremye ijuru n’isi. Imana iraheza ivuga iti: «Ingo tureme umuntu tumwishushanye, ase natwe; agabe ifi zo mu kiyaga, ibikoko, inyamaswa zose, be n’ubwoko bwose bunyogomba hasi.» Imana iraheza irema umuntu iramwishushanya, irema uwufise agashusho k’Imana, irema umugabo n’umugore. Imana irabahezagira ibabwira iti: «Nimurondoke, mugwire, mwuzure isi, muteko muyigabe. Mugabe ifi zo mu kiyaga, inyoni zo mu kirere, be n’ibikoko vyose vyagamba kw’isi.» Imana iraheza ivuga iti: «Ndabahaye ibiremwa vyose vyama imbuto bikwiye isi yose, be n’ibiti vyose bifise ivyamwa birimwo imbuto; bizobabere imfungurwa. Inyamaswa zose be n’inyoni zose zo mu kirere, ivyikwega hasi vyose kandi biri n’ubuzima, ndabagabiye ibimera vyose kandi biri n’itoto ngo bibabere indya.» Bica biba gutyo. Imana ikubitiza ijisho ku vyo yari yagize: vyari vyiza cane. Haba umugoroba, haba n’igitondo: uba umusi ugira gatandatu. Gutyo rero, ijuru n’isi hamwe n’inteko zavyo, vyari bihejeje guhingurwa. Ku musi ugira indwi, Imana irasozera igikorwa yari yagize; hanyuma ku musi w’indwi iraruhuka, imaze kurangiza ico gikorwa cose yari yagize. Ng’ayo amamuko y’ijuru n’isi igihe vyaremwa.

*IZABURI 89 (90) 2, 3-4, 12-13, 14. 16b*

_Icit.: N’udushimangirire, Mukama, ivyo dukora n’amaboko yacu._

Imisozi itarabaho, utararema isi n’ibihugu, Weho wamye uri Imana kuva kera na rindi.

Abantu urabasubiza mw’ibumba, urababarira uti: «Bana b’abantu, nimusubireyo!» Mu maso yawe, imyaka igihumbi imeze nk’umusi w’ejo wahise, canke nk’igishingo kimwe c’ijoro.

N’utwigishe guharūra imisi yacu, kugira ngo dukerebuke mu bwenge. Ewe Mukama, garuka: uzogeza ryari? Niwirimbuze mu vyo ugirira abasavyi wawe.

N’udukwize urukudo rwawe mu gitondo ca kare, niho twoheza tukamara umusi wose mu karirimbo no mu kanyamuneza. Igikorwa cawe niciserure ku basavyi bawe, be n’agahimbare kawe ku bana bawe.

*IGISOMWA CA KABIRI*

_Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakolosi (3, 14-15. 17. 23-24)_

Ncuti zanje, ico mwokwitwararika imbere ya vyose, ni uko mwokwamana urukundo, kuko ari rwo rutuma umuntu aba intungane ish*tse. Vyongeye, amahoro ya Kristu n’ahangame mu mishaha yanyu, ayo mahoro ni yo mwahamagariwe gusangira mu Mubiri umwe, maze, mwame mukenguruka na ntaryo. Ivyo muvuga canke ivyo mukora vyose, murame mubigira kw’izina ry’Umukama Yezu, mumwihekeko mu gukengurukira Imana, Umuvyeyi wacu. Ivyo mukora vyose, mubikore bivuye ku mutima nk’abakorera Umukama, ntimube nk’abakorera abantu: murazi neza ko Umukama ari We azobaronsa impera mu kubagira ba Samuragwa biwe. Umukama Yezu ni We mukorera.

*INKURU NZIZA*

*_Aleluya, aleluya._*

_Umukama n’ashimagizwe imisi n’iyindi, We Mana Mukiza wacu, yiremetseko ibituremereye._

*_Aleluya._*

_Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (13, 54-58)_

*Muri irya misi, Yezu yagarutse mu ntara iwabo, arigishiriza mw’isinagoga ryabo. Abantu baratamarirwa bavuga bati: «Mbega ubwo bwenge n’ivyo bitangaro biva hehe? None, urya si wa muhungu w’umubaji? Nyina ntiyitwa Mariya, benewabo si Yakobo, Simoni na Yuda, bashikibe bose ntitubana? None, ivyo bintu vyose abikura hehe?» Bibatera umutima mubi. Yamara Yezu We ababwira ati: «Umuhanuzi ntiyigera aninahazwa mu gihugu yavukiyemwo no mu muryango iwabo.» Nta bitangaro vyinshi rero yahagiriye kubera ubugaba bwabo.*

*_Ijambo ry’Umukama, indwi ya 4 ya Pasika, ku wa kane_**IGISOMWA CA MBERE*_Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa ...
29/04/2026

*_Ijambo ry’Umukama, indwi ya 4 ya Pasika, ku wa kane_*

*IGISOMWA CA MBERE*

_Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa (13, 13-25)_

Pawulo n’abo bari kumwe bajabutse mu bwato bava i Pafosi, baja i Perije muri Pamfiliya; bavana na Yohani, na we asubira i Yeruzalemu. Na bo barenganye Perije, baja i Antiyokiya ya Pisidiya. Binjiye mw’isinagoga ku musi w’isabato, baricara. Ivy’amabwirizwa n’abahanuzi bihejeje gusomwa, abakuru b’isinagoga batuma kubabwira bati: «Benewacu, nimwaba mufise akajambo k’impanuro mubwira igihugu kiri aho, nimuvuge.» Pawulo ava hasi, akiriza ukuboko ngo bahore, avuga ati: «Bantu b’Israyeli namwe mwubaha Imana, tege amatwi. Imana y’Israyeli yaratoye ba sokuru, irabagwiza baraba igihugu bari bahungiye mu Misiri. Hanyuma iramvura ukuboko, yerekana ububasha, ibakurayo. Nk’imyaka imirongo ine ishize, irababungabunga mu bugaragwa. Hanyuma, ihonya intara indwi mu gihugu ca Kanahani, ihashira nya gisata cayo. Yongera mu myaka igera nko ku majana ane na mirongo itanu, igiha abacamanza gushika kuri Samuweli. Na ho basaba umwami, Imana na yo ibaha mu myaka mirongo ine Sawuli, mwene Kishi wo mu muryango wa Benyamini. Hanyuma, Imana irahava iramubogoza, ibatorera Dawudi, ngo ababere umwami; ni we bavuze muri aya majambo ngo: Naritoreye Dawudi mwene Yese, umuntu anshika ku mutima, azorangura ivyo nshaka vyose. Nk’uko yari yarabiraganye, mu ruvyaro rwiwe ni ho Imana yatoye Yezu, ngo abe Umukiza wa Israyeli. Ataraza, Yohani ni we yamuteguriye inzira, mu kwigisha igihugu cose ca Israyeli Ibatisimu y’ukwigaya. Igihe yari mu kurangura ivyo yatumwe, Yohani yavuze ati: Jewe sindi uwo mwiyumvira, haza kuza uwo ntakwiye guhambururira imizana y’inkweto.»

```Iryo ni Ijambo ry’Umukama.```

*IZABURI 88 (89) 2-3, 21-22, 25.27*

_Icit. Urukundo rwawe, Mukama, ndaruririmba ubudahengeshanya! Canke: Aleluya._

Urukundo rwawe, Mukama, ndaruririmba ubudahengeshanya, abantu b’inzaruka zose nzobamenyesha ko uzira guhemuka. Erega navuze nti: «Urukundo rwawe ruravyagiye ubutakihava, ukudahemuka kwawe na kwo kuvyagiye mw’ijuru.»

«Narironkeye Dawudi, umusavyi wanje, ndamusiga amavuta meranda; iminwe yanje izomuhagarikira, ukuboko kwanje kuzomukomeza.»

Sinzomuhemukira kandi urukundo rwanje bizokwamana, ubukomezi bwiwe buzoseruka kubera izina ryanje; azonyita ati: Wewe uri Dawe, Mana yanje, ukongera ukaba ikinja rinkiza.»

*INKURU NZIZA*

*_Aleluya_*

_Uremeye kuko umbonye. Hahiriwe uwuzokwemera ataco arinze kubona!_

*_Aleluya_*

_Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (13, 16-20)_

*Imbere y’umusi mukuru wa Pasika, amaze kwoza ibirenge vy’abigishwa biwe, Yezu yababariye ati: «Ni ukuri ni ukuri ndabibabwiye: nta musuku aruta shebuja, nta ntumwa iruta uwayitumye. Ko ivyo mubizi, muzoba muhiriwe nimwabikora. Si mwese mvuga; ndazi abo natoye. Ariko ivyanditswe bitegerezwa gutaha, ngo: “Uwo dusangira umukate yampagurukiye”. Ndabibabwiye ubu bitaraba ngo nivyaba mwemere ko ndi Uwuriho. Ni ukuri ni ukuri ndabibabwiye: uwakiriye wese uwo ntumye, aba ari je yakiriye: na we unyakiriye aba yakiriye Uwantumye.»*

```Iryo ni Ijambo ry’Umukama.```

*_Ijambo ry’Umukama, indwi ya 4 ya Pasika, ku wa gatatu_**IGISOMWA CA MBERE*_Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumw...
28/04/2026

*_Ijambo ry’Umukama, indwi ya 4 ya Pasika, ku wa gatatu_*

*IGISOMWA CA MBERE*

_Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa (12, 24-13, 5a)_

Ijambo ry’Imana riboneraho gusagarara n’ugukwira hose. Ngo bamare kurangiza umurimo wabo, Baranaba na Sawuli bava i Yeruzalemu, bahitana Yohani ari we bita kandi Mariko. Muri Ekleziya yo muri Antiyokiya, harimwo abahanuzi n’abigisha nka Baranaba na Simeho, ari we yitwa Nijeri, Lukiyosi wo muri Sirene, Manahene yari yarerewe hamwe n’umwami Herodi, na Sawuli. Mu gihe bariko barashemeza icese Umukama, bagirako bisonzesha, Mutima Mweranda ababwira ati: «Ncagurira Sawuli na Baranaba, ndi n’ibikorwa nabatoreye.» Buno rero, babanje kwisonzesha n’ugusenga, babagaranzurirako ibiganza barabareka baragenda. Sawuli na Baranaba barungitswe na Mutima Mweranda we nyene baramanuka i Selewusiya bavaho baja i Shipure. Bash*tse i Salamina, bamenyesha Ijambo ry’Imana mu masinagoga y’Abayuda.

```Iryo ni Ijambo ry’Umukama.```

*IZABURI 66 (67) 2-3, 5, 6.8*

_Icit. Intara zose zo kw’isi nizemere yuko uri Imana! Canke: Aleluya._

Imana n’itugirire imbabazi, n’iduhezagire, inyonga zayo nizituboneshereze; niho inzira yawe izomenyekana kw’isi, niho intara zose zizomenya ko uri Umukiza.

Intara nizivyine zihimbarwe, kuko uca urubanza rutunganye kw’isi; uratwara ibihugu mu butungane, ukayobora neza intara zo kw’isi yose.

Intara nizemere yuko uri Imana! nizivyemere zose hamwe! Imana n’iduhezagire, yongere isengwe, kuva iyo isi iva ikagera.

*INKURU NZIZA*

*_Aleluya_*

_Kristu yarazutse, umuco wiwe waratuboneshereje, twebwe yacunguje amaraso yiwe._

*_Aleluya_*

_Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (12, 44-50)_

*Muri irya misi, Yezu yarasemereye ati: «Uwunyemera si je yemera, yemera Uwantumye; vyongeye, uwumbona aba abonye Uwantumye. Jewe naje kw’isi nk’Umuco, kugira ngo uwunyemeye ntagume mu muzimagiza. Hagize uwumva amajambo yanje ntayazigame, si je ndamucira urubanza, kuko ntaje gucira urubanza isi, nazanywe n’ukuyikiza. Uwumpinyura ntiyakire amajambo yanje, azoronka ikirumucira: ijambo navuze ni ryo rizorumucira ku musi w’imperuka. Na none sinavuze niraritse, ariko Dawe yandungitse ni we yantegetse ivyo mbwirizwa kuvuga no kumenyesha. Bisubiye, ndazi kw’iteka ryiwe ari ubuzima budahera. Ni uko rero ivyo mvuga, ndabivuga uko Data yabimbwiye.»*

```Iryo ni Ijambo ry’Umukama.```

*_Ijambo ry’Umukama, indwi ya 4 ya Pasika, ku wa kabiri_**IGISOMWA CA MBERE*_Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumw...
27/04/2026

*_Ijambo ry’Umukama, indwi ya 4 ya Pasika, ku wa kabiri_*

*IGISOMWA CA MBERE*

_Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa (11, 19-26)_

Muri irya misi, Abari bahunze kubera amarushwa yatewe n’ivya Sitefano bari baciye mu Bufenisiya, mu Bushipure be n’i Antiyokiya, ata bandi bariko barigisha ijambo ry’Imana atari Abayuda bonyene. Ariko rero, bamwe muri bo b’Abanyashipure n’Abanyasireni bari baje i Antiyokiya bakaza barigisha Abagereki Inkuru nziza y’Umukama Yezu. Bitayeko, Umukama yari kumwe na bo kandi benshi muri bo baremera bakagirako bagahinduka bakemera Umukama. Biraheza bishikira Ekleziya y’i Yeruzalemu. Baca batuma Baranaba i Antiyokiya. Ngo ashike, abonye ivyo ubutore bw’Imana bwahakoze aranezerwa, arabahanura ngo bose bagumize umutima ku Mana. Kanatsinda, Baranaba yari umuntu mweranda, afise ukwemera kwinshi kandi ari kumwe na Mutima Mweranda. Abantu benshi baraheza begukira Umukama. Araheza aja i Tarsi kurondera Sawuli. Ngo bahwane amujana i Antiyokiya. Bamara umwaka wose bigisha abantu indiri. Kandi i Antiyokiya, ni ho izina «abakristu» ryatanguriye.

```Iryo ni Ijambo ry’Umukama.```

*IZABURI 86 (87) 1 -2-3, 4-5, 6-7*

_Icit. Ntara zose, ni muninahaze Umukama. Canke: Aleluya._

Ese ingene Umukama agukunda, wewe wubatswe ku mirambi myeranda! Ewe Siyoni, urakundwakazwa kuruta izindi nyubakwa zose za Yakobo. Bakuvuga baguhaya, wewe gisagara c’Imana

«Jewe mparura Imisiri na Babiloni mu ntara zimaze kumenya.» Umuntu wese avuga ati: «Navukiye i Tiri canke mu Bufilisti canke muri Etiyopiya». Ariko, Siyoni yo umuntu wese ayibwira ati: «Uri Mawe, kuko umwe wese ari ho yavukiye.»

Uwo mw’ijuru arayigumizako ubwo bukuru; ariko akandika mu gitabu intara zose, ati: «Kanaka ni ho yavukiye.» Abaririmba n’abavyina bazovuga bati: «Amasôko yanje yose ari muri wewe.»

*INKURU NZIZA*

*_Aleluya_*

_Umukama yavuze ati: «Intama zanje zirumviriza ijwi ryanje. Jeho ndaz**i, na zo zikankurikira.»_

*_Aleluya_*

_Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (10, 22-30)_

*Ico gihe, i Yeruzalemu bahimbaza imisi mikuru y’uguhezagira isengero; hari mu rushana. Yezu aragendagenda mu gisengero, munsi y’ubwugamo bwa Salomo. Abayuda baramuhundarako rero, baramubwira bati: «Uzoduhagarika umutima kugeza ryari? Niwaba uri Kristu, bitubwire icese.» Yezu arababwira ati: «Narabibabwiye ntimwemera. Ibikorwa nkora kw’izina rya Data ni vyo binshingira ingingo; ariko ntimwemera kuko mutari abo mu ntama zanje. Intama zanje zirumviriza ijwi ryanje, kandi ndaz**i vyongeye zirankurikira. Ndaziha ubuzima budahera, ntizizokwigera zipfa, bisubiye nta wuzozinkura mu minwe. Data yazimpaye aruta bose kandi nta wushobora kuzikura mu minwe ya Data. Jewe na Data turi umwe.»*

```Iryo ni Ijambo ry’Umukama.```

*_Ijambo ry’Umukama, indwi ya 4 ya Pasika, ku wa mbere_**IGISOMWA CA MBERE*_Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa...
26/04/2026

*_Ijambo ry’Umukama, indwi ya 4 ya Pasika, ku wa mbere_*

*IGISOMWA CA MBERE*

_Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa (11, 1-18)_

Muri irya misi, Abatumwa na benewabo bari mu Buyuda bari bumvise yuko n’abapagani nyene bemeye Ijambo ry’Imana. Petero aduze i Yeruzalemu, abari bavuye mu Bayuda bamugirira umwikomo bati: «Warinjiriye abapagani ugirako murasangira?» Niho rero Petero yabasigurira uko vyakurikiranye, avuga ati: «Nari mu gisagara c’i Yope ndiko ndasenga, hanyuma ndabonekerwa. Niho nabona ikintu gishusha n’umutamana, gihagatiwe mu mpande zine, kimanuka kiva mw’ijuru kiza kingana, kirateba kiranshikira. Ndacitegereza mbona ibikoko vy’imiryango yose, ibigenza amaguru ane, ibinyogomba n’inyoni zo mu kirere. Numva ijwi rimbarira riti: « Haguruka ufungure. » Nanje nti: « Oya, Muhanyi, sindigera mpumana. » Rya jwi rirasubira ubwa kabiri kuvugira mw’ijuru riti: « Ntuzokwigera uziririza ico Imana yazirukanije. » Iryo jwi ndaryumva gatatu kose. Hanyuma, ivyo nari nabonye vyose vyisubirira mw’ijuru. Buno nyene, abantu bantumweko bavuye i Sezareya baduturako amaguru. Mutima arahava arambwira kubaherekeza ntahigima. N’aba bagenzi batandatu mubona baramperekeje gushika kwa nyenukudutumira. Koroneriyo atubwira ingene Umumarayika yamubonekeye akamubarira gutuma i Yope kuri Simoni bita Petero, kugira ngo aze kumubwira icomukiza we n’abiwe bose. Ngo mbe ngitangura kuvuga, Mutima Mweranda abururukirako nk’uko yabitugiriye mu ntanguro. Nca nibuka ijambo ry’Umukama aho yavuga ati: “Yohani yabatirishije amazi, ariko mweho muzobatirizwa muri Mutima Mweranda.” None ko Imana yari yabahaye ingabirano nkatwe kuko bari bemeye Yezu Kristu, n’inda n’indesho nari guhaririza Imana!» Ngo bumve gutyo, basubiza hasi baninahaza Imana bati: «Yaragiriye n’abapagani imbabazi ngo bigaye babone gukira!»

```Iryo ni Ijambo ry’Umukama.```

*IZABURI 41 (42) ; 42 (43) 2, 3 ; 3, 4*

_Icit. Umutima wanje uranyotewe Imana nzima, nzogenda ryari kuyihweza imbonankubone? Canke: Aleluya._

Kumwe inyemera inyotewe yirukira isôko, ni ko umutima wanje uguhurumbira, Mana mfise.

Umutima wanje waranyotewe Imana, ari yo Mana nzima; mbega, nzogenda ryari kuyihweza imbonankubone?

Ndungikira umuco wawe n’ukuri kwawe, maze bindongōre, binjane ku murwa wawe mweranda, nshike no mu birimba vyawe.

Nzoheza nshike ku ruhimbi rw’Imana, kwa Mana nyene ari yo kanyamuneza kanje. Nzonezerwa, nkuninahaze, ngucurarangire, Mukama, Mana mfise.

*INKURU NZIZA*

*_Aleluya_*

_Umukama yavuze ati: «Jewe ndi wa Mwungere mwiza; ndazi intama zanje, na zo zikamenya.»_

*_Aleluya_*

_Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (10, 11-18)_

*Muri irya misi, Yezu yabariye Abayuda ati: «Jewe ndi wa Mwungere mwiza. Umwungere mwiza yigura intama ziwe. Umucangero atari umwungere kandi atari we nyenintama, abona impfyisi ije, akazita hano agahunga, na yo nya mfyisi ikazigwamwo, ikazishwiragiza. Ubwo rero ahunga kuko ari umucangero atababaye izo ntama. Jewe ndi wa Mwungere mwiza: ndazi intama zanje na zo nya ntama zikamenya, nk’uko Data anzi nanje nkamumenya. Kandi ndigura intama zanje. Ndafise n’izindi ntama zitari muri ubu busho, na zo nyene mbwirizwa kuzizana ngo zizokwumve ijwi ryanje kandi hazobe ubusho bumwe n’umwungere umwe. Ico Data ankundira ni uko ntanga ubuzima bwanje, nze nsubire kubwakira. Ntawubunyaka, ni jewe nyene ubwanje ndabutanga. Ndi n’ubukuru bwo kubutanga n’ubwo gusubira kubwakira; ni ryo teka naciriwe na Data.»*

```Iryo ni Ijambo ry’Umukama.```

26/04/2026

Yezu Mwungere mwiza

*_Ijambo ry’Umukama, umusi w’Umukama wa 4 wa Pasika (A)_*```Umusi w’Umukama w’Umwungere mwiza n’ihamagarwa.```*IGISOMWA ...
25/04/2026

*_Ijambo ry’Umukama, umusi w’Umukama wa 4 wa Pasika (A)_*

```Umusi w’Umukama w’Umwungere mwiza n’ihamagarwa.```

*IGISOMWA CA MBERE*

_Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa 2, 14a. 36-41_

*_(Imana yamugize Umukama na Kristu)_*

14 Ku musi wa Pentekoti, Petero ni ko guhaguruka ahagatiwe na bamwe Icumi n’umwe, ashira ijwi hejuru ati: 36 «Muryango wose w’Israyeli, bimenye kandi si ivy’imbeshere, umwe Yezu mwabamba, Imana yamugize Umukama na Kristu». 37 Abavyumvise, birabashika ku mutima. Ni ko kubwira Petero n’abandi batumwa bati: «Twogira iki ga benewacu»? 38 Petero arabishura ati: «Nimwigaye, vyongeye umwe wese muri mwebwe abatizwe kw’izina rya Yezu Kristu kugira ngo mugirirwe ikigongwe c’ibicumuro vyanyu; niho rero muzoronka ingabirano ya Mutima Mweranda. 39 Nkako umuhango ni uwanyu n’abana banyu hamwe n’abari kure bose, abo bose Umukama Imana yacu azohamagara». 40 Petero yongera kubabwira n’ayandi majambo menshi, abahanura ati: «Nimwirinde abantu b’iki gihe b’imico mibi». 41 Abakiriye iryo jambo ryiwe barabatijwe kandi kuri uyo musi abiyongeyeko bari abantu nk’ibihumbi bitatu.

```Iryo ni Ijambo ry’Umukama.```

*IZABURI 23 1-3a, 3b-4, 5, 6*

_Icit. Umukama ni we mwungere wanje sinzokena._

1 Umukama ni we mwungere wanje, nta co nzokena. 2 Amvyagiza mu bwatsi butotahaye, akanjana hafi y’amazi adasuma, 3 agahembura umutima wanje. *_Icit._*

Ancisha mu nzira z’ubutungane kubera iteka ry’izina ryiwe. 4 N’aho noca mu kabande k’umwijima w’urupfu, nta kibi nicura, kuko uri kumwe nanje, inkoni yawe n’icumu ryawe birampumuriza. *_Icit._*

5 Untegurira imeza abansi banje babona, unyakirana igishika mu kubobereza umutwe wanje amavuta, igikombe canje kiguma kibogaboga. *_Icit._*

6 Egome, ubuhirwe n’ubuntu bizomperekeza, imisi yose y’ubuzima bwanje. Nzokwibera mu Ngoro y’Umukama, imisi yose y’ukubaho kwanje. *_Icit._*

*IGISOMWA CA KABIRI*

_Ivyo dusoma mw’ikete rya mbere ry’umutumwa Petero 2, 20b-25_

*_(Mwaragarutse ku mwungere abazigamira imitima)_*

Bakunzi banje, 20 nimwaba murinda amahiri muzira ikibi mwakoze, mwumva mwobishimirwa gute? Ariko rero, nimwaba murinda ububabare muzira ivyiza mwakoze, ico co ni ingabirano mu maso y’Imana. 21 Ico n’ubundi ni co mwahamagariwe, kuko na Kristu yababaye ku bwanyu akabasigarana akarorero kugira ngo mukurikire inzira yaberetse. 22 We nta gicumuro yakoze kandi nta bubeshi bwabonetse mu kanwa kiwe. 23 We yaratutswe ntiyabasubiza, yarababajwe ntiyabahigira, ariko yarituye wese uwumúcīra urutunganye. 24 We nyene ubwiwe yarikoreye ibicumuro vyacu mu mubiri wiwe, abambwa ku giti, kugira ngo dupfe ku gicumuro tube bazima mu butungane; we inguma ziwe ni zo zabakijije. 25 Erega mwari mwazimiye nk’intama, ariko noneho mwaragarutse ku mwungere abazigamira imitima.

```Iryo ni Ijambo ry’Umukama.```

*INKURU NZIZA*

*_Aleluya. Aleluya_*

_Umukama yavuze ati: «Jewe ndi wa mwungere mwiza, ndazi intama zanje na zo nya ntama zikamenya». (Yohani 10, 14)_

*_Aleluya_*

_Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani 10, 1-10_

*_(Jewe ndi irembo ry’intama)_*

*Muri irya misi Yezu yavuze ati: 1 «Ni ukuri, ni ukuri ndabibabwiye, uwutinjirira mw’irembo ariko akamenera ahandi urugo rw’intama, ni igisuma kandi ni umwambuzi. 2 Uwinjiriye mw’irembo ni we mwungere w’intama. 3 Ni we umusangarembo yugururira, intama na zo zikumva ijwi ryiwe; ahamagara intama imwimwe izina ryayo, akaziturutsa. 4 Amaze kuzisohora zose, azija imbere, na zo zikamukurikira kuko z**i ijwi ryiwe. 5 Ntizikurikira kavantara, ziramuhunga riho, kuko zitazi ijwi ry’ab’ahandi». 6 Uwo ni wo mugani Yezu yabaciriye, ariko ntibategereye ico yashaka kubabwira. 7 Yezu rero asubiramwo ati: «NI ukuri, ni ukuri ndabibabwiye, jewe ndi irembo ry’intama. 8 Abaje imbere yanje bose ni ibisuma kandi ni abambuzi, yamara intama ntizabumvirije. 9 Jewe ndi irembo! Uwunyinjiriyemwo azokira, azokwinjira ateko asohoke, aronke n’ubwatsi. 10 Igisuma kizanwa n’ukwiba gusa, canke ukuniga n’ugutikiza ingǎnda. Jeho naje ngo intama zironke ubuzima, kandi ubuzima bwuzuye. Jewe ndi wa mwungere mwiza, umwungere mwiza yigura intama ziwe».*

```Iryo ni Ijambo ry’Umukama.```

25/04/2026

Inkuka y'Imisa yo Gukenguruka kuri Māma Isabelle yihebeye Imana mu muryango was Emmanuel.

Address

Muyinga
D.S123BUJUMBURA-BURUNDI

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Diocèse Catholique de Muyinga posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Place Of Worship

Send a message to Diocèse Catholique de Muyinga:

Share