11/03/2024
Ku munsi w'IMANA w'idominika ya kane y'umwaka B, igenekerezo rya 10/03/2024, kuri Paruwase y'abasirikare yitiriwe Kristu Mwami hari haramutse hahimbarizwa Isakramentu ry'ibatisimu n'urusangi rwa mbere ku bana 140 bari bamaze igihe bavyitegurira.
Igitigiri c'Abana bahawe isakramentu ry'ibatisimu ni: cumi na bane (14) n'abakiriye urusangi rwa mbere mw'isakaramentu ry'ukaristiya: ijana na mirongo ibiri na batandatu (126).
Inkuka ya misa yari irongowe n'umwibutsamana mukuru mu gisirikare c'Uburundi, Patiri Fulgence KAMUNTU.
Igisomwa ca mbere cavuye mu gitabu ca 2 Kwibuka ivyabaye 36, 14-16,19-23
Izaburi ya 136, 1-2,3,4-5,6
Igisomwa ca kabiri ni mw'ibaruwa umutumwa Paulo yandikiye Abanyefezi 5, 4-10
"IMANA yakunze isi urutagira urugero gushika itange umwana wayo w'ikinege"
Inkuru nziza ya YEZU Kristu yanditswe na Yohani mweranda 3, 14-21
Umwibutsamana mukuru mu gisirikare c'Uburundi, mu nsiguro yatanze yagarutse cane kugukengurukira igihugu c'IMANA cari gikoraniye aho yongera akeza abavyeyi bemeye bakazana abana babo mu ntumbero yo kunywanisha Ekleziya muryango n'umuryango wo ku ziko.
Yibukije kandi ko turi ku rugendo tugana Pasika yisunze ibisomwa n'inkuru nziza vyuwo munsi w'Imana n'ibisomwa twagiye turakwirikirana mu ndwi yaheze vyatuganisha kw'idominika ya 4 , ati : "IMANA ni nyene ikigongwe, ivyo yakoze ni agatangaza, urukundo rwayo ntiruhera".
"Ese urugendo rwacu rwogenda rugana intumbero nk'uko izaburi ibitwibutsa"
Ukaristiya ikingira kandi ikagaburira wa mutima wemeye gukwirikira Mutima mweranda. Yezu ati : "Uwakiriye ukaristiya aba muri jewe nanje nkaba muri we."
Twakira Yezu mu karistiya kugira dushushe nawe (dukore vya bikorwa IMANA yaduteguriye tukabibamwo imyaka yose)
Yaheraheje yipfuriza umunsi mukuru mwiza abakristu n'ibibondo vyatewe iryo teka.
Inyuma y'igisabisho "Ndemeye" hakwirikiye ibirori nyezina aho yahamagara abavyeyi n'urwo rwaruka kugira ngo bagaragaze ko bemera imbere y'ishengero nyuma y'aho hakwirikiye imigirwa y'uwu munsi.
Mu gusozera inkuka ya misa, yatanze umuhezagiro ku bakristu bose yongera gukeza abavyeyi n'ibibondo vyaronse Isakaramentu ry'ibatisimu n'abakiriye urusangi rwa mbere, ndetse na Ekleziya ko yungutse abakristu bashasha.