24/11/2014
Vendredi le 21/11/2014
Avec Pasteur Sibomana Kevin
Theme: Kuvugishwa ku magufa yumye!
Itanguriro 1:2-3
Imana yisanze imbere y'aho ivyo yari yararemye ari vyiza bisigaye ata shusho bifise, umwiza ariwo ubitwikiriye, ica ivuga ijambo mu kurema ivyo igomba...
Ababaye abagenzi b'Imana uhereye mw'isezerano rya kera n'abamenye gukorera mu bitaboneka kuko ukwizera gufatiye ku bitaboneka (Abaheburayo 11:1), nikwo gutuma dukora, twiyumvira, tubona nk'Imana mu bitaboneka!
Imana niyo yaremye umuco iwukuye mu mwiza (2 Abikorinto 4:6), ishobora gukora ibirengeye ivyokwirwa mu bwenge bw'abanyabwenge, ibirengeye ugutahura kw'umwana w'umuntu...
Kuko ibibogaboga muri we arivyo twese twahaweko (Yohana 1:14), yashize muri twebwe ivyuzuye muri yo..
Urashobora kuvugishwa ku magufa yumye, ku bitagenda neza mu buzima bwawe, muri famille yawe, ukavuga ijambo, ukatura ico ugomba, uko ugomba kw'ibintu bigenda (Homologia: kuvuga nk'ukw'Imana yovuze imbere y'ivyo bintu)