21/06/2026
Ivy' ukwitwikira kw'abagore mu makoraniro
11a Munyigane, nk'uko nanje nigana Kristo. 2 Ndabashima, kuko munyibuka muri vyose, mukagumya ivyo nabashikirije, nk'uko nabibahaye. 3 b Ariko ndagomba ko mumenya k'umutwe w'umugabo wese ari Kristo, kandi k'umutwe w'umugore ar' umugabo, kandi k'umutwe wa Kristo ar' Imana. 4 c Umugabo wese iy' asenga cank' avugishwa n'Imana umutwe wiwe utwikiriye, aba awuteye isoni. 5 Arik' umugore wese iy' asenga cank' avugishwa n'Imana, adatwikiriye umutwe, aba awuteye isoni: kukw ari bimwe rwose no kumobga. 6 Ni hagira umugore atitwikira umutwe, bamukerere n'umushatsi: namb' ar' ibiteye isoni k'umugore akererwa umushatsi canke kw amobga ni yitwikire mu mutwe. 7 d Umugabo ntakwiye kwitwikira mu mutwe, kukw ar' ishusho y'Imana n'ubgiza bgayo: arik' umugore n'ubgiza bg'umugabo. 8 e K*k' umugabo atamutse ku mugore, arik' umugore ni we yamutse ku mugabo. 9 f Kand' umugabo ntiyaremwe kubg' umugore, arik' umugore ni we yaremwe kubg' umugabo. 10 g Ni co gituma umugore akwiye kwambara mu mutwe ikimenyetso co kugabga, kubg' abamarayika. 11 Ariko mu Mwami wacu, umugore agenda ku mugabo, ni ko n'umugabo agenda ku mugore. 12 Nk'uk' umugore yamutse ku mugabo, ni k'umugabo avyarwa n'umugore: ariko vyose vyamuka ku Mana. 13 Ni mwiyumvire ubganyu uko biri. Mbega birakwiye k'umugore asenga Imana atitwikiriye mu mutwe? 14 Akameremere kacu mbega ntikabigisha yuk' umugabo yotega umushatsi, womutera isoni, 15 kandi k'umugore, iy' ateze umushatsi, uba ar' ubgiza bgiwe? K*ko yahawe umushatsi ng'ube umwambaro wo mu mutwe. 16 Ariko namba har' umuntu agomba kuvyura ibihari, twebge ntidufise umugenzo nk'uwo, kandi n'amashengero y'Imana ntawufise.