18/04/2022
Shalom mukundwa wa Yesu. Umuntu amaze kwakira ivyiyumviro vya Kristo ntabaho yiyumvira kuri we gusa ingene yomererwa neza, ahubwo ararengana akiyumvira ingene urunganwe rukurikira ruzobaho neza. Igihe Imana yabwira Aburahamu ko izomuhindura ihanga rikomeye, yariko ivuga kuri kazoza gakomeye yateguriye abazomukomokako uko urunganwe ruzogenda rukurikirana (Itanguriro 12:2). Nawe Imana irifuza ko muri wewe hovamwo abashizwe hejuru n'abakomeye, ariko usabwa kubaho ubuzima bwo kwiheba (sacrifice), kumwe Aburahamu yumvira Imana bigatuma ava mu vyuzuye atazi neza aho Imana iri bumushikane/