Paroisse Buhonga

Paroisse Buhonga La Paroisse Buhonga a été fondée en 1902.

Elle se situe sur la Route Nationale numéro 7 Bujumbura Jenda.Elle est la 3ème Paroisse du Burundi après Muyaga et Mugera.

03/09/2026

*_IJAMBO RY'UMUKAMA_*

🗓️ *_indwi ya 22 yo mu gihe gisanzwe co mu mwaka, ku wa gatanu, années paires_*

📖 *IGISOMWA CA MBERE*

📃 _Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti (4, 1-5)_

Ncuti zanje, Umuntu wese rero n’atubonemwo abasuku ba Kristu n’abashikiriza b’amabanga y’Imana. Nayo ico barondera ku mushikriza, ni uko umwe wese yosangwa ari intatirimuka. Ku bwanje, ivy’ugucirwa urubanza na mwebwe canke n’intahe y’abantu, ndabinezewe buhoro; mbere na jewe nyene nta rwo nicira. Ni ko, nta co umutima untonganya, ariko si co kingira intungane; uwuncira urubanza ni Umukama. Ni uko rero, nimureke guca urubanza na rumwe hataragera, igihe Umukama ataraza; ni we azoboneshereza ivyanyegejwe mu mwijima, kandi azogaragaza inama zose zo mu mishaha. Niho rero umuntu wese azohabwa n’Imana ishimwe rimukwiye.

```Iryo ni Ijambo ry’Umukama.```

📃 *IZABURI 36 (37) 3-4, 5-6, 27-28, 39-40ac*

🎷 _Icit. Amahoro y’aberanda ava ku Mukama._

Izigire Umukama wongere ukore ivyiza, ibere kw’isi ata nkomakomyi; nezerwa n’Umukama, azoheza aguhe ico wipfuza.

Hereza vyose Umukama, umwizigire azovyimenyera; azokwerekana ubutungane bwawe nk’iriserutse, ivy’ukwiye avyerekane kurya kw’umurango utangaye.

N’ureke ikibi, ukore ineza, niho uzoronka uburagamo bwa misi yose; kuko Umukama akunda ubutungane, ntahemukira abamukunda.

Amahoro y’aberanda ava ku Mukama, ni We mirukiro yabo mu makuba; Umukama arabafasha akabarokora, bahungiye kuri We arabakiza.

📖 *INKURU NZIZA*

🎷 *_Aleluya, aleluya._*

📑 _Jewe ndi Inzira ,Ukuri n’Ubuzima. Nta wuja kwa Data atanciyeko._

🎷 *_Aleluya._*

📖 _Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (5, 33-39)_

*Muri irya misi, Abafarizayo n’abanditsi babwiye Yezu bati: «Ko none, abigishwa ba Yohani n’ab’Abafarizayo bisonzesha kenshi bagasenga cane, ab’iwawe na bo bakarya bagahimba!» Yezu arabishura ati: «None mwebwe mushaka ko abagenzi b’umukwe bisonzesha bakiri kumwe na we? Hazoza imisi yindi… kandi nibabaka umukwe, bazoheza bisonzeshe muri nya misi.» Yongera arabacira uyu mugani ati: «Nta wutora ikiremo kivuye ku mpuzu nshasha ngo agiterere ku yishize. Kwoba ari ugutabura impuzu nshasha nyene, ya yindi na yo nshasha ntiruhe iberana na ca gitambara gishize. Kandi nta wusuka igisama c’imvinyu mu mibindi ishaje: ahandi ho, igisama kirayisavya, imvinyu igaseseka, nayo ya mibindi ikaba igiye ityo. Imvinyu y’igisama ibuganizwa mu mibindi mishasha. Vyongeye kandi, nta wanyoye imvinyu imaze gusha, yoshobora kuyinywa amake. Imaze gusha niho iryoha: ni ko babivuga.»*

```Iryo ni Ijambo ry’Umukama.```

02/09/2026

*_IJAMBO RY'UMUKAMA_*

🗓️ *_indwi ya 22 yo mu gihe gisanzwe co mu mwaka, ku wa kane, années paires_*

📖 *IGISOMWA CA MBERE*

📖 _Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti (3, 18-23)_

Ncuti zanje, ntihagire n’umwe yihenda; muri mwebwe, nihagira mwe yiyumvira ko ari umunyabwenge ku vy’iyi si, niyigire ikijuju ngo abone guhinduka umunyabwenge w’ukuri; kuko ubwenge bw’iyi si ari ubusazi mu maso y’Imana. Na none handitswe ngo: «Umukama ategera abanyabwenge mu bubangutsi bwabo», kandi ngo: «Umukama arazi ivyiyumviro vy’abanyabwenge, arazi ko ata co bimaze.» Ni uko rero, ntihagire n’umwe yihayagiza mu bantu; kuko vyose ari ivyanyu, ari Pawulo canke Apolo canke Kefasi, ari isi canke ubuzima canke urupfu, ari ivy’ubu canke ibizoza, vyose ni ivyanyu; namwe muri aba Kristu, Kristu na we ni uw’Imana.

```Iryo ni Ijambo ry’Umukama.```

📃 *IZABURI 23 (24) 1-2, 3-4b, 5-6*

🎷 _Icit. Isi ni iy’Imana, kumwe n’ibiri kuri yo vyose._

Isi ni iy’Umukama, kumwe n’ibiri kuri yo vyose, intara n’ibihaba vyose; kuko ari We yayiteretse ku mayaga, akayikomeza kuri yo.

Mbe bane, ni nde azokwurira ku murambi w’Umukama, akaguma mu kibanza ciwe ceranda? Ni urya muntu w’iminwe idahumanye, w’umushaha udatyoye, w’umutima udacambirwa ibintazi w’abapagani.

Ben’uyo muntu n’ahezagirwe n’Umukama, asagirwe n’ubutungane bw’lmana yamukijije: ng’uwo umuryango w’abamurondera, barondera inyonga zawe, Mukama.

📖 *INKURU NZIZA*

🎷 *_Aleluya, aleluya._*

📑 _Umukama yavuze ati: «Kuva ubu, nzobita abakunzi banje; ivyo nahawe na Data vyose narabibamenyesheje.»_

🎷 *_Aleluya._*

📖 _Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (5, 1-11)_

*Umusi umwe, Yezu yari akikijwe n’ishengero ribandana ago ryumvirize Ijambo ry’Imana. Na we rero akaba ahagaze ku nkombe y’ikiyagaca Genezareti. Abona rero ubwato bubiri buri ku nkombe y’ikiyaga, abarovyi na bo bari babuvuyemwo ngo boze insenga zabo. Yurira rero muri bumwe, bukaba na bwo ni ubwa Simoni. Yezu aramwinginga ngo asoze gatoyi bave ku nkombe. Yezu yicara muri nya bwato, atangura kwigisha rya shengero. Ngo aheze abwira Simoni ati: «Igiza rero ahari amazi menshi, uheze urekurireyo urusenga urobe.» Simoni amusubiza ati: «Muhanyi, twaraye turaroba ijoro ryose, turaheza nta co twafata; mugabo ko ubivuze, ndaterera urusenga.» Ngo abigire, bafata ifi isinzi, n’urusenga rwabo rutangura gusambuka. Bākura rero bagenzi babo bari mu bundi bwato ngo baze kubafasha. Na bo baraza, buzuza ya mato yompi, mbere ashaka n’ukwibira. Simoni ngo abibone, akubita ibipfukamiro hasi imbere ya Yezu, ati: «Mukama, n’unje kure kuko ndi umunyakabi!» Erega ubwoba bwari bwamutekeye, n’abo bari kumwe nyene, kubera izo fi bari barovye. Eka na bene Zebede, bagenzi ba Simoni, Yakobo na Yohani, bari babufise. Ariko Yezu yabwiye Simoni ati: «Gumya umutima; kuva ubu uzohora uroba abantu.» Ngo bagarukane ubwato ku nkombe, baca basigaho vyose, baramukurikira.*

```Iryo ni Ijambo ry’Umukama.```

01/09/2026

*_IJAMBO RY'UMUKAMA_*

🗓️ *_indwi ya 22 yo mu gihe gisanzwe co mu mwaka, ku wa gatatu, années paires_*

📖 *IGISOMWA CA MBERE*

📃 _Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikive Abanyakorenti (3, 1-9)_

Benewacu, nanje sinashoboye kuganira namwe nk’uko baganira n’abantu bagenzwa na Mutima, ariko nk’uko baganira n’abakiganzwa na kamere yabo y’abantu kandi nk’uko baganira n’abakiri abana b’inzoya muri Kristu. Ivyo nabáhāye ni amata y’ukunywa, si ivyokurya bigumye, kuko mutari bwabishobore ; kandi n’ubu ntimurabishobora, kuko mukiganzwa na kamere yanyu y’abantu. Mbega, igihe ishari n’imitongano bikiri muri mwebwe, ntimuganzwa se n’iyo kamere nyene, canke ntimwigenza nk’abantu? Harya umwe avuga ngo: «Jewe ndi uwa Pawulo», uwundi ngo: «Jewe ndi uwa Apolo», ntimwigenza nk’abantu se? None se, Apolo ni umuki? Pawulo na we ni umuki? Abo ni abakozi batumwe kubashikiriza ukwemera nk’uko umwe wese muri bo yabihawe n’Umukama. Jewe nabivye imbuto, Apolo arazivomera; ariko Imana ni yo yazimejeje. Niho rero uwuzibiba n’uwuzivomera ata co bamaze, atari Imana izimeza. Uwuzibiba n’uwuzivomera bagira umwe,ariko umwe wese azoronka impembo ikwiranye n’igikorwa ciwe. Nka ko nyene, turi abakozi bakorana n’Imana; namwe muri umurima w’Imana, kandi mukaba inyubakwa y’Imana.

```Iryo ni Ijambo ry’Umukama.```

📖 *IZABURI 32 (33) 12-13, 14-15, 20-21*

🎷 _Icit. Hahiriwe intara y’Imana!_

Hahiriwe intara yamwironkeyeko Imana, hahiriwe intara We nyene yitoreyeko iragi! Umukama ahangamye mw’ijuru, akaraba abana b’abantu bose.

Ijisho ry’Umukama rihora ku bamwubaha, ku bizeye urukundo abafitiye, kugira ngo abasimbishe icobo, abakize amapfa.

Umutima wacu witeze Umukama, ni we mahungiro yacu, ni we nkinzo yacu: umushaha wacu uhimbarwa n’Umukama, izina ryiwe ni ryo twizeye.

📖 *INKURU NZIZA*

🎷 *_Aleluya, aleluya._*

📑 _Mbeshaho, Mukama, kubera urukundo rwawe; niho nzozigama iryo unyagiye wewe nyene._

🎷 *_Aleluya._*

📖 _Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (4, 38-44)_

*Muri irya misi, avuye mw’isinagoga, Yezu yinjira mu nzu ya Simoni. Inabukwe wa Simoni yari aremerewe n’inyonko; baramusabira kuri Yezu. Yezu aramwegera, arakankamira inyonko, na yo iramuvamwo. Buno nyene avyutse, aja mu vyo kubazimana. Izuba rimaze kurenga, abari bafise iwabo abarwaye bababazwa n’indwara z’ubwoko bwose, barabamuzanira, na we agaranzuriye iminwe kuri umwumwe muri bo, akabakiza. N’ibishetani vyarava muri benshi, biboroga kandi bivuga biti: «Uri Umwana w’Imana!» Ariko we, abikankamiye, ntiyabireka ngo bivuge , kuko vyari bizi ko yari Kristu. Bukeye, Yezu arasohoka, aja ahantu hiherereve. Abantu isinzi baramurondera, baruhira kumusanga iyo yari ari. Bashaka kumugumya ngo ntagende ahandi. Na we arababwira ati: «Ntegerezwa kumenyesha mu bindi bisagara Inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana, kuko ari co canzanye.» Aragenda rero yigisha mu masinagoga yo mu Buyuda.*

```Iryo ni Ijambo ry’Umukama.```

31/08/2026

*_Ijambo ry’Umukama, indwi ya 22 yo mu gihe gisanzwe co mu mwaka, ku wa kabiri, années paires_*

*IGISOMWA CA MBERE*

_Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti (2, 10b-16)_

Ncuti zanje, Mutima Mweranda ategera vyose n’ibinyegezwa vy’Imana nyene. Mu bantu ni nde yomenya ibiri mu muntu, atari umutima w’umuntu uri muri we? Ni ko k’uko, n’ibiri mu Mana nta wubimenya atari Mutima w’Imana. Tweho, ntitwaronse umutima w’iyi si, twaronse Mutima ava ku Mana, kugira ngo tumenye ivyo Imana yatugabiye. Na vyo nyene mu kubibiganira, ntitubibiganira n’amajambo twigishijwe n’ubwenge bw’abantu, ariko tubibiganira n’amajambo twigishijwe na Mutima, tugasigura ivya Mutima n’amajambo ya Mutima nyene. Umuntu agarukira ku kamere yiwe y’umuntu ntiyakira ivya Mutima w’Imana; kuri we, ni ubujuju, kandi ntashobora kubimenya, kuko bisobanuka kubera Mutima. Umuntu abonesherezwa na Mutima we asobanura vyose, kandi na we nyene nta wumusobanurira. None, handitswe ngo: «Ni nde yigeze kumenya ivyiyumviro vy’Umukama ngo amwigishe?» Tweho, dufise ivyiyumviro vy’Umukama!

```Iryo ni Ijambo ry’Umukama.```

*IZABURI 144 (145) 8-9, 10-11, 12-13b, 13-14*

_Icit. Umukama ni urukundo mu bikorwa vyiwe vyose._

Umukama ni Nyenimpuhwe n’ikigongwe, ntakaza ishavu, akomeza urukundo; Umukama agirira ineza bose, Agirira imbabazi ivyo yaremye vyose.

Ivyo waremye, Mukama, nibigushemeze abakunzi bawe nibaguhezagire! Nibayage ubuninahazwa bw’ubwami bwawe, nibigane hose ubutwari bwawe!

Kugira ngo bamenyeshe abantu ibitangaza wakoze, n’ubuninahazwa buhimbaye bw’ubwami bwawe: ubwami bwawe ni ubwami bw’intahava, ingoma yawe izohangama imyaka n’imyaka.

Umukama ni imvugakuri mu majambo yiwe, ni urukundo mu bikorwa vyiwe vyose; araramira abashaka kugwa bose, akagorora abagoramye bose.

*INKURU NZIZA*

*_Aleluya, aleluya._*

_Uwunkunda azozigama ijambo ryanje; na Data azomukunda, duheze tuze iwe, tumugire ingoro yacu._

*_Aleluya._*

_Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (4, 31-37)_

*Muri irya misi, Yezu aramanuka i Kafaranawumi, igisagara c’i Bugalile, agirako arahigishiriza ku musi w’isabato. Abantu rero batangazwa butangare n’ivyo yigisha, kuko yagibisba nk’umuntu ari n’ubukuru. Hagasangwa mw’isinagoga hari umuntu yiziziwe n’umutima w’ishetani ihumanye. Nya shetani irahogora cane iti: «Mbega dupfa iki, ga Yezu w’i Nazareti? Ubwo wazanywe n’ukutumara? Erega ndakuzi: uri Umweranda w’Imana. Yezu arayikankamira ati: «Numa kandi va muri uyo muntu!» Nya shetani ica imutura hasi hagati mu bantu, imuvamwo ata co imugize. Bose rero bahinda agash*tsi, bituma mbere bavugana bati: «Ha! Ijambo riri aho! Arabwiriza n’ubukuru n’ububasha imitima ihumanye, igaca isohoka!» Kandi inkuru yiwe ica ikwira muri nya ntara yose.*

```Iryo ni Ijambo ry’Umukama.```

29/08/2026
Umukama Yezu yaraduciriye inzira y'urukiza, aremera umusaraba n'urupfu.  Atumirira abiwe kumukurikira muri iyo nzira y'u...
29/08/2026

Umukama Yezu yaraduciriye inzira y'urukiza, aremera umusaraba n'urupfu. Atumirira abiwe kumukurikira muri iyo nzira y'urukiza, ntibishinge imigenzo y'isi... Yeremiya n'abandi bahanuzi, baraciye na bo muri iyo nzira...

29/08/2026

*_IJAMBO RY’UMUKAMA_*

🗓️ *_ku musi w’Umukama wa 22 wo mu mwaka A_*

📖 *IGISOMWA CA MBERE*

📜 _Ivyo dusoma mu gitabu c’umuhanuzi Yeremiya 20, 7-9_

📑 *_(Ijambo ry’Umukama rituma bantuka bakantyekeza)_*

7 Ewe Mukama, warampendahenze nanje ndemera ndahendahendwa. Warandushije ubukomezi, utako urantsinda. Igihe cose baguma bantyekeza, bose barantwenga. 8 Nkako, aho novuze, mvuza induru. Ico menyesha, ni ububisha n’ukuyogera. Nanone, Ijambo ry’Umukama rituma bantuka bakantyekeza igihe cose. 9 Iyo mvuze nti: «Singisubira kumukubitizako agatima canke kuvuga kw’izina ryiwe», iryo jambo ryose rica riba nk’urubeya rwaka mu mutima wanje, rwugaraniye mu magufa yanje. Naragerageje kwiyumanganya, ariko sinabishobora.

```Iryo ni Ijambo ry’Umukama.```

📖 *IZABURI 63 2, 3-4, 5-6, 8-9*

📜 _Icit. Umutima wanje urakwipfuza cane, Mukama, Mana mfise._

2 Ewe Mana, uri Imana yanje, ndakurondera bugica, umutima wanje urakunyotewe, umubiri wanje uraguhurumbira nk’isi yumvye, yagadutse, y’imburamazi. *_Icit._*

3 None narakubonye mu ngoro nyeranda, niho nihweza ubukomezi bwawe n’ubuninahazwa bwawe. 4 Nkako, ubuntu bwawe ni bwiza, bundutira ubuzima, umunwa wanje uzogushimagiza. *_Icit._*

5 Ni co gituma nzoguhezagira umwanya nkiriho, nzokiriza ibiganza nambaza izina ryawe. 6 Umutima wanje uzohozagara nk’umuntu yariye ibinure n’imisokoro, umunwa wanje uzoguhayagiza wuzuye akanyamuneza. *_Icit._*

8 Nkako, ni wewe untabara, nkishongora nikinze mu mababa yawe. 9 Umutima wanje ukwihambiriyeko, ukuryo kwawe ni kwo kunzigama. *_Icit._*

📖 *IGISOMWA CA KABIRI*

📖 _Ivyo dusoma mw’ikete umutumwa Pawulo yandikiye Abanyaroma 12, 1-2_

📑 *_(Nimuhereze imibiri yanyu nk’imbagwa nzima)_*

1 Benewacu, ndabahanuye ku bw’ikigongwe c’Imana ngo mwihereze mwebwe nyene bwa mbagwa nzima, nyeranda kandi ishika Imana ku nyota. Uko ni ko mwoba muyikoreye ku bw’umutima. 2 Kandi nimureke gufata imigenzo y’iyi si, ariko nimuhinduke mu kwama munagura ubwenge bwanyu, kugira ngo musobanure neza ishaka ry’Imana, iciza, igishimishije n’ikirangutse neza.

```Iryo ni Ijambo ry’Umukama.```

📖 *INKURU NZIZA*

🎼 *_Aleluya. Aleluya._*

📑 _Umukama Imana nimurikire imishaha yacu, kugira ngo dutahure ukwizigira yaduhamagariye uko kungana._

🎼 *_Aleluya._*

📖 _Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo 16, 21-27_

📑 *_(Uwushaka kunkurikira niyihebe)_*

*21 Kuva aho Petero amariye kuvuga ko Yezu ari Mesiya, Umwana w’Imana nzima, Yezu yaciye atangura guhishuka abigishwa biwe ko abwirizwa kuja i Yeruzalemu, akahababarira cane, abigiriwe n’abakurambere, abaherezankuka bakuru n’abanditsi, akicwa, hanyuma ku musi ugira gatatu akazuka. 22 Petero rero aramwihereranya, aja mu vyo kumwamira avuga ati: «Ntirikabe, Mukama, ivyo ntibizokwigera bigushikira.» 23 Yezu arahindukira, abwira Petero ati: «Mva inyuma wa shetani we, uriko urantsitaza, kuko ivyiyumviro vyawe si ivy’Imana, ahubwo ni ivy’abantu.» 24 Hanyuma Yezu abwira abigishwa biwe ati: «Uwushaka kunkurikira, niyihebe, yikorere umusaraba wiwe, ankurikire. 25 Nkako, uwushaka kurokora ubuzima bwiwe azobutakaza, ariko uwuzoheba ubuzima bwiwe kubera jewe azoburonka. 26 Mbega umuntu vyomumarira iki kwigarurira isi yose, aroshe ubuzima bwiwe? Canke umuntu yotanga iki ngo acungure ubuzima bwiwe? 27 Nkako, Umwana w’umuntu agiye kuza mu buninahazwa bwa Se akikijwe n’abamarayika biwe, aheze ahembere umuntu wese ibikorwa vyiwe.»*

```Iryo ni Ijambo ry’Umukama.```

27/08/2026

*_Ijambo ry’Umukama, indwi ya 21 yo mu gihe gisanzwe co mu mwaka, ku wa gatanu, années paires_*

*IGISOMWA CA MBERE*

_Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti (1, 17-25)_

Ncuti zanje, Kristu ntiyantumye kubatiza, yantumye kwigisha Inkuru nziza, ntakoresheje ubwenge bwerekanwa n’imvugo, kugira ngo umusaraba wa Kristu ntupfe ubusa. Erega, inyigisho yerekeye umusaraba ni ubujuju ku bantu bariko barazimira, ariko kuri twebwe turiko turakizwa ni ububasha bw’Imana. Na none, handitswe ngo: «Nzozimiza ubwenge bw’incabwenge, ubukerebutsi bw’inkerebutsi na bwo nzobupfisha ubusa.» Incabwenge iri hehe? Umwanditsi ari hehe? Ikidambidambi co kuri iyi si kiri hehe? Mbega, ubwenge bw’iyi si Imana ntiyabuhinduye ubujuju? Ko abantu, mu gukoresha ubwenge bwabo, batamenye Imana mu bikorwa vy’ubwenge bwayo, Imana yashimye gukoresha ubujuju bw’inyigisho ngo ikize abemera. Egome, igihe Abayuda basaba ikimenyetso, Abagereki na bo bakarondera ubwenge, tweho tumenyesha Kristu yabambwe ku musaraba: ku Bayuda uyo ni ikibatsitaza, ku Bagereki na ho ni ubujuju; ariko, ku bahamagawe mu Bayuda ni mu Bagereki, ni we Kristu, ububasha bw’Imana n’ubwenge bw’Imana. None rero, ubujuju bw’Imana burusha abantu ubwenge, kandi intege nke z’Imana zirusha abantu ubukomezi.

```Iryo ni Ijambo ry’Umukama.```

*IZABURI 32 (33) 1-2, 4-5, 10-11*

_Icit. Mukama, isi yose, isagiriwe n’urukundo rwawe._

Tere impundu Umukama, mwa bantu b’intungane, abantu b’intungane birabereye gutera impundu. Shemeze Umukama mu nanga, mumucurarangire inanga y’imirya cumi.

Ijambo ry’Umukama riratungaye, ibikorwa vyiwe vyose birimwo ukuri. Umukama akunda ingingo n’ukuri isi isagiriwe n’urukundo rwiwe.

Umukama arazi kuzimiza ivyo intara zateganije, arazi gusivya ivyiyumviro vy’ibihugu; ariko ivyo Umukama yateganije vyo vyamaho, ivyiyumviro vyiwe ntibihera na rimwe.

*INKURU NZIZA*

*_Aleluya, aleluya._*

_Nimwame mugavye kandi mwiteguye: kuko mutazi umusi Umwana w’umuntu azozirako._

*_Aleluya._*

_Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (25, 1-13)_

*Muri irya misi, Yezu yaciriye abigishwa biwe yu mugani ati: «Ubwami bw’ijuru buzogereranywa n’abakobwa icumi bafashe amatara baja gusanganira umukwe. Batanu muri abo bari ibijuju, abandi batanu incabwenge. Bano batanu rero b’ibijuju bafata amatara ntibatwara n’amavuta; bano b’incabwenge mu gufata amatara batwarana n’amavuta mu ducupa. Umukwe atevye, bose batangura gutura ingiga, hanyuma barasinzira. Mw’ijoro hagati, bumva urwamo ngo: “Ng’uyu umukwe arash*tse: ingo mumusanganire.” Ba bigeme bose baravyuka, bacana amatara yabo. Bamwe batanu b’ibijuju babarira bamwe b’incabwenge bati: “Nimutugabanirize ku mavuta yanyu, amatara yacu yazimye.” Na bo barabishura bati: “Twohava tubura twese; numugende ku badandaza mwigurire.” Bagiye kuyagura, umukwe arashika, abari aho binjirana na we mu bugeni, baca bugara urugi. Hanyuma rero, ba bandi na bo baraza bati: “Muhanyi, twugururire. Na we arabishura ati: Sindabazi.” Nimwame maso, kuko mutazi umusi, ntimumenye n’isaha.»*

```Iryo ni Ijambo ry’Umukama.```

24/08/2026

*_IJAMBO RY'UMUKAMA_*

🗓️ *_indwi ya 21 yo mu gihe gisanzwe co mu mwaka, ku wa kabiri, années paires_*

📖 *IGISOMWA CA MBERE*

📜 _Ivyo dusoma mw’Ikete rya kabiri Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyatesalonika (2, 1-3a.14.17)_

Ncuti zanje, dushaka kubahanura ivyerekeye umuzo w’Umukama wacu Yezu Kristu n’ikoraniro ryacu hamwe na we: ntimushoke muhagarikwa umutima kandi ntimuterwe ubwoba n’ijambo bitirira Mutima be n’ijambo canke n’ikete batwitirira bemeza ko umusi w’Umukama uri mu gushika. Ntihagire uwubahenda no mu kantu na gatoyi. Imana yabahamagaye kubera Inkuru nziza twabigishije, kugira ngo mubashe gushikira ubuninahazwa bw’Umukama wacu Yezu Kristu. Ni uko rero, benewacu, nimugumye umutima kandi muzigame neza za nyigisho twabashikirije imbonankubone canke mw’ikete ryacu. Na we Umukama wacu Yezu Kristu ubwiwe be n’Imana Data wa twese yadukunze akaduha uruhoza rudahera n’ukwizigira gushemeye ku buntu bwayo, nibabahoreze imishaha kandi babakomeze mu mvugo no mu ngiro nziza zose.

```Iryo ni Ijambo ry’Umukama.```

📖 *IZABURI 95 (96) 10, 11-12a, 12b-13b*

📜 _Icit. Umukama ariko araza gucira urubanza isi._

Cire agace abanyamahanga muti: Umukama ari ku ngoma!» ni we yagize isi itayegayega; ni we acira urubanza ibihugu akurikije ubutungane.

Ijuru nirihimbarwe, isi na yo itārîke, ikiyaga n’ivyo gitunze bitere akamo, imirima n’ivyamwa nibihimbarwe!

Ibiti vyo mw’idonzi binezerwe, n’uko bibonye Umukama ariko araza, ngo acire urubanza isi.

📖 *INKURU NZIZA*

🎼 *_Aleluya, aleluya._*

📑 _Tegurira umutima wacu imihango yawe, Mukama, ku buntu bwawe unyereke amategeko yawe._

🎼 *_Aleluya._*

📖 _Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (23, 23-26)_

*Muri irya misi, Yezu avugira imbere y’ishengero n’abigishwa biwe ati: «Muragowe, mwa banditsi mwe n’Abafarizayo mwiyorobeka, mushikana ituro ry’imenta, iry’ineta n’iry’ikumina, mukirengagiza amabwirizwa ahambaye, ubutungane, impuhwe n’ukwemera, ivyo ari vyo mutegerezwa kugira, mutaretse n’ibindi. Mwa ndongozi z’impumyi, mumimina ubutuku mukamira ingamiya. Muragowe, mwa banditsi mwe n’Abafarizayo mwiyorobeka, mwoza urwato n’inkoko inyuma gusa, na ho imbere mwuzuye ubusuma, mbere butagira urugero. Bafarizayo, mwa mpumyi mwe, nimubanze kwoza imbere mu nkoko, n’inyuma zizoheza zibe nziza.»*

```Iryo ni Ijambo ry’Umukama.```

23/08/2026

*_Ijambo ry’Umukama, ku wa 24 Myandagaro, umweranda Barutolomeyo, umutumwa_*

```Umusi mukuru```

*IGISOMWA CA MBERE*

_Ivyo dusoma mu gitabu c’Ivyahishuriwe Yohani (21, 9b-14)_

Jewe Yohani, mbona umumarayika ambwira ati: «Ngw’ino nkwereke Umugeni, ari we mugeni w’Umwagazi.» Araheza aranjana, mu vyiyumviro, ku musozi munini kandi muremure, anyereka igisagara ceranda Yeruzalemu kimanuka kiva mw’ijuru ku Mana, kirimwo ubuninahazwa bw’Imana. Ubusayangane bwaco bwasa n’ubw’ibuye ry’akabuyenge ry’igiciro ntangere.nk’akabuyenge gaca ibibatsi kitwa iyasipi. Cari gifise urugo runini kandi rurerure, inzugi icumi na zibiri n’iruhande y’izo nzugi hakaba Abamarayika icumi na babiri, n’amazina yanditsweko ari yo mazina y’imiryango icumi n’ibiri y’Abanyisrayeli: mu buseruko inzugi zitatu, mu buraruko inzugi zitatu, mu bumanuko inzugi zitatu no mu burengero inzugi zitatu nyene. Urugo rw’igisagara rwari rufise amashimikiro icumi n’abiri, kuri yo handitswe amazina icumi n’abiri y’abatumwa b’Umwagazi.

```Iryo ni Ijambo ry’Umukama.```

*IZABURI 144 (145) 10-11, 12-13ab, 17-18*

_Icit. Abakunzi bawe nibaririmbire ubuninahazwa bw’ubwami bwawe._

Ivyo waremye, Mukama, nibigushemeze, abakunzi bawe nibaguhezagire! Nibayage ubuninahazwa bw’ubwami bwawe, nibigane hose ubutwari bwawe!

Kugira ngo bamenyeshe abantu ibitangaza wakoze n’ubuninahazwa buhimbaye bw’ubwami bwawe, ubwami bwawe ni ubwami bw’intahava, ingoma yawe izohangama imyaka n’imayaka!

Umukama aratunganye mu vyiyumviro vyiwe vyose, ni urukundo mu bikorwa vyiwe vyose, ntiyikumira abamwitura, yama hafi y’abamusaba mu kuri.

*INKURU NZIZA*

*_Aleluya, aleluya._*

_Rabbi, uri Umwana w’Imana, uri Umwami w’Israyeli!_

*_Aleluya._*

_Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (1, 43-51)_

*Muri irya misi, Yezu yashatse kuja mu Bugalile; ahura na Filipo, amubwira ati: «Nkurikira!» Filipo yaturuka i Betsayida, igisagara ca Petero na Andreya. Filipo ahura na Natanayeli, amubwira ati: «Umwe Musa yanditse mu mategeko kandi yanditswe n’abahanuzi, twamubonye! Ni Yezu, mwene Yozefu, w’i Nazareti.» Natanaeli na we aramwishura ati: «Hari iciza cova i Nazareti?» Filipo aramwishura ati: «Ingo, wirabire!» Yezu abona Natanayeli aje amugana, amubwira ati: «Ng’uyu umunyisrayeli w’ukuri, azira ikinyoma.» Natanayeli aramubwira ati: «Wamenyeye hehe?» Yezu aramubwira ati: «Hamwe Filipo atari bwaguhamagare, aho wari munsi y’umutenahi, nakubona.» Natanayeli aramwishura ati: «Mwigisha, uri Umwana w’Imana, uri Umwami w’Israyeli!» Yezu aramwishura ati: «Wemejwe n’uko nkubwiye nti: Nakubonye munsi y’umutenahi! Hinge, uzobona ibiruta ivyo.» Arongera amubwira ati: «Ni ukuri ni ukuri ndabibabwiye: muzobona ijuru ryuguruye n’abamarayika b’Imana burira bongera bamanuka aho Umwana w’umuntu ari.»*

```Iryo ni Ijambo ry’Umukama.```

Address

Kanyosha
BP690BUJUMBURA

Telephone

+25776281125

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Paroisse Buhonga posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Shortcuts

Share