Light Of Nations Ministries Burundi

Light Of Nations Ministries Burundi Contact information, map and directions, contact form, opening hours, services, ratings, photos, videos and announcements from Light Of Nations Ministries Burundi, Religious organisation, Kirimiro, Gitega.

30/05/2026

Yesu ashimwe kurikirana inyigisho Yesu Ninde?? Uciye kuri youtube yacu https://www.youtube.com/

Murakoze 🙏

29/05/2026

💥IVYARANZE AMAKORANIRO YO K'UMUSI WA KANE 🥳💃

of Nations Ministries&Maison de La Grâce et de la Crainte de Dieu
wo Kwugururirwa

Culte de Dimanche, Le 17/5/2026Thème : Gutinya Imana Avec Pasteur Nadine KARIBANGA 📖Mariko 10:26-27Impamvu dukwiye gutin...
17/05/2026

Culte de Dimanche, Le 17/5/2026
Thème : Gutinya Imana
Avec Pasteur Nadine KARIBANGA
📖Mariko 10:26-27

Impamvu dukwiye gutinya Imana:
📖Kuvayo 34:6-7
Turakeneye muri kino gihe Gutinya Imana na Mpwemu Yera imbere yuko dutinya abantu

Iyindi Mpamvu yakabiri ikwiriye gutuma dutinya Imana:
IMANA YACU S'UMUNTU
📖Guharura 23:18-19
📖Yobu 9:32
Kenshi na Kenshi iri Jambo turifatira mu vyiza gusa ko Ari Imana itabesha tukizera ko ivyo yadusezeraniye vyose vyiza tuzobibona ariko kandi ntitwibagire ko n'ibibi n'ibihano navyo nitutayumvira ntakabuza bizoshika.

📖Yohana 1:47-48
Uku Yesu yabonye Natanayeli abe ariko natwe atubona abone mu mitima yacu ataburyarya burimwo. Tumenye ko atahantu nahamwe canke ikintu nakimwe twomunyegeza.

📖Zaburi 139:1-12
Tumenye neza ko Imana Atari Umuntu, tuyimenye mu nzira zayo zose, tumenye ko ivyo twokora vyose Imana itubona atahantu nahamwe twoyinyegeza.
📖Zaburi 139:23-24

of Nations Ministries&Maison de La Grâce et de la Crainte de Dieu
wo Kwugururirwa

💥IVYARANZE AMAKORANIRO YO GUHIMBAZA UMUSI MUKURU W'IDUZWA RYA YESU MW'IJURU Avec Pasteur Nadine KARIBANGA 📖Yohana 14:1-3...
14/05/2026

💥IVYARANZE AMAKORANIRO YO GUHIMBAZA UMUSI MUKURU W'IDUZWA RYA YESU MW'IJURU
Avec Pasteur Nadine KARIBANGA

📖Yohana 14:1-3; 15-17
Yesu naho agiye mw'ijuru ntiyadusize nk'impfuvyi, yadusigiye Mpwemu Yera kandi azogaruka kutujana.

📖Luka 8:22-25
Nubwo tweho uyumusi tunezerewe kuba Yesu yaragiye mw'ijuru abigishwa bo yagendana nabo kumurango no mw'ijoro bari babaye kuko Yesu yaruwikimazi kuri bo, Icatubereye ciza nuko yagiye kugira ngo turonke Mpwemu Yera.
📖Yohana 16:7-9
Yesu akiri mw'isi yarafise uburimbi bwinshi, yarafise aho agarukira, kandi nabamukeneye bose ntivyaborohera kumubona . Ariko Umwitsa Yesu yadusigiye abera hose icarimwe, ashika hose mu mwanya umwe.

📖Ezekiyeli 36:26-28
Uwu Mpwemu twahawe tutamufise ntakintu nakimwe twoshobora ariko uwo yagerereyemwo niwe ashobora kwitondera ivyagezwe vyose Yesu yadusigiyeee.
📖2 Ab'i Korinto 6:16

of Nations Ministries&Maison de La Grâce et de la Crainte de Dieu
wo Kwugururirwa

Culte de Dimanche, Le 10/5/2026Vision de L'Eglise Maison de la grâce et de crainte de Dieu " KWIGISH1 ABANTU GUTINYA IMA...
10/05/2026

Culte de Dimanche, Le 10/5/2026
Vision de L'Eglise Maison de la grâce et de crainte de Dieu " KWIGISH1 ABANTU GUTINYA IMANA"
Sous thème : IMPAMVU DUKWIYE GUTINYA IMANA
Avec Pasteur Nadine KARIBANGA

Imana ifise amashusho menshi kandi twebwe nk'abana b'Imana dukwiye kuyamenya yose.

1.Ni Rukundo : kandi nayo ishaka ko tuyikunda n'imitima yacu yose.
2.Ni Inyembabazi : ibi bidutera kuyegera atabwoba nubwo twoba twakoze icaha irasubira ikatwakira ikatubabarira.
3.Ni Inyakuri kandi ntirobanura kubutoni
4.Ni Mushobora vyose

5.Ni Imana ifuha, ikara kandi ihana
📖Kuvayo 34:5-7
📖Ab'i Filipi 2:12
Nubwo Imana yacu ari Rukundo yuzuye Imbabazi, igira ubuntu bwishi ariko kandi n'Imana ikara ikeneye Icubahiro cayo ko kidatosekara, irakeneye ko tuyubaha, tukayitinya tukayikorera duhinda agash*tsi.
Ntidukore kugira tubonwe nabantu gusa, ntidukorere ivyiza mu maso y'abantu ngo dushimwe ariko tumenye ko ivyo dukora vyose mw'ijuru hari Imana.

📖1 Petero 2:17
Imana ikeneye ko twubaha abantu Bose, tugakunda Bene Data, n'Umwami tumwubahe ariko Yo igomba ko tuyitinya tugahinda agash*tsi imbere yayo.
📖Luka 12:4-5
📖1 Ingoma 13:9-14
📖1 Ingoma 15:1-
Haribintu Imana ikora kugira bidutera ubwoba, ariko arukugira ngo tugende twige tumenye icishe abandi natwe tucitondere tumenye ico Uhoraho agomba.
📖Ivyakozwe n'intumwa 5:1-9
Ijambo ry'Imana ryose ryanditswe muri Bibiliya rirafise ico rigomba kutwigisha aba Kristo benshi uyumusi bagerageza ngo banezereze aba Pastori babo ariko bakumva guhenda Imana ataco bibatwaye.
"Gukunda Imana kwawe kwongerako Kuyitinya"

of Nations Ministries&Maison de La Grâce et de la Crainte de Dieu
wo Kwugururirwa

IVYARANZE AMAKORANIRO YO K'UMUSI WA MBERE Thème : YESU NINDE ?Avec Pasteur KARIBANGA Nadine  📖Matayo 16: 13-17 "Igihamba...
06/05/2026

IVYARANZE AMAKORANIRO YO K'UMUSI WA MBERE

Thème : YESU NINDE ?
Avec Pasteur KARIBANGA Nadine

📖Matayo 16: 13-17

"Igihambaye suko umuzi igihambaye n'ingene umuzi"
📖Yohana 9: 7
Uwumugabo yaramaze imyaka atabona yesu amubwira aje kwiyuhagira muri silowamu agaruka abona ,amaze kubona ntiyagaruse kurindera YESU.Kuba YESU yaramukujije ntivyamuteye kumumenya, ivyiza canke ibitangaza turiko turabona sivyo bisigurako tumuzi kuko akorera ineza ababi nabeza.

📖Mariko 6:1-6
Aba bantu YESU yabavukiyemwo ariko ntibamumenye bituma atabitangaza ahakorera.
Kutamenya kristo turahahombera ariko abamuhishuriwe bakamumenya akabakorera ibitangaza.

Kuberiki yavuze ngo ntagitangaza nakimwe yahakoreye ariko musi akaca avugango atarabagwayi bake yakijije mbega ico sigitangaza ??

Igitangaza nikihe kumana ?
Igitangaza nicakindi KRISTO YESU adaserutse kitaza gushoboka

📖Luka19: 1-10
Zakayo yar'umutunzi kandi yarumutozakori ariko amaze guhura na YESU yasanze ukwari atarivyagaciro , bivanye nivyo twebwe turondera uwu mugabo ntaco yarakeneye kuri YESU
Ico zakayo yarashaka kwarukumenya YESU
Yesu acaja iwe zakayo amaze kwihana YESU aramubwirango "uwumusi agakiza gashiste muriy'inzu "
Igitangaza YESU yemera n'igihe umuntu yari yarazimiye ahinduka agahindukirira Umwami.

of Nations Ministries&Maison de La Grâce et de la Crainte de Dieu
wo Kwugururirwa

30/04/2026

💥 Kurikirana résumé y'ijambo ry'Imana ritwinjiza indani munyigisho tugiye kumarako iminsi.🔥🙏

Thème : YESU NI NDE ? Avec Pasteur KARIBANGA Nadine 📖Matayo 16: 13-17 Yesu ariko aragendana n'abigishwa n'ishengero rini...
29/04/2026

Thème : YESU NI NDE ?
Avec Pasteur KARIBANGA Nadine

📖Matayo 16: 13-17
Yesu ariko aragendana n'abigishwa n'ishengero rinini rimukurikiye arahishurigwa kw'abantu bamukurikira kubera ivyabaha aravuga ngo reka ndababaze uko banzi kuko nubwo ari benshi nibatamenya ntaco bazonkurako,
Abaza Abigishwa biwengo aho hanze unyumvira banyitande ?

Iki n'ikibazo umuntu wese ategerezwa kwibaza kumukurikira nivyiza kumukorera nivyiza ariko tutaramenya uwodukurikira canke uwo dukorera ntaco bizotumarira.

📖Yohana 4: 7-10
Uy'umugore ntiyamenye uwumusavye amazi nico gituma atayamuhaye ariko iyo ahishurigwa ko atari umuyuda nkaband amusavye amazi akamenya ko ari umwana w'IMANA yari kuyamuha ningoga.

Intumbero yiyi nyigisho nuko umuntu wese akwiye kumenya YESU kugiti ciwe
Tuje imbere yiwe ntituba tuje gutumwanya ariko tuba tuje kumarana umwanya nawe kugirango tumumenye

Objectif ya YESU yariyo kubaza iki kibazo ngo mbega mweho muvuga ko ndinde ?
📖1 Petero 3:15
📖Ivyakozwe n'intumwa 21:1
Kuko nakaga gakomeye k'umuntu yona yarahevye vyose agakurikira Yesu ariko atigeze amuhishurirwa ngo amumenye🙏

of Nations Ministries&Maison de La Grâce et de la Crainte de Dieu
wo Kwugururirwa

Address

Kirimiro
Gitega

Telephone

+25769676090

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Light Of Nations Ministries Burundi posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Place Of Worship

Send a message to Light Of Nations Ministries Burundi:

Share