Ikanguro Media

Ikanguro Media Imyaka 75 000 yagenewe Isi ya Kera irarumanye, umutwenzi w'Isi Nshasha Uratambitse.

Ikanguro Media ni ijwi ry'inzamba y'Ikanguro rikangura abagisinziririye m'uruhendo rw'Isi ya Kera.
‎
Kurikira đź«´ https://www.facebook.com/share/1Ex12upq7A/
‎

AMATEKA Y’UBUKOLONI MU BURUNDI NO MU RWANDAna Ikanguro Media ‎IGICE CA I‎( Muri ino nyandiko turaza kurabira hamwe amate...
20/07/2026

AMATEKA Y’UBUKOLONI MU BURUNDI NO MU RWANDA

na Ikanguro Media

‎IGICE CA I
‎( Muri ino nyandiko turaza kurabira hamwe amateka yaranze Uburundi n’Urwanda kuva k’umuzo w’abakoloni gushika uyu munsi wa none. Nizera yuko inyuma yo gusoma iyi nyandiko, umusomyi aza kugira ishusho ikwiye y’ingene vyagenze, amenye imvo n’imvano ya buri kintu kizwi ko cabaye ndetse na vyinshi biri muri iyi nyandiko bitazwi na benshi, bidufashe gutahura abo turibo twebwe abarundi n’abanyarwanda, vyongere bitwereke ngo mbega ubukoloni ni iki koko? Abakoloni batwambuye iki kandi ni gute twocisubiza? Ivyo bibazo vyose bizotorerwa umuti n’ubwenge bw’umusomyi inyuma yo kwisomera we ubwiwe.-IKANGURO MEDIA)
‎
Mu 1820, niho Umwami Ntare RUGAMBA yatanga, ashengerana n’uwari yarateguriwe kumusimbura ariwe muhungu wiwe Senyarutoke. Mu bisanzwe, TWAREREYE - uwundi muhungu wa Ntare RUGAMBA, niwe yategerezwa guca rero aja ku ngoma ariko vyaciye bihinduka.
‎
Umugabekazi NZIRAMIBANGO yaciye akorana na benewabo na TWAREREYE, BIRORI na RWASHA, bashigikira murumuna wabo muto BIJOGA, aba ariwe aca aja ku ngoma yitwa Mwezi GISABO. Urugamba rwo kurwanira intebe y’ubwami rwabereye i NKONDO ndetse TWAREREYE yahasize ubuzima.
‎
Haheze nk’imyaka 50 Mwezi Gisabo ari ku ngoma, mu 1871, niho Livingstone na Stanley batangura kuzunguruka inkombe za Tanganyika, aho babonye Abarundi bambere. Ico barondera kwari ugutera binjira indani mu bwami nk’uko Stanley yongeye kubigerageza hagati ya Ruheshi na Mukakaro 1876, ariko ntiyinjiye.
‎
Yaba Livingstone canke Stanley bagenda baracapura uduce baciyemwo, bakora amakarata bongera b**a n’ubutaka. Ikigaragara n’uko kwari nk’ugutata amakuru bategura gahunda y’ubukoloni, kuko bari bararungitswe ntibari baje gutembera.
‎
Mu 1879, niho Vatikano-Jezuwiti yinjirira akarere ka afrika y’Ibiyaga Binini, mu gushing ama misiyoni mu Buganda bw’epfo, ari nako batera basotera uBurundi. 22 Nzero, niho bamwe batangura gushika mu karere ka Ujiji.
‎
Kuva uwo mwaka gushika mu 1881, abasirikare b’abakoloni barikumwe n’Abacuruza abaja nka Rumaliza(Ibn Khalfan), bagerageje kwinjira mu Burundi incuro zitatu, baciye ahitwa Uzige ariyo Bujumbura y’uno munsi, ariko agasama n’amacumu n’imyampi vy’Abadasigana ba Mwezi Gisabo ntivyaborohereje na gato. Uwitwa RUSAVYA, niwe yari agaba Abadasigana, akaba yari umunyeBuntu( Ubuntu ni ingenga bitekerezo abarundi bagenderako kera, nayo nyene tuzoyigarukako).
‎
Ico gihe kandi niho, habaye urugamba rukomeye rwamaze iminsi itatu: Urugamba rw’I TAMBA.
‎
Kuva itariki 4 gushika kuri 7 Rusama, abasirikare b’abakoloni barikumwe n’Abacuruza abaja nka Rumaliza(Ibn Khalfan), abamisiyonari hamwe n’abagabo bo mu karere nka Bakari w’I Mbizi na Rwoga w’I Banga, baratanye mu mitwe birakomera mbere benshi mu ba misiyonari bahasiga ubuzima. Muri abo ba misiyonari bapfuye harimwo uwitwa P.P. Déniaud, uwitwa Augier hamwe n’uwakorera uwitwa Hoop. Urwo rugamba rwarangiye umukoloni atsinzwe arata aromoka ahunga agana I MASANZE.
‎
Imyaka itatu imaze guhera, abakoloni n’abamisiyonari( abakozi ba vatikano-Jezuwiti) barikumwe na Patiri Coulbois, barongeye bashing ikambi ya gisirikare I Uzige(Bujumbura). Itariki 7 Ntwarante, abandi ba misiyonari, patiri Randabel na furera Gérard, barabiyunzeko hanyuma kw’itariki 13 bashinga misiyoni ya Saint-Michel I Uzige(Bujumbura). Ivyo vyose babikora Abadasigana babacunga banab**ako.
‎
Inyuma y’amezi ndwi, 19 Gitugutu 1884, Abadasigana barongeye bagaba igitero, batera ikambi ya gisirikare y’I Uzige. Abakoloni n’abamisiyonari basubira gutungwa nayo bameze, ariko kur’iyi ncuro bari batanguye guta umwikomo kubafasha babo bo mu karere nka Rumaliza.
‎
Inyuma y’Inama rukokoma ya 27 Ruhuhuma 1885 yabereye i Berlin mu budagi, aho ibihugu vya Buraya vyagabura Afrika nk’ib**abura imituri y’inyama, Uburundi bwafashwe n’Ubudagi. Afrika y’Ubuseruko yaciye ihinduka Afrique Orientale Allemande, umurwa mukuru uba Bagamoyo, munyuma uba Dar es Salaam guhera mu 1890.
‎
Mu 1889, niho Stanley yagaruka, ahura n’umunyezanzibar w’umucuruzi hamwe na Emin Pacha. Yongeye ahura kandi na patiri Schynse Wilhelm be na patiri Girault. Mu 1890, abadagi n’abongereza baraguranye amatwara.
‎
Haheze umwaka, mu 1891, abasirikare b’abakoloni n’abamisiyonari nka Patiri Randabel, patiri Josset na patiri Pruvost, barasubiriye berekeza I Uzige(Bujumbura) kugirango barabe ko bosubira kuhashinga ibirindiro. Hari itariki 30 Ntwarante 1891.
‎

‎Uwo munsi nyene hongeye kuba urundi rugamba karahabutaka, bongera gutsindwa yamara ntibahaha barongera baragaruka mu kwezi kwakurikiye. Aho hose Abadasigana baba bareretse. Mu 1894, niho abakoloni n’abamisiyonari bashika mu Rwanda.-------------------------------------------------------------------------
‎Igice cambere c’iyi nyandiko ni aha kigarukiye. Tugejeje aho uRwanda rwinjirirwa kandi ivyabaye kuva ico gihe sinobivuga nihuse kuko niho inkuru y’ubukoloni m’uburundi n’urwanda ishingiye.
‎
Kubera y’uko IKANGURO MEDIA, twipfuza kwiga koko n’umutima ukunze, ,ng’ibi ibintu twozirikana hamwe n’amakuru turonse uyu munsi :
‎
Mbega mu 1820, iyo TWAREREYE aba ariwe yima ingoma, ubuzima bw’abarundi bwari kugenda gute ? Mbega hari kuba intsinzi nk’uko twabonye vyagenze ku ngamba nyinshi zagwanywe na GISABO ?
‎
Mbega wibaza yuko Livingstone na Stanley bari ingenzi zariko ziratembera canke bari abatasi baje kuraba ingene akarere gapanze kugirango bapange kugatera ?
‎
‎Mbega ko twabinye abamisiyonari barungiyswe na Vatikano-Jezuwiti baba barikumwe n'igisirikare c'umukoloni, wiyumvira ko gahunda yabo kwari ukumenyesha abantu ijambo ry'Imana canke gahunda yari imwe ahubwo mu nzira zitandukanye?

‎

‎BURUNDI: INKURU Y'UBUGABOby : Ikanguro Media ‎Kuva kera uBurundi bwamye ari igihugu c'abahizi k'urugamba, abagabo batar...
19/07/2026

‎BURUNDI: INKURU Y'UBUGABO

by : Ikanguro Media

‎Kuva kera uBurundi bwamye ari igihugu c'abahizi k'urugamba, abagabo batari utugabo Kandi ibikorwa banditse ku gitambara c'amateka y'abarundi nivyo bishingira intahe Ubugabo bwabo.
‎
‎Ariko nta Kurama kudaca Kandi nta wama ku ngomba. Imyaka 147 iheze, iteka n'itekane ry'abarundi ryarahungabanye, rihungabanijwe n'ibihugu bimpe bimwe vya buraya, vyishize hamwe mu nyungu zavyo bwite.
‎
‎Iyi ni Inkuru y'urugamba kuva ico gihe gushika uyu munsi. Ni amatariki makuru makuru y'ivyabaye mu ncamake, tukazovyinjiramwo mu mizi, imvo n'imvano ubutaha : Mu buryo bw'impwemu no m'uburyo bw'umubiri.
‎
‎
‎
‎Mu 1879 : Abamisiyonari b’abafraransa(barungitswe
‎n’Uburafransa na Vatikano-Jezuwite) hamwe n’ abasirikare
‎b’abongereza( barungitswe n’Ingoma y’Ubwongereza) niho
‎bashika mu Burundi, ata kindi kibazanye atari ukwigarurira
‎ubutaka bw’u Burundi.
‎
‎
‎Mu 1919 : Igenekerezo rya 21/8/1919, niho uBubiligi
‎bwahabwa manda yo gutwara Rwanda-Urundi, mw’izina
‎Sociéte des Nations-SDN. uBubiligi bwari bufadikanije
‎n’Ingoma y’Ubwongereza, USA hamwe n’uBufarsansa.
‎
‎
‎Mu 1922 : niho uBurundi bwatakaza ubutaka bwabwo
‎bwashikana ku kiyaga Nyanza( ubu citwa Lac Victoria), ubwo
‎butaka butwarwa n’Ingoma y’uBwongereza, ari nayo yagaba
‎Tanganyika(ubu yitwa Tanzanie).
‎
‎
‎Mu 1965-1996 : niho hategurwa ihirikwa ry’ubutegetsi
‎kugirango Ingoma y’uBurundi iranduranwe imizi. Ivyo
‎vyakozwe n’abanyeshure ba gisirikare bari barateguriwe i
‎Saint Cyr mu Bufaransa(Umuhora Jacques Foccart). Uwo
‎muhora Jacques Foccart ukorana na USA, Vatikano-Jezuwiti
‎hamwe n’uBubiligi kandi wari ugiye kuzotera igitutu n’akosho
‎uBurundi kugeza mu 2003.
‎
‎
‎Mu 1989 : niho USA yazamuka k’ubutware bw’Isi, inyuma
‎yuko aba Soviyeti(uBurusiya) bari barimbutse. Inyuma
‎y’ubukoloni bwabaye kw’isi yose, bwemejwe na Papa Nikola
‎V, Vatikano-Jezuwiti, Esupanye, Poritigale, uBwongereza,
‎uBufaransa, uBuholande, Suwede na Danemarke, nibwo
‎bwami buhambaye bwayoboye agakino hagati y’ibinjana vya 17 na 18. Ico gihe USA niyo yicaye ku ntebe y’ubutware
‎kugeza vuba cane uyu munsi aho iyo ntebe iriko ifatwa na ba
‎BRICS( Tuzob**arukako). Ico gihe kandi niho ama kampani
‎n’amashirahamwe y’ama ONG yatangura gushingwa kuko aka
‎karere ka Afrika y’Ibiyaga Binini kuzuyemwo ubutare bwinshi
‎cane bakeneye cane muri nya bucuruzi na teknoloji vyabo.
‎Aho twovuga nk’abanyemiliyari nka Bill Gates, Warren Buffet,
‎Michael Bloomberg, George Soros, n’abandi benshi
‎bakoranye na USA( Imiryango Rockefeller, Rothschild
‎n’umuryango w’i bwami mu bwongereza). Abo bose rero baje
‎munsi y’idarapo rya USA bazanywe no gusahura ubutunzi
‎nyamwimerere buri muri kano gace.(tuzob**arukako).
‎
‎
‎Mu 1989 kandi niho abo bose mpejeje kudondagura( Cabale
‎Illuminati) bashoza intambara m’uburyo bweruye, bashaka
‎kwigarurira Afrika yose, canke ubutunzi bwayo kuko abantu
‎ntibabakeneye.
‎
‎
‎
‎Mu 1993 : niho Cabale Illuminati yagandagura NDADAYE.
‎Intambara y’abenegihugu niho yatangura, intambara yari
‎igiye kumara imyaka cumi.
‎
‎
‎Mu 1994 : niho Cabale Illuminati yagandagura aba prezida
‎babiri ; uw’uBurundi NTARYAMIRA n’uw’uRwanda
‎HABYARIMANA. Jenoside yo mu Rwanda niho yatangura.
‎uRwanda niho rwaja mu minwe ya Paul Kagame, umu agent
‎wa Cabale Illuminati( Kuvyerekeye ingene Jenoside y’abatutsi
‎yakozwe soma aha 🧷https://www.facebook.com/share/p/1D8t2kJoct/). Ubufaransa niho bwatanguye
‎guhangana na Cabale Illuminati ndetse ni naho uBubiligi
‎bwunamira Cabale Illuminati.
‎
‎Mu 1996 : BUYOYA yahiritse Bagaza aca yugurura aba kambi
‎nk’amwe yo mu ntambara y’isi ya kabiri, aho abarundi
‎bashika umuliyoni n’igice barafatwa.
‎
‎
‎Mu 1997 : niho SEBUDANDI yashira itangazamakuru mu
‎minwe ya Cabale Illuminati.
‎Mu 1998 : Inyuma y’ivyabereye i Saint Malo, Cabale Illuminati
‎rero yegukanye agace kose kuko ubufaransa
‎bwaravuyemwo.Ni naho Cabale Illuminati yarema Sentare
‎Mpanavyaha Mpuzamahanga(CPI) ibikora kugirango ibashe
‎gukontrolresha ibihano ibihugu bitazokwemera kuyunamira.
‎Hagati ya 1999 na 2000 , niho Cabale Illuminati yanyengetera
‎mw’isi yose.
‎
‎
‎Mu 2000, niho amasezerano y’i Arusha yasinwa, ahagarikiwe
‎na Cabale Illuminati.
‎Mu 2001, niho BUYOYA yabomora ya ma kambi.
‎
‎
‎Mu 2003 : niho intambara y’abenegihugu yarangira. CNDD-
‎FDD , ihagarikiwe na Cabale Illuminati iraja ku butegetsi.
‎Kuva 2005 gushika 2015: Inyubako y’ikibano Ndundi( Ikibano
‎ndundi, imigwi ya politike, itangazamakuru,
‎amashirahamwe,..) yari yarashinzwe na SEBUDANDI ngo
‎ikorere mu nyungu za Cabale Illuminati , yarabereye
‎intambamyi CNDD-FDD. Cndd-fdd YARAGIYE ITANGURA
‎GUHINDAGURA IBINTU Itako yunga n’imigenderanire
‎n’umwansi wa Cabale Illuminati, ariwe Bushinwa, ivyo bituma Cabale Illuminati yipfuza gukura ho CNDD-FDD mu 2015 ariko
‎birayankira.
‎
‎
‎Hagati ya 2015 na 2021, uBurundi bwarakubaguwe na Cabale
‎Illuminati biciye mu guteza amahoro make, inzara, n’ibindi
‎bihano bitandukanye. NKURUNZIZA yishwe n’umutima wa
‎gihutihuti, benshi bagakeka Illuminati Cabale ko ariyo ibiri
‎inyuma. Inyuma y’uko uBurundi bwigaragambije bukava muri
‎CPI, bwarondereye ubuhungiro mu migenderanire ikomeye
‎na ba BRICS(uBushinwa n’uBurusiya,..)
‎
‎Kuva ico gihe kugeza uyu munsi tubona uBurundi buriko burakora ibikorinka mu kwironderera inzira mw'isi Nshasha ya multipolarité(Isi y'Imitwe Myinshi Nsangirabutegetsi).
‎
‎🌍🇧🇮🤍❤️
‎
‎Ikanguro Media is a structured independent research media platform analyzing patterns in global systems, human behavior, and conceptual understanding.
‎
‎
‎
‎Source:{.https://burundi-agnews.org/le-burundi-face-a-la-guan-globalisation-unipolaire-americaine-neoliberale.}
‎

https://exoconscience.com/voila-le-plan-de-la-plus-grosse-arnaque-de-tous-les-temps-en-preparation/non-classe/?fbclid=Iw...
29/06/2026

https://exoconscience.com/voila-le-plan-de-la-plus-grosse-arnaque-de-tous-les-temps-en-preparation/non-classe/?fbclid=IwZXh0bgNhZW0CMTEAc3J0YwZhcHBfaWQPMjc1MjU0NjkyNTk4Mjc5AAEe9xr7TnAsMWaodMrP_0q3lZAuJATRCPdU5D1dBgGExWzr8JyEdpvofie-JJY_aem_iyMBS6a1QbAs1Bx4kIeD-Q

(Note Flo : Les amis, je pense qu’il est grand temps d’exposer ce plan machiavélique à la sauce 666 qui se prépare en coulisse depuis très longtemps avant qu’il ne soit trop t**d et avant que le système d’information et des réseaux sociaux ne soit complètement verrouillé. Ci-dessous,...

🔥💥Imyaka itatu iheze( kuva muri 2023) nagumye ndababwira ivyerekeye AMOKO ATANDUKANYE Y'IBIVEJURU bihari Kandi ko bizoja...
23/05/2026

🔥💥Imyaka itatu iheze( kuva muri 2023) nagumye ndababwira ivyerekeye AMOKO ATANDUKANYE Y'IBIVEJURU bihari Kandi ko bizoja hanze none rero iryavuzwe riratashe.

GOVERNMENT ya USA mu misi itatu iheze yari yashize hanze amakuru yemeza ivyo navuze(https://nypost.com/2026/05/16/us-news/four-species-of-aliens-have-been-pulled-from-crashed-ufos-ex-government-researcher-claims/) imyaka itatu iheze Kandi kukadomo aha


1.https://m.facebook.com/groups/448019188706218/permalink/2894776770697102/

2.https://m.facebook.com/story.php?story_fbid=215380674799569&id=100089829134593

3.https://m.facebook.com/story.php?story_fbid=222588100340493&id=100077679131596

AMERIKA IKORESHA PAUL KAGAME M’UKWIGARURIRA CONGO-ZAIRE N’AKARERE K’IBIYAGA BININI VYA AFRIKA.[Ubu busesanguzi tubukesha...
19/05/2026

AMERIKA IKORESHA PAUL KAGAME M’UKWIGARURIRA CONGO-ZAIRE N’AKARERE K’IBIYAGA BININI VYA AFRIKA.

[Ubu busesanguzi tubukesha umwanditsi Charles Onana mu gitabo ciwe « Holocauste au Congo », iki cegeranyo gisubiramwo ivyiyumviro, inyandiko, urutonde rw’ibihe n’insiguro zatanzwe n’umwanditsi.
Iki canditse rero kigenewe gutanga amakuru no gufasha m’ugutahura amateka y’ivy’ubutegetsi n’ubutunzi vyaranze akarere k’Ibiyaga Binini vya Afrika]

Mu mateka y’akarere k’Ibiyaga Binini, intambara zabaye hagati ya 1994 na 1997 ziguma ari kimwe mu bibazo bikomeye cane mu vyigwa vya géopolitique(politike mpuzamahanga). Mu gitabu ciwe, Charles Onana ashikiriza iciyumviro c’uko gutera Congo bitabaye gusa ingaruka y’akaziye yavuye kuri jenoside y’abatu.tsi yabaye mu Rwanda, ahubwo ko hari umugabi wa gisirikare n’uw’intwaro wari warateguwe imbere y’igihe.
Iki ciyumviro kirahambaye kuko gihindura ingene abantu babona inkomoko y’intambara zaranze kano karere. Aho kubona gusa ikibazo c’impunzi n’umutekano, Onana ashira imbere iciyumviro c’integuro y’ibikorwa vya gisirikare vyerekeza muri Congo.

Part 1 . 1994 (Ndamukiza-Rusama): Ugusunika Abanyagihugu berekeza muri Congo
Kimwe mu bintu vya mbere umwanditsi ashira imbere ni uburyo ingabo za FPR/APR zagiye zisunika impunzi za jenoside zigizwe n’ abanyagihugu b’aba hu.tu berekezwa mu burengero bw’u Rwanda.
Nk’uko abivuga, kuva muri Ndamukiza gushika Rusama 1994, ibikorwa vya gisirikare vyatumye abantu benshi bahunga buhoro buhoro berekeza k’umupaka wa Congo. Ng’ibi ido n’ido ry’uko vyagenze nk’uko umwanditsi abivuga :

Ndamukiza gushika Rusama 1994, abasirikare ba Paul Kagame baratanguye ibitero ku banyagihugu b’abanyarwanda b’aba sivile baciye m’uburaruko no m’uburasirazuba bw’igihugu. Ivyo bitero vyari b**amije gusunika abatuye utwo turere baja hagati m’u Rwanda, hanyuma cane cane m’uburengero berekeza k’umupaka wa Congo.
Kugirango batume uruja n’uruza rw’impunzi rwerekeza gusa muri Congo, umuhari w’abatu.tsi wafashe ingingo yo kwugara umupaka uhuza u Rwanda na Tanzaniya mu burasirazuba. Raporo za HCR zemeza ko impunzi zagerageza kujabuka uruzi Akagera zerekeza muri Tanzaniya zarashwe n’ibigirankana n’abo barwanyi, ivyo bikaba vyatumye ubwo masinzi y’abantu agaruka hagati mu Rwanda kugirango aze asunikwe aja mu burengero.
Amakuru y’igihe n’aho ibintu vyabereye hamwe n’amakarata y’ubusesanguzi yakozwe n’abashakashatsi b’abanyamerika Allan Stam na Christian Davenport, vyerekana ko uko kwimurwa kw’abanyagihugu kwategekwa n’umukazo hamwe n’ugutotezwa vyakorwa na FPR/APR. Ubwo buryo bwari bugamije gukoresha iryo sinzi ry’impunzi nk’umuhora w’igitero kugirango ingabo za Kagame zibone inzira izishikana muri Congo ata n’umwe agize amakenga ku migambi yazo nyakuri.

Amakarata y’igisata c’ubutasi bwa gisirikare c’abafaransa, yo kuwa 2, uwa 15, n’uwa 19 Rusama 1994 ari m’urwego rw’amabanga ntamenwa y’ukwivuna umwansi, yerekana umuvuduko abarwanyi bariko basunikako impunzi berekeza muri Congo. Izo nyandiko zemeza ko hariho umugambi wo kwirukana no gutuza abanyagihugu bafatwa nk’abadakwiriye ku butegetsi bushasha.

Nk’uko umwanditsi abivuga, intumbero ya nyuma y’uku kwimura abantu ku nguvu yari ugutuma ubuseruko bwa Congo buja mu kajagari kugirango bizotange imvo yo gutera igihugu m’uburyo bwa gisirikare mu nyuma, hagamijwe uguhirika Perezida Mobutu no kwigarurira umutungo kamere n’amabuye y’agaciro bigwiriye muri ako karere.
M’ugushirahamwe izo munzi zose akazita inkozi z’ikibi zateje jenoside, Kagame yarashoboye kwambura abo banyagihugu impuhwe mu makungu n’ibihugu bibanyi.
Dukurikije amasoko yatanzwe n’umwanditsi, igitigiri c’impunzi z’abanyarwanda zahungiye muri congo hamwe no mu bindi bihugu bibanyi hagati ya 1994 na 1996 ni iki :
1. Ku mupaka wa Tanzaniya(Ndamukiza-Mukakaro 1994), umushakashatsi Dirk De Schrijver agereranya igitigiri c’impunzi cababa 470.000
2. Izerekeje mu Burundi, ishirahamwe Oxfam ryagereranije abantu 255.000
3. Kivu ya ruguru(Mukakaro 1994), hajabutse umupaka hafi miliyoni y’abanyarwanda. M’uburyo bwihariye abash*tse Goma ari bazima ni 850.000
4. Kivu y’epfo, hajabutse 600.000

Icegeranyo canyuma cavuye mu nyandiko y’ubutasi bw’abanyamerika yo ku wa 2 Myandagaro 1996 yerekana ko hari hagisigaye impunzi miliyoni 1.7 muri Congo imbere y’uko ikambi ibomorwa.

Umwanditsi ashimika ko uwo mwuzurira w’abantu bateshejwe izabo harimwo n’abahaburiye ubuzima, wakoreshejwe n’ubutegetsi bqwa Kigali nk’umuhora w’igitero, kugirango bushire ikirenge k’ubutaka bwa Congo.

Charles Onana abandanya yerekana ukuntu inyitano ngo « abakoze jenoside » yakoreshejwe m’uburyo bwagutse cane ngo ibe igikoresho ca politike na gisirikare. Kubw’iwe, iyo nyitano ntiyari gusa iyo gusigura ivyabaye mu Rwanda mu 1994, ahubwo yari uburyo bwo gutegura no gutsindanishiriza ibikorwa vya gisirikare vyakurikiye mu burasirazubga bwa Congo. Ubutegetsi bwa Paul Kagame hamwe n’ababushigikiye bo mu bihugu vy’uburengero bashize imbere iciyumviro c’uko impunzi z’abahu.tu zari muri congo zari zigizwe n’abakoze jenoside. Ivyo vyatumwe ama miliyoni y’abasivile, -abagore, abana, abari mu zabukuru, abamugaye hamwe n’izindi mpunzi zisanzwe- berekanwa nk’ikibazo c’umutekano aho kubonwa nk’abantu bahunze intambara n’ubwicanyi. Ibi vyatumye ivyo bakorewe mu nyuma bitavyura impuhwe mpuzamakungu, iyo nyitano rero iza kuba nk’igipfungu co guhisha umugambi wari wratanguye gutegurwa kuva mu 1994 : Kwinjira Congo no kuyigarurira.

Muri make, musomyi, ubuzima bw’impunzi amamiliyoni z’abanyarwanda bwatanzwe nk’ikimazi ku bushake kugirango bibe urwitwazo hamwe n’igikoresho ca gisirikare co gutanguza intambara yo gusahura ubutare bwa Congo. M’ugusunikira abanyagihugu muri Congo, ingabo z’abarwanyi ba kagame zaronse urwitwazo rwo kwinjira bidateye ikibazo isi n’ubuyobozi bwa Congo.

Munyuma, uko imyaka yagiye, izo nzirakarengane zahavuye zihinduka intambamyi kuri Kagame n’abazungu bamutumye. Amakambi yari atanguye kubangamira ubusahuzi bw’ubutare n’imigambi yo guhungabanya ubutegetsi bwa Mobutu.

Umwaka wa 1996 niwo waranze intango y’ibikorwa vy’agahahazo vyakorewe izo mpunzi. Kagame rero munyuma yarakoresheje iturufu yiwe : Akoresheje ya nyito y’abakoze jenoside, yavuze ko amakambi y’impunzi yari yahindutse ibibanza vyo guteguriramwo igitero k’u Rwanda kandi ko vyari ikibazo gikomeye c’umutekano. Iyo niyo mpamvu ya mbere yatanzwe ku mugaragaro yemeza gutera amakambi y’impunzi canke kwishikira kwa Kagame muri Congo.

Muri Munyonyo 1996, amakambi y’impunzi yatanguye guterwa ibisasu bivuye k’ubutaka bw’u Rwanda na cane cane mu karere ka Cyangugu, Kagame avuga ko ari ukwivuna umwansi apanga kumutera.

Mbega kuki amashirahamwe mpuzamakungu yinumiye ? tuzobirabirahamwe mu gice ca 2

AFRIKA MU GIHE C’ISI Y'IMITWE NGABURABUTEGETSI MYINSHI(monde multipolaire): Uko Sisiteme Ngaburabutegetsi Ishobora Guhin...
16/05/2026

AFRIKA MU GIHE C’ISI Y'IMITWE NGABURABUTEGETSI MYINSHI(monde multipolaire): Uko Sisiteme Ngaburabutegetsi Ishobora Guhindura Kazoza k’Umugabane

Mu myaka myinshi iheze, Afrika yakunze kubonwa nk’umugabane ukurikira ingingo zifatwa n’ibihugu bikomeye vy’i Buraya na Amerika. Politike mpuzamakungu, ubutunzi, amafaranga, umutekano ndetse n’imigenderanire y’ubudandaji vyari ahanini bigenzurwa n’uburyo bw’isi bwari bwubakiye ku bubasha bw’Ubuseruko bwo mu Burengero (“Occident”).

Ariko muri iki gihe, hari impinduka ikomeye iriko iraboneka kw’isi yose. Abasesanguzi benshi bemeza ko isi iriko iva mu buryo bwa “monde unipolaire”(isi y'umutwe ngungabutegetsi) — aho igihugu kimwe canke umugwi muto w’ibihugu ari wo waganza isi — ikaja mu buryo bwa “monde multipolaire”(isi y'imitwe Ngaburabutegetsi myinshi), aho ibice bitandukanye vy’isi bigira ijambo n’ububasha bingana.

Muri iyo mpinduka, Afrika ntikiboneka gusa nk’ahantu h’ubutunzi kamere, ahubwo iriko ibonwa nk’umwe mu migabane ishobora kugira uruhara runini mu kuyobora isi nshasha iriko iravuka.

Afrika Nk’Inkingi y’Isi Nshasha

Abasesanguzi muri politike yo hagati mukarere bavuga ko hari ibintu vy’ukuri bishigikira iki ciyumviro. Afrika ifise:
abantu barenga imiliyaridi 1.5,
hafi kimwe ca gatatu c’ubutunzi kamere bw’isi,
hamwe n’urwaruka rwinshi cane kurusha iyindi migabane.

Naho ibihugu vya Afrika bikiri inyuma mu butunzi ugereranije n’ibihugu bikomeye, umugabane uriko urerekana iterambere ryihuta mu bisata vy’ubutare, ubuhinga bwa none, ubudandaji n’ibikorwa remezo.

Hari ababona ko ibi bishobora gutuma Afrika iba imwe mu nkingi z’isi nshasha ya multipolarité.

Ihiganwa ryo Kwikukira Mu Butunzi.

Kimwe mu bintu bikomeye biriko birahinduka ni ikibazo c’ubwigenge mu vy’ubutunzi n’amafaranga.

Mu myaka iheze, ibihugu vyinshi vya Afrika vyakoresha cane:
idolari ry’Amerika,
amabanki mpuzamakungu y’i Buraya,
hamwe n’imfashanyo zifise amabwirizwa akomeye ava hanze.

Ariko ubu hari imigambi mishasha iriko irubakwa kugira Afrika yigenge cane mu vy’ubutunzi.

AfCFTA: Isoko Rusangi rya Afrika

Mu 2021 hatangujwe African Continental Free Trade Area (AfCFTA), umugambi ugamije gukuraho hafi 95% y’amakori hagati y’ibihugu vya Afrika kugira ubudandaji bworohe.

Abasesanguzi benshi babona ko:

ibi bishobora gukomeza ubudandaji hagati y’Abanyafrika,

kugabanya ukwizigira amasoko y’i Buraya,

no gutuma amafaranga y’ibihugu vya Afrika atangura kugira agaciro kanini.

Mu 2022 kandi haratangujwe uburyo bwo kuriha hagati y’ibihugu vya Afrika hakoreshejwe amafaranga yavyo bwite aho gukoresha idolari gusa.

Hari ababibona nk’intambwe ya mbere y’ukwigenza mu bukungu (“dé-dollarisation”).

Ubushinwa, Uburusiya n’Inzira Nshasha z’Ubwubatsi

Ikindi kimenyetso gikomeye c’ihinduka rya multipolarité ni ibikorwa remezo biriko birubakwa ku mugabane.

Ubushinwa, biciye muri gahunda ya:
“Belt and Road Initiative” (Nouvelle Route de la Soie)
bumaze gukorana n’ibihugu birenga 40 vya Afrika.
Amabarabara ya Gari ya Moshi

Hari imigambi minini iriko irategurwa:
gari ya moshi iva Dakar ikaja Djibouti,
imihora ihuza Sudan, Ethiopie, Kenya na Congo,

hamwe n’amabarabara manini aca mu bihugu bitandukanye vya Afrika.

Abasesanguzi bavuga ko ibi bishobora:

kworohereza ubudandaji,

guhuza imigabane,

no kugabanya ukwizigira inzira zaciye mu bihugu vy’i Buraya.

---
Egypte Nk’Irembo rya Afrika

Egypte iriko ibonwa nk’igihugu gifise uruhara runini muri iri hinduka.

Hari:

zone économiques spéciaux zifashwa n’Uburusiya,

imigambi ya gari ya moshi yihuta,

hamwe n’uguhuza inyanja ya Méditerranée n’Inyanja Itukura.

Hari abasesanguzi bavuga ko Egypte ishobora kuba:

> “irembo rya Afrika rija muri Eurasie.”

Ubuhinga bwa None, Inguvu na Siyansi

Ikindi kintu gihambaye ni ukwimurira Afrika ubuhinga bwa none.

Ingene nucléaire

Uburusiya, biciye muri Rosatom, buriko burubaka ibikorwa vya nucléaire muri Egypte bifise agaciro ka miliyaridi nyinshi z’amadolari.

Hari abasesanguzi bavuga ko:

Afrika ishobora kuva ku kwizigira cane ibitoro,

ikaja mu bihe bishasha vy’inguvu za nucléaire.

Satellites n’Ikoranabuhanga

Mu Angola harubatswe satellite ANGOSAT ifashijwe n’Uburusiya.

Hari kandi ibikorwa vya digitalisation, transport intelligent hamwe n’ubuhinga bwo gutumatumanako amakuru biriko birinjira cane muri Afrika.

---

Umutekano n’Ukugabanya Inyishu z’Ibihugu vy’i Buraya

Mu bihugu nka:

Mali,

Niger,

Burkina Faso,

harabaye imyiyerekano myinshi isaba ko ingabo z’Ubufaransa ziva muri ivyo bihugu.

Mu nyuma, ibihugu bimwe vyaciye bitangura gukorana cane n’Uburusiya mu vy’umutekano.

Ababishigikiye bavuga ko:
Afrika iriko irondera abafatanyabikorwa bashasha,
badashira imbere amabwirizwa ya politike y’imbere mu gihugu.

Ababirwanya na bo bavuga ko:
hashobora kuvuka ubundi buryo bushasha bwo kwizigira ibihugu bikomeye.

Iki kibazo kiracariko kiraganirwako cane muri geopolitike y’iki gihe.

Intambara y’Ibiribwa n’Ubudandaji bw’Ingano

Ikibazo c’ibifungurwa na co carabaye igice c’ihiganwa rya multipolarité.

Hari impaka nyinshi ku masezerano y’ukwunguruza ingano biciye mu Kiyaga C’umukara (“Black Sea Grain Deal”).

Amasoko y’Uburusiya avuga ko igice kinini c’izo ngano cagiye i Buraya aho kuja muri Afrika nk’uko vyari vyitezwe.

Mu gusubiza, Uburusiya bwaciye butanga:
toni miliyoni z’ingano muri Afrika,
hamwe n’imfashanyo ku bihugu bikennye cane.

Abasesanguzi bamwe babona ko:

ibifungurwa biriko biba igikoresho ca geopolitike,

nk’uko vyahoze ku mafuta canke ubutare.

Isesengura Rikuru

Iyo dusesanguye ibi vyose hamwe, turabona ko:
Afrika iriko iva ku mwanya wo gukurikira abandi,
ikaja ku mwanya wo kugirana imigenderanire myinshi n’ibihugu bitandukanye,
no kugerageza kwiyubakira ubwigenge bwayo mu bukungu, umutekano n’ubudandaji.

Ariko kandi hari ibibazo bikiriho:
amadeni,
ubusumbasumbane hagati y’ibihugu,
ibibazo vy’intwaro,
hamwe n’ingaruka z’ihiganwa ry’ibihugu bikomeye.

📻Ikibazo C’Ikanguro

Mu gihe isi iriko ihinduka, ikibazo gikomeye kiba ari iki:

Afrika izoshobora kuba umuyobozi wigenga w’isi nshasha, canke izohinduka gusa ikibuga gishasha c’ihiganwa ry’ibihugu bikomeye?

Umusozo

Abasesanguzi benshi bemera ko:

ihinduka rya multipolarité ritagisubira inyuma,

kandi ko Afrika ishobora kugira uruhara runini cane muri kazoza k’isi.

Kubera ubutunzi bwayo, urwaruka rwayo hamwe n’aho iherereye kw’isi, umugabane wa Afrika uriko urinjira mu gihe gishasha c’amateka.

Ariko uko iryo hinduka rizogenda bizovana n’uburyo ibihugu vya Afrika bizoshobora:
kubungabunga ubwigenge bwavyo,
gukoresha neza ubutunzi bwavyo,
no kwubaka imigenderanire iringaniye n’ibindi bihugu vy’isi.

References / Inkomoko

Analyses géopolitiques sur le monde multipolaire et l’Afrique.

African Continental Free Trade Area (AfCFTA).

Belt and Road Initiative (BRI) et projets d’infrastructures africains.

Études sur la dé-dollarisation et les systèmes financiers alternatifs.

Analyses sur la coopération Russie–Afrique et Chine–Afrique.

Rapports sur les infrastructures ferroviaires et énergétiques en Afrique.

> Ikanguro Media — Independent Research Media Platform
Gusesangura amateka, geopolitike n’imihindukire y’isi biciye mu bushakashatsi n’isesengura ryigenga.

16/05/2026

AFRIKA MU GIHE C’ISI Y’IMITWE NGABURABUTEGETSI MYINSHI(monde multipolaire).

Uko Sisiteme Ngaburabutegetsi Ishobora Guhindura Kazoza k’Umugabane Mu myaka myinshi iheze, Afrika yakunze kubonwa nk’umugabane ukurikira ingingo zifatwa n’ibihugu bikomeye vy’i Buraya na Amerika. Politike mpuzamakungu, ubutunzi, amafaranga, umutekano ndetse n’imigenderanire y’ubudandaji vyari ahanini bigenzurwa n’uburyo bw’isi bwari bwubakiye ku bubasha bw’Ubuseruko bwo mu Burengero (“Occident”). Ariko muri iki gihe, hari impinduka ikomeye iriko iraboneka kw’isi yose. Abasesanguzi benshi bemeza ko isi iriko iva mu buryo bwa “monde unipolaire”(isi y'umutwe ngungabutegetsi) — aho igihugu kimwe canke umugwi muto w’ibihugu ari wo waganza isi — ikaja mu buryo bwa “monde multipolaire”(isi y'imitwe Ngaburabutegetsi myinshi), aho ibice bitandukanye vy’isi bigira ijambo n’ububasha bingana....

Address

Biashara Street
Nairobi
00100

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Ikanguro Media posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Shortcuts

Share