20/07/2026
AMATEKA Y’UBUKOLONI MU BURUNDI NO MU RWANDA
na Ikanguro Media
‎IGICE CA I
‎( Muri ino nyandiko turaza kurabira hamwe amateka yaranze Uburundi n’Urwanda kuva k’umuzo w’abakoloni gushika uyu munsi wa none. Nizera yuko inyuma yo gusoma iyi nyandiko, umusomyi aza kugira ishusho ikwiye y’ingene vyagenze, amenye imvo n’imvano ya buri kintu kizwi ko cabaye ndetse na vyinshi biri muri iyi nyandiko bitazwi na benshi, bidufashe gutahura abo turibo twebwe abarundi n’abanyarwanda, vyongere bitwereke ngo mbega ubukoloni ni iki koko? Abakoloni batwambuye iki kandi ni gute twocisubiza? Ivyo bibazo vyose bizotorerwa umuti n’ubwenge bw’umusomyi inyuma yo kwisomera we ubwiwe.-IKANGURO MEDIA)
‎
Mu 1820, niho Umwami Ntare RUGAMBA yatanga, ashengerana n’uwari yarateguriwe kumusimbura ariwe muhungu wiwe Senyarutoke. Mu bisanzwe, TWAREREYE - uwundi muhungu wa Ntare RUGAMBA, niwe yategerezwa guca rero aja ku ngoma ariko vyaciye bihinduka.
‎
Umugabekazi NZIRAMIBANGO yaciye akorana na benewabo na TWAREREYE, BIRORI na RWASHA, bashigikira murumuna wabo muto BIJOGA, aba ariwe aca aja ku ngoma yitwa Mwezi GISABO. Urugamba rwo kurwanira intebe y’ubwami rwabereye i NKONDO ndetse TWAREREYE yahasize ubuzima.
‎
Haheze nk’imyaka 50 Mwezi Gisabo ari ku ngoma, mu 1871, niho Livingstone na Stanley batangura kuzunguruka inkombe za Tanganyika, aho babonye Abarundi bambere. Ico barondera kwari ugutera binjira indani mu bwami nk’uko Stanley yongeye kubigerageza hagati ya Ruheshi na Mukakaro 1876, ariko ntiyinjiye.
‎
Yaba Livingstone canke Stanley bagenda baracapura uduce baciyemwo, bakora amakarata bongera b**a n’ubutaka. Ikigaragara n’uko kwari nk’ugutata amakuru bategura gahunda y’ubukoloni, kuko bari bararungitswe ntibari baje gutembera.
‎
Mu 1879, niho Vatikano-Jezuwiti yinjirira akarere ka afrika y’Ibiyaga Binini, mu gushing ama misiyoni mu Buganda bw’epfo, ari nako batera basotera uBurundi. 22 Nzero, niho bamwe batangura gushika mu karere ka Ujiji.
‎
Kuva uwo mwaka gushika mu 1881, abasirikare b’abakoloni barikumwe n’Abacuruza abaja nka Rumaliza(Ibn Khalfan), bagerageje kwinjira mu Burundi incuro zitatu, baciye ahitwa Uzige ariyo Bujumbura y’uno munsi, ariko agasama n’amacumu n’imyampi vy’Abadasigana ba Mwezi Gisabo ntivyaborohereje na gato. Uwitwa RUSAVYA, niwe yari agaba Abadasigana, akaba yari umunyeBuntu( Ubuntu ni ingenga bitekerezo abarundi bagenderako kera, nayo nyene tuzoyigarukako).
‎
Ico gihe kandi niho, habaye urugamba rukomeye rwamaze iminsi itatu: Urugamba rw’I TAMBA.
‎
Kuva itariki 4 gushika kuri 7 Rusama, abasirikare b’abakoloni barikumwe n’Abacuruza abaja nka Rumaliza(Ibn Khalfan), abamisiyonari hamwe n’abagabo bo mu karere nka Bakari w’I Mbizi na Rwoga w’I Banga, baratanye mu mitwe birakomera mbere benshi mu ba misiyonari bahasiga ubuzima. Muri abo ba misiyonari bapfuye harimwo uwitwa P.P. Déniaud, uwitwa Augier hamwe n’uwakorera uwitwa Hoop. Urwo rugamba rwarangiye umukoloni atsinzwe arata aromoka ahunga agana I MASANZE.
‎
Imyaka itatu imaze guhera, abakoloni n’abamisiyonari( abakozi ba vatikano-Jezuwiti) barikumwe na Patiri Coulbois, barongeye bashing ikambi ya gisirikare I Uzige(Bujumbura). Itariki 7 Ntwarante, abandi ba misiyonari, patiri Randabel na furera Gérard, barabiyunzeko hanyuma kw’itariki 13 bashinga misiyoni ya Saint-Michel I Uzige(Bujumbura). Ivyo vyose babikora Abadasigana babacunga banab**ako.
‎
Inyuma y’amezi ndwi, 19 Gitugutu 1884, Abadasigana barongeye bagaba igitero, batera ikambi ya gisirikare y’I Uzige. Abakoloni n’abamisiyonari basubira gutungwa nayo bameze, ariko kur’iyi ncuro bari batanguye guta umwikomo kubafasha babo bo mu karere nka Rumaliza.
‎
Inyuma y’Inama rukokoma ya 27 Ruhuhuma 1885 yabereye i Berlin mu budagi, aho ibihugu vya Buraya vyagabura Afrika nk’ib**abura imituri y’inyama, Uburundi bwafashwe n’Ubudagi. Afrika y’Ubuseruko yaciye ihinduka Afrique Orientale Allemande, umurwa mukuru uba Bagamoyo, munyuma uba Dar es Salaam guhera mu 1890.
‎
Mu 1889, niho Stanley yagaruka, ahura n’umunyezanzibar w’umucuruzi hamwe na Emin Pacha. Yongeye ahura kandi na patiri Schynse Wilhelm be na patiri Girault. Mu 1890, abadagi n’abongereza baraguranye amatwara.
‎
Haheze umwaka, mu 1891, abasirikare b’abakoloni n’abamisiyonari nka Patiri Randabel, patiri Josset na patiri Pruvost, barasubiriye berekeza I Uzige(Bujumbura) kugirango barabe ko bosubira kuhashinga ibirindiro. Hari itariki 30 Ntwarante 1891.
‎
‎Uwo munsi nyene hongeye kuba urundi rugamba karahabutaka, bongera gutsindwa yamara ntibahaha barongera baragaruka mu kwezi kwakurikiye. Aho hose Abadasigana baba bareretse. Mu 1894, niho abakoloni n’abamisiyonari bashika mu Rwanda.-------------------------------------------------------------------------
‎Igice cambere c’iyi nyandiko ni aha kigarukiye. Tugejeje aho uRwanda rwinjirirwa kandi ivyabaye kuva ico gihe sinobivuga nihuse kuko niho inkuru y’ubukoloni m’uburundi n’urwanda ishingiye.
‎
Kubera y’uko IKANGURO MEDIA, twipfuza kwiga koko n’umutima ukunze, ,ng’ibi ibintu twozirikana hamwe n’amakuru turonse uyu munsi :
‎
Mbega mu 1820, iyo TWAREREYE aba ariwe yima ingoma, ubuzima bw’abarundi bwari kugenda gute ? Mbega hari kuba intsinzi nk’uko twabonye vyagenze ku ngamba nyinshi zagwanywe na GISABO ?
‎
Mbega wibaza yuko Livingstone na Stanley bari ingenzi zariko ziratembera canke bari abatasi baje kuraba ingene akarere gapanze kugirango bapange kugatera ?
‎
‎Mbega ko twabinye abamisiyonari barungiyswe na Vatikano-Jezuwiti baba barikumwe n'igisirikare c'umukoloni, wiyumvira ko gahunda yabo kwari ukumenyesha abantu ijambo ry'Imana canke gahunda yari imwe ahubwo mu nzira zitandukanye?
‎