28/01/2026
๐ฅฐ๐ง๐ฎShalom bakundwa.Ku munsi wa gatanu,igenekerezo rya 16/01/2026,Ishengero ry'aba Baptiste mu Burundi(UEBB) ryaratanze imfashanyo yegeranijwe n'abakristo eka n'abafasha UEBB kw'Ishure ryacu rya Lycรฉe Musema.
Aho iyo mfashanyo yarigizwe n'ama matela mirongo itanu(50),Ivyuma vyo gukora ibitanda bigerekeranye mirongo umunani na bitanu(85) bishobora kuryamako abanyeshure barenga amajana atatu.
Tubamenyesheko iyo mfashanyo yari yakurikiwe n'iyindi UEBB yari yaheruka gatanga igizwe n'amashakoshi,ibitenge,amasabuni n'ibikoresho abigeme bakunda gukoresha mu gihe cabo.
Ivyatanzwe vyose hamwe rero bikaba biciye amafranga angana n'imilioni mirongo icenda na zitandatu z'amafranga y'amarundi(96.000.000Fbu).
Ico gikorwa cari gihagarariwe na Reprรฉsentant Lรฉgal wa UEBB,Umwubahwa Rรฉv.Pasteur MASABO Jean Jacques arikumwe n'icariho ciwe,Rรฉv.MUCOWINTORE Jean Bosco,bakaba barikumwe kandi n'Umwungere wa Mbere wa UEBB,Rรฉv.Emmanuel NSENGIYUMVA.
Hari kandi umuhanuzi wa Musitanteri wa Komine Matongo muvyo ajejwe harimwo kumenyesha amakuru n'imigenderanire,Umushingantahe NDIKUBWIMANA Donatien,hari akandi abarongoye akarere ka Musema n'ishengero rya Baptiste Musema,uburongozi bw'Ishure n'sbandi batari bake.
Mw'ijambo ryiwe Umwubahwa RL,yasavye abanyeshure gukoresha neza iyo mfashanyo bahawe,aca abahamagarira kwirinda ubuhumbu muri kino gihe bibonekako bwabaye ndanse,anabibutsako ikiza SIDA casubiye kugwira mu Burundi cane cane mu Rwaruka.
Kubw'umuyobozi w'Ishure Pontien KUBWAYO,yarashimye iyo mfashano ndetse amenyeshako kuvyo bahora baronka batari bwahabwe ibitanda,akamenyeshako n'abandi bobandanya babagarukirako.
Ico gikorwa caranzwe n'akanyamuneza ku mpande zose.
Mugire ibihe vyiza.