29/07/2022
Ijoro ry’amakuba Yakobo yaciyemwo igihe yariko araririra Imana mu masengesho ngo imukize ukuboko kwa mukuru we Esau, rigereranya ibihe ubwoko bw'Imana buzocamwo mu gihe c’ingorane. Kubera ubuhendanyi yakoresheje kugira ngo aronke imigisha y’umuvyeyi wiwe kandi ikaba yari igenewe Esau, Yakobo yari yahunze, anyaga amagara, atewe ubwoba n’imigambi mukuru we amufitiye yo ku mwica. Inyuma y’imyaka myinshi yari amaze yarahunze, yatanguye urugendo abitegetswe n’lmana, gusubira inyuma n’abagore biwe, n’abana biwe, hamwe n’ubusho n’ayandi matungo yari afise, mu gihugu ciwe. Amaze gushika ku rubibe rw’igihugu yari agiyemwo, yatewe n’ubwoba yumvise amakuru y’uko Esau ari kumwe n'umurwi w’abarwanyi ariko aregereza aho bari, yibaza ko ata gukekeranya yagenzwa no kwihora. Yakobo n’abo bari kumwe bose badafise ibirwanisho canke uwo kubakingira, vyasa nk’uko ata kundi vyari kugenda, yategerezwa guhangana na bo. Kandi hamwe n’uwo mutwaro wo kwihebura n’ubwoba, icamuremera gusumvya ibindi kwari ukwiyagiriza, kuko icaha yari yarakoze ni co cari camukwegeye ako kaga. Ivyizigiro vyonyene yari asigaranye bwari ubuntu bw’Imana; inkinzo yiwe yategerezwa kuba amasengesho. Kandi nta kintu atakoze ku ruhande rwiwe ngo abe yoshobora kwicungura ku kibi yakoreye mwene wabo maze ngo abe yokwigiza kure ivyari bimugeramiye. Uko ni ko abakurikiye Kristo mu gihe begereje ibihe vy’amakuba, bazokora uko bashoboye kugira ngo babonwe neza n’abantu, bakureho icotuma babiyumvira nabi kandi bigize kure icobangamira umwidegemvyo w’umutimanama. (Ivyizigiro bihambaye, chap39)
Mugire Umusi mwiza wo kwitegurira isabato n'ukugaruka kwa Yesu