13/07/2026
Guharūra 23:19 "Imana si umuntu ngo ibeshe, kandi si umwana w'umuntu ngo yihane. Ivyo yavuze ntiyobikora? Ivyo yasezeranye ntiyobish*tsa?"
1. 🟡Imana si umuntu ngo ibeshe
Abantu barashobora guhindura ijambo, kwibagira canke kutubahiriza amasezerano yabo, ariko Imana yo ivyo yavuze irabikora.
Tito 1:2 – "Imana itabesha yasezeranye ubugingo budashira."
2.🔵 Imana si umuntu ngo ihindure ivyiyumviro vyayo
Abantu barashobora kugukunda uyu musi ejo bakakwanka, ariko Imana iguma ari ya yindi.
Malaki 3:6 – "Jewe Uhoraho sindahinduka."
3.🟢 Imana ibona ivyo umuntu atabona
Umuntu acira urubanza ku biboneka, ariko Imana yo iraba umutima.
1 Samweli 16:7 – "Umuntu araba mu maso, ariko Uhoraho we araba mu mutima."
4. 🔴Imana ikora ibidashoboka ku bantu
Iyo abantu bavuga bati "ntibishoboka", Imana yo ivuga iti "birashoboka".
Luka 1:37 – "Kuko ata jambo ry'Imana rizonanirwa."
Matayo 19:26 – "Ibidashoboka ku bantu bishobokera Imana."
5. ⚫Imana ntiyibagira abana bayo
N'iyo abantu boguta canke bakakwibagira, Imana yo iguma ikwibuka.
Yesaya 49:15-16 – "Mbega umugore yokwibagira umwana yonsa?... Ariko jewe sinzokwibagira."
Erega Imana si umuntu! Ntibesha, ntihinduka, ntinanirwa, ntiyibagira kandi ntihemuka. Iyo Imana ivuze ijambo ku buzima bwawe, n'aho ibintu vyoba bisa n'ibidashoboka, izorish*tsa kuko Imana si umuntu.
"Imana si umuntu ngo ibeshe, kandi si umwana w'umuntu ngo yihane." — Guharūra 23:19.
IMANA Ntigabitanya Haba Namba🤌✊💪💥🔥🥳🥳🥳🥳🫵🫵🔥🔥🔥🔥🔥🔥🔥🔥