01/01/2024
UMUSIGUZI: Rev.Rugandiye Ferdinand
Thème :Uburyarya si kwo gutungana
Réf.Bibl: Mathieu 7:15-23
15 j Mwirinde abigira abavugishwa n'Imana; baza kuri mwebge bambaye nk'intama; arikw imbere ar' amabingira y'inkazi. 16 k Muzobamenyera ku vyo bama. Mbega har' uwokwamura inzabibu ku munyinya, cank' insukoni ku bitovu? 17 l Nukw igiti ciza cose cama ivyiza, arikw igiti kibi cama ibibi. 18 Igiti ciza ntigishobora kwama ibibi, kand' igiti kibi ntigishobora kwama ivyiza. 19 m Igiti cose kitama ivyiza kiracibga, kigatererwa mu muriro. 20 Nuko muzobamenyera ku vyo bama.
21 n Umuntu wese amvumereza, ati Mwami, Mwami; si we azokwinjira mu bgami bgo mw ijuru, atar' ukora ivyo Data wo mw ijuru agomba. 22 o Benshi bazombgira kuri wa musi, ngo Mwami, Mwami, ntitwavugishwa n'Imana mw izina ryawe, ntitwasenda abadayimoni mw izina ryawe, ntitwakora ibitanganza vyinshi mw izina ryawe? 23 p Ni ho nzobajinjiburira, nti Nta ho nigeze mbamenya; mviraho, mwa bakora ibizira mwe.
Munsiguro yiwe yavuzeko kumusi w'impera yesu azozingurura igitabo,Hama asome amazina,igitangaje benshi mubari mw'ishengero bazobaza bâti,mwami kuki utampamagaye? Ngo azobabwira KO ataho abazi. Yahanuye abakirisu kutaba ibiranganzira,ariko bihatire gukorera Imana ataburyarya.