Église Méthodiste Unie du Burundi-District Gisuru

Église Méthodiste Unie du Burundi-District Gisuru Contact information, map and directions, contact form, opening hours, services, ratings, photos, videos and announcements from Église Méthodiste Unie du Burundi-District Gisuru, Gisuru Ruyigi, Gisuru.

‎"GUKOMEZA UBUCUTI N'IMIGENDERANIRE MUBANA B'IMANA, NIWOMUGOZI W'URUKUNDO."‎...............................................
23/03/2026

‎"GUKOMEZA UBUCUTI N'IMIGENDERANIRE MUBANA B'IMANA, NIWOMUGOZI W'URUKUNDO."
‎........................................................................

‎ kuri uruyu w'imana igenekerezo rya 22/03/ 2026, biciye mumuhari w'urwaruka, ububwiriza bwa Gisuru paruwase nyamutetema, bwaramutse bwakira ububwiriza bugenzi bwabwo bwa MUREHE paruwase Buga.

‎Urwo rwaruka rukaba rwari rwaje ruherekejwe n' umubwiriza w'ubwo bubwiriza nyene, Hamwe naba pastori n'aba laïc b'iyo paroisse Buga.

‎Mw'ijambo ryiwe Ryo kwakira abash*tsi, nyakubahwa mubwiriza w'ububwiriza bwa Gisuru rev.pasteur MBONIMPA JEAN CRÉATURE, akaba yashimiye cane mugenziwe wo m'ububwiriza bwa MUREHE nyakubahwa rev.pasteur MPITABAVUMA Emmanuel kubw'ico gikorwa ciza c'ivugabutumwa. Yakomeje yerekana ko ubucuti bugizwe n'imigenderanire ariwo mugozi w'urukundo ufatanya Abana n' Imana.


‎Mwijambo basangiriye Hamwe kuri uyo musi, riri mugitabo c'ivyakozwe n'intumwa 15:19, Aho ishengero ryaraho ryahamagariwe kuvavanura nibikorwa vy 'abanyamahanga, rigahindukirira uhoraho, maze bakabwira abanyamahanga ubutumwa bwiza.

‎Ikirori kikaba caranzwe n'umunezero udasanzwe, hagati y'ubwo bubwiriza n'imihari ubwayo, Kuko ryari niryambere urwo rwaruka rwari rush*tse murubwo bubwiriza.





"HAHIRWA ABAPFA BAPFIRA MUMWAMI".....................................................................Kuri uyu musi w'Ima...
28/12/2025

"HAHIRWA ABAPFA BAPFIRA MUMWAMI".....................................................................

Kuri uyu musi w'Imana igenekerezo rya 28/12/2025 hariya muri paroisse RUYOGORO ububwiriza bwa gisuru, haramutse habera ihuriro ry'umuhari w'abashingantahe Bose bubwo bubwiriza muntumbero yo kwiginana umwaka bahejeje wa 2025 no kwipfurizanya umwaka mwiza wa 2025-2026 kucivugo kivuga giti: "Ariko rero muze twiyambure ivyo vyose twagendeyemwo bidahimbara Imana bisigarane n'uyu mwaka wa 2025 vyose."

Umushingantahe BUCUMI Fulgence arongoye uwo muhari w'abashingantahe akaba ari nawe muhetsi w' ububwiriza bwa gisuru n'ububwiriza bwa murehe, yaboneyeho akaryo ko gushikiriza imigabo n'imigambi yaranguwe niyo bimirije kurangura. Muvyo bazokwihutira gukora harimwo kurwiza ivyumba vyamasengesho, kurandurana n'imizi akaborerwe, gushigikira abash*tsa amasezerano mukwabirana rukirisu, guteza imbere ubudandaji, kuzoja barashimira umuhari wabashingantahe mu ma paroisse uzoba wakoze neza kurusha iyindi.

Muvyo bifuza gukora, umushingantahe Fulgence akaba yashikirije ko bashaka kugura imachine ikobora umuceri kandi amahera yibanze angana numuriyoni(1 000 000fbu) akaba amaze kuboneka.

Bagaterereza ama sengesho kugira ngo basende, umu dayimoni, atuma abagabo barobera bagata ingo nibikorwa vy'Imana, gusenda dayimoni itera ubusambanyi mubashingantahe nibindi.

Akaba yarangije ashimira cane umubwiriza w' ububwiriza bwa gisuru hamwe na komite yiwe yose mukudahengeshanya kubashigikira mubikorwa bigaragara, nivyo muri mpwemu.

Iyo paroisse yabereyemwo ivyo bikorwa ikaba yahawe ingabire ingana n'umuriyoni(1.000.000) wo kugura ibiyo bizobafasha kwugara amadirisha hamwe n' ibihumbi ijana(100.000) vyo kugura ishwagara yo gusiga kumpome. Ivyo bikorwa bikaba vyakozwe na laïc wo kuri paroisse nyamutetema NGENDAKUMANA BERCHMANS hamwe n' umudandaza MANIRAKIZA Eric

Mwijambo basangiriye hamwe kuri uyumusi ribahamagarira gutungana imbere y'Imana hamwe no kwubaha Imana. Luka2:25-26; 30-31. Nyak

'' IGIKORWA CA YESU, NI UGUKIZA ‎IMITIMA Y'ABANTU''‎...........................................................‎‎‎‎Kuri ...
25/12/2025

'' IGIKORWA CA YESU, NI UGUKIZA
‎IMITIMA Y'ABANTU''
‎...........................................................



‎Kuri uyu musi wa kane igenekerezo rya 25/12/2025, aho abemera ukuvuka no gupfa hamwe no kuzuka kw'Umwami YESU CHRISTO kw'isi yose baramutse bahimbaza ukuvuka kw'uwo mwami, no muri paroisse Nyamutetema mu bubwiriza bwa Gisuru, ishengero rya Methodiste unie muburundi, aba kirisu baho bose bahimbarije hamwe uwo musi.

‎Muri iyo paroisse nyene, hashoboye kwakirwa aba nyeshengero bashasha bagera kuri 38 tutibagiye abana bahezagiwe.

‎Mw'ijambo yasangije abaraho, nyakuba Rev. Pasteur MBONIMPA Jean Créature akaba ari nawe mubwiriza w'ububwiriza bwa Gisuru, yagize ati: " Imana irahembura igikorwa cayo, mu mitima yabayemera".

‎Yisunze ijambo riri muri Ruka 2:1-20, yabwiye abaraho ko iyo ukoze ibikorwa bihimbara Imana ko icubahiro, amahoro bigushikako.


‎Kakaba kari akanyamuneza kadasanzwe karangwa muri abo bakirisu, kuko basangiriye hamwe kumeza y'umwami.

24/12/2025
‎"TUNGANYA NINGOGA IBIKORWA VYAWE"‎............................................‎‎Muri rwa rukurikirane rw'amasengesho ar...
20/12/2025

‎"TUNGANYA NINGOGA IBIKORWA VYAWE"
‎............................................

‎Muri rwa rukurikirane rw'amasengesho ariko aba mw'ishengero rya Méthodiste unie mu Burundi, uyu musi igenekerezo rya 20/12/2025, niho ububwiriza bwa Gisuru bwaramuka busozera imisi indwi yari yahariwe ico gikorwa c'amasengesho.

‎Ayo masengesho akaba ariko asozerererwa munyubakwa za paroisse Ndemeka .

‎Mw'ijambo nyakubahwa Umubwiriza w'ububwiriza bwa Gisuru Rév. Pasteur MBONIMPA Jean créature yasangije abaraho, turisanga mw' itanguriro 18; no muri yesaya 60:1, Aho yagize ati: "TUNGANYA NINGOGA IBIKORWA VYAWE". Akaba yakomeje ababwira ko kugira ngo ubwiza bwa méthodiste unie bwo mugihe c'iherezo buboneke ngo nuko buri umwe wese, atunganya neza ibikorwa vyiwe, agatunganya inzira y'Uhoraho, ngo maze wa muco ugaheza ukamurikira umunyeshengero, maze ishengero rigaheza rigakayangana:" rero ishengero dukomeze gukayangana nuko twese dukwiye gutunganya ningoga ivyacu. #"

‎Twobamenyesha ko imbere y'ivyo bikorwa, habanje Kuba iyugururwa ry'inama yabarongoye abana bato muri ubwo bubwiriza, ikaba yari ihagarikiwe n'umurongozi wa sunday school kurugero rw'ububwiriza RIZIKI Bernard arikumwe n'umwanditsi wiwe.

‎Iyo nama ikaba yari igamije kumenyesha igikorwa co kwitegurira amahiganwa y'urwo rwaruka rw'abakiri bato ku rugero rwa conférence rizoba kw'igenekerezo rya 27/12 uyumwaka nyene.

Address

Gisuru Ruyigi
Gisuru

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Église Méthodiste Unie du Burundi-District Gisuru posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Shortcuts

Share