23/03/2026
"GUKOMEZA UBUCUTI N'IMIGENDERANIRE MUBANA B'IMANA, NIWOMUGOZI W'URUKUNDO."
........................................................................
kuri uruyu w'imana igenekerezo rya 22/03/ 2026, biciye mumuhari w'urwaruka, ububwiriza bwa Gisuru paruwase nyamutetema, bwaramutse bwakira ububwiriza bugenzi bwabwo bwa MUREHE paruwase Buga.
Urwo rwaruka rukaba rwari rwaje ruherekejwe n' umubwiriza w'ubwo bubwiriza nyene, Hamwe naba pastori n'aba laïc b'iyo paroisse Buga.
Mw'ijambo ryiwe Ryo kwakira abash*tsi, nyakubahwa mubwiriza w'ububwiriza bwa Gisuru rev.pasteur MBONIMPA JEAN CRÉATURE, akaba yashimiye cane mugenziwe wo m'ububwiriza bwa MUREHE nyakubahwa rev.pasteur MPITABAVUMA Emmanuel kubw'ico gikorwa ciza c'ivugabutumwa. Yakomeje yerekana ko ubucuti bugizwe n'imigenderanire ariwo mugozi w'urukundo ufatanya Abana n' Imana.
Mwijambo basangiriye Hamwe kuri uyo musi, riri mugitabo c'ivyakozwe n'intumwa 15:19, Aho ishengero ryaraho ryahamagariwe kuvavanura nibikorwa vy 'abanyamahanga, rigahindukirira uhoraho, maze bakabwira abanyamahanga ubutumwa bwiza.
Ikirori kikaba caranzwe n'umunezero udasanzwe, hagati y'ubwo bubwiriza n'imihari ubwayo, Kuko ryari niryambere urwo rwaruka rwari rush*tse murubwo bubwiriza.