Sanctuaire Sacré-Cœur de Jésus de Buruhukiro Paroisse Muyaga

Sanctuaire Sacré-Cœur de Jésus de Buruhukiro Paroisse Muyaga Première paroisse du Burundi, fondée le 23 mai 1898

Kuburuhukiro Narahakiriye
23/09/2025

Kuburuhukiro Narahakiriye

10/03/2025

Kurikirana Patiri mukuru wa paroisse muyaga Aloys CAMBARA adusigurura kucibutso c'abihebeye Imana bambere, ndetse n'abakristu bambere baronkeye ibatisimu muriyo paroisse nyene

06/02/2025

Ijambo ry'Imana, indwi ya 4 yo mu gihe gisanzwe co mu mwaka, ku wa kane, années impaires

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mw’Ikete ryandikiwe Abahebereyi (12,18-19.21-24)

Ncuti zanje, ubu mwegereye Imana, ntimwegereye ahantu haboneka, wa muriro wāká, vya bicu vyirabura, wa muzimagiza, vya bihuhusi vy’umuyaga, rwa rwamo rw’inzamba na rya jwi ry’amajambo ryatumye abaryumvise bitakambira ngo ntihagire irindi jambo babwirwa. Erega, ivyabonetse vyarateye ubwoba gushika Musa avuge ati : « Ndi n’ubwoba bwinshi cane kandi ndahinda agash*tsi. » Ariko, mwegereye umusozi wa Siyoni n’igisagara c’Imana nzima, mwegereye Yeruzalemu yo mw’ijuru n’isinzi ry’Abamarayika, ikoraniro rihimbaye n’ishengero ry’abantu b’imfura banditswe mw’ijuru, mwegereye Imana Mucarubanza wa bose n’imitima y’aberanda babush*tse, mwegereye na Yezu We Mushikiriza w’Insezerano nshasha n’amaraso abatyorora, akababera kirumara kurusha aya Abeli.

IZABURI 47(48) 2-3a, 3b-4, 9, 10-11

Icit. Ewe Mukama, turiko turihweza urukundo rwawe mu ngoro iwawe.

Umukama ni we mukuru kandi ni we akwiye gushimagizwa, mu gisagara c’Imana yacu, ku musozi mweranda kandi uhimbaye, ari wo rweze rw’isi yose.

Uwo musozi wa Siyoni uri hagati y’isi yose, ni wo murwa w’Umwami akura abandi : Imana iravyagiye mu ngoro zaho, ikimenyesha ko ari Rutaganzwa.

Nk’uko bari barabitubwiye, twaravyiboneye mu gisagara c’Umukama Nyeningabo, mu gisagara c’Imana ari yo Mana yacu, ni yo izogikomeza imyaka yose.

Ewe, Mukama, turiko turihweza urukundo rwawe mu ngoro iwawe ; ubuninahazwa bwawe nibukwire isi, nk’uko izina ryawe ryayikwiye.

INKURU NZIZA

Aleluya, Aleluya.

Ijambo ry’Umukama ryamaho imyaka yose ; ni ryo jambo ry’inkuru nziza twabwiwe.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (6, 7-13)

Ahamagaye bamwe Cumi na babiri, Yezu aja mu vyo kubarungika babiri babiri, abaha n’ububasha ku mitima ihumanye. Kandi ababwiriza kutagira ikintu batwara ku nzira, atari inkoni nsa : nta mpamba, nta saho, nta dukuta mu mipfuko ; yongera ati : « Nimwambare inkweto kandi ntimugire imitamana ibiri.» Arongera arababwira ati : « Inzu muzoramuka mwinjiyemwo, murayigumamwo murinde muva aho hantu. Ahantu bazobima indaro bakanka n’ukubumvira, murahava kandi mwikunkumure umukungugu waho, mubereke ko bizobasubirako. » Bagiye rero, barigisha ukwigaya, birukana amashetani menshi, basiga kandi amavuta abarwaye benshi kandi bakabakiza.

Célébration nationale du Jubilé de la Vie Consacrée à MUYAGACe Dimanche le 2 Février 2025, en la Fête de la Présentation...
04/02/2025

Célébration nationale du Jubilé de la Vie Consacrée à MUYAGA

Ce Dimanche le 2 Février 2025, en la Fête de la Présentation du Seigneur au Temple qui est aussi depuis 1997 la Journée mondiale de la Vie Consacrée, a été célébré pendant cette Année jubilaire 2025 de l'Eglise universelle, au Sanctuaire du Sacré-Cœur de BURUHUKIRO à MUYAGA, le Jubilé de la Vie Consacrée au niveau de l'Eglise Catholique qui est au BURUNDI. Pourquoi à MUYAGA ? Elle est la première Paroisse de l'Eglise du BURUNDI qui a mis au monde les premiers Prêtres et les premières consacrées comme le révèle le musée de la mémoire établi à MUYAGA.

Ijambo ry'Imana, indwi ya 4 yo mu gihe gisanzwe co mu mwaka, ku wa mbere, années impairesIGISOMWA CA MBEREIvyo dusoma mw...
03/02/2025

Ijambo ry'Imana, indwi ya 4 yo mu gihe gisanzwe co mu mwaka, ku wa mbere, années impaires

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mw’Ikete ryandikiwe Abahebereyi (11, 32-40)

Ncuti zanje : ikindi novuga ni iki ? Nta mwanya mfise wo kudondora ivyerekeye Gedewo, Baraki, Samusoni, Yefute, Dawudi, Samuweli n’abahanuzi : ku bw’ukwemera kwabo baratsindiye intara z’abami, bakoresha ubutungane, bahangurirwa imihango, bazibira iminwa y’intambwe, bazimya ubukari bw’umurirο, bakira ubugi bw’inkota, barakomantara bahora bagoyagoya, barerekana ubutwari mu rugamba, barirukana ingabo z’abanyamahanga ; abagore bamwe na bo basubira kubona ababo bari bapfuye, kuko bano bazutse. Bamwe bararinze barîcwa nabi, kuko banse gucungurwa, ngo baronke izuka risumbirije. Abandi barabagerageje mu kubashinyaguriza no mu kubakubita, mu kubaboha no mu kubata mu munyororo ; barabicishije amabuye, barabaciyemwo kubiri, barabagerageje, barabicishije inkota ; bagiye kuyerera bambaye udushato tw’intama n’utw’impene, bari baburaniwe, bakabatukagura, bakabagirira nabi ; iyi si ntiyari ibabereye, baguma bayerera mu gahinga, ku misozi, mu masenga no mu manga z’isi. Ariko, abo bose n’aho Imana yabashingiye intahe kubera ukwemera kwabo, ntibashikirijwe ivyo bari bemerewe, kuko ari twebwe Imana yarorereje ivyiza bisumbirije, kugira ngo ntibashikire ubutungane tutari kumwe.

IZABURI 30 (31) 20, 21, 22 ,23, 24

Icit. Mwese abizigiye Umukama, humure, subize umutima mu nda.

Erega, Mukama, ubuntu bwawe ni bwinshi cane, ubwo wereka abakwubaha ; ubwo ugirira abaguhungirako mu maso y’abana b’abantu.

Abo ukiza ubahozako ijisho, ukabashira kure y’akagunge k’abantu, ukabahisha mw’ihema, kure y’uruvugo rw’abantu.

Umukama n’ahezagirwe, kuko yangiriye ibitangaza, akankunda akanshira aho umwansi adashika. Jeho naravyuye akoba ngira nti : “Simba nkiri mu maso yiwe”. Ariko uko nagutabaza, ni ko wanyumvira.

Nimukunde Umukama, mwa bakunzi biwe mwese : Umukama arabungabunga abatamuhemukira, ariko akagerera ku rushi abishima.

INKURU NZIZA

Aleluya, Aleluya.

Nyigisha gutegera ico ushaka, Mukama, nzoheza nzirikane ibitangaza wakoze.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (5, 1-20)

Yezu na ba bandi Cumi na babiri bash*tse ku nkombe yo hakurya y’ikiyaga mu ntara y’Abageraseni, Yezu ngo abe akiva mu bwato, hazukuruka mu mva umuntu yiziziwe n’umutima uhumanye aja kumusanganira. Yibera mu ruhafu, kandi ntawari agishobora kumuboha, n’aho bokoresheje igitsibo c’icuma. Bari baragejeje kumuboha aboshwe n’iminyororo y’ivyuma, biba ivy’ubusa : vyose yaracagagura akagira ubunywenywe, kandi ntawashobora kumutsinda . Ntabwo yahengeshanya, ijoro n’umutaga yama avugiriza induru mu mva no ku misozi, yongera yitabaguza amabuye. Abonye Yezu akiri kure, yiruka aja iyo ari, akubita inkoro hasi imbere yiwe, arasemerera ngo : “Unshakako iki, ga Yezu Mwana w’Imana Rudasumbwa ? Ndakuzamvye kubw’Imana, ntunyice nabi”. Kuko Yezu yari yamubariye ati : “Wa mutima uhumanye, va muri uyo muntu”. Araheza aramubaza ati : “Witwa nde ?” Wa mutima na wo uti : “Izina ryanje ni Gitero, kuko turi benshi”. Uramusaba kandi ushimitse ngo ntawukure muri ico gihugu. Hakaba hano, ku musozi, hari ubusho bw’ingurube ziharisha. Nya mitima ihumanye isaba Yezu iti : ‘’Turungike mu ngurube, tuzinjiremwo. Arayirekura. Nya mitima ihumanye irasokoroka yiroha muri nya ngurube, nya ngurube nazo ziragundura zirashunguruka, zisuka mu kiyaga, zisoma nturi : zashika ku bihumbi bibiri. Abari baziragiye bafashako barahunga, baja kuranga inkuru mu gisagara no mu mihana ; abantu rero baza kuraba ivyabaye. Ngo baze kurenguka aho Yezu ari, babona umwe yasazwa n’amashetani, umwe-Gitero yari yariziziye ubwiwe, ari àho yicaye, yikwije, aganira neza, agash*tsi gaca kabakura no mw’ino. Noneho abari bavyiboneye babiganira ukugene ivy’uyo yasazwa na shetani n’ivy’ingurube vyagenze. Abo bantu baja mu vyo gutakambira Yezu ngo abavire mu gihugu. Wa muntu yahora asazwa na shetani ngo abone Yezu mu bwato, aramusaba ngo amugendanire. We yamara ntiyakunda, amubwira ati : “Subira iwanyu mu ncuti zawe, ubabwire ivyo Umukama yakugiriye vyose, ku kigongwe afise”. Ni uko aragenda aherako aranda muri Dekapoli ivyo Yezu yamukoreye vyose ; bose rero bagwa mu gahundwe.

Kukirimba c'umushaha wa Yezu
01/02/2025

Kukirimba c'umushaha wa Yezu

22/09/2023
28/08/2023
sanctuaireburuhukiro.com
28/08/2023

sanctuaireburuhukiro.com

Sanctuaire Sacré-Cœur de Jésus de Buruhukiro Paroisse Muyaga

Address

MUYAGA
Cankuzo
-

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Sanctuaire Sacré-Cœur de Jésus de Buruhukiro Paroisse Muyaga posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Place Of Worship

Send a message to Sanctuaire Sacré-Cœur de Jésus de Buruhukiro Paroisse Muyaga:

Share