27/08/2026
IJAMBO RY’UMUKAMA
🗓️ indwi ya 21 yo mu gihe gisanzwe co mu mwaka, ku wa gatanu, années paires
📖 IGISOMWA CA MBERE
📜 Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti (1, 17-25)
Ncuti zanje, Kristu ntiyantumye kubatiza, yantumye kwigisha Inkuru nziza, ntakoresheje ubwenge bwerekanwa n’imvugo, kugira ngo umusaraba wa Kristu ntupfe ubusa. Erega, inyigisho yerekeye umusaraba ni ubujuju ku bantu bariko barazimira, ariko kuri twebwe turiko turakizwa ni ububasha bw’Imana. Na none, handitswe ngo: «Nzozimiza ubwenge bw’incabwenge, ubukerebutsi bw’inkerebutsi na bwo nzobupfisha ubusa.» Incabwenge iri hehe? Umwanditsi ari hehe? Ikidambidambi co kuri iyi si kiri hehe? Mbega, ubwenge bw’iyi si Imana ntiyabuhinduye ubujuju? Ko abantu, mu gukoresha ubwenge bwabo, batamenye Imana mu bikorwa vy’ubwenge bwayo, Imana yashimye gukoresha ubujuju bw’inyigisho ngo ikize abemera. Egome, igihe Abayuda basaba ikimenyetso, Abagereki na bo bakarondera ubwenge, tweho tumenyesha Kristu yabambwe ku musaraba: ku Bayuda uyo ni ikibatsitaza, ku Bagereki na ho ni ubujuju; ariko, ku bahamagawe mu Bayuda ni mu Bagereki, ni we Kristu, ububasha bw’Imana n’ubwenge bw’Imana. None rero, ubujuju bw’Imana burusha abantu ubwenge, kandi intege nke z’Imana zirusha abantu ubukomezi.
```Iryo ni Ijambo ry’Umukama.```
📖 IZABURI 32 (33) 1-2, 4-5, 10-11
📜 Icit. Mukama, isi yose, isagiriwe n’urukundo rwawe.
Tere impundu Umukama, mwa bantu b’intungane, abantu b’intungane birabereye gutera impundu. Shemeze Umukama mu nanga, mumucurarangire inanga y’imirya cumi.
Ijambo ry’Umukama riratungaye, ibikorwa vyiwe vyose birimwo ukuri. Umukama akunda ingingo n’ukuri isi isagiriwe n’urukundo rwiwe.
Umukama arazi kuzimiza ivyo intara zateganije, arazi gusivya ivyiyumviro vy’ibihugu; ariko ivyo Umukama yateganije vyo vyamaho, ivyiyumviro vyiwe ntibihera na rimwe.
🎼 INKURU NZIZA
🎼 Aleluya, aleluya.
📑 Nimwame mugavye kandi mwiteguye: kuko mutazi umusi Umwana w’umuntu azozirako.
🎼 Aleluya.
📖 Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (25, 1-13)
Muri irya misi, Yezu yaciriye abigishwa biwe yu mugani ati: «Ubwami bw’ijuru buzogereranywa n’abakobwa icumi bafashe amatara baja gusanganira umukwe. Batanu muri abo bari ibijuju, abandi batanu incabwenge. Bano batanu rero b’ibijuju bafata amatara ntibatwara n’amavuta; bano b’incabwenge mu gufata amatara batwarana n’amavuta mu ducupa. Umukwe atevye, bose batangura gutura ingiga, hanyuma barasinzira. Mw’ijoro hagati, bumva urwamo ngo: “Ng’uyu umukwe arash*tse: ingo mumusanganire.” Ba bigeme bose baravyuka, bacana amatara yabo. Bamwe batanu b’ibijuju babarira bamwe b’incabwenge bati: “Nimutugabanirize ku mavuta yanyu, amatara yacu yazimye.” Na bo barabishura bati: “Twohava tubura twese; numugende ku badandaza mwigurire.” Bagiye kuyagura, umukwe arashika, abari aho binjirana na we mu bugeni, baca bugara urugi. Hanyuma rero, ba bandi na bo baraza bati: “Muhanyi, twugururire. Na we arabishura ati: Sindabazi.” Nimwame maso, kuko mutazi umusi, ntimumenye n’isaha.»
```Iryo ni Ijambo ry’Umukama.```