20/08/2026
w’Imana, 16/08/2026🔥🔥🦺
Ubwiza bw’Imana butuma tuba umwe; Yohana 17:20-21
“Ubwiza bw’Imana butuma tuba umwe” ni ryo jambo ryashikirijwe na Nelson Mweni, umurongozi w’Akanama k’Urwaruka.
Umwami Yesu Kristo, mu gusengera abizera, ntiyasengeye abigishwa biwe gusa, ariko yavuze ati: “Ndasabira n’abazonyizera biciye mw’ijambo ryabo.” Yesu yipfuza ko abizera bose baba umwe, kugira ngo ubwiza bw’Imana bugaragarire isi.
Ukwiye kuzirikana ibi:
1. Umwami Yesu yama adusengera.
Yesu Kristo ni Umwami w’Abami kandi aradusengera kugira ngo tube umwe. Yasavye Data ko abizera bunga ubumwe kandi bakabaho mu mahoro. Ni ikimenyetso c’uko Imana yipfuza ko ubuzima bwacu buba icubahiro cayo.
2. Abizera bafise igikorwa co gusenga no gusengera abandi.
Biciye kuri wewe, hari abantu biteze kwakira agakiza. Ni co gituma abakristo bakwiye kugira umutima wo gusenga no gusengera abandi, igihugu n’abari mu bihe bigoye. Imana iraduhamagarira kuba abantu bama mu gusenga.
3. Ubwiza Imana yaduhaye bukwiye kugaragarira abandi.
Imana yaduhaye ubwiza bwayo, Mpwemu w’ubwiza na Mpwemu w’amahoro. Hari abantu bakeneye guhinduka biciye kuri ubwo bwiza. Dukwiye rero kubugaragaza mu ngeso zacu, mu bikorwa vyacu no mu buryo tubaho, kugira ngo abatubona babonemwo Imana.
4. Dukwiye kuba abizigirwa kandi tukerekana abo turi bo.
Petero amaze kubwirwa ko yari kumwe na Yesu, yaramwihakanye. Ivyo bitwigisha ko dukwiye kuba abizigirwa, tukagaragaza aho dukorera, aho tuba n’aho dusengera ko turi abana b’Imana. Ukwizera kwacu ntigukwiye guhishwa, ahubwo gukwiye kugaragarira abandi.
5. Dukwiye gusenga kugira ngo Imana idushoboze kuba umwe.
Isi iriko iradushikana mu bindi bintu bitandukanye, ariko Umwami Yesu adusaba kuba umwe no kugaragaza ubwiza bw’Imana. Hari abateramye bariko basengera igihugu n’abandi. Natwe dukwiye gufatana mu nda, tugasenga kandi tugashigikirana, kugira ngo ubwiza bw’Imana bugaragarire muri twebwe.
None rero, mu kwizera kwawe, garagaza ubwiza Imana yaguhaye, sengera abandi, kandi uharanire ubumwe bw’abizera, kugira ngo isi ibone muri twebwe ubwiza bw’Imana nk’uko Umwami Yesu Kristo yabivuze.