Harvest Church For Christ

Harvest Church For Christ ๐Ÿ“๐Ÿ‡ง๐Ÿ‡ฎ
๐Ÿ”ถ๏ธ Luc 10:2
๐Ÿ”ท๏ธ SUNDAY 9AM | TUESDAY 5:30PM | SATURDAY 6AM

โ€ŽCULTE DOMINICAL DU 06/09/2026.โ€Žโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€Ž๐ŸŸ  ๐“๐‡๐„ฬ€๐Œ๐„ : ๐ˆ๐๐€๐๐†๐€ ๐‘๐ˆ๐‘๐ˆ ๐Œ๐” ๐†๐”๐“๐€๐๐†๐ˆ๐‘๐€ ๐ˆ๐Œ๐€๐๐€.โ€Žโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ป...
07/09/2026

โ€ŽCULTE DOMINICAL DU 06/09/2026.
โ€Žโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ป
โ€Ž๐ŸŸ  ๐“๐‡๐„ฬ€๐Œ๐„ : ๐ˆ๐๐€๐๐†๐€ ๐‘๐ˆ๐‘๐ˆ ๐Œ๐” ๐†๐”๐“๐€๐๐†๐ˆ๐‘๐€ ๐ˆ๐Œ๐€๐๐€.
โ€Žโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ป
โ€Ž Versets + Commentaires :
โ€Ž
โ€Ž๐Ÿ“–GUSUBIRA MU VYAGEZWE 6:1-7
โ€Ž
โ€Žโœด๏ธ Ibanga ryahawe Ab'isirayeli rikomeje ubu*ima bwabo nuko Imana yababwiye ngo bakundishe Imana yabo imitima yabo, ubugingo n'inkomezi zabo zose kandi bategekwa cane no kugira umwete wose wo kuvyigisha abana babo bari munzu, canke mu nzira bariko baragenda kuko kenshi umwana ukwo arezwe niko akura.
โ€Ž
โ€Ž๐Ÿ”ทBene Data icagaciro muri iyi si ni ukumenya Imana nico gituma ubu*ima bw'umuntu bugira icerekezo c' ubu*ima bwiwe.
โ€Ž
โ€Ž๐—ก๐—œ ๐—œ๐—ฅ๐—œ๐—›๐—˜ ๐—•๐—”๐—ก๐—š๐—” ๐—ฅ๐—œ๐—ฅ๐—œ ๐— ๐—จ ๐—š๐—จ๐—ง๐—”๐—ก๐—š๐—œ๐—ฅ๐—” ๐—œ๐— ๐—”๐—ก๐—” ?
โ€Ž
โ€ŽโœจAbantu benshi bashobora kuba batanga ibigiracumi, amashikanwa nibindi ariko bakaba bataratahura agaciro kavyo bigatuma umugisha utabazako.
โ€Ž
โ€Ž๐™†๐™ฌ๐™ช๐™—๐™–๐™๐™– ๐™„๐™ข๐™–๐™ฃ๐™– ๐™จ๐™ž ๐™ ๐™ช ๐™ข๐™ช๐™ฃ๐™ฌ๐™– ๐™œ๐™ช๐™จ๐™–, ๐™—๐™ž๐™จ๐™–๐™—๐™– ๐™ž๐™ ๐™ž๐™œ๐™ช๐™ฏ๐™ž.
โ€Ž
โ€Ž๐Ÿ“– MALAKI 3:7-10
โ€Ž
โ€Žโ™ฆ๏ธImana ntikeneye amahera yawe ndetse ntinezwe nico woyishikanira ahubwo yishuza icubahiro cayo kiri muri wewe.
โ€Ž
โ€Ž๐Ÿ”ท ๐—ž๐—จ๐—ญ๐—œ๐—ฅ๐—œ๐—ž๐—”๐—ก๐—” :
โ€ŽImana ahanini ntinezwe nico uba wayitangiye ahubwo cane cane iraba impamvu, ikibanza umutima wawe urimwo vyukuri watumye ushikanira Imana.
โ€Ž
โ€Ž"๐ˆ๐˜๐€๐๐€ ๐ˆ๐Œ๐€๐๐€ ๐ˆ๐๐„๐™๐–๐„ ๐๐ˆ๐•๐˜๐Ž ๐๐€๐˜๐ˆ๐‡๐€ ๐‚๐€๐๐Š๐„ ๐ˆ๐๐ˆ๐Œ๐€๐™๐ˆ ๐๐“๐ˆ๐๐€ ๐˜๐€๐‘๐€๐๐’๐„ ๐๐ˆ๐Œ๐–๐„ ๐Œ๐” ๐๐ˆ๐Œ๐€๐™๐ˆ ๐๐€๐˜๐ˆ๐’๐‡๐ˆ๐Š๐€๐๐ˆ๐‘๐€ "
โ€Ž

โ€Žโญ•UKWO IMANA YANSE IBIMAZI VYATANZWE
โ€Ž
โ€Ž๐Ÿ“–1SAMWELI 15:22
โ€Ž๐Ÿ“–ITANGURIRO 4:5
โ€Ž
โ€Žโ“๐Ÿ”ทNI AYAHE AMASHIKANWA IMANA IKUNDA ?
โ€Ž
โ€Ž๐Ÿ“–ITANGURIRO 4:4
โ€Ž๐Ÿ“–ABAHEBURAYO 11:4
โ€Ž
โ€ŽUmutima ukwiye gutangamwo kugira Imana yakire ishikanwa ryawe bisaba ko ubimenya neza ndetse ugatahura agaciro kavyo.
โ€Ž
โ€Ž๐Ÿ’  IBISABWA KUGIRA ISHIKANWA RYAWE RYAKIRWE.
โ€Ž
โ€Ž1๏ธโƒฃ. Gutangana Umutima ukunda Imana.
โ€Ž2๏ธโƒฃ. Gutangana ukwizera .
โ€Ž3๏ธโƒฃ. Gutangana umutima wumvira.
โ€Ž4๏ธโƒฃ. Gutangana umutima ugororotse.
โ€Ž
โ€ŽNI GUTE ISHIKANWA RITUVUGIRA ?
โ€Ž
โ€Ž๐Ÿ“–IVYAKOZWE N'INTUMWA 10:4
โ€Ž
โœด๏ธIshikanwa ry' umuntu niryo rimucira akayira imbere y'Abami, tahura agaciro kico wakorewe hama ureke gushima gusa ku munwa gusa ahubwo iga guherekezesha ishimwe ryawe ikimazi kuko ishikanwa ry'umuntu riravuga kuruta amajambo avuga.
โ€Ž
โ€ŽMugihe umuntu yoba yarakugiriye iciza itegure hako umushimira mu majambo gusa ahubwo utegure ikimazi, canke ishikanwa ukwiye ku mushikanira
โ€Ž_________________________
โ€Ž๐Ÿ—ฃ๏ธ ๐—ข๐—ฟ๐—ฎ๐˜๐—ฒ๐˜‚๐—ฟ : Pasteur BIGIRIMANA Vianney
โ€Ž_______________
โ€Ž๐Ÿ“IKIBANZA DUKORERAMWO : GATUMBA, QUARTIER RUGARIKA, HAFI YA ANTENNE YO KWA BUSOKOZA.
โ€Ž
โ€ŽPS :
โ€Ž_____________________
โ€Ž๐ŸงUkaba wipfuza kudukurikirana kuri chaรฎne ya Whatsapp, injirira uciye kuri ino link ๐Ÿ‘‡๐Ÿ‘‡:
โ€Žhttps://whatsapp.com/channel/0029VbBhfUTChq6RfvUW933l
โ€Ž___________________
โ€Ž
โ€Ž
โ€Ž
โ€Ž

06/09/2026

Samweli aramwishura, ati Mbeg' Uhoraho ahimbarwa n'ibimazi vyoswa n'ibindi bimazi gusumba umwumviye? Erega kwumvira gusumba ibimazi, no kuyoboka gusumba ibinure vy'impfizi z'intama.
1 Samweli 15:22

Kurikirana incamake y' amajambo twigishijwe uyu musi mu makoraniro adasanzwe

โ€ŽPS :
โ€Ž_____________________
โ€Ž๐ŸงUkaba wipfuza kudukurikirana kuri chaรฎne ya Whatsapp, injirira uciye kuri ino link ๐Ÿ‘‡๐Ÿ‘‡:
โ€Žhttps://whatsapp.com/channel/0029VbBhfUTChq6RfvUW933l
โ€Ž___________________
โ€Ž
โ€Ž
โ€Ž
โ€Ž

01/09/2026

Twabazaniye inyamake y' inyigisho twahawe mu makoraniro duherutsemwo. Akaryo keza ko kubandanya tu*irikana inyigisho twungutse. Mwarahezagiwe.
PS :
โ€Ž_____________________
โ€Ž๐ŸงUkaba wipfuza kudukurikirana kuri chaรฎne ya Whatsapp, injirira uciye kuri ino link ๐Ÿ‘‡๐Ÿ‘‡:
โ€Žhttps://whatsapp.com/channel/0029VbBhfUTChq6RfvUW933l
โ€Ž___________________
โ€Ž
โ€Ž
โ€Ž

โ€ŽCULTE DOMINICAL DU 30/08/2026.โ€Žโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€Ž๐ŸŸ  ๐“๐‡๐„ฬ€๐Œ๐„ : NKOMEZI Z'IMANA ZIDUSHOBOZA KUNEZERERERWA AHO KUR...
30/08/2026

โ€ŽCULTE DOMINICAL DU 30/08/2026.
โ€Žโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ป
โ€Ž๐ŸŸ  ๐“๐‡๐„ฬ€๐Œ๐„ : NKOMEZI Z'IMANA ZIDUSHOBOZA KUNEZERERERWA AHO KURIRIRA..
โ€Žโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ปโ€ป
โ€Ž Versets + Commentaires :
โ€Ž
โ€Žโšก Inkomezi zโ€™Imana zishobora guhindura uburyo umuntu aca mu mubabaro: ntizama zikuraho amarira ako kanya, ariko zimuha ubushobozi bwo kunezerwa hagati mu marira, kuko aba azi ko Imana ikiri kumwe na we kandi ko umubabaro atariherezo ry' ubu*ima bwiwe.
โ€Ž
โ€Ž๐Ÿ“– YESAYA 65:14,18 .
โ€Ž๐Ÿ“– ABAROMA 5:3-4
โ€Ž๐Ÿ“– 2AB'IKORINTO 7:4-6
โ€Ž
โ€Ž๐Ÿ“–KUVAYO 12:8 " Barye inyama zawo mur' iryo joro nyene, zitaze, bazikoze imitsima itambiwe n'imboga zirura ".
โ€Ž
โ€Žโžก๏ธImana ubwayo yaturemye no muburyo busanzwe bw' uko umuntu adakwiye kubaho arya ibiryoshe gusa yopfa kare ica irabategeka ko bakwiye kurya inyama nubwo ziryoshe mukanwa ariko bakazikoza imboga zirura.
โ€Ž
โ€Ž๐Ÿ’ . INKOMEZI Z'IMANA ZITUMA UMUBABARO UTAKUGANZA
โ€Ž
โ€ŽPaulo yavuze ati:
โ€Žโ€œNshobozwa vyose nโ€™uwumpa inkomezi.โ€ โ€” Abafilipi 4:13
โ€ŽโšกIbi ntibisobanura ko umukristo atazogira ibihe bikomeye. Bisobanura ko iyo haje ibihe bikomeye, Imana imuha inkomezi zo kubicamwo atavunitse mu mutima.
โ€Ž
โ€Ž๐Ÿ’ . IGITERA UMUNTU KUNEZERERWA MU MUBABARO
โ€Ž
โ€Ž๐Ÿ“–ZABURI 84:4-12
โ€Ž
โ€ŽHari ibintu bikomeye bituma abishobora:
โ€Ž
โ€Ž1๏ธโƒฃ.โ™ฆ๏ธ Kumenya ko Imana itamuretse
โ€Ž๐Ÿ“–Zaburi 34
โ€Žโžก๏ธIyo umuntu amenye ko Imana iri hafi yiwe cane mu gihe c'umubabaro, umutima wiwe uraronka ihumure.
โ€Ž
โ€Ž2๏ธโƒฃโ™ฆ๏ธ Kumenya ko umubabaro ufise igihe.
โ€Ž๐Ÿ“–Zaburi 30:5
โ€Žโžก๏ธUmuntu afise ukwizera ntiyibona gusa mw' โ€œijoroโ€ arimwo; abona n' โ€œigitondoโ€ Imana iriko irategura.
โ€Ž
โ€Ž3๏ธโƒฃโ™ฆ๏ธ Kumenya ko Imana ishobora gukoresha umubabaro mu kumwubaka.
โ€Ž๐Ÿ“–Yakobo 1:2โ€“4
โ€Ž
โ€Ž๐Ÿ’ NI GUTE UMUNEZERO W'UHORAHO ARIZO NKOMEZI ZACU?
โ€Ž
โ€Ž๐Ÿ“–Nehemiya 8:10
โ€Žโ€œUmunezero w'Uhoraho ni wo nkomezi zanyu.โ€
โ€Ž. Hari ibanga rikomeye: umunezero w'Imana uruta umunezero w'ibihe
โ€Ž
โ€Žโžก๏ธIyo umunezero wawe ushingiye ku bintu canke iyo ibintu bigenda neza, kimwe kivuyeko, umunezero urashobora ku*imangana.
โ€Žโžก๏ธAriko iyo umunezero wawe ushingiye ku Mana ubwayo, ushobora kurira ariko ugumana Ukwizera. โ€ŽAho ni ho umunezero uba inkomezi, aho kuba gusa inyiyumvo.
โ€Ž
โ€Ž๐Ÿ’ . IVYO USABWA MU GUHARANIRA KUNEZERERERWA HAGATI MU MUBABARO.

โ€Ž1๏ธโƒฃNtukareke uko wumva bibe vyo bigena ukwizera kwawe.
โ€Ž
โ€Ž2๏ธโƒฃNtukareke ikibazo kigufate umutima ngo wibagire Imana.
โ€Ž
โ€Ž3๏ธโƒฃIbuka ivyo Imana yakoze kera.
โ€Ž
โ€Ž4๏ธโƒฃ. Gushira umutima kuri Kristo.
โ€Žโžก๏ธKristo niwe rutare rutanyiganyiga, umwubatseko ukomeza kugira icizigiro kizima kidashingiye ku bihe.
โ€Ž
โ€Ž5๏ธโƒฃ. Kugira ubu*ima bw'isengesho
โ€Ž
โ€Žโžก๏ธSenga cane cane no mugihe udashaka gusenga.
โ€Žโžก๏ธNtusenge gusa iyo ibintu bibi bish*tse. Senga n'igihe ibintu vyose vyifashe neza, kugira ngo igihe c'ikigeragezo uzoba usanzwe ufise aho uhungira.
โ€Ž
โ€Ž6๏ธโƒฃ. Kurimbura no kwumvira ijambo ry'Imana.
โ€Žโžก๏ธUmubabaro urwanya cane ivyiyumviro. Ijambo ry'Imana ni ryo rituma utayoberwa n'ivyo wumva.
โ€ŽIyo umutima uvuga uti: โ€œBirarangiye,โ€ Ijambo rikakwibutsa riti: โ€œImana iracari kumwe nanje.โ€
โ€Ž
โ€Ž7๏ธโƒฃ. Kugira ukwizera gush*tse
โ€Ž
โ€Žโžก๏ธIyo u*i ko ijoro rifise igitondo, urashobora kurira ariko ntutakaze icizigiro.
โ€Ž
โ€Ž8๏ธโƒฃ. Gushima Imana n'igihe utarabona igisubizo
โ€Ž
โ€Ž9๏ธโƒฃ. Kwiga kwihangana
โ€Žโžก๏ธNtukihutire kuvuga ngo โ€œImana yaranteyeโ€ kubera gusa ko inyishu yatevye.
โ€Žโžก๏ธRimwe na rimwe Imana ikoresha igihe c'ugutegereza kugira ikubakemwo: โ€Žukwihangana,ukwizera,ubwenge,kwicisha bugufi, no gukomera mu mutima.
โ€Ž
โ€Ž๐Ÿ”Ÿ. Kudafata ingingo zikomeye uri mu mubabaro mwinshi.
โ€Ž
โ€Žโžก๏ธUmubabaro ushobora gutuma umuntu afata ingingo azokwicuza amaze gukira.
โ€Ž
โ€Ž๐Ÿ”ท11. Kutigunga . (Gukoranira hamwe nabandi)

โ€Žโžก๏ธ Kwirinda kwigunga mu gihe c'umubabaro
โ€ŽIyo umuntu ababaye, hari igihe ashaka kwigumya wenyene. Ariko umuntu akomeye mu kwizera akenera abantu b'Imana bashobora kumusengera, kumuhanura no kumukomeza.
โ€Žโ€œBabiri baruta umwe... kuko iyo umwe aguye, uwundi aramuhagurutsa.โ€ โ€” Umusigu*i 4:9โ€“10
โ€Ž
โ€ŽNB :

โ€Žโœด๏ธ Birashika gusenga rimwe na rimwe Imana ntishoke ikuraho umubabaro; yamara igaha umuntu inkomezi zo kuwurengana kandi iyo umaze kuwurengana, ukazosanga ico gihe ari co nyene Imana yakoresheje kugira ikomeze ukwizera kwawe ikugeze kurwego rushasha.
โ€Ž
โ€Žโœด๏ธ " Namenye ko kw'isi ibintu vyose bihinduka uhereye ku bantu n'ibintu ndetse ivyo abantu bahindukirirako navyo nasanze bihinduka, kubw'ivyo nahisemwo guhindukirira kuri yesu kuko ariwe adahinduka ndamuhindukirirako ukudahinduka kwiwe mugihe atari jewe ndamuhindutse" .
โ€Ž
โ€Žโœด๏ธ. " Kwiruka urondera utari kumwe na yesu ni ukwirukwako ariko kwiruka urondera hamwe na yesu ni ukwirukira isezerano ryawe " .
โ€Ž_________________________
โ€Ž๐Ÿ—ฃ๏ธ ๐—ข๐—ฟ๐—ฎ๐˜๐—ฒ๐˜‚๐—ฟ : Liรฉvin HAKIZIMANA.
โ€Ž_______________
โ€Ž๐Ÿ“IKIBANZA DUKORERAMWO : GATUMBA, QUARTIER RUGARIKA, HAFI YA ANTENNE YO KWA BUSOKOZA.
โ€Ž
โ€ŽPS :
โ€Ž_____________________
โ€Ž๐ŸงUkaba wipfuza kudukurikirana kuri chaรฎne ya Whatsapp, injirira uciye kuri ino link ๐Ÿ‘‡๐Ÿ‘‡:
โ€Žhttps://whatsapp.com/channel/0029VbBhfUTChq6RfvUW933l
โ€Ž___________________
โ€Ž
โ€Ž
โ€Ž
โ€Ž

PRAISE ATMOSPHERE :True Fountain Group - Worship Ministration.
27/08/2026

PRAISE ATMOSPHERE :
True Fountain Group - Worship Ministration.

PRAISE ATMOSPHERE:PASHA HABARI - Worship Ministration.
27/08/2026

PRAISE ATMOSPHERE:
PASHA HABARI - Worship Ministration.

PRAISE ATMOSPHERE:New Songs - Worship Ministration.
27/08/2026

PRAISE ATMOSPHERE:
New Songs - Worship Ministration.

PRAISE ATMOSPHERE SIFA VOICE - Worship Ministration
27/08/2026

PRAISE ATMOSPHERE
SIFA VOICE - Worship Ministration

PRAISE ATMOSPHERE Others.
27/08/2026

PRAISE ATMOSPHERE
Others.

Address

Gatumba, Quartier Rugarika
Bujumbura

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Harvest Church For Christ posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Place Of Worship

Send a message to Harvest Church For Christ:

Shortcuts

Share