RADIO Ivyizigiro

RADIO Ivyizigiro La Radio Ivyizigiro est une radio chrétienne pour l’évangélisation.Emettant 7 jours sur 7, 18 heures sur 24, elle ambitionne d’émettre 24 heures sur 24

25/05/2026

Kurikirana ikiganiro Intore irayagwa mutegurirwa na studio ijambo,igisata co kumenyeshamakuru c'ishirahamwe Search For Common Ground in Burundi .

24/05/2026

Abakenyezi birimizi bafise uburenganzira kw'itongo baracari bake nkuko tubibwirwa n'uwujejwe igisata ntunganyamatongo muri komine ya Muhanga mu ntara ya Butanyerera. Ivyo ngo biva ku mico n'imigenzo ituma abagabo bamwe bamwe batemera ko n'umukenyezi ashirwa ku rupapuro ndangatongo kandi ari tongo ry'umuryango.
Mu kiganiro , Consolate NGENDAKUMANA ajejwe igisata c’agateka ka zina muntu gukinga no gutegekaniriza kazoza abenegihugu hamwe n’iterambere ridakumira muri komine Muhanga intara ya Butanyerera, amenyesha ko ivyo bituma abakenyezi bagira intambamyi mu gukora imigambi yo kwiteza imbere, kuko badashobora kujana ayo matongo nk'ingwati mu ma banki kugira babahe ingurane.
Naho biri uko, abakenyezi bafise uburenganzira ku matongo ngo barashobora gukora imigambi y'iterambere vyoroshe, nk'uko tubishikirizwa n'uwurongoye koperative Nduza nkuduze y'abakenyezi bo muri komine Muhanga. Abo twaganiriye bose, babona ko hakwiye kuba amahimiriza ku bagabo kugira bumve ko abakenyezi nabo bakwiye gushira umukono ku mpapuro ndangatongo, eka mbere n'abakenyezi bakamenya uburenganzira bwabo ku bijanye n'itongo.
Ku bwabwe, umukenyezi arakwiye kugira uburenganzira kw’itongo kugira rimushikane kw’iterambere rirama? Ido n'ido ni mu kiganiro ca mu mugambi iterambere

Abakenyezi birimizi bafise uburenganzira kw'itongo baracari bake nkuko tubibwirwa n'uwujejwe igisata ntunganyamatongo mu...
22/05/2026

Abakenyezi birimizi bafise uburenganzira kw'itongo baracari bake nkuko tubibwirwa n'uwujejwe igisata ntunganyamatongo muri komine ya Muhanga mu ntara ya Butanyerera. Ivyo ngo biva ku mico n'imigenzo ituma abagabo bamwe bamwe batemera ko n'umukenyezi ashirwa ku rupapuro ndangatongo kandi ari tongo ry'umuryango.

Mu kiganiro , Consolate NGENDAKUMANA ajejwe igisata c’agateka ka zina muntu gukinga no gutegekaniriza kazoza abenegihugu hamwe n’iterambere ridakumira muri komine Muhanga intara ya Butanyerera, amenyesha ko ivyo bituma abakenyezi bagira intambamyi mu gukora imigambi yo kwiteza imbere, kuko badashobora kujana ayo matongo nk'ingwati mu ma banki kugira babahe ingurane.

Naho biri uko, abakenyezi bafise uburenganzira ku matongo ngo barashobora gukora imigambi y'iterambere vyoroshe, nk'uko tubishikirizwa n'uwurongoye koperative Nduza nkuduze y'abakenyezi bo muri komine Muhanga. Abo twaganiriye bose, babona ko hakwiye kuba amahimiriza ku bagabo kugira bumve ko abakenyezi nabo bakwiye gushira umukono ku mpapuro ndangatongo, eka mbere n'abakenyezi bakamenya uburenganzira bwabo ku bijanye n'itongo.

Ku bwabwe, umukenyezi arakwiye kugira uburenganzira kw’itongo kugira rimushikane kw’iterambere rirama? Ntucikwe n’ikiganiro ca mu mugambi iterambere kuri uyu wa gatandatu isaha zine n'iminota 40 kuri RADIO Ivyizigiro

Search For Common Ground in Burundi

18/05/2026

Abakenyezi b’imboneza bafise uruhara runini mu gushigikira iterambere ry’imiryango yabo n’aho babaye. Iryo terambere rirashoboka biciye mu gukora imyuga itandukanye. Kurikira umukenyezi yitwa Kampogoza Valentine akora umwuga wo gushona, aramaze no kwigisha uyo mwuga abakenyezi n'abigeme batari bake. Wipfuza kumenya vyinshi, umviriza ikiganiro Intore irayagwa ca Search For Common Ground.

RADIO Ivyizigiro
Search For Common Ground in Burundi

Igitigiri c'abakenyezi bitaho imyuga kiriko kiriyongera ariko kikaba kikiri hasi ugeranije n'abagabo.Ivyo navyo ahanini ...
15/05/2026

Igitigiri c'abakenyezi bitaho imyuga kiriko kiriyongera ariko kikaba kikiri hasi ugeranije n'abagabo.Ivyo navyo ahanini bikava kubakibona ko hari imyuga yagenewe abagabo itokorwa n'abakenyezi nk'uko bivugwa n'abatumire mu kiganiro Duhane ijambo bagizwe n'abakenyezi b'abasangwabutaka bahurikiye muri coopérative bika igiti isanzwe ikora imbabura za kijambere muri zone Mwakiro iri muri Commune Muyinga.Nubwo biri uko abo batumire baremeza ko umukenyezi afise uruhara muguterera mw'iterambere ryo mu rugo eka mbere no mu kibano biciye mu myuga ,ariko rero ngo hari bamwe mu bakenyezi bataratahura ko mu rugo ari ugufashanya ngo nabo bakure amaboko mu mpuzu ahandi naho ugasanga hakiri abagabo bakibona ko umukenyezi ari uwo kuguma mu rugo.

Aho uherereye ubona abakenyezi bijukira imyuga yo kwiteza imbere co kimwe n'abagabo? Ubona biheze bikabafasha gute mu bijanye no kwiteza imbere? Ivyo hamwe n'ibindi ni mu kiganiro Duhane Ijambo ca Search for common Ground mu Burundi mu mugambi jewe nawe mw'iterambere..Mukaba mugikurikirana biciye ku nsamirizi yanyu Ivyizigiro kuri MHz 90.9 ,kuri MHz 104.8 no kuri MHz 91.3.Kaze mutubwire intererano zanyu.

📷: SFCG

RADIO Ivyizigiro
Search For Common Ground in Burundi

Ikimenyetso c'umuryango utabara imbabare   gitegerezwa gukingirwa.Mu gihe igenekerezo rya 8 Rusama ari umusi mpuzamakung...
09/05/2026

Ikimenyetso c'umuryango utabara imbabare gitegerezwa gukingirwa.

Mu gihe igenekerezo rya 8 Rusama ari umusi mpuzamakungu wahariwe umuryango utabara imbabare, umuryango utabara imbabare mu Burundi ( *Croix-RougeduBurundi*),urunani mpuzamakungu rw'imiryango itabara imbabare *(FICR)* na komite mpuzamakungu *y'umuryango utabara imbabare* ( *CICR* )mu guhimbaza uwo musi mukuru.Muganga Martine Nkurukiye aserukira urunani rw'imiryango itabara imbabare amenyesha ko uyu musi mukuru ush*tse mu gihe mw'isi yose hagwiriye imishamirano, arashimira abitanzi bama baritanga batiziganya mu gufasha bantaho nikora,naho bamwe muri abo bitanzi rimwe rimwe batakariza ubuzima mu gihe bariko barafasha.

Muri iyo mishamirano irwiriye mw'isi harimwo ngo niyo mu gihugi kibanyi ca Repubirika iharanira demokarasi ya Congo ivyatumye uburundi bwakira impunzi incuro zibiri zose nkuko Dr Martine Nkurukiye abandanya abishikiriza.Agakeza abitanzi n'abakozi bagize umuryango wa ukuntu bakiriye izo mpunzi bisunze icivugo c'uyu mwaka kivuga ngo "Gushira hamwe mu buntu.

Yaba Dr Martine Nkurukiye Canke Anselme Katiyunguruza umunyamabanga mukuru w'umuryango utabara imbabare mu Burundi barasaba bashimitse ko ikimenyetso c'umusaraba utukura c'umuryango utabara imbabare co kubahirizwa mw'ikoreshwa ryaco,mu bihe vyose kuko ngo ni ntasubirizwa no gukoreshwa neza hisunzwe amasezerano ngenderwako kuko ngo kidakingiwe bitosekaza umutekano w'abari mu gikorwa co gutabara no gushikira abakeneye ubufasha,ari naco gituma basaba ko Reta yokwemeza itegeko rikingira ikoreshwa ryaco kugirango gikoreshwe neza ,ntihabeho kucitiranya mu gihe c'ibiza no mu bindi bikeneye ubutabazi.

Anselme Katiyunguruza amenyesha ko umuryango utabara imbabare ubu ushobora gukorera mu gihugu cose gushika ku mitumba yose, kuko hari ibisata Remezo 4041(unités collinaires),ibigo vy'ubutabazi mu ma zone 451(CEPV: Centre d'Encadrement et de Professionalisation des Volontaires )n'amashami mu makomine 42( Branches),gushika uyu musi ukaba ufise abanyamuryango barenga ibihumbi 720 mu Burundi.

📷: RTNB

RADIO Ivyizigiro

  :Abakenyezi b'imboneza bo muri Commune Muyinga ngo ni akarorero mw'iterambere,nk'uko bivugwa na bamwe mu bakuru b'imit...
08/05/2026

:Abakenyezi b'imboneza bo muri Commune Muyinga ngo ni akarorero mw'iterambere,nk'uko bivugwa na bamwe mu bakuru b'imitumba igize commune Muyinga.

NIYOMWUNGERE Khalid,umukuru w'umutumba Butobwe zone mwakiro aremeza ko abakenyezi b'imboneza baja imbere abandi mw'iterambere,ivyo bikaba vyatumye bashinga koperative terimbere mukenyezi ikora imigambi y'uburimyi n'ubworozi.Nayo NIYONZIMA Audace umukuru w'umutumba gihoza akavuga ko kudakarihirizwa ubwenge no guhohoterwa n'abo bubakanye ari zimwe mu ntambamyi zihanze abakenyezi b'imboneza, akavuga ko mu ntwaro ,babandanya bahanura abagabo bagihohotera abakenyezi babo, bakongera bagaha ijambo abo bakenyezi b'imboneza kugira ngo nabo bumve ko bafise Ijambo cokimwe n'abagabo.

Ntucikwe n'ikiganiro Duhane Ijambo c'ishirahamwe Search For Common Ground in Burundi For common ground mu mugambi
je nawe mwiterambere kuri uyu wa gatandatu isaha zine n'iminota 40 kuri RADIO Ivyizigiro

Wewe ahubaye ubona abakenyezi b'imboneza bariko baterera gute mw'iterambere?

fans

04/05/2026

: Ku mutumba Mugomere, komine Rumonge intara ya Burunga, Studio ijambo yaragendeye urugo rwa HAFASHIMANA Onesphore yubakanye na Benigne NIHEZAGIRE, bamenyesha ko kuva aho batanguriye kuja mu mashirahamwe yo kwiteza imbere bateye imbere mu kugura ibitungwa n'amatongo. Wipfuza kumenya vyinshi, umviriza ikiganiro Intore irayagwa ca Search For Common Ground.

fans
RADIO Ivyizigiro
Search For Common Ground in Burundi

Umutima w'ijanabutumwa ntukwiye guhindurwa n'ibihe umuntu agezemwo.Akenshi ngo abigeme iyo bamaze kubaka ingo umengo ivy...
04/05/2026

Umutima w'ijanabutumwa ntukwiye guhindurwa n'ibihe umuntu agezemwo.

Akenshi ngo abigeme iyo bamaze kubaka ingo umengo ivyo bahora bakorera Imana biraheze,kandi abakenyezi baranyohwa n'ibikorwa vyo mu ngo bigatuma badendebukirwa mu gikorwa c'ijanabutumwa kandi ari itegeko ry'Imana.Ivyo tubishikirizwa na Francine Magonyagi asanzwe ari umwe mubarongoye ishirahamwe ry'ivugabutumwa aho kuri wa 02 Rusama 2026 ryari ryakoranije abakenyezi n'abigeme bahurikiye muri ryo kugirango ribatere intege ,rinabzmenyeshe ko igikorwa c'ivugabutumwa bakwiye kubandanya bagikora boba bubatse,baronse ubuzi canke bateye imbere.

Francine Magonyagi abandanya amenyesha ko umutima w'ijanabutumwa udahindurwa n'ibihe ahubwo bukwiye kuba ubuzima umuntu abamwo ,umuntu akawujana akawinjiza muri ubwo buzima bushasha umuntu abayemwo.Ngo kujana ubutumwa bishobora gukorwa mu buryo bwinshi,umuma yubatse atagishobora kuduga umusozi ,arashobora kwerekana uwo mutima mu gusengera abagiye mw'ivugabutumwa,mu gutanga amafaranga,mu kugaragaza ubuzima bwa Kristo mu kibano n'ibindi.

Abandanya kandi yerekana ko mu gihe abakenyezi bari mu gikorwa c'ivugabutumwa,biraha akarorero keza abana babo kuko baca bakura bazi ko batagerezwa gukurira mu nzira y'agakiza ,nabo bagakurana uwo mutima wokujana ubutumwa gutyo ubutumwa bugashikira benshi bashoboka.Nayo ngo kuba bashizemwo abigeme ngo ni mu ntumbero yo kubatera intege,kuko ngo iyo bageze mu bigero ngo baradendebukirwa kubwo kuremerwa n'amajambo y'urunganwe nkaho umenga umwigeme y'umuvugabutumwa ntiyokubaka urwiwe vyorosha.Ariko ngo turabatera intege tukabeteka ko twahabaye kandi Imana yaduhaye ingo n'imiryango.Abo bigeme barashimye ko bongewe intege muri ico gikorwa c'ijanabutumwa.

Urwo ruganda rukaba gwatunganijwe ku civugo kivuga ngo : "Mukenyezi ,mu tsinzi ,gumamwo".

Winner Youth Initiative
RADIO Ivyizigiro

Abakenyezi b'imboneza barafise uruhara rudasanzwe mw'iterambere ry'imiryango yabo n'ikibano. Muhorakeye Gloriose arongoy...
01/05/2026

Abakenyezi b'imboneza barafise uruhara rudasanzwe mw'iterambere ry'imiryango yabo n'ikibano. Muhorakeye Gloriose arongoye ishirahamwe ry'abakenyezi AFAB b'itunganiriza imigambi muma commune ya Muyinga na Butihinda muntara ya Buhumuza avuga ko zimwe mu ntambamyi bagira ari nko kutoroherezwa igihe bashaka ingurane mumabanki, eka n'imico n'imigenzo isubiza inyuma umukenyezi bigatuma hari abakenyezi bamwe bamwe batarajijuka.
Ariko ngo nubwo biruko,babandanya bahimiriza abandi bakenyezi kuba imboneza aho babaye.Mu ntwaro naho, bagashima ukuntu abakenyezi b'imboneza baterera mw'iterambere, bagahimiriza abakenyezi b'imboneza kubandanya bahimiriza abandi bakenyezi kw'ijukira gukora imigambi ibateza imbere gutyo baheze baterere mw'iterambere ry'igihugu.

Wewe ahubaye ubona abakenyezi b'imboneza bariko baterera gute mw'iterambere?Ntucikwe n'ikiganiro ca mumugambi kuri uyunwa gatandatu isaha zine n'iminota 40 (10h40) Kuri RADIO Ivyizigiro .

fans
Search For Common Ground in Burundi

Umuryango utabara imbabare   uhamagarira umuntu wese akeneye ubutabazi biciye kuri za Rusehabaniha kuwitura.Mu gihe bish...
01/05/2026

Umuryango utabara imbabare uhamagarira umuntu wese akeneye ubutabazi biciye kuri za Rusehabaniha kuwitura.

Mu gihe bishika abantu bakagira amasanganya canke bakarwara,ugasanga ntivyoroshe gushikwa kwa muganga bihuta,umuryango utabara imbabare urahamimiriza amashirahamwe atandukanye n'imiryango kuwitura kuko ubu hari imodoka za Rusehabaniha ko rero aboba bavyipfuza bowegera kugirango bashobore kuvugana bagiranire amasezerano ingene Rusehabaniha yoza irabatora mu gihe bikenewe kandi hakiri mu maguru masha nkuko bishikirizwa na Etienne Ndikuriyo asanzwe ajejwe kumenyesha amakuru n'imigenderanire muri uwo muryango,hari mu ruganda rwo rwatunganijwe n'uwo muryango mu ntumbero yo gusigurira no guhimiriza Abo bakorana kwitaba uwo mugambi.

Etienne Ndikuriyo amenyesha ko igihe cose aboba babitura babasaba ubwo bufasha barwiriye ,uwo muryango uzorwiza izo modoka za Rusehabaniha kugira abazikeneye bakazozironka naho bisaba uburyo bwinshi.

Uwo muryango ukamenyesha ko umaze umwaka urenga uriko urakora ico gikorwa.

RADIO Ivyizigiro

Address

Kigobe
Bujumbura

Telephone

+25767883653

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when RADIO Ivyizigiro posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Place Of Worship

Send a message to RADIO Ivyizigiro:

Share