His Church Burundi

His Church Burundi His Church Burundi stared in 2017 by Jean De Dieu Nduwayo ( https://www.facebook.com/jeandedieu.nduwayo.5/about ). After home cell was started in 2012.

Our Vision is Come, Grow and Lead in Heaven on Earth. Jean de Dieu & Erin Nduwayo
LEAD PASTORS
Jean De Dieu & Erin are the Lead Pastors of His Church Bujumbura, together they have 1 child , Abigail Zoe Nduwayo. God’s hand has clearly been involved in JDD’s life from his youth, however God called him after 3 years studying at Christian Bible Institute in Pinetown. The founder of His Church Fiona Des Fontaine sent JDD to start a Church in Burundi In 2013.

17/08/2026

PROPHETIC WORD OF THE WEEK


GUMA KU KURI KW’IJAMBO RY’IMANANi ikihe kintu coshobora kugukomeza kurusha Ijambo Imana yavuze ku buzima bwawe? Nta na k...
16/08/2026

GUMA KU KURI KW’IJAMBO RY’IMANA

Ni ikihe kintu coshobora kugukomeza kurusha Ijambo Imana yavuze ku buzima bwawe? Nta na kimwe! Kuko Ijambo Imana yavuze ku buzima bwawe rirakomeye kurusha ibindi vyose.

Iyo Imana ikubwiye iti “Guma ku kuri,” bisigura kuguma ku co wamenye kandi wizeye mu buzima bwawe. Ukwo kuri ntigukwiye guhindurwa n’ibibazo, ibihe bitoroshe canke situation mbi uriko uracamwo. Ahubwo, ukwo kuri ni kwo gukwiye guhindura iyo situation urimwo, biciye mu kwizera no mu kwatura Ijambo ry’Imana.

Naho woba uriko uraca mu bihe bitoroshe gute, guma ku kuri wakiriye, kuko ni ko kuri kuzohindura ivyo uriko uracamwo.

Igihe cose Ijambo ry’Imana rigeze mu buzima bwawe, rizanana ukuri, ubuzima n’impinduka mu vyo rikoreyeko vyose. Ni co gituma udakwiye kwizera ivyo ubona gusa. Naho woba ubona ko ata cizere gihari, Imana irashobora kuzana ico kintu mu buzima bwawe nk’uko yigeze kuvana amazi mw’ibuye.

Ikikuvugira ntikibe ivyo ubona n’amaso gusa, ahubwo ikikuvugira kibe ukuri kw’Ijambo ry’Imana wakiriye, ukizera kandi ukatura. Ntukwiye kwatura gusa ivyo ubona; atura ivyo wizera kandi wipfuza kubona bish*tse, ushingiye ku Ijambo ry’Imana.

Ntube umuntu yizera amajambo yumva ku bantu canke ku isi gusa. Izere Ijambo Imana yavuze ku buzima bwawe. Petero yarizeye ijambo Yesu Kristo yamubwiye, aca aragenda hejuru y’amazi. Ico Petero yabonye cari amazi, ariko ico yizereye cari ijambo rya Kristo.

📖 Abafilipi 4:8 hatwibutsa kwiyumvira ku vy’ukuri, vy’icubahiro, vy’ubutungane, vyiza n’ibishimwa.

Iyo Ijambo ry’Imana riguma muri wewe, rituma ureka kuvuga amajambo atari ay’ukuri, ahubwo ugatangura kuvuga amajambo y’ukuri, yubaka, akomeza kandi aha ubuzima abandi.

Iyo Ijambo ry’Imana riri mu buzima bwawe, inyungu ntiziba iza kuri wewe gusa; zirashikira n’abandi benshi biciye mu buzima bwawe.

Ivyo ubona birashobora guhinduka, ariko Ijambo ry’Imana ntirihinduka.
Guma ku kuri kw’Ijambo ry’Imana, kandi ukwo kuri kuzoguhindurira ubuzima.

🎙️Pastor Jean Claude NKURUNZIZA

📖 N'ukuri ivyiza n'imbabazi bizonyomako imisi yose y'ukubaho kwanje,Nanje nzoba mu ngoro y'Uhoraho ibihe vyose.Zaburi 23...
15/08/2026

📖 N'ukuri ivyiza n'imbabazi bizonyomako imisi yose y'ukubaho kwanje,
Nanje nzoba mu ngoro y'Uhoraho ibihe vyose.
Zaburi 23:6

Murahawe Ikaze Mumateraniro Yacu Imisi Yose Yamungu Muri His Church God's Family✅




13/08/2026

📖 Ni mwankunda, muzokwitondera ivyagezwe vyanje, nanje nzosaba Data, na we azobaha uwundi Mwitsa, ngw az' abane namwe ibihe bidashira, ni we Mpwemu w'ukuri, uwo ab' isi badashobora kwakira, kuko batamubona, kandi batamuzi; mweho muramuzi, kukw abana namwe kand' azoba muri mwebge.
Sinzobasiga nk'impfuvyi, nzoza kuri mwebge.
Yohana 14:15-18


Murahawe Ikaze Mwese Muribinobihe Bidasanzwe🙏
12/08/2026

Murahawe Ikaze Mwese Muribinobihe Bidasanzwe🙏

12/08/2026

📖 Ubuntu n'amahoro bibe muri mwebge, biva ku Mana Data wa twese no ku Mwami Yesu Kristo.
1 Ab'i Korinto 1:3


11/08/2026

📖 Umunyangeso nziza araga n'abuzukuru,
Arik' ubutunzi bg'umunyavyaha buba buziganirijwe umugororotsi.
Imigani 13:22


10/08/2026

📜 PROPHETIC DECLARATIONS


🎉IRAGI RISUMBA AYANDI YOSE🎉-umuvyeyi mwiza nuwusigira iragi ryiza abana biwe,Yesu kristo yasigiye iragi abigishwa biwe n...
09/08/2026

🎉IRAGI RISUMBA AYANDI YOSE🎉

-umuvyeyi mwiza nuwusigira iragi ryiza abana biwe,Yesu kristo yasigiye iragi abigishwa biwe nkisezerano ry’uko azobarungikira umwitsa ariwe mpwemu yera atazobasiga nkimfuvyi!!

Naho woba utagira abavyeyi ariko ukaba ufise iragi Yesu kristo yasezeranye ariwe mpwemu yera uwo niwe muvyeyi wawe.

Igikomeye sivyakubayeko ariko igikomeye niragi wasezeraniwe mubuzima bwawe!!

nintumwa 20:32

Haruhande y’ivyo ufise urakeneye gusiga iragi kugira ngo bigaragaze ico waruri ngaha kw’isi kuko icuri unomusi siciwawe gusa ariko nicabandi bazogukomoka uzobasigira nkiragi.

13:22

Igikomeye kubavyeyi nuko bosigira iragi abana babo ry’ico Ijambo ry’Imana rivuga kuko iryo ariryo rikomeye kuruta ibindi.

Ijambo siryubaka ivyunomusi gusa ariko ryubaka nivyo muri kazoza kubuzima bwawe ivyiza vyakubayeko unomusi nubuntu bw’Imana bwatumye biba kubuzima bwawe!!!

🎁Ibikugize vyose urashobora kubiha ishusho ugomba mw’izina rya Yesu kristo, hejuru yubuntu bw’Imana nijambo ryayo yahashize ibitandukanye nivyabandi bafise!!!

📖Iragi ry’Imana nikintu kiza gufuta umwijima abisi bakora kugira ngo izina rya kristo rishigwe hejuru Kubwawe,wewe wagizwe iragi riza gufutanganya amakosa abandi bakora ngaha mwisi!!!

📜Ikigukomeza mubuzima bwawe niragi wasigiwe na kristo,kwibagira iragi wahawe bituma ubaho urumucakara kandi wewe wategerezwa kubaho uruwuganza.

✍🏿Iyo utabona imbere,inyuma,iburyo,ibubafu uzewibuke ko hariragi warazwe mubuzima bwawe hama rigukomeze!!!

1:3

Ufise iragi ryuko Yesu kristo yatsinze urupfu arazuka Kubwawe kugire ngo ubeho waranesheje kubwiwe!!

Muvyo warazwe ntiwarazwe amahera canke ibindi bigiye bitandukanye ariko warazwe ijambo ry’Imana ryaremye vyose wokenera mubuzima bwawe

🎙️Pastor Jean Claude NKURUNZIZA

Address

Kanyosha, Musama II
Bujumbura
6015KININDO

Telephone

+25761440404

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when His Church Burundi posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Place Of Worship

Send a message to His Church Burundi:

Shortcuts

Share