19/03/2026
Aletheia-Truth Revealed ⏹️ Umuco w'Ukuri
Umwungere SINAGAYE Evrard
Ku wa kane, 19 NTWARANTE 2026
Matayo 5:29-30
Ijisho ryawe ry'i buryo ni ryagutsitaza, urinogore, urite kure: vyokubera vyiza gupfa ijisho ryawe rimwe, hak' umubiri wawe wose wotabga muri Gehinomu. N'ukuboko kwawe kw'i buryo ni kwagutsitaza, uguce igikonjo, ugite kure: vyokubera vyiza gupfa urugingo rwawe rumwe, hak' umubiri wawe wose woja muri Gehinomu.
KURĀNDURA IBITSITĀZA
Ibitsitaza ni kimwe mu bimera nk'ihwa mu buzima, bibuza abantu gukura. Ivyiyumviro bivuye mu bitsitaza bigendana n'ukwiyumva wama umerewe nabi, ivyo navyo bikadutuma tubona ibintu ugutandukanye n'uko Ijambo rivuga.
Yesu ntiyariko aravuga kurandura ijisho riboneka, kuko ijisho ryifuza ntabwo ari iri riboneka- ni insiguro uha ivyo ubona. Ukwifuza kw'amaso kuva mw'iyerekwa ry'umutima w'umuntu.
Muri ino nsiguro rero, kurandura ijisho bisigura kurandura ukwifuza kw'ivyo tubona bitabereye. Nimba ufise akarwi k'abagenzi bagutuma wifuza ibibi, ntukeneye kubasengera; igikenewe gusa n'ugutandukana nabo mu mahoro.
Uburemere bw'ibitubako burashobora kwugururira umuryango ibitameze neza. Esau yatwawe n'uburemere bw'inzara hama bimutera guhusha kazoza kiwe. Mwana w'Imana, kurindira Imana ni inyifato y'umutima uyeguriwe. Bishobora gufata imyaka, ariko nimba biri mu rutonde rw'Imana, birakwiriye ko urindira.
Ivyiyumviro vyose bibabaza umutima wawe bitegerezwa kurandugwa. Umuzi w'ububabare uraremereye cane gutwara, ivyiyumviro bikubwira ko utabereye bizogutuma uhusha akaryo ko kwicarana ku meza n'abami. Randura ikintu bene ico.
Urashobora kwiyumva nk'uwuriko arahomba igihe Imana itanguye gutunganya umutima wawe. Ivyahora bikubera inyungu bishobora kugucikira ubuhombe, ariko ivyiza birushirije birakurindiriye.
Randura igitsitaza cose mu buzima bwawe. Mw'Izina rya Yesu. Amen!
KUZIRIKANA: Ivyiyumviro vyose bibabaza umutima wawe bitegerezwa kurandugwa. Umuzi w'ububabare uraremereye cane gutwara, ivyiyumviro bikubwira ko utabereye bizogutuma uhusha akaryo ko kwicarana ku meza n'abami. Randura ikintu bene ico.
IMIRONGO YO KUNOGANZA: Matayo 16:23; Matayo 18:7
ISENGESHO: Tunganya umutima wanje kugeza nitayeho wewe gusa. Ndihanye kubisamaza vyose vyoba vyarampushishije ivyo wateguye. Numva ko uri Imana y'akandi karyo; ngirira ubuntu bwo kwongera gufata ivyo nari naratakaje. Mw'Izina rya Yesu. Amen!
☎️Mwotwakura kuri:
+25779006007
📍Aho dukorera:
Kinindo/Avenue du Large: Ahahoze ari Salle Saint Jean Paul 2 impande ya Hoteli King's Conference Center
Murahawe ikaze imisi yose ya gatatu kuva isaha cumi nimwe (17h) n'imisi yose y'Imana isaha zitatu z'agatondo 9h00
*2026❇ Umwaka wo kuba kw'Isonga ry'Umusozi*