New Creation Church

New Creation Church Someone who receive Christ as His Savior and King in his life,he become a new creation/New kind with Zoe in their life,who know who they are,their position

Weĺcome  Today @ 4PM in Rejoice Program . Phil4:4
03/01/2025

Weĺcome Today @ 4PM in Rejoice Program . Phil4:4

Shalom bakundwa ;Icegeranyo c'icigwa co Ku w'Imana igenekerezo rya 24/11/2024 muri New Creation Church i Bujumbura cashi...
01/12/2024

Shalom bakundwa ;

Icegeranyo c'icigwa co Ku w'Imana igenekerezo rya 24/11/2024 muri New Creation Church i Bujumbura cashikirijwe n'umukozi w'Imana wo muri iryo Shengero , Joël.

Thème : *Ubuntu, Imbabazi n'Amahoro vy'Uhoraho Ku bana b'Imana*

*Kuvayo 33:12-20*

*12 Maze Mose abwira Uhoraho ati :"Raba, wambariye uti: Dugana abo bantu, ariko ntiwamenyesha uwo udutumanye. Yamara waravuze uti: Ndaku*i izina, kandi uti: Wagiriwe ubuntu imbere yanje. 13 None rero, ndakwinginze, asangwa nagiriwe ubuntu imbere yawe koko, numbarire ubugombe bwawe, kugira ngo nkumenye, mbone kurushiriza kugirirwa ubuntu imbere yawe ; kandi wibuke yuko iryo hanga ari iryawe." 14 Aramwishura ati:" Ubwanje nzokwijanira namwe, ndabashikane amahoro." 15 Mose aramwishura ati: "Ubwawe nutajana natwe, ntudukure ino.16 None ni iki comenyekanisha yuko nagiriwe ubuntu imbere yawe, twe n'iryo hanga? Mbega si uko wojana natwe, bigatuma twe n'ihanga ryawe dutandukanywa n'amahanga yose yo kw'isi ?" 17 Uhoraho yishura Mose ati: " N'ico uvuze na co ndagikora, kuko nakugiriye ubuntu, nkakumenya izina." 18 Mose aramwishura ati: " Ndakwinginze, nyereka ubwiza bwawe." 19 Uhoraho aramwishura ati: " Ukugira neza kwanje kwose nzogucisha imbere yawe, menyekanishe izina ry'Uhoraho imbere yawe ; kandi nzogirira ubuntu uwo nzobugirira, ngirire n'ikigongwe uwo nzokigirira. 20 Kandi ntiworaba mu nyonga hanje ; kuko umuntu atondaba mu nyonga ngo abeho."*

Imana yariko iha "mission" Mose ngo ajane n'ubwoko bw'Imana, ariko Mose abwira Imana ko bidakunda batajanye. Imana ibwira Mose KO ari yo yamutoranije. Mose yaguma abaza KO ari kumwe n'Imana, Imana, irabimwemerera. Si kuvyo Ibikorwa ukora, Imana yaragutoranije kubwo Ubuntu bwayo.

Abaroma 9:11-26

Abantu babajije Yesu aho ikosa ryabaye baravye umwana yavutse amugaye.
Ntibiva Ku gukora cane, ntibiva Ku kugira neza, ni ubuntu bw'Imana, ni ugutoranywa n'Imana kuko igirira Ubuntu uwo ishatse.
Imana yawe ni yo ifise ijambo ryanyuma.
Imana ni yo ihitamwo ico ishaka kuko Imana yamye ifise umugambi mwiza ku bantu bayo.
Uko guhitamwo, Imana yahisemwo kugirira neza abantu bose kuko igihe cari kigeze.

Yesu amaze kubambwa ku musaraba, vyose, vyaratorewe inyishu kubwo ubuntu bw'Imana.

Iryo ni ihitamwo ry'Imana kubwo agakiza ka benshi.

Urya yavutse amugaye , mu bisanzwe, indwara ntiziva Ku Mana.

Kumugara ni Igikorwa c'umurwanizi, ariko, ubwiza bw'Imana buragaragarira kuri uwo arwaye agakira.
Imana ni yo ifise ububasha bwo gukiza, Imana ifise ububasha bwo gusambura igikorwa c'umwiza.

Ubwiza bw'Imana buragaragarira kuri uyo muntu arwaye agakira ico cago.

Yesu avuye ku musaraba, ubuntu bw'Imana warabugiriwe.
Ubimenye ni ko ushishikara kubona ubwiza bw'Imana.

Isi ihagaze k'ububasha bwayo, ariko, wewe urazi ko ufise, waronse ubuntu bw'Imana.

Paulo yari yaratahuye ko atariwe ariho ariko ko ari Kristo ari muri we.

1Korinto 15:8-10

Paulo yarash*tse mw'ijuru rya gatatu, ariko, yama yifata ruto kuko yavuga ko ubuntu bw'Imana bwabanye nawe muri vyose.

Paulo ntiyamenya ivyiza yakora yavuga ko vyose ari ubuntu bw'Imana.
Indamutso yiwe yari : ubuntu imbabazi n'amahoro biva ku Mana bibagaragaremwo.
Nuze urashima ubuntu bw'Imana k'ubu*ima bwawe.
Uravye ivyo Imana igukorera za urashima ubuntu bwayo.

Abanyefeso 2:8-9

Hari uwubona ko ubu*ima atari bwiza, ariko amenye inkuru nziza ya Yesu, azomenya ko ari co yari abuze.
Ubuntu n'imbabazi ni ingabire y'Imana.

Ntibiva ku bikorwa ukora, ni ubuntu bw'Imana.
Imana ishaka ko wokwama ushima ubuntu n'imbabazi bwayo ikugirira.
Iyo ni intahe imbere yuko ufuk**a ngo usenge Imana iraku*i.

Ni ukwama ushima Imana bidafatiye kubiboneka, ahubwo bifatiye kubitaboneka.
Wame ushima ubuntu n'imbabazi biva ku Mana kubera urukundo rwayo.

Ni ryari uheruka kurira urizwa n'ico Imana iri Ku bu*ima bwawe ?

Ugategera ko Imana, imbabazi n'ubuntu bwayo buguhagije.
Kubwo ubuntu n'imbabazi vy'Imana, ntufise uko wobivuga.

Ivyakozwe n'intumwa 13:21-22

Hari abo uzobona mw'ijuru utangare kubwo ubuntu n'imbabazi biva ku Mana.

2Korinto 6:1-2

Igihe cose wame ushima ubuntu n'imbabazi biva ku Mana, uzoba uwudasanzwe mumaso y'abantu n'Imana
Ntihagire uwo ucira Imanza, Yesu wenyene ni we afise ububasha bwo guharira akabi kawe.

Ubuntu, imbabazi n'amahoro biva ku Mana, ntibigurwa, ubironka k'ubuntu buva Ku Mana.

Subiza amaso inyuma urabe ubuntu bw'Imana ku bu*ima bwawe.

Umuntu w'imana abeshejweho n'ubuntu,imbabazi n'amahoro biva ku Mana.

Umenye ubuntu bw'Imana ku bugingo bwawe niho uzobona n'ibikona bikugaburira.

Waratoranijwe, warakunzwe cane n'Imana, Uhoraho.

Ntaco ufise woha Imana uravye ivyo Imana igukorera.

Amaso yawe nabone ubwiza bw'Imana.
Kristo Yesu , ni Ubuntu, ni Imbabazi, ni Amahoro, ni Vyose, ni Ubwiza.

Mwarahezagiwe

Umwanditsi:

Emmanuel Sindayihebura

Imirongo ngenderwako:

Kuvayo 33:12-20
Abaroma 9:11-26
1Korinto 15:8-10
Abanyefeso 2 :8
Ivyakozwe n'intumwa 13 :21-22
2Korinto 6 :1-2

2024 Year of Extension & Expansion ( Umwaka wo gusegenyuka )

Esaïe 54:2

# New Creation Church #

Shalom bakundwa ;*Icegeranyo c'icigwa co Ku w'Imana igenekerezo rya 03/11/2024 muri New Creation Church i Bujumbura cash...
09/11/2024

Shalom bakundwa ;

*Icegeranyo c'icigwa co Ku w'Imana igenekerezo rya 03/11/2024 muri New Creation Church i Bujumbura cashikirijwe n'umukozi w'Imana wo muri iryo Shengero , Josée Claude Ndamukunda*

Thème: *Gusenga mu ndimi zitamenyekana*

Mu ngoro y'Imana hari umunezero turonka mu kuyaga n'Imana biciye mu kuyisenga no mu kuyihimbaza.

*1Korinto 14:18*

*Nshimira Imana yuko ndabarusha mwese kuvuga indimi zitamenyekana.*

Paulo abwira ab'i Korinto, 1 kor. 14:2, ati musenge mu ndimi, ati kuko, muzoba muriko muriyubaka, mwubaka impwemu zanyu.

*1Korinto 2:11*

*Ni nde mu bantu azi ibiri mu muntu, atari impwemu yiwe iri muri wewe?*Ni kO n'ivyo Imana biri, nta wubizi, atari Mpwemu w'Imana.*

Yesu avuga ati: ushaka gusenga, wiherere mucumba usenge kandi Data , azokwishura.

Wishurirwa muri Kristo Yesu.

Paulo abwira abaroma, ati: "ariko Iyisesa imitima irazi ivyo Mpwemu yiyumvira, kuko uko Imana igomba ari Ko Mpwemu asengera abera.

*Abaroma 8:26*

*Ni KO na Mpwemu adufasha mu ntege nke zacu; kuko tutazi uko dukwiye gusenga, ariko Mpwemu ubwiwe aradusengera, Aniha iminiho itovugwa*

Uwu ni Paulo ati ni nde yomenya ibiri mu mutima w'umuntu? Mpwemu w'Imana ni we amenya aho Mpwemu yawe iba kugira bihimbare Imana iyo usenga mu ndimi zitamenyekana.

Impwemu yawe niyo ibwirizwa kuja Aho Imana ishaka.

Senga mu ndimi zitamenyekana kugira Mpwemu Yera ayishire Aho Imana ishaka.

*1Yohana5:14*

*Kandi ubu ni bwo bushizi bw'ubwoba dufise kuri yo, ni uko iyo dusavye ikintu cose gihwanye n'ivyo igomba, itwumva.*

Ivyo Imana igomba, ni vyo vyishirwa.
Wishurirwa muri Kristo Yesu.

*Ab'i Filipi 2:13*

*K*ko Imana ari yo ikorera mu mitima yanyu, ikabaha gukunda no gukora ibiyihimbara.*

Imana ifata ivyo ishaka ikabitereka muri wewe ari ho uca wishurwa. Usigara wifuza ivyo Imana ishaka, iyo Imana ishaka kukwishura.

Hari igihe turirira Imana, iyo ishatse ni yo igushiramwo ivyo uyisaba.

Imana , iradukunda cane kuko irashobora kuduha ivyo itari yateguye kuko Imana ari Imana ihindura ibihe.

Umwami Sauli siwe yashaka ari ko yaramutanze ngo abe umwami w'abayuda, ariko, yariko irategura Dawidi ngo abe ari we aba umwami.

Dawidi naho yateguwe n'Imana, yarahuye n'ibibazo , ariko, ivyo bibazo bica bironka inyishu kubw'Imana.

Inyishu iri mu mavuta. Kubera amavuta yari kuri Dawidi yaramukingiye ; amavuta yari kuri Yosefu, yatumye agira indoto zamuteranije na bene wabo.

Kubwo amavuta ya Yosefu, vyose vyagenze neza.
Bandanya usenge mu ndimi amavuta ari Ku bugingo bwawe ntankeka aragukiza.

Kuvayo 34:29

Abantu baraguhenda ngo baragutinya kuko bashaka ico ubaha bakeneye.
Mosi avuye kuvugana n'Imana, yaza akayangana.
Ni musenge cane cane mu ndimi icubahiro baguha kiva Ku Mana kiba gikwiye ari co.

Mosi ash*tse Ku ru*i rutukura, rwacitsemwo kubiri.

Uriko urasenga, uratera intambwe, utarashika Ku mazi, amazi ntazotandukana kugira wishurwe.

Abaroma 4:18-20

Imana irakomeye ko twama kandi twamenye cane ariko tubwirizwa kwizera Ijambo ry'Imana. Abatizera, ntibigera bahimbara Imana.
Utizeye ibitaboneka ntu*igera uhimbara Imana.

Ibitaboneka ni vyo bishiraho ibiboneka.

Iyo usenga mu ndimi zitumvikana, Mpwemu Yera ni we agushira aho Imana ishaka ugaca wishurwa.

Komeza gusenga nturuhe. Muri wewe harimwo impano, imbuto zo gusenga. Usenge kandi mu ndimi.

Wifuze ivyo Paulo yavuze arusha abandi : *kuvuga mu ndimi zitamenyekana*

Mwarahezagiwe

Umwanditsi:

Emmanuel Sindayihebura

Imirongo ngenderwako:

1Kor. 14:18
1Kor. 2:11
Abaroma 8:26
1 Yohana 5:14
Ab'i Filipi 2:13
Kuvayo 34:29
Abaroma 4:18-20

2024 Year of Extension & Expansion ( Umwaka wo gusegenyuka )

Esaïe 54:2

# New Creation Church #

Shalom bakundwa ;*Icegeranyo c'icigwa co Ku w'Imana igenekerezo rya 06/10/2024 muri New Creation Church i Bujumbura cash...
17/10/2024

Shalom bakundwa ;

*Icegeranyo c'icigwa co Ku w'Imana igenekerezo rya 06/10/2024 muri New Creation Church i Bujumbura cashikirijwe n'umukozi w'Imana wo muri iryo Shengero , Josée Claude Ndamukunda*

Thème: *Gusenga*

Mu ngoro y'Imana hari umunezero turonka mu kuyaga n'Imana biciye mu kuyisenga no mu kuyihimbaza.

Yesu ati: nimundemeke ivyanyu ndabaruhura.

*Luka 18:1*

*Abacira umugani wo kubigisha KO bakwiye guhora basenga, ntibarambirwe.*

Yesu ati: muze mwame musenga.

Haba muri Matayo, muri Mariko na Luka, hose baravuga uko Yesu yama yiherera agasenga Se wo mw'ijuru , ariwe Data wa twese.
Aravuga ati: namwe muze mwame musenga ntimurambirwe.

Hari abibaza KO mu gusenga ari ukuduga umusozi, ni vyiza ariko, ntiwishurirwa k'umusozi, wishurirwa muri Kristo Yesu ari muri wewe.

Mu gusenga, Yesu yaja ahiherereye, agasenga, akavugana n'a Se wo mw'ijuru. Inyishu ikaboneka.

Yesu akubwira ati: ushaka gusenga, ni wiherere mucumba usenge kandi Data arakwishura.

Twishurirwa muri Kristo Yesu.

*Abaroma 8:26*

*Ni KO na Mpwemu adufasha mu ntege nke zacu; kuko tutazi uko dukwiye gusenga, ariko Mpwemu ubwiwe aradusengera, Aniha iminiho itovugwa*

Uwu ni Paul yandikira abaroma ati: Mpwemu arabasengera kuko ni we amenya ivyo mwovuga, mwosaba.

*1 Abo i Korinto 14:2*

*Uwuvuga ururimi rutamenyekana si abantu abarira, ariko abarira Imana, kuko ata wuvyumva, ariko mu mpwemu avuga amabanga.*

Yesu yarabigishije gusenga, Paul nawe ati: musenge mu ndimi kuko muzoba muriko muriyubaka.

Abayuda bibaza KO bishe Yesu , ariko bishe umubiri . Yesu ari muri wewe yamaho.
Hari uwuri muri wewe agutuma kubeshwaho nivyo wizera.
Yesu ati: ni muzane imisaraba yanyu ndabaruhure.

Dawidi aravuga muri Zaburi 119:105 KO Ijambo ry'Imana ari itara rikaba kandi umuco; igihe uriko urasenga, hagarara kw'ijambo ry'Imana.
Iryo jambo niryo riduga rikagaragaza ivyo usaba.

Yezu avuga ngo ni musenge ngo kandi ntimurambirwe.
Udasenze, amosha mabi aragutera. Rero n'usenge kandi wongere usenge nturambigwe.
Ngo niwasenga, Yesu azoguhemba kandi uriko usengera ivyawe.

*Itanguriro 48:9*

*Yosefu yishura Se ati:" Ni abana banje, bamwe Imana yampereye ino." Aramubarira ati: "Ehe banyegereze, ndabahezagire."*

Ijambo rivuga KO iyo usenga mundimi, birakubaka kandi mu mpwemu uba uriko uvuga amabanga.

Ijambo wavuganye n'Imana ryama rikomeye nk'uko vyash*tse kuri Esau na Yakobo aho baronka imihezagiro wa papa wabo Isaka.

Ico Imana ivuze, gihindura ivyahahora vyose.

Umugisha uja kuwo Imana yashatse, yagiriye Ubuntu.
Waravuganye n'Imana , ntugatinye, nturambigwe, ushishikare wizera.

Ijambo ry'Imana rishigikirwa n'amasengesho. Gira umwanya wo gusenga , uvugane n'Imana, usenge no mundimi.

Ester 6:1

Ester yaragumanye ibanga.
Ni ukwama u*i ko Yesu yakubariye wo kwama usenga nturambigwe.

Iyo usenga mundimi, birakubaka, Imana iriyizira ikakwishura.
Nimba abantu basanzwe bashobora gushakisha bakaronka, wewe usenga uhagaze kw'ijambo ry'Imana itanga vyose , wizera, uzoronka ibihebuje.

Abanyefeso 4:14

Reka uhagarare kumasengesho , umenye ico Imana yakuvuzeko, ureke kuzungazunga muvyawe.

Usenge uhagaze kw'ijambo ry'Imana, ntabintu vyawe bazokonona. Ibintu vyawe birindwa n'a Mpwemu w'Imana.
Uwavutse irigira kabiri niwe Mpwemu w'Imana akorana nawe.

Mwarahezagiwe

Umwanditsi:

Emmanuel Sindayihebura

Imirongo ngenderwako:

Luka 18:1
Abaroma 8:26
1 Abo i Korinto 14:2
Itanguriro 48 :9
Esiteri 6:1
Abanyefeso 4:14

2024 Year of Extension & Expansion ( Umwaka wo gusegenyuka )

Esaïe 54:2

# New Creation Church #

Shalom bakundwa ;Icegeranyo c'icigwa co Ku w'Imana igenekerezo rya15 /07/2024 muri New Creation Church i Bujumbura cashi...
26/09/2024

Shalom bakundwa ;

Icegeranyo c'icigwa co Ku w'Imana igenekerezo rya15 /07/2024 muri New Creation Church i Bujumbura cashikirijwe n'Umwungere w'iryo Shengero New Creation Church , Pasteur Dr Chantal Inamahoro

Thème : Twahawe Impwemu itagira urugero( Esprit sans mesure)

Act4:33 Kandi intumwa zashingira intahe ukuzuka ku mwami Yesu ziri n'ubushobozi bwinshi, kandi ubuntu bw"Imana bwinshi buba kuri bo bose.

Hari Mpwemu y'ubushobozi n'ubuntu ( Mpwemu w'Ubuntu bw'ugaraniyemwo impwemu 6 zindi)

Iyo Mpwemu niyo ikorera mu caremwe gishasha
Jean 3:34

Uwo Imana yatumye,ni we avuga amajambo y"Imana ,kuko idatanga Mpwemu ku ngero

Impwemu twahawe n imwe (1) ntigira akarimbi
ariko ikora muburyo butandukanye

Yesaya 11:2
Mpwemu w' uhoraho azoba kuri we,Impwemu y' ubwenge n ' iyougutahura,impwemu yo kuja inama n ' iyo ubushobozi,impwemu y' ukumenya Uhoraho n ' iyo ukumwubaha

Iyo Mpwemu yari muri Yesu Kristo niyo ikorera muri twebwe
Ubwo buryo bwose 7 yigaragazamwo,buryamye muri twebwe ,ico duhamagariwe n'ukuvyura Mpwemu

Ivyahishuriwe Yohana 5:6

Mbona hagati yaya ntebe na vya binyabugingo bine no hagati ya ba bakuru ,umwagazi w Intama ahagaze ,asa n ' uwishwe ,afise amahembe indwi n ' amaso indwi ,ni vyo Mpwemu indwi z ' Imana zatumwe kwama zija mw isi yose

Impwemu yose twahawe ikora mu gihe cayo

Samson amaze guhuma yavuze ngo njana ku nkingi ,ahenura inzu
Inzu yarayihenuye ariko yamaze kunokorwa amaso
Ni Mpwemu w'ubushobozi yakoze, ariko yarakeneye , Impwemu y'ubwenge no kwirinda ko bija kugikorwa kugira ntarwe mu mutego wa Delila

Igihe uvyacu bigiye kunyarwa ,Impwemu y ' ubwenge irakubwira ngo reka iyo nzira ugire ufate siyo,fata iyo ngira ndakwereke.

Impwemu yo guhishurirwa( Esprit de Revelation)
Ishobora kuguhindurira ubu*ima/amateka
Ukumenya gutuma uronka inyishu kuvyo uriko urakora( resultat)

Impwemu yo kwubaha Imana ituma ivyawe waronse bitanyiganyizwa( bigira stabilite)

Mugihe gikwiye Mpwemu ari muri wewe ar'opera arakora ivyo yari tegerejwe gukora kugira ngo twame imbuto kandi imbuto zacu zihoreho

Uwurimye muburyo busanzwe ( bw umubiri) arimbura
N uwubivye mu Mpwemu arimbura cane kuko Ubu*ima n Impwemu

Iyo usenga mu ndimi abantu bakibaza ngo ivyawe birasanzwe,barihenda Ubu*ima ni Impwemu

Ubushakashatsi butubwira ngo urutete rumwe rugiye mw ivu ,ruvyara izishika ijana ,bisobanura ko n uwubiba mu Mpwemu azokwimbura ibirengeye

Iyo umaze gutahura ko ufise Esprit sans mesure,urihanga ibintu bikomeye,
Urakora ivyo System y ' isi yavuze ko bidashoboka:
Petero yar umurovyi de formation,aronse Iijambo ,aca aterera urusenga kumurango,ataho vyigeze biba!

Ivyakozwe n ' intumwa 1:8
Ariko muzohabwa ubushobozi ,Mpwemu Yera niyabazako,....
Impwemu y' ubushobozi twarayihawe kandi irakenewe ariko mu Mpwemu y ' ubuntu harimwo impwemu 6 zisigaye.

Zaburi 84:11
K*k Uhoraho Imana ari,ari inkinzo;Uhoraho azotanga ubuntu n ' icubahiro ;
Ntazogira iciza na kimwe yima abagenda batunganye

Harikimentetso yadushizeko
Nico kidutandukanya n abandi
Ntidukwiye guhagarikwa umutima na Environnement ( ibidukikije)ariko dukwiye gucungana n ihishurirwa rivuye ku Mana
Twaragiriwe ubuntu,nibwo bwatugize kuba ihanga ryatoranijwe,ihanga ryibera ukwwaryo

Mwarahezagiwe

Umwanditsi:

Josee-Claude Ndamukunda

Imirongo ngenderwako::

1) Yohana 3:34
2)Yesaya 11:2
3)Ivyahishuriwe 5:6
4)Abacamanza:16:21
5)Ivyakozwe n intumwa 1:8
6)Zab 84:11
7) Abaheburayi 10:29
8) Ivyakozwe n Intumwa 4:33
9)Yesaya 60:1
10)Kuvayo 9:26
11) Esaie 60:8

2024 Year of Extension &u Expansion ( Umwaka wo gusegenyuka )
Esaïe 54:2
# New Creation Church #

Amahoro Bakundwa Murahawe kaze ku munsi wa gatatu muri: You Cannot be Hidden Program Mat5:14 (Ntugishoboye kunyegezwa Pr...
24/09/2024

Amahoro Bakundwa
Murahawe kaze ku munsi wa gatatu muri: You Cannot be Hidden Program Mat5:14 (Ntugishoboye kunyegezwa Program Mat5:14)
Urahawe kaze gushira ubwiza bw'Imana buri muri wew , nivyakuvuzweko kumugaragaro.
Warahezagiwe
Pst Dr Chantal Inamahoro

Ejo aho bukera Amasengesho no kwisonzesha Iminsi 3Welcome in Prayer and fasting for 3days Sept 20th  - 22ndKaze mu amase...
19/09/2024

Ejo aho bukera Amasengesho no kwisonzesha Iminsi 3

Welcome in Prayer and fasting for 3days Sept 20th - 22nd
Kaze mu amasengesho no kwisonzesha vy'iminsi 3 , itariki 20, 21, 22 zuku kwicenda

Bakundwa mur'iy'indwi tuzoba dufise mw'ishengero ibikorwa bitatu bikuru bikuru (Weekly plan):1. Program You Cannot be Hi...
17/09/2024

Bakundwa mur'iy'indwi tuzoba dufise mw'ishengero ibikorwa bitatu bikuru bikuru (Weekly plan):

1. Program You Cannot be Hidden ( Ntugishoboye kunyegezwa) Mat5:14 n'umush*tsi Apostle Israel (Kuwa gatatu)

2. Iminsi 3 yo Gusenga no kwisonzesha ( 3days of prayer & Fasting) kuwa gatanu, gatandatu, kuwa Mungu. Aho abakozi b'Imana Apostle Ferdinand Bright, na Apostle Eric Bimenyimana niho bazoba bibereye

3. Kuwa Mungu isaha munani ni nusu, icirwa kubijanye ningene wo kwagura / wo rwiza ubutunzi bwawe ata mutate ufise ufadika. Ntimuzosibe
Kaze mwiyagurire akarere k**a finance
Kaze mu ndwi idasanzwe 🔥 🔥 🔥 🔥
Mwarahezagiwe

Pst Dr Chantal Inamahoro

Welcome this coming Wednesday Sept18th in " You cannot be Hidden Program Mat5:14. 🔥 🔥 🔥 🔥 Pst Dr Chantal Inamahoro
16/09/2024

Welcome this coming Wednesday Sept18th in " You cannot be Hidden Program Mat5:14.
🔥 🔥 🔥 🔥
Pst Dr Chantal Inamahoro

16/09/2024

Address

Bujumbura

Telephone

+25779927195

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when New Creation Church posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Place Of Worship

Send a message to New Creation Church:

Share

Category