Gushika Bose Bumvise -EE Burundi

Gushika Bose Bumvise -EE Burundi "Nimugende mw'isi yose, mubwire Ubutumwa Bwiza abaremwe bose". Mariko 16:15

Samuel Ndacayisaba, Umwigisha w’abana mw’ishengero Guérison des Ames-Gitega aratubwira ingene Inyigisho z’Ivugabutumwa z...
22/05/2026

Samuel Ndacayisaba, Umwigisha w’abana mw’ishengero Guérison des Ames-Gitega aratubwira ingene Inyigisho z’Ivugabutumwa zazanye umusaruro mu kibano.
👏“Nari nsazwe mfise inyota yo kwigisha abana, kubera nabona umenga n’igisata kititaweho. Nabona umenga abana bashizwe ukwabo, bigishwa indirimbo, kugira ntibagore abakuze bariko bumviriza Ubutumwa Bwiza, ukamenga abana ntibabukeneye. Mu mwaka wa 2018, narumvise ko hari inyigisho z’ivugabutumwa ku bana nca ndaja kwiga.
📘Muri 2020, naciye ntangura kwigisha abana inyigisho z’ivyizigiro ku bana. Hari igihe nacika intege nkibaza ingene bazobifata ku mutwe, nkibaza nimba bazobikunda, ariko narakomeje sinacitse intege kuko nsanzwe nkunda abana nagumijeko kandi abana barabikunze cane, twarabonye n’umusaruro ukomeye kw’ishengero.
Twatanguranye abana 30 twarangije ishure abana barenga 50. Abana bagwiriye cane kubera bagiye bavuga ubutumwa bwiza, bagaca baza kw’ishengero. Mu nyuma, twaciye dutangura irindi shure ryarimwo abandi bana 30, nabo nyene tukaja turasohoka kuvuga ubutumwa bwiza mu kibano abana baraza ari benshi mw’ishengero. Inyuma y’iryo naho, dutangura irindi shure ririmwo abana 40, nabo twimirije kubasohora. Bararangije inyigisho ubu turiko dukora igikorwa co gusohoka kuvuga ubutumwa bwiza mu kibano.
⛪️Ubu kw’ishengero dufise abana bababa 150 kandi kubw’igwirirana ry’abana ubu dufise amashure atatu. Rero abana bagenda barahinduka, kandi bagenda barakunda Imana kandi bayikorera banezerewe.
Dushima Imana cane ikomeza kudushoboza gutegura abana bakiri bato, kuko n’iryo shengero ry’ejo kandi umwana akuriye mw’Ijambo ry’Imana bigira ikimazi ku muryango, mu kibano ndetse no mu gihugu."

Twemere gutegurwa neza kugira tugire ubushizi bw'amanga mu kubwira abandi Ubutumwa Bwiza.
15/05/2026

Twemere gutegurwa neza kugira tugire ubushizi bw'amanga mu kubwira abandi Ubutumwa Bwiza.

🛑"...nize kuvuga ubutumwa umuntu ku muntu ntuje, atabwoba mfise..."Bikorimana Etienne, Umwarimu w'ishengero Anglicane Pa...
08/05/2026

🛑"...nize kuvuga ubutumwa umuntu ku muntu ntuje, atabwoba mfise..."

Bikorimana Etienne, Umwarimu w'ishengero Anglicane Paroisse Musenyi, umwe mubitabiriye uruganda rw'inyigisho z'Ivugabutumwa ziheruka guhuza ama paroisse atari make akukira Anglicane Dioseze Bujumbura, agira ati: "muri izi nyigisho nize kuvuga ubutumwa umuntu ku muntu ntuje ata bwoba, kuko Yesu yasezeranye ko azoba ari kumwe natwe. Mu ngendo z'Ivugabutumwa twakoze natahuye ko abantu barushe pe, benshi bishakira amahera gusa, rero bakeneye kubwigwa ubutumwa bw'ukuri bagahanga amaso Imana ibisigaye bigakurikira. Ikindi kintu canezeye, izi nyigisho zirubaka umuntu mu buryo bw'Impwemu, agakura. Iyo abantu rero bakuze mu Mpwemu, ishengero riba ryungutse cane. Ngiye gutanguza ishure nanje nigishe abandi ubu buryo bw'Ivugabutumwa maze tuzovyure igikorwa c'Ivugabutumwa mw'ishengero, abizera biyongere."

🎤🎤"Yesu yagize ati nuko ni mugende muhindure amahanga yose abigishwa. Yesu ntiyabwiye abigishwa ngo bagume mu vyumba, ya...
27/04/2026

🎤🎤"Yesu yagize ati nuko ni mugende muhindure amahanga yose abigishwa. Yesu ntiyabwiye abigishwa ngo bagume mu vyumba, yababwiye bagende basangize abandi Inkuru Nziza. Aha mwaje mu ruganda gukarishwa hanyuma mugende mubihe abandi, muvugire Kristo mwemye, imvura igwa canke itagwa, muvugire Kristo; kandi yarasezeranye ko arikumwe namwe imisi yose gush*tsa ku muhero w'isi."
⛪Ayo ni amwe mu majambo yavuzwe na Musenyeri Eraste BIGIRIMANA, arongoye ishengero Anglicane Diocèse ya Bujumbura, igihe hugururwa uruganda rw'Ivugabutumwa ku bakuze rwatanguye k'ur'uyu wa mbere igenekerezo rya 27 Ndamukiza rukazorangira igenekerezo rya 30 Ndamukiza 2026.
🤝🤝Urwo ruganda rwatunganijwe ku bufatanye buri hagati y' Ishirahamwe Ivugabutumwa Ryirwiza mu Burundi - EE Burundi hamwe na Diyoseze Anglicane ya Bujumbura rukaba ruriko rubera mu bigo vya Cathédrale Sainte Trinité.
🧔🧒Abarongozi 30 bavuye mu burere butandukanye nibo bagiye kumara iyo minsi bariko bahabwa ubuhinga bw'Ivugabutumwa umuntu ku muntu maze nabo bazoce bagenda batanguze inyigisho mu burere baje bavamwo gutyo ubutumwa bwiza bushikire benshi.
🛑Tubasaba gusengera urwo ruganda kugira Imana ihe ugutahura n' amagara meza abari mu ruganda bose.

News

✍️✍️Kuri uyu wa gatatu 22/4/2026 ,  Ishengero Burundi Assemblies of God Fellowship(BAGF)  rirongowe n'Umwungere NDAYISAB...
23/04/2026

✍️✍️Kuri uyu wa gatatu 22/4/2026 , Ishengero Burundi Assemblies of God Fellowship(BAGF) rirongowe n'Umwungere NDAYISABA Jérôme, n'ishengero God's Way rirongowe na Pasitori NAHIMANA Léonard, barasinye amasezerano yo gukorana n'ishirahamwe Rukristo " Ivugabutumwa Ryigwiza mu Burundi , EE Burundi".
📓Kanoni Ndikumana Israël aserukira EE BURUNDI imbere y' amategeko ; yamenyesheje ko yizigiye ko ubwo buryo bushasha bwo gukorana n' amashengero buzotuma amashengero afata igikorwa c'ivugabutumwa mu minwe kurusha uko vyahora gutyo Ishengero ryirwize indani muri ryo no hanze yaryo.
📕Nayo Umwungere Ndayisaba Jérôme yakengurutse agira ati: "Inyigisho EE itanga zirakomeye rwose mw'iterambere ry'ishengero rya Kristo na cane cane mu kurondera abazimiye kugira ngo baze kuri Kristo. Ndashinga intahe ko EE Burundi yamfashije igihe natangura ishengero mu bihe bitari vyoroshe nagato. EE Burundi ni rimwe mumashirahamwe yadufashije cane kuko baratugendeye akatari gake kw' Ishengero i Gitega. Uyu mwaka wa 2026 twawitiriye uwa" Evangélisation Explosive"- Ivugabutumwa Ryigwiza.Tugiye kugira ishengero ry'abimburira Kristo mw'ishengero ry'abarorerezi: Muri rirya shengero rinini, twifuza umugwi w'abavugabutumwa umuntu ku muntu kugira ngo tuzane benshi kuri Kristo."
📘Na Pasitori Nahimana Léonard nawe yarafashe akanya ko gukenguruka aho ,yagize ati: "Nk'umuntu ari mw'ijanabutumwa (Implenteur d'Eglises), ntacoshoboka utagize ivugabutumwa. Tuba dukeneye rero ubumenyi n'ibikoresho vy'Ivugabutumwa kugira ngo tuzane abazimiye kuri Kristo. Jewe naragize inyigisho za EE kandi zaramfashije cane. Ndipfuza ko n' abandi boshikirwa n' izi nyigisho kugira bakomeze guterwa intege mu gikorwa c'ivugabutumwa.Twizigira ko tuzoshika Kuri vyinshi kuko Iyi nyota y'Ivugabutumwa mufise natwe turayifise, twari dukeneye ibikoresho ngo twongereze ubumenyi tuzane benshi kuri Kristo.Nk' uko Yesu yavuze ngo babiri baruta umwe, twizigira ko gukorana na EE, bizotubera ivy'ikimazi cane kw'ishengero no kubandi benshi
tuzoshikira."
📙Mugusozera, Diomède Hakizimana umuyobozi wa EE Burundi yamenyeshe ko biteguye gufasha kugira ayo mashengero aronke umurwi w' abantu bateguwe neza mugikorwa c'ivugabutumwa umuntu ku muntu haba mu bakuze, mu miyabaga no mu bana maze baheze batsimbataze ico gikorwa muburere bwose Aho Ishengero riri n' ahandi hose rizoshika.

Umuyobozi wa EE Burundi yarangije ahamagarira n'ayandi mashengero yipfuza gukorana na EE Burundi kwegera ubuyobozi bw'iryo Shirahamwe Rukristo maze habe ibiyago bishikana ku masezerano yo gukorana.

Inyuma y’indwi zibiri Ivugabutumwa ryigwiza hamwe n’ishengero EL-Shaddai basinye amasezerano yo gukorana, harateguwe uru...
17/04/2026

Inyuma y’indwi zibiri Ivugabutumwa ryigwiza hamwe n’ishengero EL-Shaddai basinye amasezerano yo gukorana, harateguwe uruganda rwo gutegura abavugabutumwa italike 6 gushika 11 Ndamukiza mw’ishengero El-Shaddai- Kabezi. Abigishwa bazakiranye urukundo n’umwete wo kubitahura cane kugira bazobisangize abandi. Mu ngendo z’Ivugabutumwa zakozwe, abantu 23 nibo bafashe ingingo yo Kwizera Yesu Kristo. Bukeye italike 12 Ndamukiza 2026; abantu 8 muri bo baciye baja gusengera muri El-Shaddai Kabezi, 4 bakaba bafashe ingingo yo kubandanya barererwa muri iryo shengero .
Pasteur Vianney arongoye iryo shengero ati: “Turashima Imana cane ku nyigisho twaronkejwe kuko turiko turabona vyukuri umwimbu ushimishije kandi natwe dutewe intege mu gukomeza twamamaza Kristo.

Ivugabutumwa Ryigwiza mu Burundi « EE Burundi » rifadikanije n’Ishengero Methodiste Libre mu Burundi ryaratunganije urug...
09/04/2026

Ivugabutumwa Ryigwiza mu Burundi « EE Burundi » rifadikanije n’Ishengero Methodiste Libre mu Burundi ryaratunganije uruganda rw’inyigisho z’Ivugabutumwa ku Bakuze FC i Gitega, kuva k’uruyu wa kabiri igenekerezo rya 7 Ndamukiza uyu mwaka, zikaba zizorangira ku musi wa gatanu italike 10. Izo nyigisho zahuje abanyeshengero 31 bo mu ma paruwasi 15 yo mu nama z’umwaka zigize ishengero Methodiste Libre mu Burundi. Izi nyigisho zibaha uburyo bwiza kandi bworoshe bwo kuvuga ubutumwa umuntu ku muntu bashize amanga .Turashima cane ukuntu abitavye inyigisho banezererewe ubumenyi bariko barakira hamwe n’ingendo z’Ivugabutumwa bariko barakora mu karere ka Musinzira, Zege, na Quartier CNAR.
Turahamagarira ayandi mashengero yifuza gukomeza Ivugabutumwa, kwitura ubuyobozi bwa EE Burundi kugira nabo bahabwe izo nyigisho.
Mukomeze kudusengera kugira ngo uruganda ruzorangire neza hamwe n’izindi ziriko zibera mu tundi turere.

Yazutse mu bapfuye aduha ubugingo budashira. Umusaraba ntiwabaye iherezo, ahubwo wabaye intango y'agakiza. Kristo yarazu...
05/04/2026

Yazutse mu bapfuye aduha ubugingo budashira. Umusaraba ntiwabaye iherezo, ahubwo wabaye intango y'agakiza. Kristo yarazutse! Halleluya!

Kw'igenekerezo rya 28, Ntwarante 2026, Umwepisikopi Nsanganiye Emmanuel, arongoye Ishengero Baptiste Libre mu Burundi ha...
04/04/2026

Kw'igenekerezo rya 28, Ntwarante 2026, Umwepisikopi Nsanganiye Emmanuel, arongoye Ishengero Baptiste Libre mu Burundi hamwe na Pasitori Eric Ndayikengurukiye ahagarariye Ishengero El- Shaddaï mu Burundi barasinye # yo gukorana n'ishirahamwe Ivugabutumwa Ryigwiza mu Burundi (EE Burundi) rihagarariwe imbere y'amategeko na Pastori Ndikumana Israel.
Ayo masezerano yerekana intambwe nshasha mu bikorwa vya EE Burundi vyo gushigikira amashengero kugira ategure abizera bari muri yo ngo babeho bafise ibikoresho ubuhinga n' ubumenyi bibafasha gushingira intahe Kristo.
Kubwa Diomède Hakizimana Umuyobozi wa EE Burundi , iyo ntunganyo nshasha yo gukorana n' amashengero izotuma ivugabutumwa rishinga imizi mubana ,mumiyabaga no mubakuze kubwo icubahiro ca Kristo. Arangiza asaba n' ayandi mashengero yipfuza gukomeza ivugabutumwa kwegera EE Burundi habe ibiyabo bishikana kumasezerano yo gukorana.

Aya majambo y'ukuri atwibutse ko tutari ab'isi ariko ko hari ubuzima bwiza twateguriwe n'Umwami wacu mw'Ijuru.
27/03/2026

Aya majambo y'ukuri atwibutse ko tutari ab'isi ariko ko hari ubuzima bwiza twateguriwe n'Umwami wacu mw'Ijuru.

Ivugabutumwa n'irya buri muntu wese yizera Kristo.
19/03/2026

Ivugabutumwa n'irya buri muntu wese yizera Kristo.

Address

Kinanira 2, 1ère Avenue Numéro 1
Bujumbura

Opening Hours

Monday 08:00 - 16:00
Tuesday 08:00 - 16:00
Wednesday 08:00 - 16:00
Thursday 08:00 - 16:00
Friday 08:00 - 16:00

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Gushika Bose Bumvise -EE Burundi posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Share