26/07/2026
Amahoro ya Kristo.
Kuba waratabaje Imana ikaba itarishura ntaco bihindura canke bigabanya k’ubumana bwayo. Uhoraho ntiyambara isaha ku kuboko ngo bikunde dukorere ku masaha amwe. Igihe c’Imana kiratandukanye n’igihe c’umwana w’umuntu. Ivyo ducamwo vyose Uhoraho abibona tutarabimubwira canke ngo tubimwereke. Mbega Umwana aramenya igihe ciza gikwiye umuvyeyi wiwe azomugirira neza? Ariko umwana wese w’ubwenge yama yiteze kugirirwa neza n’umuvyeyi wiwe. Iyo umwana asavye ikintu umuvyeyi wiwe ntaho nigeze mbona amuha igenekerezo ntarengwa umuvyeyi azomuhera canke azomukorera ico kintu kubera umwana aba afise ukwizera kwose (100%) mu muvyeyi wiwe kuko aba azi neza adashidikanya ko umuvyeyi wiwe kubw’urukundo amukunda ico yamusavye agikora canke azogikora mugihe nyene gikwiye uwo muvyeyi wiwe yashinze. (Luka 11:11)
Mwenedata, ibi ndakubwira sivyo nabonye ahandi canke numvise, haba namba. Ndiko ndakubwira Imana nabonye mu buzima bwanje n’ubu nkibona.
Ukuyizera 100% no kwihanganira igihe cayo n’ivyo vyonyene bidush*tsa kukuronka ico twayisavye.
Iyi Mana ndiko ndakubwira iduhanagura amosozi, ni umuvyeyi mwiza wacu, iratwihanganira mu ntege nke zacu, irateturura, isusura ivyatabaguritse, ntihinduka, ntibesha, ntisesangurika kandi ku gihe cayo yishingiye irakora kandi iyo ikoze ishira ivyo ikoze muri k’ubu.
Uhoraho si umutayeri ngo aguterere ikeremo ku myambaro yacu. Iyo Uhoraho ahagurutse ngo atwambike atwambika umwambaro mushasha kuko yagabiriye kwama adukura mu bwiza atwinjiza mubundi bwiza busumbirije.
Uwo Uhoraho ahetse aramwonsa gushika mubusaza bwiwe, ndavyizera kandi ndabishingira intahe.
Uhoraho akwumve kandi akurabe, Uhoraho akwishire, kandi nawe ube uwo gushingira intahe Kristo.
YESAYA 40 : 28-29
Uhezagirwe.
+257 69 100 800
[email protected]