10/01/2026
Muri iryo Gugu = Muri abo bantu benshi.
Umutwe w'icigwa co kw'isabato igenekerezo rya 03 Nzero 2026. Ni ubutumwa bwashikirijwe na , umwizera wo mw'ishengero ry'aba b'umunsi w'indwi rya .
Igisiguro catanguriwe n'indirimbo y'umugwi za wo muri iryo shengero. Nayo yagira ati: " Hari impamvu zituma dushima. Hari impamvu zituma twandika indirimbo z'amashimwe...".
Yakurikiwe n'indirimbo yo mu gitabo c'indirimbo zatoranijwe inimero 5 : "Murinzi we". Murinzi we menyesha igihe, iwacu ni kure cane, naho ijoro ryijimye cane ariko buraca...
Amasomo y'urufatiro rw'insiguro:
1. Kuvayo 12 :37-47; 16:1-35; 32:1-25; (12:38)
2. Guharura 12 :1-15; 16:1-50; 20:1-12; 25:1-15
3. Yosuwa 7 :1-26
4. Abakurambere n'abahanuzi Chap 25, 28, 35, 41
Muri iryo Gugu, yari amasinzi,... ariko ntibari bafise intumbero imwe. Harimwo abantu icende tugira tubone. Umwe wese yirabe afatiye muri aba bantu.
1. Mose : yari umurongozi akaza ishavu: yishe umunyegiputa, amenagura amabwirizwa, Imana imubwira ko abwira igitandara gitange amazi aca agikubita kabiri.
2. Aroni : Umurongozi, icegera ca Mose. Yakoze ibara abumba ikigirwamana. Umurongozi atagumya ingingo ngenderwako zitegerezwa kwubahirizwa.
3. Kora : Muvyara wa Mose. Umugumutsi yaje guteza ubugumutsi ahamagarira Abisirayeri kugumuka. Icaha ciwe caje guhitana abantu ibihumbi cumi na bine.
4. Miriyamu: mushiki wa Mose. Umuhanuzi mwiza. Umuririmvyi w'igitangaza. Niwe yateye indirimbo Abisirayeri bajabutse inyanja itukura. Ariko nticabujije ko afasha mu mugararizo.
5. Abanyegiputa: bagora Mose bamusaba inyama.
6. Abasambanyi: bari bafise ibintu bibiri : gusenga Imana n'ubusambanyi.
7. Akani : Umusuma karuhariwe. Yarenze itegeko ryo kudakora ku kintu nakimwe c'inyegu y'Imana mu mategeko bari bahawe. Yarabirenzeko, arabizana, arabinyegeza, abihamba mw'ihema ryiwe. Ariko igihano ciwe caje guhitana abantu benshi nabagize umuryango wiwe wose.
8. Abaja kurondera Manu kw'isabato : Imana yatanze gutora ingero imwimwe ku munsi. Kiretse kuwa gatandatu batora 2. Kw'isabato ntamanu yakoroka. Nticabuza ko bamwe bamwe bajana ibiseke gutora manu kw'isabato kandi basanzwe bayifise mu nzu iy'uwo munsi.
9. Yosuwa: Umugabo adafise ubwoba mu guhagararira ukuri kw'Imana ngo izina ryayo rishirwe hejuru.
Aba Adventistes b'uyumunsi bagereranywa n'abisirayeri. Abisirayeri bari mu rugendo berekeza i Kanani. Aba Adventistes uyumunsi bari mu rugendo berekeza mw'ijuru. Bose bari muri iryo *GUGU* ritumbereye i Siyoni. Mbega muri iyo migwi yose icenda tubonye aho hejuru, ntiri muba Adventiste b'uyu munsi ? Umwe wese yisuzume.
Ishengero ririko rigenda ryerekeza mw'ijuru. Ariko rirabangamiwe n'abaririmwo ufatiye kuri iyo migwi iri muri iryo Gugu.
Muri ino migwi icenda uri mu wa nde ? Uhagaze kwa nde. Urikumwe na nde ? Wanka canke wemera urafise umugwi urimwo kandi ivyanditswe vy'Imana nivyo biwugushiramwo.
Ariko nubwo biri uko, hari abaje bakurikiye umwagazi w'Intama aho aja hose.
Wisuzume nanje nisuzume duharanire kuba abahagararira ukuri kw'iyaduhamagaye, "Imana", kugira ngo tuzoragwe ubugingo budahera.