Eglise du Bon Berger au Burundi

Eglise du Bon Berger au Burundi The community Good Sherpherd Churches Community is a big familly spread nearly in the entire country that is Burundi which is located in the center of Africa.

In the north we have Rwanda, south and east Tanzania and west Congo. Check us out on the map.

Yehova Sabaoth: Imana nyene ingabo, niyo  ibohora🔛Zaburi 46:7-11~Uhoraho niwe buhungiro bwacu. Niwe ushobora guhamagara....
07/08/2026

Yehova Sabaoth: Imana nyene ingabo, niyo ibohora

🔛Zaburi 46:7-11~Uhoraho niwe buhungiro bwacu. Niwe ushobora guhamagara. Niwe ahagarika intambara. Azi kuzirwana kandi azi no kuzihagarika. Kuri uno mugoroba, imyampi yose ihagarikwe mw'izina rya Yesu. Bisaba kumenya Imana muri kumwe. Turayibona irokora abisirayeli basugererejwe na Goliyati, igisirikare cose catinye ariko Dawidi, we yari azi Imana yiwe kandi azi ko iyo Mana yiwe itigera itsindwa narimwe ahagarara yemye maze atsinda ico kigatanya.

📖Yesaya 6: 1-2 ~[Mu mwaka Umwami Uziya yatanzemwo, nabonye Umwami Imana avyagiye ku ntebe y'ubgami ndende, ashizwe hejuru, impuzu yiwe y'igisaga yuzuye urusengero. Abaserafi bari bahagaze hejuru yiwe: umuserafi wese yar' afise amababa atandatu: abiri yayatwikiriza mu maso, yandi abiri yayatwikiriza ibirenge, yandi abiri yarayagurukisha. Babarirana basemerera, bat' Uwera, Uwera, Uwera, ni we Uhoraho Nyen' ingabo: isi yose yuzuye icubahiro ciwe].

Hari igihe satani akwereka ubunini bw'ivyo uriko ucamwo, akakwibagiza guhimbaza Imana. Ariko wokwibuka ubukuru bwayo, ubushobozi bwayo, wosiga ivyo ugatazira Uwera Imana.

Muvyakozwe n'intumwa igice ca 16, Paulo na Sila bariko basenga biyibagije ivyo bariko bacamwo. Mu gicugu batiko barasenga baririmbira Imana, izindi mbohe zibumva, isi ica inyiganyiga cane giturumbuka, bituma amatanguriro y'inzu y'ibohero anyiganyiga, ako kanya inzugi zose ziruguruka, iminyororo ya bose iradohoka. Nawe, uriko ubicamwo? Uravye ubona bibaye vyinshi? Hamagara Imana, utitaye ku bunini bwavyo. Uheze ubone uko imigozi icikagurika.

Reka aho hose ubona hari icitwa icugaye, mw'izina rya Yesu Kristo. Uko vyagendeye Paulo na Sila bibe mu buzima bwanyu.
Ijambo ry'Imana ribishingira intahe, ko vyose bishobokera abizera. Haba mu mvura nyinshi, canke ku ruzuba rwinshi, mu mbobane, mu ntambara nyinshi, Uhoraho Imana nyene ingabo, uzokwama ari Imana igira neza. Nimba Kristo ariwe yivugiye ati : "Mwikoreze ingata yanje itababaza", reka ibikuremereye vyose bihwahuke mw'izina rya Yesu.

Yesu abahezagire!

🎙️Floride IKIZAKUBUNTU ati: « Nahora numva bavuga ko Imana ikundana, nkabiharira, nkayibaza igituma itangirira neza nanj...
07/08/2026

🎙️Floride IKIZAKUBUNTU ati: « Nahora numva bavuga ko Imana ikundana, nkabiharira, nkayibaza igituma itangirira neza nanje »

« Ndi umunyeshure mu gisata c'ubuvuzi.
Nabaye mu buzima bubi kuva nkiri muto aho nabaye impfuvyi kuva ku myaka 6, papa adusiga turi abana 6. Duca tuba mu buzima bubi mbaye uwuraho ngo amagorwa ntasiga ayandi, natwe ivyo biducikira ubuzima. Twabaye mu mpfu zikurikirana, mu gutabwa, mu kwihebura bitavanako.

Ivyo binzana ahantu hokwumva nanse isi, aho ntangura kuburanya Imana ndayibaza igituma yandemye nayo nyene nca numva ndayanse. Igituma ni uko numva yarandenganije. Sinatahura igituma yemera ko nama mu bibazo bidahera. Iyo numvise abavuga ko Imana igira neza, ikunda abantu numva ari agahimbo kabavugisha ivyo k*ko jewe nabona nkehaniwe. Ndibuka ko nashobora kuva kwishure nkasanga ata two kurya duhari ndetse n'impuzu ntazo nagira.

Twaragendeye mu kurondera abapfumu kugira turabe ko hogira igihindutse ahubwo ibintu vyatera biba bibi. Ndibuka ko hari igihe nasiba kuja kw'ishure ndiko ndandaza amavoka, mpuye n'abagisha narabinyegeza ariko vyarangiye babibonye baravyihoza, k*ko barabona ko bitugoye.

Naho niga nabi nabi naramenya nkunguruzwa.

Mpejeje umwaka wa gatandatu naciye manuka i Bujumbura gukora akazi ko mu nzu (ikiyaya). Bakiriko baranyigisha gukora, uwankoresha baca baramurondera kuri téléphone bamubwira ngo asubire andungike muhira vyihuse. Ndibuka ko naduze mbabaye k*ko ivyizigiro vyanje vyari bivuyeho k*ko nashaka kurondera amahera mpeze nifashe mfashe n'umuryango. Nsh*tse muhira nsangaho abandi bantu ntazi baraheza bambwira ko ikibazo ca reta co mu wagatandatu nagitoye kandi naronse amanota meza kandi ko hariho n'abagiraneza bafasha impfuvyi bamfashije ngo ndonke ibikoresho vy'ishure. Ishure naringiyemwo ryari iry'indaro (internat) gusa naho nyene nabona ko mama amvyara antaye gusa, nca nibwira ko niyo bantaye nopfirayo hama nkararuhuka.

Nsh*tse kuri iryo shure nasanze ari heza, dufungura neza eka vyose bimeze neza. Gusa ivyo vyose ntivyatumye ngira umunezero no gutekana k*ko muhira hoho ivyago bitahagaze, abo tuvukana bagiye barapfa gushika aho dusigara turi babiri, inzu papa yari yarasize nayo irabomoka.
Aho nari kw'ishure nararonse abagenzi, nahora numva bavuga ko Imana ari nziza nanje ndaheza nibwira ko nkwiye kurondera iyo Mana. Ndaheza ntangura gusoma Bibiliya no gusenga, weekend igeze narasenga gose ndibuka ko nashobora kumara amasaha ane muri Chapelle mbaza Imana igituma ivyago bitugumako nongera ndayisaba imbabazi aho twoba twarayicumuyeko. Narasoma ijambo ryayo nkaca nza kuyereka ko ivyo vyanditswe itabish*tsa kuri twebwe ndayibaza igituma.

Igihe kimwe haza abavugabutumwa kw'ishure badusangiza kuvy' urukundo rw'Imana, nca numva no kwizera nanje uwo Yesu mpeze mpinduke umwana w'Imana. Maze gukizwa natanguye gusenga ntagiriza Imana ahubwo ntangura gusenga nizeye nzi mu mutima ko nd'umwana w' Imana. Ibintu biratangura guhinduka, ivyiza nanje bitangura kuntumbera. Na mama yari yaragiye mu kaborerwe ndamusangiza ivya Yesu araheza aramwizera nawe.

Mpejeje ishure naraje i Bujumbura nje kubandanya kaminuza, naharonkeye umugenzi antumira muri fraternité mu nyuma ndiga inyigisho z'urufitiro rw’ijambo ry' Imana (Lundi-vendredi), nazo ndazigiramwo vyinshi ndamenya ukuri kw'ijambo ry' Imana. Ubu ndi mukuba umu docteur, iyo ntigeze nibaza, k*ko narinzi ko ntokwize amashure ngo ndayamare.

Nukuri kuva menye Yesu nararonse impore, narabonye ukugiraneza kwiwe mu buzima bwanje. Mu kurangiza nashaka gutera intege umuntu yakurikiye Yesu ubandanye umukurikira ntumuveko. Nashaka no kubwira uwutarakizwa aze kuri Yesu niwe ahindura ibihe niwe aharira ivyaha vyose.»

Imana ibahezagire.

Rédemption voice twaje gutunganya n'abavyeyi bacu: Gusaba imbabazi ------------------------------🥹"Uyu musi twari tuwuri...
05/08/2026

Rédemption voice twaje gutunganya n'abavyeyi bacu: Gusaba imbabazi
------------------------------
🥹"Uyu musi twari tuwurindiriye hari haciye imyaka cumi n'itatu. Ni ishimwe ko abana basubiye guhura n'abavyeyi babo". Hervé ari mu barongiye umurwi wa rédemption voice arashinga intahe.

💫Turi Rédemption voice, twavukiye hano, nk'abandi bose twaratumiwe mu ma frates, turakizwa, turiga inyigisho z'urufatiro rw'ubuzima rukristo (Lundi-Vendredi), turabatizwa, turinjira mu bikorwa vy'ishengero bamwe baba abarongozi b'ama frates abandi baja mu baririmvyi, bigenda neza tugubwa neza, ingabire zacu ziraturika, biraryoha. Twese ni ho twamenyeye ingabire zacu. Redemption Voice yavukiye hano.

✨Twari dufise abatwitangiye imbere (mentors) benshi, twari tuguwe neza pe, dupfutswe umutamana (covered). Twari dufyinishijwe k*ko akaryo (opportunité) ko gukora ibi turimwo, biraduha umugisha, biraduha kumererwa neza. Twari bato, dufise imyaka 18, 19, 20, 21. Muri make ADN ya Redemption Voice ni hano kw'ishengero ry'Umwungere mwiza.

Twari bato, dushushe. Ingabire wumva ushushe biriko birasha. Muri urwo rugendo twarakoze amakosa. Ntitwumviye uburongozi. Ivyo ndabivuga mu buryo busanzwe atasoni. Ivyo vyatumye tuva mw'ishengero giturumbuka. Twarabandanije ibikorwa vyacu, turagira umugisha, abubaka ingo barubaka, abana baraboneka. Abaja kuba i Buraya baragiye benshi. Umurwi uraguka turaronka abakizwa, turaronka abakora muri Ministère yacu.

🙆🏽Ariko naho twaronse iyo migisha twari tubuze ubuvyeyi. Connexion yacu n'abavyeyi bacu yari yaracitse. Ntitwavugana kandi twavukiye hano. Ivyo vyabaye turi abana, ariko uko ukura niko ubona uko wari kwitwara. Muri 2026, twaravuganye na Eric n'abandi twari kumwe tuti :"Igihe kirageze ko tugenda gutunganya n'abavyeyi bacu." Hariho ikiguzi iyo utavugana n'abavyeyi. Turavugana duti : Dutunganye n'abavyeyi bacu, dutunganye n'ishengero ryacu. Umwe abibwiye uwundi ukumva ngo nanje "navyiyumvira", twese tumenya ko ari Mpwemu Yera yatuganirije. Twaje mu Burundi dufise gahunda zibiri. Iya mbere yari iya concert, iyindi yari iyo kuza gusaba imbabazi.

👏🏽Turashimiye Pasteur Patrick yaduhuje n'abavyeyi bacu. Turashimiye Bishop Esron RUTAYISIRE, tuza kuvugana nawe twari twiteguye, twapanze amajambo tuvuga. "Akitubonera kure aradusanganira aratugumbira kurya ko mw'ijambo ry'Imana. Yagize umunezero atubonye, abantu twari tumaze imyaka cumi n'itatu yose tutinjira hano." Ibintu vyose twari twateguye birapanguka. Aratubwira ngo Karibu, tuvuge bishasha, ntituvuge ivya kera.

Naramubwiye nti : "Vyukuri twagarutse muhira, twumvise amajambo atubwiye. Aduha ikaze mu mutima wiwe no mw'ishengero. Atuma tutaciyumva nk'abanyamahanga, ivyo bintu twari tubirindiriye imyaka 13 yose. Kurya ko muri Bibiliya yatuboneye kure, aratuyambira, aratubagira ikimasa. Ehe turi hano! Mwarakoze kutwakira.

Ndashaka kubw'ira umu jeune, ndazi ko uba ushushe, nashaka ndagusabe witonde, imbere y'uko ufata ingingo. Reka gukorera mu gihutihuti. Ntufate ingingo ituma umara imyaka 13 hanze y'abavyeyi bawe.

Muri lundi et vendredi hari icirwa twize c'inyifato ibereye umukristu. Iyo ituma umenya uko uvuga n'ingene ugaragara imbere y'abandi."

💬Bigabo nawe ati : Mbega murazi ingene tubafuhira? Turabafuhira kubera mufise abavyeyi twebwe tutahora dufise. Ishengero ryose ryaciye ribakirana umunezero. Bishop Daddy twasanze muri iyi myaka 13 yari iheze, turacari abana mu mutima wawe. Turagushimiye. Ntimuzi kangahe bivuna iyo tuvuye muri Canada tutagira aho twita muhira. Turaza gukora tutagira muhira! Turaza gukora tutagira aho dutaha. Turaza gukora batubajije aho twegamiye tutagira aho tuvuga! Mugabo Daddy yatwemereye ko tuvuga ngaha (Bon Berger).

Mbega abana bacu twari kubabwira iki? Mbega abo twubakanye iyi nkuru twahora tuyibabwira gute ? Ntavyo twari dufise tuvuga! Murakoze kuduha inkuru tuvuga. Murakoze kuduha iteka. Ndabashimire ku mutima wo kuzana abantu kuri Yesu mwaremye muri twebwe. Tumaze imyaka 19 dukora, murakoze kutwongera iyindi 19. Imana iguhe kuramba Bishop, tuzobazanire abuzukuru bacu n'abo bababone.

🔛Bishop yaciye ahaguruka, ayambira umw'umwe mu murwi wari waje wa rédemption voice. Ishengero rivyerekanisha umunezero mwinshi mu gukoma amashi menshi. Arangije ivyo yasavye ishengero guhaguruka bagakoma amashi bashima Umwami Yesu. Yaciye abahezagira bose nk'umurwi.

Bishop ati : "Ntitwari bwabone ibintu nkibi. Hari igihe ubura ico uvuga kandi utabuze amajambo. Ndababonye nariyumviriye ibintu Imana ikora biransiga. Mwatabaye jewe ahubwo. Naho wari kuza ufise imibembe twari k*kwakirana iyo mibembe gutyo nyene, tugasaba Imana ikagukiza. Ntaco woguza abantu wavyaje Ubutumwa bwiza. Turabashimiye cane. Twarabababariye nk'uko Bibiliya ivuga. Ntimwaguye, mwarayereye, muyererana ubutunzi bwa Data wo mw'ijuru. Turabakunda cane. Muri akarorero mw'isi.

💬" Ukaba ufise ivyo utunganya, ngw'ino mwihane k*ko Ubwami bw'Imana buri muri twebwe. Muri iri jwi nyene, mu banyumva bari ku migabane 5 igize isi mudukurikirana. Nagomba kubabwira ngo mutunganye ivyo mukwiye gutunganya. Ndatumiye nabamaze gutangura amashengero ahandi, ubu ari abapasitori...ndahamagariye abantu bose bumva bafise ikibagiriza, murahamagariwe kugaruka, mutarinze kuzana amashengero yanyu, turateze amaboko. Nta rwanko ndagufitiye, karibu utunganye ivyawe, hanyuma ukorere Imana uhezagirwe. Ndabibabwiye icese. Mukaba mwumva mwaratakaje imizi. Turabatumiye, iki ni igihe gishasha. "

Yesu abahezagire cane

💫Ubuvyeyi bw’Imana (igice ca kabiri)✨« Thème » y’umwaka dusanganywe ivuga ko ari "Umwaka wo kwegukira ryacu". Mu gice ca...
05/08/2026

💫Ubuvyeyi bw’Imana (igice ca kabiri)✨

« Thème » y’umwaka dusanganywe ivuga ko ari "Umwaka wo kwegukira ryacu". Mu gice ca mbere co kuri kino cigwa c' "Ubuvyeyi bw'Imana" (wogisanga hano👉https://shorturl.at/jPDhE) twari twabonye ko ico Bibiliya ishingira intahe ni ko ica mbere c’iragi dukura mu Mana yacu iyo twizeye Yesu ni ko tuba abana b’Imana. Ni ko tuba abana, Imana na yo ikatubera Papa.

Twarabonye ko Mpwemu w’Imana abwiririkanya n’impwemu yacu ko turi abana b’Imana

Ingabire dufise isumba izindi, ibanziriza izikurikira zose, ni ko turi abana b’Imana.

Twarabonye kandi ko biri ngombwa ko tubihishurirwa. Mu buryo bw'ubumenyi busanzwe (théoriquement) turazi ko turi abana b’Imana. Ariko tugenda turabihishurirwa. Kandi uko ugenda urabihishurirwa ni ko bigenda biraba iragi. Urahishurirwa ubuvyeyi bw’Imana ku buzima bwawe, ukamenya ko burya bwose n’aho woba waragize umu "papa" mwiza, ko hariho uwuruta abandi bose.

Ndakwifurije kuba muri ubwo buvyeyi bw’Imana, aho wumva ko Imana ari Papa na we uri umwana.

📖Luka 15:11-32

Aya majambo aratwereka ko hari abahungu batatu, ariko muri kino gice haboneka babiri.

Kugira utahure neza Ijambo ni vyiza gutahura « contexte » y’ayo majambo, ukabanza ukitegereza neza iyo reresi imeze. Ukibaza uti aya majambo yavugiwe hehe, yabwira nde, hari ryari ? Ugaheza ukibaza uti mbe none anyigisha iki muri kino gihe?

Kugira dutahure neza uwu mugani w’icangazi birasaba ko utahura Yesu yawubaciriye mu gihe kanaka. Ico gihe urashobora kugitahura neza usomye imirongo ibiri ya mbere👇

[Abatozakori bose n'abanyavyaha bariko baramwegera, ngo bamwumve. Abafarisayo n'abanyabgenge b'ivyanditswe baridodomba, bat' Uyo yiyegereza abanyavyaha, agasangira na bo.]
Luka 15:1-2

Abatozakori bari bazwi nk'abanyavyaha, hamwe n'abanyavyaha b'ubwoko bwose bariko bariyegerera Yesu ngo bamwumvirize. Hanyuma rero abafarisayo n'abanyabwenge b'ivyanditswe b'abanyedini baca baridodomba. Bamaze kwidodomba Yesu aca abacira uwu mugani w'umwana w'icangazi. Bivuga Mu yandi majambo ko amajambo ari mur'uyu mugani w'icangazi yishura kur'iyi myidodombo.

"Theme" nyamukuru iri mur’iki gice ni umunezero Imana igira iyo umuntu umwe yisubiyeko, yisusuzumye akitahura akihana. Uyu muhungu ni umuserukizi w’umuntu wese ari mu vyaha atarihana.

Usomye neza urabona neza ko ayo majambo abwira abafarisayo n’abanyabwenge b’ivyanditswe. Muri aba bana babiri nta muzima yari arimwo, haba umwana w’icangazi, haba umwana yasigaye mu rugo. Uyu yasigaye mu rugo ni umunyedini.

Mu kurimbura rino jambo, tuciga ivy’ukwegukira iragi ryacu, twige ivy’uyu muhungu w’imfura. Mu nzu iwabo hari umunezero, inanga n’imihamirizo biriko biravuga ariko hanze hoho hari ikigandaro.

🤔Soma guhera ku murongo wa 25, hama uheze urimbure kuri tuno tubazo:

Ni iki coba caratumye atanezerererwa ukugaruka kwa murumuna we? Ni iki coba caratumye adasangira umunezero na se? Ni iki coba caratumye ikigandaro kiba mu gihe c'umunezero? Ni igiki gishobora gutuma umuntu aba mu maganya? Ni igiki gishobora gutuma umuntu ataba mu kunengesera (plénitude) kw' kw'munezero w’Imana?

💭Subira wibaze iki kibazo: Wewe mupfana iki n’Imana? Mupfana ivyo iguha canke mupfana ivyo iguha? Reka wiyumvire neza kur’ico kibazo ugerageze kwiyishura. Wibaze uti mbe ubuvyeyi bw’Imana noba ndabubayemwo nk’uko bikwiriye? Mbayeho nk’umwana w’Imana? Ni igiki combuza kubaho umunezero w’Imana?

Ni vyiza ko usoma Ijambo ukaribaza ukongera ukibaza. Mbega Uyu muntu nsomye mw’Ijambo ry’Imana yagize ibibazo ivyahe? Hari aho vyoba bisana n’ivyanje?

🎤Iyi ni incamake y'Ubutumwa Bwiza twashikirijwe na Pasteur Jean Pierre NSENGIYUMVA kur'uyu musi w'Imana itariki 02/08/2026.

Wipfuza gukurikira Ubutumwa bwiza bwose ushobora kubusanga hano⤵️

YouTube : raba link muri commentaire ya mbere

YESU abahezagire.

Igikorane twagishize kurubuga rwa Youtube gusa; murashobora gukurikirana igikorane hano👇🏽YESU abahezagire🙏🏽
02/08/2026

Igikorane twagishize kurubuga rwa Youtube gusa; murashobora gukurikirana igikorane hano👇🏽
YESU abahezagire🙏🏽

Sunday Service (02-08-2026) | Eglise du Bon Berger au Burundi

Ugutabagwa kwawe kurash*tse ------------------Ijambo ry'uno mwaka rivuga umwaka wo kwegukira iragi ryacu. Ijambo ry'umut...
29/07/2026

Ugutabagwa kwawe kurash*tse
------------------

Ijambo ry'uno mwaka rivuga umwaka wo kwegukira iragi ryacu. Ijambo ry'umutwe ry'uyu musi rivuga riti : " Ugutabagwa kwawe kurash*tse".

📖Mariko 5:1-20

Uyu muntu yarimwo impwemu mbi nyinshi. Iminyororo yarayivutagura. Ntizari inguvu nyinshi z'uwo muntu, zari inguvu z'ayo madayimoni. Abamukunda bari bagerageje kumufasha uko bashoboye, biranka birasendwa kugeza bamuhevye, aja kwibera mu mva.

Uwo muntu yama mu maborogo, atari amasengesho. Iyo ndirimbo y'amaborogo y'uwo yaremye Yesu ntayakunda, ahitamwo kuza kumutabara. Vyamusavye gufata ubwato ngo ajabuke.

Yesu agishika ku nkombe ziza zirirukanga kumwinginga ngo ntazirukane, zisa n'izimubwira ko zakunze ico gihugu. Kuko zari z**i ko Yesu atozemerera kuguma mu muntu zimusaba ko yozirungika mu ngurube. Azemereye zinjira muri za ngurube, zagera ku bihumbi bibiri, zino na zo zisuka mu mazi.

Izi dayimoni zari zarakunze aho hantu ariko zisabira Yesu ngo ntazirukane ng'aho mur'ico gihugu.

Abantu bo mur'ico gihugu babonye ibibaye bumva kuba uwari yinjiwemwo na dayimoni yakize ni sawa ariko bakubitije agatima ku ngurube zabo zatikiye bumva bahomvye vyinshi. Babwira Yesu bati tuvireho. Bahuza isengesho n'abadayimoni k*ko bariko barirukana Yesu mu gihugu na zo zamusavye kwigumiramwo. Ni nk'uko bari bavuze bati : "abasara ni bashake babandanye basare hako ubutunzi bwacu bugenda".

Ariko wa wundi yabohotse asaba Yesu ngo bagumane amukurikire. Ariko Yesu ntiyamukundira, amubwira ati :"subira mu b'iwanyu ubabwire ivyo Imana yagukoreye". Mu yandi majambo ati wewe ni we bazi, jewe ntibanzi, ba ari we uja kubabwira Ubutumwa Bwiza. Bibiliya uvuga ngo akwiza i Dekapoli hose amakuru y'ivyo Yesu yamukoreye. Dekapoli kari akarere kagizwe n'ibisagara cumi.

Amarira yawe Yesu arashoboye kuyagukiza. Aranayazi. Ariko arashaka kumenya, mbega niyayagukiza urasubira i Dekapoli? Urasubira Aho bakuzi? Mu muryango iwanyu uvuge Ivyo yagukoreye? Abavyeyi usanga bakunda cane abana babo, ico bashoboye cose bakibakorera. Ariko, hari aho badashika ari Imana yonyene ishoboye gushika.

Yesu arashiboye kugutabara aho abanyabubasha bose badashobora gushika. Yesu araje kugutabara harya abandi bose baheberanye, bavuga bati nta kigishoboka.

Yesu ahash*tse, dayimoni zitwa gitero, nta n'iminota vyasavye ngo zihunge. Ibendera rya Yesu riduzwa n'ukwizera kwawe. Satani n'abadayimoni ni ibiremwa, ntibashobora Yesu.

Yesu kugira atabare uyu muntu yabanje amukuramwo impwemu mbi. Kandi, yarabona ko ari umuntu ashobora guca atuma. None Yesu yogukiza wumva nawe yoshobora guca agutuma harya bakuzi wewe ari Yesu batamuzi? Yesu baramwirukanye k*ko basenga ivyo batazi. Ririra Imana ariko uyisaba ab'iwanyu bakizwe. I Dekapoli baragukeneye.

Iyi ni incamake y'Ubutumwa Bwiza twashikirijwe na Pasteur Adélaïde Hatungimana kuri uyu w'Imana, itariki 26.07.2026.

Yesu abahezagire cane!

Navuga nti: « karabaye nta nyishu, ndapfuye ». ---------------------------------------Nitwa Nzeyimana Aladin. Mva mu mur...
26/07/2026

Navuga nti: « karabaye nta nyishu, ndapfuye ».
---------------------------------------
Nitwa Nzeyimana Aladin. Mva mu muryango w’abana batandatu. Nakuze senge wanje antwara gusenga. Narabona abakorezi, nkumva nanje ndabikunze. Ndasaba ko nanje nomuba, ariko nsanga bisaba ko mbatizwa. Ndiga ngo mbatizwe kugira nanje nze nje imbere.

Nkuze vyabandanije kuba nabi, ninjira mu kunywa inzoga. Ariko mbonye zigiye kuntwara mu mu ngeso mbi, nkabona n’ibibazo zaduteje mu muryango, mfata ingingo yo kuziheba. Nkiri muto kw’ishure narabitora, ariko mbona bitanguye kwanka. Ndavyitegereje ndabona neza ubuzima bwanje buriko buranka, bija ku rugezo rubi ku buryo niyumvira kwiyahura. Ariko aho nasengera baratubuza kwiyahura, bakatubwira ko wiyahuye uja mu muriro. Ndiyumvira nti: « Hako nokwiyahura nkarangiriza mu muriro, reka mfate ingingo yo gusenga Imana imfashe mpfe ntarinze kwiyahura ». Ndabikora umusi wa mbere biranka. Umusi wa kabiri ndasaba Imana ngo ninaryama simvyuke ariko nsanga mu gatondo navyutse, ndababara.

Aho hose nagendana ukwigunga mvuga nti « karabaye nta nyishu, ndapfuye », nkibera ku ma « ligalas » nkataha bwije nshika mfungura, mpejeje nkaca nja kuryama.

Mu nyuma ni ho haje umukobwa aho twari turi, aradutumira muri « fraternité ». Yadutumiye turi batatu, ariko abo bandi twari kumwe ntibitavye ubwo butumire, mba ari jewe jenyene ndabwitaba k*ko n’ubundi navuga nti « nta yindi nyishu mfise ni gusenga gusa ». Uwo musi ngenda mur’iyo « fraternité » bari bateguye ikoraniro ridasanzwe (mercredi spécial). Uwashinze intahe numvise yaciye mu buzima nk’ubwo nanje nariko ndacamwo. Mu nyuma haza uwuvuga Ubutumwa Bwiza, ahamagarira uwumva ashaka gukizwa kwakira Yesu nk’Umwami n’Umukiza, numva nanje nkwiye kubamwo. Ndaheza ndakiriza ukuboko bigoranye, nanje ndagira isengesho ryo kwakira Yesu mu buzima bwanje, ndakizwa.

Mpejeje gukizwa narumvise nduhutse cane k*ko nagendana ibibazo vy’ubuzima bwa kazoza ntafitiye inyishu. Abo twari kumwe muri fraternité barambaye hafi cane, ndiga n’inyigisho z’urufatiro rw’ubuzima rukristo. Inyigisho nazize bigoranye, nkagira akazi kenshi. Ndashima Imana ko yampaye akazi hagati mur’ivyo bihe.

Mur’izo nyigisho naratahuye ico ari co umubatizo, bitandukanye n’ubwa mbere nkiri muto aho nabirondera ngo nje imbere mu bakorezi, mboneke nanje. Naranatahuye kandi ko ivyo naciyemwo atari jewe jenyene vyashikiye, k*ko ubwa mbere nabona umengo ni jewe jenyene vyabayeko.

Ikindi nshima Imana ni ko ubwa mbere kuba ata co nari nimariye vyatuma ata n’ico marira umuryango. Ariko ubu Imana iranshoboza kugira ico nterera mu muryango, nkanafasha mu kuriha amahera y’inzu.

Nashaka gutera intege umuntu atarakizwa. Ndakubwira ko uriko urahomba cane. Utarakizwa satani arakubesha akakubwira ko ata kazoza ufise, ko uzorangiriza mw’ibarabara, ko icoba ciza ari ko wiyahura. Ariko maze gukizwa naciye menya ko mur’ivyo vyose dufise Imana idukunda, itwitayeho, itemera ko tubaho nabi. Ndongera nkatera intege umuntu yamaze gukizwa ndamubwira nti : « Ntuhagarike gusenga! Nivyo ibibazo birahaba ariko guma mu masengesho. Guma ku mavi! Imana izogutabara ».

Imana ibahezagire.

Igikorane twagishize kurubuga rwa Youtube gusa; murashobora gukurikirana igikorane hano👇🏽YESU abahezagire🙏🏽
26/07/2026

Igikorane twagishize kurubuga rwa Youtube gusa; murashobora gukurikirana igikorane hano👇🏽
YESU abahezagire🙏🏽

Sunday Service (26-07-2026) | Eglise du Bon Berger au Burundi

NTUKIGANYIRE---------------------Umuntu yiganyira ntashobora kuba umuhizi, ngo aheze yegukire iragi ryiwe. Niyo mpamvu Y...
22/07/2026

NTUKIGANYIRE
---------------------

Umuntu yiganyira ntashobora kuba umuhizi, ngo aheze yegukire iragi ryiwe. Niyo mpamvu Yesu yafashe akanya akabivugako.
Iyo umuntu akubwiy ngo ntukiganyire bisa nk'aho akubwiye ngo ntunihe kandi uriko urababara.
Ariko ko ari ijambo ry'Imana ribivuze tuvyakire k*ko rifise ubushobozi bwo kubidufasha.

📖 Matayo 6: 24- 30
[Nta wusaba abami babiri: k*ko yokwanka umwe, agakunda uwundi, canke yoguma kur' umwe, akagaya wa wundi. Ntimushobora gusaba Imana n'Itunga. Ni co gitumye ndababarira, nti Ntimukaganyire amagara yanyu ku vyo muzorya canke ku vyo muzonywa, cank' umubiri wanyu ku vyo muzokwambara. Mbeg' amagara ntaruta ivyo kurya, cank' umubiri nturuta ivyambarwa? Ni murabe ibiguruka vyo mu kirere, ntibibiba, ntibishwabura, kandi ntivyimburira mu bigega, ariko So wo mw ijuru arabitunga; mbega mwebge ntimubiruta cane? Ni nde muri mwebge yoshobozwa n'amaganya kwisumvya uko yareha nk'ukuboko kumwe? Ikibaganyisha impuzu n'iki? Ni murabe amashurwe yo ku misozi ingen' akura, ntiyirirwa aratama, ntajisha impuzu; ariko ndababgira yuko na Salomo mu bgiza bgiwe bgose atar' ashajije nka rimwe mur' ayo. Non' Imana ko yambika ivyatsi vyo ku misozi irtyo, birih' uyu musi, ariko nk'ejo bigatererwa mu ziko, mbega ntizorushiriza kubambika, mwebge ab' ukwizera guke mwe? Nuko ntimukiganyire, ngo Tuzorya iki? canke Tuzonywa iki? canke Tuzokwambara iki? Kukw ivyo vyose abanyamahanga ari vyo bitwaririka; ariko So wo mw ijuru arazi kw ivyo vyose mubikena. Ariko mubanze mwitwaririke ubgami bg'Imana n'ukugororoka kwayo, ni ho ivyo vyose muzovyongerwa. Ntimukiganyire ivy' ejo, k*k' umusi w'ejo uzoba wiganyira ivyawo; umusi ukwiranye n'amagorwa yawo.]

Aya majambo Yesu yavuze harimwo ibintu vya nkenerwa dukenera ku musi ku musi: impuzu,ivyokurya, ....
Vyumvikana ko vyoroshe ko umuntu yiganyira k*ko kamere k'umuntu gahengamira ku kwiganyira.

Kwiganyira n'ukwiyumvirako umwanya munini ibitarakunda, bisa nko kubwira Imana ngo ntunyitayeho, ntumbona.
Kwiganyira n'icaha kinyoha ubuzima bwawe bw'indani n'ubukritso bwawe.

★ Umuti uza gukiza ukwiganyira

📖Zaburi 103: 1-6

[Mutima wanje, himbaza Uhoraho:
Namwe ibimbamwo vyose, muhimbaze izina ryiwe ryera.
Mutima wanje, himbaza Uhoraho;
Ntiwibagire ivyiza yakugiriye vyose ....]
Umwanya dufata wo gutazira Imana hano mu ngoro s'umugenzo gusa ahubwo bituzana aho twibuka ubukuru bw'Imana hama ukwihebura no kwiganyira bigahera maze ukaba uwidegemvya.
Yesu aduhamagarira kutagira ubwoba k*ko atwitayeho.

Gutazira Imana,kwibuka amasezerano yawe bigukura mw'ibohero umwansi aba yagushizemwo.

Gutazira Imana ntibibe ivyo ukorera mu ngoro yayo gusa ahubwo bikubere ibanga, bikorere mu cumba cawe. Aho wari ubangamiwe no kwihebura, ibuka ukugiraneza kw'Imana yawe, kangahe yaguciriye inzira maze ubone kubohoka ukwo kwiganyira.
Satani aratinya ico kirwanisho.

Mu nkuru y'urugendo rwa Mukristo,igihe Mukristo yari mw'ibohero ryo kwiganyira yibutse ivy'amasezerano yagiriwe n'Imana bituma arivamwo.
Na Dawidi, yibutse ingene Imana yamurokoye mu minwe y'idubu n'intambwe bituma ahagarara arwanya Goliyati.

Uyu munsi gutazira Imana, kwibuka ibikorwa vyiza n'amasezerano yakugiriye ubitware nk'ibanga.
Kuko Imana itananiwe no kutujabukana inzuzi no gusenyura imisozi iri imbere yacu, ikeneye kubona ko tuyizeye, ko tuyiteze hama tubone agakiza kayo.

Iryo n' ijambo ry'Imana twasangijwe na Pasteur Mamie kur'uno w'Imana igenekerezo rya 19/07/2026.

Imana abahezagire

19/07/2026

Sunday Service (19-07-2026) | Eglise du Bon Berger au Burundi

Address

Bujumbura
POBOX1551

Opening Hours

Monday 09:00 - 12:30
15:30 - 20:00
Tuesday 09:00 - 12:30
15:30 - 20:00
Thursday 09:00 - 12:30
15:30 - 20:00
Friday 09:00 - 20:00
Sunday 07:00 - 13:30

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Eglise du Bon Berger au Burundi posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Place Of Worship

Send a message to Eglise du Bon Berger au Burundi:

Shortcuts

Share