18/05/2026
Ariko bene Data bakundwa n'Umwami wacu, biradukwiye kwama tubashimira Imana, k*k' uhereye mbere na mbere Imana yabatoranije ngo muronkere agakiza mu kwezwa na Mpwemu no mu kwizera ukuri. Ni vyo yabahamagariye, ibahamagarishije ubutumwa bgiza twajejwe, kugira ngo muhabge ubgiza bg'Umwami wacu Yesu Kristo. Nuko bene Data, mushikame, mugumye ivyo mwashikirijwe, mwigishijwe, ar' ivyo mwigishirijwe mu majambo canke mu cete cacu.
2 Ab'i Tesalonike 2:13-15