03/06/2026
Imana Data wa twese ihimbazwe mw'Izina ry'Umwami Yesu Kristo.
Umusi wa kabiri w'igikorane : "Exposition of realities revival conference"
Thème : Prophetic time line (Ikirangaminsi c'Imana)
Le 2 juin 2026 hamwe na Prophet Patrick NGOMIRAKIZA
Igihe turimwo kituganisha ku kugaruka kw'Umwami Yesu aho azoza gutora ishengero ryiwe hama rikaduzwa kumusanganira mu bicu, bizoba nk'akanya ko gukubita urugohe.
Yamara rero iki gihe tumurindiriye Ijambo ry'Imana ryerekana ko hariho abazoba basinziriye, ariko natwe abizera riduhamagarira kwirinda ibiboreza, n'ibindi vyotuma dusinzira.
Ibiboreza si inzoga gusa ni vyinshi.
Akarorero k'iki gihe ni téléphone, internet aho bigoye ko umuntu yomara umusi atagiye kuri téléphone ariko ugasanga kumara umwanya muto asenga canke ari mw'ijambo ry'Imana biramugora.
Praise be to God our Father in the Name of the Lord Jesus Christ.
Day 2 of the Conference: "Exposition of Realities Revival Conference"
Theme: Prophetic Timeline (God’s timeline)
June 2, 2026, with Prophet Patrick NGOMIRAKIZA
The time we are living in is leading us toward the return of the Lord Jesus Christ, when He will come to take his Church and it will be caught up to meet Him in the clouds. This will happen in the twinkling of an eye.
However, while we wait for Him, the Word of God shows that some people will be spiritually asleep. As believers, we are therefore called to stay alert and avoid anything that can make us drowsy or spiritually asleep. Such things are not limited to alcohol; there are many others.
A clear example in our time is the use of phones and the internet. Many people find it difficult to spend a day without checking their phones, yet they struggle to spend even a short time praying or studying the Word of God.