27/05/2026
CONFERENCE DES CELLULES LE 23/5/2026
Par BISHOP NDIKUMANA EMILE
INTANGAMARARA
Kwagura umurimo w Imana birashoboka ishengero ririko rirakura rigaragazwa
-Nabantu babatizwa
-na Mariage ziba kubwinshi
Ntuze wirate ko wakiriye benshi bavuye ahandi burya ikintu ciza kiboneka nuko habaho abakijijwe
Ni baguha ubagaragwa uze ugerageze uzosubize Edeni
Ni kumenya gutandukanya icumba c amasengesho hamwe nama cellules
Cellule ikoranira mu kibano kandi ijamwo abantu bose nabadakijijwe ariko icumba gikoranira kwishengero kandi kijamwo abakristo gusa bavyumvikanye
Muri kahise gushika mu mwaka wa 310 hakora ama cellules ,amashengero yatanguranye n' umwami Constantin muri 315 igihe abatijwe
AK**ARO K**A CELLULES
1)Zirakuza ishengero kuko abatatumiwe mwishengero biroroha kubatumira muri cellules
2)Abakijijwe biroroha kubaba hagufi bigatuma barama
Abakuru bama cellule bameze nk abakirizi umuntu agikizwa akeneye gukurikiranwa ,ameze nk uruyoya
3)N akaryo keza ko kugemura ivy Imana mu kibano
4)Biroroshe gutumira umuntu muri cellule kuruta mwishengero
ICO AMA CELLULES AFASHA UMWUNGERE
1)Kubera abanyeshengero baba bari mu bikogwa biragabanya induru kuko baba bari mu bikogwa
2)Birafasha mu kumenya abariko barakura kuvyo kurongora dufatiye ku mwimbu
3)Aramenya abakristo afise haba kubamenya mu gitigiri cankr amashusho
4)Biramworohera kugenzura imico n imigenzo vyabari mwishengero biciye muma cellules
5)Biragabanura ibikogwa
NB : ISHENGERO RITAGIRA AMA CELLULES RIMEZE NK IGIHUGU KITAGIRA INZEGO ZO HASI
ISHENGERO SI INYUBAKO TUBONA ARIKO NI RIRYA TUBONA MU KIBANO
ICO CELLULE IFASHA UMUKRISTO
1) Aronka abarongozi bamwegereye ,aratunganirizwa vuba
2)Araronka aho akurizwa ingabire yiwe
3)Abarongozi bama c
Cellules barahakurira
UKO BIKOGWA
1)Abakuru bama cellules barumviriza amatangazo yo kuwa mungu ,kugira bazoyibutse abo barongoye bongere bayashire mu ngiro
2)Abakuru bama cellule bomenya ko batarongoye abaza ariko bararongoye n abataza bari murako gace
3)Cellule ishobora kugendagenda ariko ntibibe kenshi .vyokogwa nka rimwe mu kwezi
4)abungere bakwiye kugira cellules bajijwe (10cellules /pasteur)
5)abakuru bama cellules bakwiye kugendera abakristo bakabamenya
UKUTAZA KWABA KRISTO MURI CELLULE NI INGARUKA YO KUTABAGENDERA IYO BABA NIYO BAKORERA
6)Cellule ija ku muntu yemewe mu kibano afise intahe
7)Uwukeneye ikintu atangarizwa akwiye kubicisha kuwumurongoye muri cellule, no kwinjira mu bisata bikwiye guca muri cellules nabagira mariage bakwiye gutangwa numurongozi wa cellule
8)Comite ya cellule ikwiye kugira inama rimwe mu ndwi, rimwe mu kwezi bakwiye gukora ivugabutumwa mu kibano ,rimwe mu mwaka hakwiye kuba igikorane cama cellules ,
9)Muri cellule haratozwa amafaranga ashobora gufasha muri sociale,
10)kirazira gucafuza inzu yabakiriye
IVYO TWIYEMEJE MU GITABO C INZIRA
1)Cellule ikorana hagati mu ndwi bishobotse kenshi kugira abungere bashobore kugendera nyinshi zishoboka zibera mu kibano kandi ntirirenza 1h30
2)Urutonde gw ibikogwa rutegerezwa kwubahirizwa bagatangura kare bagaheza kare kugira umuryango witunganye .
3)Abarongozi ba cellule bashobora kuba 3 canke 5
4) Iyo hageze umusi wo gukorana abarongozi bakwiye gushika imbere y umwanya mwahanye kugira mukore inama canke musengere ikoraniro (20min)
5)Kirazira kazana bishasha muri cellule uwurongoye igisata canke umwungere atabizi
6)Kirazira guha umush*tsi ngo avuge ijambo ry Imana atarungitswe n umwungere canke umurongozi w igisata
7)Cellule ntirenza abantu 15
8)Cellule imara umwaka itaravyara iba yarabaye ingumba ,inyuma yamezi 9 cellule ikwiye kuvyara iyindi
9)Cellule Yose itanguzwa n umwungere , kandi umwungere arategura uko zokurikiranywa kugira abone ico guhindura
10)Kuba muri cellule ni itegeko ryeranda k umukristo wese ari mwishengero , ukutabayo ata mpavu yumvikana iyari ni ubugarariji .
Umukristo wese ico akora mwishengero cose ategerezwa kugira ishengero abarizwamwo
Mu kurangiza ivyigwa habaye kuja mu migwi hakorwa ikibazo , hanyuma abatumiwe bose barabajije ibibazo kandi vyose vyarishuwe neza