Muganga Mwiza ni Kristo

Muganga Mwiza ni Kristo Contact information, map and directions, contact form, opening hours, services, ratings, photos, videos and announcements from Muganga Mwiza ni Kristo, Christian church, Bujumbura.

05/07/2024

Inkuru mfise nuko amasoko twizeye yose ashobora gukama
Ubwiza
Ubutunzi
Amahera
Umufasha
Ubwenge
Icubahiro
Igitinyiro
Umuryango
Nibindi vyose

Ariko Yesu azoguma ari amazi Amara inyota
Hari uwagejeje kunywa kuri iyo migezi yose ariko yaruhiye kwihebura kuko imigezi yakamye inyota idaheze
Ivyotuma dutera umugongo agakiza birarwiriye kandi bamwe barabironse nkinyugu ariko nababironse ari vyishi inambu ntiyaheze baranabirirana babitunze

Yesu niwe Soko yUmugisha

Vyose nubusa gusa nuguhahamira umuyaga

05/06/2024

AMAHEREZO Y'INTUMWA ZA YESU KRISTO,INGENE BAPFUYE:

1. :Yari uw'I betisida I Galilaya) yabambwe ku musaraba acuritswe, agwa I Roma mu butaliyano mu kwezi kwa 6 mu mwaka wa 67, azira Yesu!

2. : Yiciwe I Constantinople nawe
bamubamvye ku giti. Yahambwe n'uwitwa
Maximilien.

3. :Yishwe na Herode I Agripa amuciye umutwe.
Hari mu mwaka wa 42

4. :yabambwe ku giti ahitwa I Thierapolis.
ahambwayo.

5. : bamushishuye urushato ari muzima aho bari bamusanze avuga ubutumwa bwiza.
Bamaze kumukurako urushato amara iminsi itatu abona gupfa.

6. : Niwe bita Lewi; uyu we yasogoswe nk'impene yicishwa ivyuma.

7. : yatewe amacumu ku murango izuba riva, avuye kuvuga ubutumwa mu Buhinde
(Na n'ubu mu Buhinde umusozi bamwiciyeko
barawumwitiriye : St-Thomas)

8. : baramurashe bamutsinda ahitwa I Fenisia avuye kuvuga ubutumwa I Buyuda n' I Mesopotamia.

9. : Bamuhanuye ku gasongero
ku rusengero yikubita hasi atanguye gusamba
bamuhurizako amahiri arapfa . Ivyo vyabereye I Yerusalemu.

10. :yiciwe muri Africa bamukereje
Urukero mu mwaka wa 96

11. (yasimbuye Yuda): bamuteye amabuye amaze kunogoka bamuca igihanga.

12. (umuhishuzi): Bamucaniriye mu ngunguru y' amavuta aho gusha avamwo yabaye umusore kandi bamutetse ari umutama. Babonye adapfuye, baja kumuta mu kizinga ca Patimosi...
UHORAHO n'ico gihe amurindirayo akaja aragaburirwa n'ibikona. Niho yandikiye IVYAHISHURIWE YOHANA yibereye muri uwo mwiherero kugeza igihe yagarukanywe muri Efeso aho yandikiye
inzandiko 3 za Yohana. Ni we wenyene yapfuye
ashaje azize urw'akarago (Umwami Domitien niwe yari yarategetse ko bamuteka mu mavuta)

HARI N'ABANDI BENSHI:

👉Muri bo twovuga nk'uwitwa , biciye
abana 11 bose araba ariko bamusaba kwihakana Yesu arabahakanira. Ubwa nyuma bazanye
akayoya kiwe kariko kararira ngo akagirire impuhwe bamuhe uburenganzira bwo kwonsa, yanka
kugambanira Umwami wiwe. Wa mwana baramutetse baz

30/05/2024

Iki kintu nico ndacemeza

07/05/2024

Aho tuzokwumva inzamba zUmwami Wacu Yesu bugaca uwo musi urangiza kwira niho abakijijwe bo mwisi bazokoranira hirya mwijuru bajabutse Uruzi Uwo musi wimpereraa hazobumburwa Igitabo canditswemwo abakijijwe mumazina yabo iryanje ririmwo

05/05/2024

Isengesho ni Rikuru
Ntugasigeho gusenga naho wosenyukirwako namarushwa bo nivyago

09/04/2024

Mpwemu Yera wukuri

02/04/2024

Mutama muri Missioni Gashikanwa aravuze ikintu gikomeye Ibi rero birahambaye mpera iyi message ntuzeya nawe abimenye

Hama ka SUIVRE canke FOLLOW NA J'AIME canke LIKE kuri Page ako gakorwa ni Gato mugabbo. komfasha

01/04/2024

Urizwa niki YESU Yarazutse. REV. PAST NDIKUNKIKO ELIE ( Pasika i NGOZI KANYAMI)

Address

Bujumbura

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Muganga Mwiza ni Kristo posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Share