20/08/2026
Jeudi
🗓️le 20/08/2026
IJAMBO RY'UMUSI 📖: KWUBAHA IMANA
📖 Imigani 1:7 *Kwubaha Uhoraho ni ryo tanguriro ry'ubwenge*; ibijuju bisuzugura ubwenge n'inyigisho.
Kwubaha Imana ni yo ntango y'ubuzima bwiza bw'umukristo. Si ugutinya Imana nk'uko umuntu atinya igihano, ahubwo ni ukuyiha icubahiro, kuyikunda, kuyumvira no kugendera mu bugombe bwayo. Umuntu yubaha Imana yirinda icaha, akunda ukuri, kandi ashira Imana imbere y'ibindi vyose.
Kwubaha Imana kuzana ubwenge, amahoro, uburinzi n'umugisha. Iyo twubashe Imana, na Yo iratwubaha ikongera ikakwubahisha kandi ikaturongora mu nzira zigororotse zayo. N'aho twoca mu bigeragezo, ukwubaha Imana kutugumiza hafi yayo kandi kukadufasha kunesha.
Uyu musi, niwiyemeze kubaho ubuzima bwerekana ko wubaha Uhoraho, haba mu majambo, mu bikorwa no mu ngingo ufata. Imana ihimbarwa n'abayubaha kandi ibategurira ivyiza.
Abantu benshi babayeho ubuzima bw’ivyaha kubera atagitinyiro c’Imana kigihari
Ndasenga ngo (la crainte de l’Eternel)igitinyiro c'Uhoraho ngo kigaruke mu bana bayo mwizina rya Yesu
Ncutiiii mukundwa w'Imana menya neza kino kintu *Kwubaha Imana ni yo nzira ijana ku bwenge, ku mugisha no kubaho ubuzima bugororotse buhimbara Imana*
MUGIRE UMUSI UDASANZWE W’UMUGISHA MW'IZINA RYA YESU KRISTO
*-GENERATION-MINISTRY*
are unstopable🙅🏽♂️
are unfailing💪🏽
get to the promises✨🥳