18/04/2025
URUFATIRO: "AGACIRO KO GUPFA NO KUZUKA KWA YESU KRISTO"
📖 YOHANI 13:3-5
---
📍INSIGURO 3 ZO KWOZA IBIRENGE VY’INTUMWA:
1. Ukwezwa kwuzuye
Yesu arerekana ko atwezwa rwose, atari ibiri inyuma gusa ariko no ku mutima no mu buzima bwacu bwose.
Gupfa kwiwe ni isuku y’ukuri ituma umutima w’umunyavyaha ube mushasha, ube uwera imbere y’Imana.
2. Ukwezwa kw’ubuzima bwa minsi yose
Kwoza ibirenge vy’abigishwa vyerekana ko naho umuntu amaze kwakira agakiza, akeneye kuguma akwezwa uko agenda mu buzima bwa buri musi.
Twese tugenda twandura mu nzira, bityo tugomba kuguma dusaba imbabazi, twihana, kandi dukura mu bugingo.
3. Kwicisha bugufi
Umwami w’ijuru n’isi yicishije bugufi akora igikorwa c’umushumba.
Ivyo bitwigisha ko natwe tugomba kwicisha bugufi, gukorera abandi tudashaka ivyubahiro, tukaba nk’abagaragu b’abandi.
---
IJAMBO RISOZERA:
Gupfa kwa Yesu ni ryo shingiro ry’agakiza kacu. Izuka ryiwe naryo ni intsinzi y’ubuzima bushasha twaronse. Ivyo bibiri – urupfu n’izuka – vyerekana urukundo rudahemuka rw’Imana. Binatwibutsa ko tugomba kubaho mu buzima bwo kwezwa, gukundana no kwicisha bugufi.
VERSION FRANCAISE
THÈME : "LA VALEUR DE LA MORT ET DE LA RÉSURRECTION DE JÉSUS-CHRIST"
📖 Jean 13:3-5
---
📍3 SIGNIFICATIONS DU LAVAGE DES PIEDS DES DISCIPLES :
1. La purification totale
Jésus montre qu’il nous purifie entièrement, pas seulement extérieurement mais aussi intérieurement, dans notre cœur et dans notre vie spirituelle.
Sa mort est la source de cette purification profonde et parfaite.
2. La purification continue de la marche chrétienne
Laver les pieds signifie que même après avoir été sauvés, nous avons besoin d’un nettoyage régulier, car nous marchons chaque jour dans un monde souillé.
Cela représente la sanctification progressive, l’entretien quotidien de notre relation avec Dieu.
3. L’humilité suprême
Le Roi des rois s’est abaissé pour accomplir une tâche réservée aux serviteurs.
Par ce geste, il nous enseigne à servir les autres avec humilité, sans rechercher la gloire personnelle.
---
Message final :
La mort de Jésus est le fondement de notre salut, et sa résurrection est la victoire qui nous donne une vie nouvelle. Ces deux réalités sont essentielles et inséparables dans notre foi. À travers elles, Jésus nous appelle à une vie purifiée, consacrée et marquée par l’humilité.