01/07/2026
Shalom.
Intahe mu ncamake ya Nyakwigendera Diacre BARANYEDETSE Barnabé.
Yarangije ku myaka 50. Yarabaye umwigisha muri Ndava-Ryansoro na Lycée communal y'i Kiremba. 2001_2005 yize Université y'Uburundi.
Yarigishije no kuri Lycée du Saint Esprit na Ecole française. Akora no mw'ishirahamwe ry'abanyamerika riri mu gihugu. Asengerwa no mu bu diyakoni, akaba yari umwe mu barongozi bo muri Chorale Nyakarambo na Korer'Imana. Yasize umufasha n'abana 8.
Hatanguye isengesho rya Pasteur Enock Mbegwa. Ashima Imana yo yaremye umuntu, ata wayiherekeje. Turashima imirimo y'Imana ikora, kuko tuyigaye, tuba tugaye Imana. Ashima Imana ko umugeni yatashe, ubu ari mu gikiriza ca Aburahamu ariho heza gusumba ahandi hose ho mur'iyi si kandi ko Imana yoremesha abandi.
Haririmbge n'indirimbo 186: "Izina ry'Umwami wacu Yesu...."
Chorale Nyakarambo yaririmvye ko har'ibanga ry'abamenye Imana, bariko baja mw'Ijuru, bafise amasezerano y'Ubgami, y'ubugingo budashira. Ko Nyakwigendera yaranzwe n'ivyiza vyinshi, Imana yibutse ibikorwa yakoze.
Chorale Korer'Imana yaririmvye ko ni twamara gushikayo, tuzokwama tunezerewe, ntituzongera kwibuka imibabaro twagize. Umunsi wo kuza kwa Yesu Kristo uregereje cane. Uguhinda kwawo kurumvikana, inzamba igir'ivuge. Agakiza kacu karatwegereje kurusha igihe twizereye.
Umwungere wa 2 w'i Kiremba yavuze ijambo ry'Imana. Nta kintu c'icaduka, ca giturumbuka mw'isi kuko irazi ivy'umuntu kuva kera.
Yasomye 1 Ab'i Tesalonike 4:13-18. Abantu b'i Tesalonike bari bafise Agakiza keza n'intahe nziza. Bakabona uyu munsi naka aragiye, ejo uwundi. Iyo ibihe nk'ivyo bije bizazanira benshi.
Ariko Paulo arabaremesha ko ibiriko birababako, atar'icaduka ar'urugendo kand'aho bagiye, ari heza, bajanye icubahiro, ar'intwari kuko bagumye kuri yo.
Inzira Barnabé aciyemwo n'iyo Yesu ubgiwe yaciyemwo. Tumenye ko inzira abacu baciyemwo ariyo Yesu yaciyemwo.
Imana yaremeye ko Stefano ategwa amabuye, arajabuka amahoro. Iyi nzira, abakozi b'Imana benshi barayiciyemwo, bamwe baka