Exodus Church Burundi

Exodus Church Burundi This is Exodus Church which is a branch of Love and Repentance Revival Ministries.

BA UMUNTU W'IKIMAZIUmwigisha: Pasteur Fiston Uwimana 📖 Filemoni 1:15-201. Umuntu w’Ikimazi aruhura umutimaIyo umuntu w’I...
23/08/2026

BA UMUNTU W'IKIMAZI

Umwigisha: Pasteur Fiston Uwimana

đź“– Filemoni 1:15-20

1. Umuntu w’Ikimazi aruhura umutima

Iyo umuntu w’Ikimazi aje mu buzima bwawe, aruhura umutima wawe kandi akakubera ubufasha mu bihe bigoye.

2. Umuntu w’Ikimazi arakenewe mu gihe co kurindira

Mu rugendo rwo kubona iranguka ry’amasezerano y’Imana, no mu gihe co kurindira harakenewe umuntu w’Ikimazi.

Esiteri 4:14

3. Umuntu w’Ikimazi aragushigikira mu rugendo

Muri ubu buzima turakeneye umuntu w’Ikimazi:

Agufata ukuboko.

Agushigikira.

Ahagararana nawe.

Akugumana mu rugendo, n’igihe ibintu bigoye.

4. Umuntu w’Ikimazi arakuvugira aho utari

Umuntu w’Ikimazi mu buzima bwawe ni wawundi, n’igihe abantu igihumbi baba bakwanse canke bakuvuga nabi, ahaguruka akakuvugira aho utari.

5. Umuntu w’Ikimazi atuma ubuzima bw’abandi buruhuka

Mu myaka umaze kubaho, nimba ata bantu barigera baruhuka kubera wewe canke ngo bamererwe neza kubera wewe, ni ngombwa kwibaza ico umaze kuri iyi si.

Ubuzima bw’umuntu w’Ikimazi bugira ico bumariye abandi.

6. Umuntu w’Ikimazi aba Imbone y’Imana

Iyo umuntu acitse uw’Ikimazi kandi agakora ivy’Ikimazi, ntakorwako; aba Imbone y’Imana.

7. Umuntu w’Ikimazi akora ata kwibutswa

Umuntu w’Ikimazi no mu bikorwa vyiwe aribwiriza. Ntibakenera kumwibutsa kugira ngo akore iciza.

1 Samweli 17:45

NTUGAFATE MINENERWE ICO IMANA YAVUGANYE NAWE Umwigisha: Pasteur Fiston UwimanaUmurongo nshimikiro : Luka 22:25-28Nivyash...
22/08/2026

NTUGAFATE MINENERWE ICO IMANA YAVUGANYE NAWE

Umwigisha: Pasteur Fiston Uwimana
Umurongo nshimikiro : Luka 22:25-28

Nivyashika ugahura n'umuntu yavuganye n'Imana ukamutsitarako uzoba wihenze kubera naho yoba ariko aca mu bihe bibi ariko aba afise ico yabitse ko umunsi umwe Imana izomutabara.

Gumya ico Imana yavuganye nawe ugara amatwi kurivyo vyose wumva biza biguca intege hama ukomeze urugendo kuko urugendo gwawe ntiruhera murivyo bibazo ubona
Reka kwishirira akaburungu kubuzima bwawe bivanye n'ibihe kuko uba ufise ico Imana yavuganye nawe.

Igihe cose udahaye agaciro ico wavuganye n'Imana ubaho ubuzima bwo kw'izungurukako utava aho uri ata terambere.

Iyo utarashika aho ushaka canke kuco ushaka baho ubuzima bw'ibanga.

Une semaine spéciale nous attend à Exodus Church !Rejoignez-nous pour des moments puissants de louange, d’adoration, de ...
18/08/2026

Une semaine spéciale nous attend à Exodus Church !

Rejoignez-nous pour des moments puissants de louange, d’adoration, de prière et de la Parole de Dieu.

VENDREDI 21 AOÛT — 17H00
Louange & Adoration

DIMANCHE 23 AOÛT — 9H00
Culte du dimanche

📍 Adresse : Carama 1 – Kumashengero Abiri, Av. M. Forest
📞 Infos : +257 61 313 438 / +257 79 313 438

Venez avec une attente dans le cœur. Venez pour rencontrer Dieu et vivre un moment qui peut transformer votre vie.

EXODUS CHURCH
Nous sommes prophétiques et apostoliques — La génération inarretable.


LES PRINCIPES DE LA SEMENCEComprendre les lois spirituelles qui encadrent la récolte de nos efforts financiers dans le R...
18/08/2026

LES PRINCIPES DE LA SEMENCE

Comprendre les lois spirituelles qui encadrent la récolte de nos efforts financiers dans le Royaume de Dieu.

Avec Prophet Ibrahim Havyarimana

Dans le Royaume de Dieu, donner n’est pas simplement une question d’argent. La semence obéit à des principes.

1. Semer dans sainteté
Dieu regarde celui qui donne, son cœur et la manière dont il donne.
📖 Ésaïe 1:13 ; Proverbes 21:27 ; Matthieu 5:23–24

2. Semer sous la direction de Dieu
Une véritable semence doit venir du cœur et être conduite par Dieu.
📖 Exode 25:1–2 ; Exode 35:4–5

3. Semer ce qui a de la valeur
Notre offrande révèle aussi la valeur que nous accordons à Dieu.
📖 Lévitique 22:22–24 ; Malachie 1:8–14

4. Semer et respecter ses engagements
Lorsque nous nous engageons devant Dieu, nous devons nous efforcer de respecter notre parole.

5. Semer sans rechercher la reconnaissance
Le don ne doit pas devenir un moyen de montrer notre richesse ou notre spiritualité.
📖 Matthieu 6:1–4

6. Semer sans chercher Ă  contrĂ´ler
Donner, c’est servir Dieu, et non acheter du pouvoir sur les hommes.

7. Semer avec persévérance
La semence demande de la constance.
đź“– Galates 6:9

8. Semer dans l’obéissance au Saint-Esprit
Il existe des moments où Dieu nous conduit à donner quelque chose de précis.
📖 Genèse 22:1–12

9. Savoir quand consulter et quand obéir
La sagesse consiste Ă  discerner quand demander conseil et quand suivre la direction de Dieu.

10. Semer commence dans sa propre maison
Notre générosité doit aussi toucher notre famille, nos proches et ceux qui sont dans le besoin autour de nous.
📖 Deutéronome 15:11 ; Galates 6:10

Ă€ retenir

La récolte ne dépend pas seulement de ce que nous donnons, mais aussi de la manière dont nous semons : avec quel cœur, quelles motivations, quelle foi et quelle obéissance.

«Celui qui comprend les principes de la semence apprend à donner selon les lois du Royaume de Dieu.»

AMATEGEKO YO KUBIBAProphet  Ibrahim Havyarimana 🎋Umurongo Nyamukuru2 Timoteyo 2:5" Kand' iy' umuntu arushanywa, ntahabga...
18/08/2026

AMATEGEKO YO KUBIBA

Prophet Ibrahim Havyarimana

🎋Umurongo Nyamukuru

2 Timoteyo 2:5

" Kand' iy' umuntu arushanywa, ntahabga igitsibo, sh*ti arushanijwe nk'uko vyagezwe.
2 Timoteyo 2:5"

AMATEGEKO YO KUBIBA — GUTANGA

1. Kubiba wejejwe canke wemewe n’Imana

Gutanga kwacu gukwiye kuba gutangwa mu buryo buhuye n’ivyo Imana ishaka, atari ugutanga gusa kubera ko hari ico dushaka kuronka.

Imirongo:

- Yesaya 1:13
- Imigani 21:27
- Matayo 5:23–24

Icigwa:
Imana iraba uwutanga hamwe n’ukuntu atanga. Umutima n’ubuzima bw’uwutanga bifise uruhara mu gaciro k’ivyatanze

2. Kubiba urongowe

Imirongo:

- Kuvayo 25:1–2
- Kuvayo 35:4–5

Gutanga nyakuri gukwiye kuva ku mutima kandi kukaba kurongowe n’Imana.

3. Kubiba ivy’agaciro

Imirongo:

- Abalewi 22:22–24
- Malaki 1:8–14

N.B.:

- Mariko 14:3
- Mariko 16:1

Imana ntidusaba gusa gutanga; iratwigisha gutanga ivy’agaciro.

4. Kubiba no gush*tsa

Hari abantu biyemeza gutanga mw’ishengero ariko ntibash*tse ku vyo biyemeje.

Ico kwitondera:

- Igihe wiyemeje ikintu imbere y’Imana, ukwiye kwihatira kugish*tsa.
- Kutash*tsa ivyo wasezeranye bishobora kukuzanira ingaruka mbi mu vy’impwemu.

Ariko: Imana ntiyigera igusaba ico udafise canke ico udashoboye.

5. Kubiba si amategeko

Matayo 6:1–4

Gutanga ntikwiye guhinduka igikorwa co kwerekana ubutunzi canke ukugororoka kwacu imbere y’abantu.

Ic’ingenzi ni umutima utanga, atari ugushaka amashimwe y’abantu.

6. Kubiba si ukugenzura

Itanguriro 23:6–8

Gutanga ntikwiye kuba uburyo bwo kugenzura canke gutegeka abandi.

Gutanga ni ugukorera Imana, atari ukugura ububasha ku bantu.

7. Kubiba ni kwamizako

Imirongo:

- Abagalatiya 6:9
- 2 Abatesalonika 3:13
- 2 Ab’i Korinto 9:2

Gutanga si igikorwa c’igihe kimwe. Ni uburyo bw’ubuzima busaba gushikama no kwamizako.

«Ntitugwe intege mu gukora ivyiza, kuko igihe nicagera tuzokwimbura nitutagwa intege.»

8. Kubiba ni kwumvira Mpwemu Yera

Itanguriro 22:1–12

Aburahamu yumviye Imana mbere y’uko amenya ico vyose vyari bigamije.

Icigwa:
Hari igihe Imana ishobora kukuyobora gutanga ikintu runaka. Kwumvira bisaba kwizera no kwizigira Imana.

9. Kubiba ntibisaba guhora ubaza abantu

Itanguriro 22:1–3

Hari igihe bisabwa ko imbere yo gutanga ubanza kugisha inama uwo musangiye ubuzima canke abo bireba.

Ariko si iminsi yose ko utegerezwa kubanza kubaza abantu bose.

Icokumenya: kumenya igihe co kugisha inama n’igihe co kwumvira Imana.

10. Kubiba uhera mu nzu

Imirongo:

- Gusubira mu Vyagezwe 15:11
- Abagalatiya 6:10

Gutanga gukwiye gutangurira ku bantu n’ahantu Imana yashize hafi yawe.

Icigwa:
Ntitwibagire abo mu muryango, abari hafi yacu, n’abafise ivyo bakeneye, mu gihe turiko turafasha abandi.

YOU ARE INVITED / VOUS ÊTES INVITÉ(E)SUNDAY SERVICE / CULTE DU DIMANCHEJoin us for a powerful time in God’s presence as ...
15/08/2026

YOU ARE INVITED / VOUS ÊTES INVITÉ(E)

SUNDAY SERVICE / CULTE DU DIMANCHE

Join us for a powerful time in God’s presence as we gather for worship, prayer, and the Word.

Venez partager avec nous un moment puissant dans la présence de Dieu, dans l’adoration, la prière et la Parole.

16TH AUGUST 2026 / 16 AOÛT 2026
9:00 AM / 9H00

LOCATION / LIEU
Carama 1 — Ku Mashengero Abiri

SPEAKER / ORATEUR
Prophet / Prophète Ibrahim Havyarimana

Come and experience what God has prepared for you.
Venez expérimenter ce que Dieu a préparé pour vous.

INFO / CONTACT
+257 61 313 438
+257 79 589 516

KWIZA IBIROKu wa Gatanu, 14/08/2026OrateurProphète Ibrahim HavyarimanaVersets Nyamukuru- Daniel 5:27- 2 Ab’i Korinto 13:...
14/08/2026

KWIZA IBIRO
Ku wa Gatanu, 14/08/2026

Orateur

Prophète Ibrahim Havyarimana

Versets Nyamukuru

- Daniel 5:27
- 2 Ab’i Korinto 13:5
- Abanyefeso 6:10–11
- Abacamanza 7:1–7
- Daniel 3:17

---

1. Kwisuzuma no kwipima mu gakiza

2 Ab’i Korinto 13:5

««Mwibaze ubwanyu, mumenye ko muri mu kwizera; mwigerageze ubwanyu.»»

- Uyu murongo utwigisha ko ari twebwe ubwacu dukwiye kwisuzuma no kwipima mu gakiza kacu.
- Urashobora kuba udasiba mu rusengero, ukitaba amakoraniro yose, ariko ugasanga ku munzane w’ijuru utakwije ibiro.
- Imana ntipima gusa ibikorwa vyo hanze; iraba umutima, ukwizera, ukwumvira n’ubuzima bwo mu mpwemu.

2. Kwambika ibirwanisho vyose vy’umukristo

Abanyefeso 6:10–11

- Hariho ibirwanisho vy’umukristo Imana yaduhaye.
- Iyo hari kimwe canke bibiri udafise, bisobanura ko ushobora kuba udakwije ibiro imbere y’Imana.
- Iyo bashaka gupima ko ukwije ibiro, bashobora gushira imbere yawe ibihe bigoye kugira barabe ukwihangana kwawe n’ingene uvyitwaramwo.
- Ibigeragezo bishobora guhishura urugero rwo gukura kwawe mu mpwemu.
- Kugira ngo ukwize ibiro mw’isi y’impwemu, bisaba ko ukura mu gakiza no mu kwizera.

3. Kuguma ku Mana mu bihe bigoye

Abacamanza 7:1–7

- Iyo ukwije ibiro, naho ibihe vyoba bibi, uguma ku Mana.
- Ntuyivako kandi uguma uyizera.
- Naho Imana yoteba kwishura, ntuyivako.
- Kandi naho yokwishura ugaca winjira mu bihe vyiza, urabandanya kugumana na yo.
- Ukwizera nyakuri ntigupimwa gusa igihe ibintu bigenda neza; gupimwa cane cane igihe ibintu bigoye.

4. Imana irazi igihe umuntu akwiye guhabwa

Daniel 3:17

««N’Imana yacu dusenga irashoboye kudukiza...»»

- Hari igihe Imana igutevya mu kwishura kubera ibona ko utarakwiza ibiro.
- Imana irazi ko hamwe yoca iguha ico usaba, ushobora kuyita ukayivako.
- Rimwe na rimwe, uguteba kw’inyishu si uko Imana itakwumvise, ahubwo ni ukwitegurira kwakira ico igiye kuguha.
- Imana irashaka ko ubanza gukura mu kwizera kugira ngo umugisha ntube igituma uyivako.

---

ICIVUGO NYAMUKURU

Imana ntishaka gusa kuduha ibintu; ishaka kubanza kutwubaka kugira ngo dushobore kubibungabunga tutayivuyeko.

Kwiza ibiro bisaba:

1. Kwisuzuma mu kwizera.
2. Kwambara ibirwanisho vyose vy’umukristo.
3. Kwihangana mu bigeragezo.
4. Kuguma ku Mana mu bihe vyiza no mu bihe bibi.
5. Gukura mu gakiza no mu kwizera.

Ikibazo co kwibaza

Iyo Imana ipimye ukwizera kwanje uyu musi, nosanga nkwije ibiro?

Prophet Ibrahim Havyarimana

Ibanga canke ibisabwa kugira umuntu atungeVerset nyamukuru: Kuvayo 23:19Orateur: Prophète Ibrahim HavyarimanaIcigwa ciba...
09/08/2026

Ibanga canke ibisabwa kugira umuntu atunge

Verset nyamukuru: Kuvayo 23:19
Orateur: Prophète Ibrahim Havyarimana

Icigwa cibanda ku kubiba nk’ihame ryo gutunga, inyuma yo kwiga ibisabwa bitatu:

1. Kugororoka gushingiye ku kwizera Umwami Yesu.

2. Gukora.

3. Kubiba.

Ubwoko bwo kubiba

Umushuzo: Gutanga ku Mana ivyambere umuntu aronse canke ivyambere vyimbutse.

Ikigira cumi: Gutanga 10% vy’ivyo umuntu aronse, nk’uko Bibiliya ibivuga.

Ishikanwa: Gutanga ku Mana mu buryo butandukanye—ishimwe, impongano, canke gushigikira igikorwa c’Imana.

Ikimazi: Gutanga ikintu gifise agaciro umuntu yiyimye, abikoze mu kwizera.

Gukenguruka: Gushima Imana ku vyo yakoze no ku vyo umuntu afise.

Uburyo bwo kubiba

Umuntu ashobora kandi gushigikira ishengero n’igikorwa c’Imana, haba mu mutungo, mu bikorwa, canke mu bundi buryo bwo gufasha.

Icigwa nyamukuru:

> Gutunga ntibishingiye ku gukora gusa; kugororoka, gukora no kubiba ni ingingo z’ingenzi zashizwe imbere muri iki cigwa. Kubiba na kwo gufata uburyo bwinshi, kandi bikwiye kujana n’ukwizera no gukenguruka Imana.

Address

Carama
Bujumbura

Opening Hours

Wednesday 09:00 - 16:00
Friday 16:00 - 20:00
Sunday 09:00 - 15:00

Telephone

+25779589516

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Exodus Church Burundi posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Shortcuts

Share

Category