Paroisse Rohero EMUBU

Paroisse Rohero EMUBU Contact information, map and directions, contact form, opening hours, services, ratings, photos, videos and announcements from Paroisse Rohero EMUBU, Religious organisation, Bujumbura.

đź“–  fans Paroisse Rohero EMUBU
17/08/2026

đź“–
fans
Paroisse Rohero EMUBU

UGUKURIRA MU BUNTU BW’IMANAAyo niyo majambo yishimikijwe n'Umukozi w'Imana MASABARAKIZA Mika Bethel aho yasangiza ijambo...
17/08/2026

UGUKURIRA MU BUNTU BW’IMANA

Ayo niyo majambo yishimikijwe n'Umukozi w'Imana MASABARAKIZA Mika Bethel aho yasangiza ijambo ry'Imana abari mw'ikoraniro rigira kabiri ryo kuri uyu wa 16 myandagaro 2026 muri Paroisse Rohero bEMUBU.

Yishimikije amajambo aboneka mu gitabo co 1 Yohana 3:1, Abaroma 5:8, Abanyefeso 4:32 yigishije avuga ati :"Ugukurira muri mpwemu yera ni ugutera imbere mu nzira za Yesu Kristo , bisobanura ko umuntu ayoborwa na Mpwemu Yera kugira ngo amenye, yemere kandi abeho mu kuri kw’Imana".

Yabandanije avuga ko Imana idukorera ibikorwa mu rukundo aca yerekana ibiranga umuntu yakuriye mu buntu bw’Imana arivyo vy’ibi bikurikira: Ugusenga, gusoma ijambo ry’Imana, ukwizera Yesu Kristo, Kwiyumvira Imana, kwihana icaha no kukireka, kugira urukundo no kubabarira, Kurongorwa na mpwemu yera,Ubusabane na Yesu Christo, Gukorera Imana n’Abantu

Yabandanije yerekana ibiranga umuntu agomba gukurira mubuntu bw’Imana ko ari ukugira urukundo, imbabazi nobkureka icaha, kwihangana, gukorera abandi: mu yamdi majambo n'ugukora ivyo mpwemu yera yama.

Mu gusozera, yabwiye abari aho ko bokwitwararika kubaho bafise ibiranga umuntu akurira muri mpwemu twisunze ivyo mpwemu yera yama arivyo
: urukundo, umunezero amahoro, ukwihangana kugira neza, ingeso nziza kuba umwizigirwa, uburwaneza, ukwirinda ,...

Mwomenya ko uyu musi wari wahariwe abo mw'ishure ryo kuw'Imana aribo sunday School.



Ce dimanche matin, 16 août 2026, l’Église Méthodiste Unie, Paroisse de Rohero, s’est réunie pour son culte multilingue. ...
16/08/2026

Ce dimanche matin, 16 août 2026, l’Église Méthodiste Unie, Paroisse de Rohero, s’est réunie pour son culte multilingue. Dans sa prédication inspirée de Genèse 1:1-31, le prédicateur IKIZAKUBUNTU Jechrun rappelle aux fidèles que toute chose a un commencement et que, dès le commencement, la lumière constitue le fondement de l’œuvre créatrice de Dieu.

Le prédicateur conduit les fidèles au récit de la création. La terre était informe et vide, les ténèbres couvraient l’abîme, mais Dieu était déjà à l’œuvre. Puis Dieu dit : « Que la lumière soit ! » Et la lumière fut. À partir de cette lumière, Dieu poursuit son œuvre et donne progressivement forme, ordre et beauté à la création.

Ainsi, le message met l’accent sur une vérité essentielle : là où la lumière de Dieu est présente, quelque chose peut commencer, grandir et porter du fruit. La lumière n’est donc pas seulement l’une des œuvres de la création ; elle apparaît dès le commencement comme un élément fondamental permettant de distinguer, d’ordonner et de donner vie à ce que Dieu met en place.

Le prédicateur encourage alors les chrétiens à ne pas se décourager lorsque leurs vies semblent traverser des situations « informes », difficiles ou incompréhensibles. Au commencement, la terre était informe et vide, mais cela n’a pas empêché Dieu de poursuivre son œuvre. De la même manière, une situation qui semble aujourd’hui sans forme ne signifie pas que Dieu a terminé son œuvre. Lorsque sa lumière intervient, il peut apporter l’ordre, la direction et la beauté.

Cette lumière trouve son accomplissement en Jésus-Christ, qui déclare : « Je suis la lumière du monde » (Jean 8:12). Le prédicateur a ainsi souligné que la lumière est indispensable à une vie qui veut marcher selon la volonté de Dieu. Sans lumière, il est difficile de voir, de discerner et de savoir où aller ; mais lorsque la lumière de Dieu éclaire une vie, elle permet au croyant de marcher dans la vérité et de produire des œuvres qui glorifient Dieu.

L’exemple de l’apôtre Paul en constitue une illustration remarquable. Alors qu’il se rendait à Damas pour persécuter les disciples de Jésus, une lumière venant du ciel l’a soudainement entouré (Actes 9:3). Cette rencontre avec la lumière du Christ a changé son existence. Celui qui persécutait l’Église est devenu un instrument puissant entre les mains de Dieu.

Le message adressé aux fidèles était donc clair : la lumière est le fondement de toute œuvre véritablement bonne et de toute vie qui veut être agréable à Dieu. Là où Dieu fait briller sa lumière, les ténèbres reculent, la confusion laisse place à la direction et ce qui semblait sans forme peut commencer à prendre une nouvelle forme selon le dessein de Dieu.

En conclusion, le prédicateur souhaite à tous les chrétiens que Dieu fasse briller sa lumière dans leurs vies, particulièrement dans les situations qui semblent aujourd’hui difficiles ou désespérées. Car si Dieu a pu faire surgir la lumière au milieu des ténèbres au commencement, il peut encore faire naître quelque chose de merveilleux dans nos vies aujourd’hui.

10/08/2026

KURA URWITWAZO MU MUTIMA WAWE YESU ARACAKORA.Ayo ni amwe mu majambo yavuzwe n' umukozi w'Imana Athanase NZOYIHAYA aho ya...
09/08/2026

KURA URWITWAZO MU MUTIMA WAWE YESU ARACAKORA.

Ayo ni amwe mu majambo yavuzwe n' umukozi w'Imana Athanase NZOYIHAYA aho yasangiza ijambo ry' Imana abari mw'ikoraniro rigira kabiri ryo kuri uyu wa 09 myandagaro 2026 muri Paroisse Rohero EMUBU.

Yishimikije amajambo aboneka mu gitabo co KUVAYO 4:12-17 na MARIKO 1:29-31 yigishije avuga ko ari ikintu ushobora kubwira umuntu mu gihe ushaka kwanka gukora igikorwa kanaka.

Athanase avuga ko Mose nawe igihe Imana yariko iramuhamagara ngo arokore Abisirayeli mu buja bari barimwo, yaragerageje kwitwaza ko atazi kuvuga kugira ngo ntakore ico Imana yariko iramuhamagarira aho yariko yereka Imana ko atobishobora. Aragera ku rugero abwira Imana ngo tuma uyundi, ariko Imana yamubwiye ko ari we nyene yatoranije. Imana ntiza kugukoresha mu gihe ubona ko ukomeye, ariko iragukoresha uko uri kwose mu ntege nke zawe.

Nk'uko turi mu mwaka wo gututurirwa, ahamagarira abari ng'aho kubanza gukuraho inzitwazo maze igaheza ikadututurira.

Avuga kandi ko inabukwe wa Simoni nawe Yesu amaze kumukiza yaciye atangura gukorera abandi.
Rero ngo Yesu iyo adukijije twari dukwiye gukomeza gukuraho ivyitwazo vyotuma tutamushingira intahe, ntiturabe intege nke zacu canke ivyo tudashoboye ariko Imana iradukeneye uko turi kwose.

Ashishikara avuga ko uyu musi ushobora kuba uri umunyantege nke, ariko muri kazoza Imana ikubona nk'umunyenkomezi. Rero kugira urwitwazo bizana ubugarariji. Ariko iyo wemeye ukirengagiza intege nke zawe ukemera ukishimikiza ubushobozi bw'Imana nayo iba yiteguye kukwuzuza inkomezi no kugukoresha.

Hari ivyitwazo vyoba biri mu buzima bwawe? Bikureho ugamburukire Imana.



.

Dans sa prédication, le Missionnaire Patrick ABRO souligne différents points tirés du passage de Genèse 32:22-31, lors d...
09/08/2026

Dans sa prédication, le Missionnaire Patrick ABRO souligne différents points tirés du passage de Genèse 32:22-31, lors du culte multilingue de ce dimanche matin, le 9 août 2026, à l’Église Méthodiste Unie, Paroisse de Rohero.

Premièrement, il encourage tous les chrétiens à persévérer dans leur marche vers le ciel, à l’image de Jacob qui n’a jamais lâché prise, bien qu’il ait traversé diverses souffrances, plusieurs injustices et des moments difficiles.

Puis, le prédicateur encourage tout un chacun à veiller à avoir un moment intime avec le Seigneur, car cela peut changer sa manière de vivre, de réfléchir et même de se comporter. En effet, Jacob se retrouve seul avec l’ange, et cette rencontre transforme profondément sa vie, puisque son nom de Jacob devient Israël.

Il montre aussi l’importance de l’humilité, car elle constitue une source d’élévation. Jacob a subi une injustice en servant Laban pendant quatorze ans pour ses deux femmes, alors qu’il devait initialement servir sept ans pour Rachel. Par conséquent, au moment opportun, Dieu transforme son histoire, lui donne une nouvelle identité et rend son nom célèbre.

À partir du fait que Jacob reçoit une nouvelle appellation, le prédicateur conclut sa prédication en demandant à chaque participant : « As-tu une nouvelle identité et une nouvelle appellation ? »

 Umusi wa 4 wa VBS waranzwe n'icigwa citwaNDASHOBORA KUVUGA UKURI.Umurongo wo gufata mu mutwe tuwusanga mu migabi 10:9aI...
06/08/2026



Umusi wa 4 wa VBS waranzwe n'icigwa citwa
NDASHOBORA KUVUGA UKURI.

Umurongo wo gufata mu mutwe tuwusanga mu migabi 10:9a

Icigwa ca bibiliya kiri muri Luka 19:1-10: Zakayo:

Mwomenya ko inyigisho z'uyu musi ugira kane zari zatewe iteka n'umukuru w'igisata c'abana ku bubwiriza.

 : UMUSI UGIRA KABIRIIshure rya Bibiliya ryo mu buruhuko muri Paroisse Rohero EMUBU  ryabandanije  musi wa 2.Kuri uyu mu...
04/08/2026

: UMUSI UGIRA KABIRI

Ishure rya Bibiliya ryo mu buruhuko muri Paroisse Rohero EMUBU ryabandanije musi wa 2.
Kuri uyu musi hizwe icigwa kivuga giti YESU ARANKIZA.
Umurongo wo gufata ku mutwe uri mu cete paul yandikiye abaroma 5:8 maze icigwa ca bibiliya naco kikab kiri muri Matayo 1:18-23 na Luka 2:1-7.

Mwomenya ko Kuri uyu musi ugira kabiri vyagaragaye ko abana bitavye inyigisho Ku bwinshi aho bagera kuri 82.

 : GUKURIRA MU BUNTU BW'IMANAUrwo nirwo rufatiro rw'inyigisho z'Ishure rya bibiliya ryo mu buruhuko arizo "Vacation Bibl...
03/08/2026

: GUKURIRA MU BUNTU BW'IMANA

Urwo nirwo rufatiro rw'inyigisho z'Ishure rya bibiliya ryo mu buruhuko arizo "Vacation Bible School" mu rurimi rw'icongereza zo mu 2026 zigiye guhabwa abana bo mw'ishengero rya Méthodiste Unie mu Burundi, zikaba zatanguye Kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 3 myandagaro zikazorangira ku musi w'Imana igenekerezo rya 9 myandagaro 2026.

Abana bo muri ntibasigaye inyuma aho mu gatondo ko Kuri uyu wa 3 myandagaro bazindukiye muri izo nyigisho.

Kuri uyu musi wa mbere w'izo nyigisho, abo bana b**a icigwa kivuga Ku rukundo rw'Imana aho bishimikije ijambo ry'Imana riri mu 1 Yohana 3:1 kandi muri iyo misi yose ivyo vyigwa bizomara bakazoba bafise icigwa c'umusi.

Mwomenya ko iyugururwa ry'izo nyigisho muri Paroisse Rohero ryari ryatewe iteka na Rev. Adolphe NDORERAHO asanzwe arongoye Paroisse Rohero, Diacre Eliane MUHIMPUNDU wo muri Paroisse Rohero nyene, Rev. Laurent NIBIZI arongoye akarere ka Bujumbura hamwe n'umupfasoni Dorine KORINEZA asanzwe ari mu barongoye igisata c'abana mu nama y'umwaka y'Uburundi.

Nk'uko bishikirizwa n'umushingantahe Désire NIRERA asanzwe arongoye igisata c'abana muri Méthodiste Unie mu Burundi, iyugururwa ku mugaragaro ry'izo nyigisho Ku rwego rw'inama y'umwaka y'Uburundi rizobera mu bubwiriza bwa Buhumuza muri Paroisse Buhonga Ku musi wa gatatu igenekerezo rya 5 myandagaro 2026 ritewe iteka na Nyenicubahiro Musenyeri Emmanuel SINZOHAGERA asanzwe arongoye akarere k'Uburundi n'urwanda mw'ishengero Méthodiste Unie ari kumwe n'abandi bash*tsi b'iteka bazova mu mihingo itandukanye y'isi baje kubw'izo nyigisho .

NIRERA abandanya avuga ko abo bash*tsi nabo nyene bazogendera ububwiriza butandukanye banatange inyigisho zitandukanye zizoza ziraba inyuma y'umutaga hasozerewe ibikorwa vya VBS hisunzwe ikirangamisi gikurikira:

-Ku musi wa gatatu : Paroisse Buhonga mu bubwiriza bwa Buhumuza;
-Ku musi wa kane: paroisse Rubaho mu bubwiriza bwa Burunga;
-Ku musi wa gatanu : Paroisse kayero mu bubwiriza bwa Burunga;
-Kuw'Imana : Gusozera inyigisho muri paroisse Rubirizi ububwiriza Bujumbura.

Address

Bujumbura

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Paroisse Rohero EMUBU posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Shortcuts

Share