Umwungere mwiza

Umwungere mwiza umwungere mwiza

IJAMBO RY'UMUKAMA🗓️ indwi y’8 yo mu gihe gisanzwe co mu mwaka, ku wa kane, années paires📖 IGISOMWA CA MBERE📜 Ivyo dusoma...
27/05/2026

IJAMBO RY'UMUKAMA

🗓️ indwi y’8 yo mu gihe gisanzwe co mu mwaka, ku wa kane, années paires

📖 IGISOMWA CA MBERE

📜 Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere ry’Umutumwa Petero (2, 2-5. 9-12)

Ncuti zanje, nk’uko abana b’inzoya baheruka kuvuka bahora babigira, nimuronderane igishika amata nyakuri y’umusarara ahembura umutima, kugira ngo abazanire igikuriro, usangwa mumaze kwinovora ko Umukama ari mwiza. Nimwiyegereze Kristu, we buye rizima ryashibuwe n’abantu, ariko rigashimwa kandi rigatera igomwe Imana. Namwe rero, nimumere nk’amabuye mazima, maze mwubake ingoro y’umutima, mushigikire ubweranda, mushobore guhereza imbagwa zishimisha Imana ku bwa Yezu Kristu. Mweho muri indanga zitorewe n’Imana, musangiye ubuherezankuka na Kristu Umwami, muri igihugu gihunzeko ubweranda, muri icibare Imana yiciriye ngo cerekane ubukomezi bw’Uwabakuye mu mwijima akabashira mu muco w’akatabonetse. Kera nta ntara mwarimwo, ariko noneho muri intara y’Imana; kera ntimwari bwagirirwe ikigongwe, ariko noneho mwarakigiriwe. Bakunzi banje ndabahanuye: ko muri inyambukira n’imvamahanga, nimwirinde ivyipfuzo vy’umubiri birwanya umutima, nimwigenze neza hagati y’abanyamahanga, kugira ngo no ku vyo babavuga nabi nk’inkozi z’ikibi, ibikorwa vyanyu vyiza babona bitume bazoninahaza Imana umusi izobagendera.

```Iryo ni Ijambo ry’Umukama.```

📖 IZABURI 99 (100) 1-2.3.4, 5

📜 Icit. Nimuze ku Mukama, mumusanganize akavyino k’urweze.

Wa si iyo uva ukagera, himbaza Umukama, korera Umukama mu gahimbare, musanganize akavyino k’urweze.

Menya ko Umukama ari We Mana, ni We yaturemye, turi abiwe, turi intara yiwe, n’intama z’uruhongore rwiwe.

Genda ku kirimba iwe, mukure ubwatsi, mwinjire mu ngoro yiwe muvyina, mumushimire, mushemeze izina ryiwe.

Eka bane, Umukama ni mwiza, urukundo rwiwe rwama ari rwa rundi, arakwiye kwemerwa mu myaka n’imyaka.

📖 INKURU NZIZA

🎼 Aleluya, aleluya

📑 «Jewe ndi umuco w’isi, uwunkurikira azoronka umuco w’ubuzima.»

🎼 Aleluya

📖 Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (10, 46-52)

Yezu yariko ara va mu gisagara ca Yeriko, we n’abigishwa biwe n’isinzi ry’abantu. Ahwana n’umuntu w’impumyi, mwene Timayo, yari yicaye ku nzira ashera. Yumvise ko ari Yezu w’i Nazareti ahaciye, arasemerera ati: «Yezu, Mwana wa Dawudi, ngirira ikigongwe!» Benshi baramukankamira ngo acereze; na we arushirizaho gusemerera, ati: «Mwana wa Dawudi, ngirira ikigongwe!» Yezu rero arahagarara, ati: «Mwakure.» Bākura ya mpumyi bati: «Subiza umutima mu nda! Va hasi: araguhamagaye.» Aterera hasi igikwemu ciwe, asimba rimwe aba ashikiriye Yezu. Yezu aramubaza ati: «Ushaka ko nkugirira iki?» Impumyi iramwishura ati: «Mwigisha, ntabara mbone! Yezu aramwishura ati: «Genda, ukwemera kwawe kuragukijije.» Buno nyene, arakanura, agendanira Yezu.

```Iryo ni Ijambo ry’Umukama.```

*_IJAMBO RY'UMUKAMA_*🗓️ *_indwi y’8 yo mu gihe gisanzwe co mu mwaka, ku wa gatatu, années paires_*📖 *IGISOMWA CA MBERE*📜...
26/05/2026

*_IJAMBO RY'UMUKAMA_*

🗓️ *_indwi y’8 yo mu gihe gisanzwe co mu mwaka, ku wa gatatu, années paires_*

📖 *IGISOMWA CA MBERE*

📜 _Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere ry’Umutumwa Petero (1, 18-25)_

Ncuti zanje, murazi neza ko mutacunguwe n’itunga rishira nk’ifaranga canke inzahabu ngo muve mu migenzo y’imburakimazi mwarazwe na ba sokuru; mwacunguwe nyabuna n’amaraso y’igiciro ntangere ya Kristu, wa Mwagazi utagira agahonzi n’inenge, wagenywe isi itararemwa, none werekanywe mu misi y’imperuka kubera mwebwe. Kubera we, muremera Imana yamuzuye mu bapfuye ikongera ikamuha ubuninahazwa; mbere ukwemera kwanyu gushimikiye ku Mana, ni yo mizero yanyu. Mu kugamburukira ukuri, mwaratyoroye imitima yanyu ngo mushobore gukundana ata gahemo urw’abavandimwe; nimukundane rero n’umutima wanyu wose mudatezura, kuko mwavutse ubwa kabiri, mutavyawe n’imbuto itituka, ariko mukavyarwa n’imbuto idatituka kubera ijambo ry’Imana nzima kandi yamaho. Ni co gituma «umuntu wese ameze nk’icatsi, ubuninahazwa bwiwe bwose bumeze nk’ishurwe ry’icatsi; icatsi kiruma, ishurwe rigahunguruka; Ijambo ry’Umukama ryo ryamaho imyaka yose.» Iryo ni rya jambo ry’Inkuru nziza mwabwiwe.

```Iryo ni Ijambo ry’Umukama.```

📖 *IZABURI 147 (148 B) 12-13, 14-15, 19-20*

📜 _Icit. Yeruzalemu, igine Umukama_

Yeruzalemu, igine Umukama, nawe Siyoni, shemeza Imana yawe! Ni we yashimangiye ibikingi vy’ibirimba vyawe, akaguhezagirira abana bawe.

Ni we atekanya imbibe zawe, akaguhimbisha akanovera k’ingano. Ni we arungika ijambo ryiwe kw’isi, rigaheza rikagenda riranyaruka.

Ni we yamenyesheje Yakobo ijambo ryiwe, agashikiriza Israyeli amabwirizwa yiwe n’ingingo ziwe. Nta kindi gihugu na kimwe yagiriye ben’uko. Nta kindi gihugu na kimwe camenye ingingo ziwe.

📖 *INKURU NZIZA*

🎼 *_Aleluya, Aleluya_*

📑 _Umukama yavuze ati: «Kuva ubu, nzobita abakunzi banje; ivyo nahawe na Data vyose narabibamenyesheje.»_

🎼 *_Aleluya_*

📖 _Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (10, 32-45)_

*Abigishwa bagasangwa bari mu nzira baduga i Yeruzalemu, na we Yezu agendera imbere yabo; hanyuma, ubwoba burabatekera n’ababakurikira bagira ubwoba. Asubiriye kandi kwiyegereza bamwe Cumi na babiri, Yezu ababwira ayo ari mu kubona, ati: «Ubu, tuduze i Yeruzalemu, Umwana w’umuntu rero aza kugwa mu minwe y’abaherezankuka bakuru n’abigisha, bamucire urwo gupfa, bamuhereze abanyamahanga; bazomutwenga, bamucireko, bamukubite, bagireko bamwice; ariko amaze gatatu azozuka.» Yakobo na Yohani bene Zebede baregera Yezu, bamubwira bati: «Mwigisha, dushaka ko uturonsa ico tugira tugusabe.» Na we ati: «Ico mugomba ko ndabaronsa ni iki?» Baramwishura bati: «Uradutera iteka twicare umwe iburyo, uwundi ibubamfu bwawe, mu buninahazwa bwawe.» Yezu arabishura ati: «Ntimuzi ico musaba. Murashobora kunywa igikombe nza kunywa n’uguhabwa ibatisimu nza guhabwa?» Na bo bati: «Turabishobora.» Yezu na we ati: «Igikombe nza kunywa muzokinywa kandi muzohabwa ibatisimu nza guhabwa; ariko ukwicara iburyo bwanje canke ibubamfu, si je ndabigaba, ni ivy’ababiteguriwe.» Bamwe cumi bandi bavyumvise, baja mu gushavurira Yakobo na Yohani. Yezu arabahamagara, ababarira ati: «Ni ivyo muzi, abatwara ibihugu barazi kwerekana ko bategeka, abakuru barumvisha ububasha bwabo. Muri mwebwe, si ko vyogenda; uwuzogomba kuba mukuru muri mwebwe arabanza riho abe umusuku wanyu, na we uwuzogomba kuba uwa mbere muri mwebwe arabanza abe umuja wa mwese. Kanatsinda, Umwana w’umuntu ntiyaje ngo akorerwe, yazanywe n’ugukorera abandi, n’ukwitangako incungu irokora isinzi ry’abantu.»*

```Iryo ni Ijambo ry’Umukama.```

24/05/2026

Mutima w,Imana

*_IJAMBO RY'UMUKAMA_*🗓️ *_ku wa mbere Ukurikira Pentekoti, Bikira Mariya Umugabekazi w'Ekleziya._*📖 *IGISOMWA CA MBERE*📜...
24/05/2026

*_IJAMBO RY'UMUKAMA_*

🗓️ *_ku wa mbere Ukurikira Pentekoti, Bikira Mariya Umugabekazi w'Ekleziya._*

📖 *IGISOMWA CA MBERE*

📜 _Ivyo dusoma mu gitabu c’Amamuko (3, 9-15. 20)_

📑 *_Nzobankanisha, wewe n’umugore, abawe n’abiwe bazozirana_*

Umugabo amaze kurya kuri ca giti, Umukama Mana yaciye amuhamagara ati : « Mbega, uri hehe ? » Umugabo na we aramwishura ati : « Numvise ishwashwa ryawe mu ndimo, nca ngira ubwoba kuko ndi gusa, ni ko kwinyegeza. » Na We asubizayo ati : « Ni nde yakubwiye ko uri gusa ? Woba wariye ivyamwa vy’igiti nari nakubujije kurya ? » Wa mugabo yishura ati : « Ni wa mugore wampa yanzaniye ivyamwa vyaco, nanje ndarya. » Umukama abwira umugore ati : « Wagize ibiki ? » Umugore na we aramwishura ati : « Ni inzoka yampenze ndarya. » Umukama abwira rero inzoka ati : « Ko warikoze, uragacibwa mu bindi bikoko vyose, ibitobito n’ibiba mw’ishamba. Uzogenda urikwega hasi, kandi indya yawe ni ivu gushika gupfa kwawe. Nzobankanisha, wewe n’umugore, abawe n’abiwe bazozirana. Azoguhonyora ku mutwe, nawe umukomore ku gitsintsiri. » Umugabo yita umugore Heva, kuko yabaye nyina w’abantu bose.

````Iryo ni Ijambo ry'Umukama.```

📖 *IZABURI 86 (87) 1 -2.3.5-7*

📜 _Icit. Ntara zose, ni muninahaze Umukama._

Ese ingene Umukama agukunda, wewe wubatswe ku mirambi myeranda ! Ewe Siyoni, urakundwakazwa kuruta izindi nyubakwa zose za Yakobo. Bakuvuga baguhaya, wewe gisagara c’Imana

«Jewe mparura Imisiri na Babiloni mu ntara zimaze kumenya.» Umuntu wese avuga ati : «Navukiye i Tiri canke mu Bufilisti canke muri Etiyopiya». Ariko, Siyoni yo umuntu wese ayibwira ati : «Uri Mawe, kuko umwe wese ari ho yavukiye».

Uwo mw’ijuru arayigumizako ubwo bukuru ; ariko akandika mu gitabu intara zose, ati : «Kanaka ni ho yavukiye.» Abaririmba n’abavyina bazovuga bati : «Amasôko yanje yose ari muri wewe.»

📖 *INKURU NZIZA*

🎼 *_Aleluya, aleluya_*

📖 _Muranezerwe muhimbarwe, kuko impera yanyu izoba nini mw’Ijuru (Matayo 5, 12)._

🎼 *_Aleluya_*

📖 _Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (19, 25-34)_

*Iruhande y'umusaraba wa Yezu, hari hahagaze nyina wiwe na nyinabo Mariya muka Klopasi, na Mariya Madalena. Yezu rero abone nyina wiwe ahagararanye na wa mwigishwa yakunda, abwira nyina wiwe ati: «Wa mukenyezi we, ng'uwo umwana wawe.» Hanyuma abwira wa mwigishwa na we ati: «Ng'uwo nyoko wawe.» Kuva ubwo, nya mwigishwa aca ajana Mariya iwe. Ivyo biheze, kubera ko Yezu yari azi ko vyose birangutse, kandi kugira ngo Ivyanditse biranguke, aca avuga ati: «Ndanyotewe.» Hariho agakono kuzuye is**i. Bashira rero ipampa ku nkoni, barikoza muri iyo s**i, bararimuha ngo anunuze. Yezu amaze kunywa nya s**i avuga ati: «Vyose birarangutse.» Araheza ajondamika umutwe, aracikana. Kubera ko wari umusi w'ukwitegura, nkako iyo sabato wari umusi mukuru uhambaye, Abayuda rero basaba Pilato ngo bavune amaguru y'abari babambwe, baheze babakureko boye kurekera imivyimba ku musaraba ku musi w'Isabato. Abasirikare rero baraza bavuna amaguru y'uwa mbere n'ay'uwa kabiri muri bamwe babambwe hamwe na Yezu. Bashikiriye Yezu, basanga yamaze gucikana; ntibamuvuna amaguru. Ariko umwe wo muri nya basirikare amusogota icumu mu rubavu, haca hisuka amaraso n'amazi.*

```Iryo ni Ijambo ry'Umukama.```

23/05/2026

Nisi yemere ko wantunye

23/05/2026
IJAMBO RY'UMUKAMA🗓️ umusi w’Umukama wa Pentekoti, mu Misa y’igiteramo```Umusi mukuru cane```📖 IGISOMWA CA MBERE```Igisom...
23/05/2026

IJAMBO RY'UMUKAMA

🗓️ umusi w’Umukama wa Pentekoti, mu Misa y’igiteramo

```Umusi mukuru cane```

📖 IGISOMWA CA MBERE

```Igisomwa ca mbere, bagitora mu bisomwa bine bikurikira:```

I

📜 Ivyo dusoma mu gitabu c’Amamuko 11, 1-9

📑 (Aho hantu bahita Babeli, kuko ari ho Umukama yayoberanirije ururimi rw’isi yose)

Muri irya misi, 1 isi yose yavuga ururimi rumwe n’imvugo imwe. 2 Bariko barimuka bava mu buseruko, babona ikiyaya mu gihugu c’i Shineyari, baca bagereraho. 3 Babwirana bati: «Ingo tubumbe amatafari, tuyaturire mw’itanure». Bakoresha amatafari mu gishingo c’amabuye na kaburimbi mu gishigo c’ubudongo. 4 Bavuga bati: «Ingo twiyubakire igisagara, n’umunara uzoshikana isonga mw’ijuru, twihe izina rizoba rurangiranwa, twoye gusabagira kw’isi yose». 5 Umukama amanuka kuraba ico gisagara n’uyo munara abana b’abantu bari bubatse. 6 Umukama avuga ati: «Raba! Bagize igihugu kimwe, n’ururimi ni rumwe, none ehe ico batanguye gukora! Kuva ubu nta kizobabuza gushikira ico biyumviriye. 7 Ingo tumanuke, tuyoberanye ururimi rwabo, boye kuba bacumvikana». 8 Umukama abashwiragiza kw’isi yose, baca baheba kwubaka ca gisagara. 9 Ni co gituma aho hantu bahita Babeli, kuko ari ho Umukama yayoberanirije ururimi rw’isi yose, kandi guhera aho Umukama abashwiragiza kw’isi yose.

```Iryo ni Ijambo ry’Umukama.```

II

📜 Ivyo dusoma mu gitabu c’Ihunguka 19, 3-8a. 16-20b

📑 (Umukama yarururutse ahagarara kw’isonga ry’umusozi wa Sinayi imbere y’igihugu cose)

Muri irya misi, 3 Musa yaduze agana aho Imana iri. Umukama amuhamagara ari ku musozi amubwira ati: «Ng’ibi ivyo uzobwira umuryango wa Yakobo, ivyo uzomenyesha bene Israyeli: 4 “Mwariboneye mwebwe nyene ivyo nagiriye Misiri, ukuntu nabatwaye ku mababa y’inkona nkabashikana iwanje. 5 Ubu rero, nimwumviriza neza ijwi ryanje, mukazigama isezerano ryanje, muzoba icibare canje mu bihugu vyose, kuko isi yose ari iyanje. 6 Namwe muzombera ubwami bw’abaherezankuka, mumbere igihugu ceranda. Ayo ni yo majambo uzobwira bene Israyeli”». 7 Musa araza, ahamagara abakurambere b’igihugu, abashikiriza ayo majambo yose Umukama yari yamutegetse. 8 Hanyuma igihugu cose cishurira rimwe kiti: «Ivyo Umukama yavuze vyose tuzobikora». 16 Ku musi ugira gatatu, mu gitondo, hasirana imituragaro, haza imiravyo n’igicu kinini kuri uyo musozi, be n’ijwi ry’inzamba ryasirana cane. Igihugu cose cari mw’icumbi kiratetemera. 17 Musa avana igihugu mw’icumbi, akijana hanze guhura n’Imana, baguma bahagaze munsi y’umusozi. 18 Umusozi Sinayi wari umwotsi gusa, kuko Umukama yari yururukiye kuri wo mu muriro; kandi uyo mwotsi wafumba nk’umwotsi w’itanure, umusozi wose uranyiganyiga cane. 19 Ijwi ry’inzamba rirushirizaho gusamirana. Musa yaravuga, Imana ikishura mu muturagaro. 20 Umukama arururuka ku musozi Sinayi, ahagarara kw’isonga ry’umusozi. Hanyuma Umukama ahamagara musa ngo amusange kw’isonga ry’umusozi.

```Iryo ni Ijambo ry’Umukama.```

III

📜 Ivyo dusoma mu gitabu c’umuhanuzi Ezekiyeli 37, 1-14

📑 (Magufa yumye, ehe ngiye kubinjizamwo impemu, muheze mube bazima)

Muri irya misi, 1 Umukama yanshizeko ikiganza ciwe; akoresheje Umutima w’Umukama aranjana, antereka hagati mu kabande, na ko kakaba kuzuye amagufa. 2 Araheza antembereza muri yo hirya no hino, mbona ko ayo magufa yari menshi cane, aho mu kabande, mbona kandi ko yari yarumye cane. 3 Araheza ambwira ati: «Mwana w’umuntu, ayo magufa yoshobora gusubira kuba mazima»? Nanje mvuga nti: «Ewe Mukama Mana, ni wewe ubizi»! 4 Na we ambwira ati: «Igisha ka muhanuzi ayo magufa, uyabwire uti: “Yemwe magufa yumye, nimwumvirize ijambo ry’Umukama. 5 Ng’uku uko Umukama Imana abwiye ayo magufa: ‘Ehe ngiye kubinjizamwo impemu, muheze mube bazima. 6 Ngiye kubashirako imitsi, ndabashireko umubiri, ndaborose uruhu, ndabashiremwo impemu muheze mube bazima. Niho muzomenya ko ari jewe ndi Umukama’.”» 7 Ndaheza ndigisha ka muhanuzi nk’uko nari nabitegetswe. Nkiriko ndigisha ka muhanuzi, haduka urwamo, mbere haza na nyamugigima. Nya magufa aca aregerana, igufa ryegerana na rigenzi ryaryo. 8 Ngo ndabe, mbona imitsi n’umubiri vyanaze kuri yo; uruhu rushanje kuri vyo hejuru. Ariko nta mpemu zari muri yo. 9 Niho yambwira ati: «Igisha ka muhanuzi ivyerekeye impemu, wigishe ka muhanuzi, mwana w’umuntu, ubwire impemu uti: “Ng’uku uko Umukama Imana avuze: ‘Nimuze mwa mpemu mwe, nimuve muri za mpande zine muze, mwinjire muri aba bagandaguwe, baheze babe bazima’.”» 10 Ndaheza ndigisha ka muhanuzi nk’uko nari ndabitegetswe. Impemu rero zinjira muri bo, baca baba bazima, barahaguruka. Zari ingabo nyinshi cane. 11 Niho yambwira ati: «Mwana w’umuntu, ayo magufa ni umuryango wose w’Israyeli. Ehe bavuga bati: “Amagufa yacu yarumye, n’ikizigizigi cacu caheze, twarahonye”. 12 None rero igisha ka muhanuzi, ubabwire uti: “Ng’uku uko Umukama Imana avuze: ‘Bantu banje! Ehe ngiye gufurura imva zanyu, ndabazure muve mu mva zanyu, mpeze ndabajane mu gihugu c’Israyeli. 13 Niho muzomenya ko ari jewe ndi Umukama, ninafurura imva zanyu, nkabazura mukava mu mva zanyu, bantu banje! 14 Nzobashiramwo impemu zanje muce muba bazima, kandi nzobashira ku butaka bwanyu. Niho muzomenya ko ari jewe ndi Umukama. Narabivuze kandi nzobikora’.” Ni iriyazwe n’Umukama».

```Iryo ni Ijambo ry’Umukama.```

📜 Ivyo dusoma mu gitabu c’umuhanuzi Yoweli 3, 1-5

📑 (Nzokwiragiza Mutima wanje ku basuku no ku ncoreke)

Ng’iri iryo Umukama ayaze: 1 «Nzokwiragiza Mutima wanje ku muntu wese. Abahungu n’abakobwa banyu bazokwigisha ka bahanuzi, abatama banyu barote indoto, imisore yanyu na yo ibonekerwe. 2 Muri iyo misi, nzokwiragiza kandi Mutima wanje ku basuku no ku ncoreke. 3 Nzotanga ibimenyetso mw’ijuru no kw’isi, ibimenyetso vy’amaraso, ivy’umuriro n’ivy’inkingi z’imyotsi. 4 Izuba rizocika umwijima, ukwezi na kwo guhinduke amaraso, imbere y’uko umusi w’Umukama ushika, umusi uhambaye kandi uteye ubwoba. 5 Muri ico gihe rero, umuntu wese azokwambaza izina ry’Umukama azorokoka».

```Iryo ni Ijambo ry’Umukama.```

📖 IZABURI 104 1-2a, 24. 35c, 27-28, 29-30

📜 Icit. Mukama, tuma Umuzirikanyi wawe kw’isi, akebanure ibitari mu buryo. Canke: Aleluya.

1 Hezagira Umukama, se mutima wanje. Ewe Mana yanje, uri agahambaye! Wikwije iteka n’icubahiro. 2 Wiyorosheje umuco nk’uwiyorosa umutamana. *_Icit._*

24 Ese ukuntu ibikorwa vyawe ari vyinshi, Mukama! Vyose wabikoze mu bwitonzi; isi yuzuye ivyo waremye. 35 Hezagira Umukama se mutima wanje! *_Icit._*

27 Vyose ni wewe vyiteze ngo ubihe ivyokurya vyavyo igihe kigeze. 28 Urabiha, na vyo bikegeranya, urugurura ikiganza cawe, na vyo bigahaga ivyiza. *_Icit._*

29 Uhishije amaso yawe bica bicika ivutu, wahagarika umutima wavyo bigaca bipfa, bigasubira mw’ivu ryavyo. 30 Urungika impemu zawe bikaba biremwe, isi ugasubira kuyigira nshasha. *_Icit._*

📖 IGISOMWA CA KABIRI

📜 Ivyo dusoma mw’ikete umutumwa Pawulo yandikiye Abanyaroma 8, 22-27

📑 (Mutima aradusabira, akaniha iminiho itavugwa)

Ncuti zanje, 22 erega turazi yuko gushika ubu ibiremwa vyose vyiganyira bikaniha nka kumwe kw’umuvyeyi ari ku nda. 23 Kandi ga si vyo gusa, na twebwe nyene n’aho tumaze kuronka ingabirano za mbere za Mutima, turaciganyira mu mitima twiteze itunga ry’abana, irokoka ry’umubiri wacu. 24 Twaramaze gukira, ariko biracari mu mwizigiro. Erega kubona ivyo wizigiye ntikuba kukiri ukwizigira. Ivyo umuntu abona ashobora kuvyizigira gute? 25 Ariko ko twizigiye ivyo tutarabona, bidutuma tubirindirana ingoga z’intashinguka. 26 Ni ko na Mutima aradufasha kubera intege nke zacu, kuko tutazi ico twosaba nk’uko bikwiye; we nyene ubwiwe aradusabira, akaniha iminiho itavugwa. 27 Uwusuzuma imitima na we aramenya ico Mutima yiyumvira, kuko Mutima atwambariza nk’uko Imana ibishaka.

```Iryo ni Ijambo ry’Umukama.```

📖 INKURU NZIZA

🎼 Aleluya. Aleluya.

📑 Ingo Mutima Mweranda, shwara imitima y’abakwemera. Muri bo urukundo rwawe rururûmbe nk’umuriro waka.

🎼 Aleluya.

📖 Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani 7, 37-39

📑 (Inzûzi zitembamwo amazi y’ubuzima)

37 Ku musi uhereza ya misi mikuru indwi y’uguhimbaza insago, ari wo waruta iyindi, Yezu yari ahagaze, asemerera ati: «Uwunyotewe nanyegere anywe. 38 Uwunyemera, nk’uko Ivyanditse bibivuga, “Inzuzi z’amazi abeshaho zizotemba ziva mu nda yiwe”». 39 Ivyo yabivuga kubera Mutima abamwemera bazoronka; nanone Mutima ntiyari bwatangwe, kuko Yezu atari bwaninahazwe.

```Iryo ni Ijambo ry’Umukama.```

22/05/2026

Izaburi yo Ku musi mukuru wa pantekote

*_Ijambo ry’Umukama_* 🗓️ *&indwi y’7 ya Pasika, ku wa gatanu_*📖 *IGISOMWA CA MBERE*📜 _Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa v...
21/05/2026

*_Ijambo ry’Umukama_*

🗓️ *&indwi y’7 ya Pasika, ku wa gatanu_*

📖 *IGISOMWA CA MBERE*

📜 _Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa (25, 13-21)_

Muri irya misi, Umwami Agiripa na Berenise barashika i Sezareya ngo babonane na Fesitusi. Fesitusi yiganira umwami urubanza rwa Pawulo, amubwira ati: «Hari umuntu Felisi yashize mw’ibohero; aho nari i Yeruzalemu, abaherezankuka bakuru n’abakurambere b’Abayuda baramwitwariye bamusabira urupfu. Nabishuye ko Abanyaroma batica umuntu, abashingantahe batabanje kumurengukisha imbere yabo kumwe n’abamurega kugira ngo bababuranishe, atsindwe babona. Bukeye, twaciye tumanuka ino nja mu rubanza ntumako nya muntu. Abamwitwariye nta gicumuro numvise mu vyo bamureze. Ako bari bamufitiye ni akantu kari mw’idini yabo, karaba uwitwa Yezu yapfuye, na we Pawulo akabemeza ko ariho. Ngo mbone sinoshobora guca urubanza nk’urwo, ndamubaza ko ashaka kuja i Yeruzalemu gucirirwayo urubanza. Ariko Pawulo yashatse gucirirwa urubanza kwa Sezari, nategereje kumurinda umwanya ntari bwamurungike kwa Sezari.»

```Iryo ni Ijambo ry’Umukama.```

📖 *IZABURI 102 (103) 1-2, 11-12, 19-20*

📜 _Icit. Umukama yashize intebe yiwe mw’ijuru. Canke: Aleluya._

Himbaza se mushaha wanje Umukama, maze n’amagara yanje yose aninahaze Izina ryiwe nyeranda; himbaza se mushaha wanje Umukama, maze ntihagire ico wibagira mu vyiza vyiwe.

Nk’uko isi ata ho ihwaniye n’ijuru, ni ko n’urukundo rwiwe rurengeye abamwubaha; nk’uko ubuseruko buri kure y’uburengero, ni ko adushira kure y’akabi kacu.

Umukama yashize intebe yiwe mw’ijuru, ubwami bwiwe buganza vyose. Nimuninahaze Umukama, mwa bamarayika biwe, mwa ntwari ziwe zama zikorera ijambo ryiwe.

📖 *INKURU NZIZA*

🎼 *_Aleluya_*

📑 _Nimugende, mwigishe abantu bose. Nanje nzokwamana namwe imisi yose, gushika ku muhero w’isi._

🎼 *_Aleluya_*

📖 _Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (21, 15-19)_

*Bamaze gufungurira ku nkombe y’ikiyaga, Yezu abwira Simoni Potero ati: «Simoni mwene Yohani, urankunda kuruta abo?» Na we amwishura ati: «Ego Mukama, urazi ko ngukunda.» Yezu aramubwira ati: «Ragira imyagazi yanje.» Asubira kumubwira ubwa kabiri ati: «Simoni mwene Yohani, urankunda?» Na we amwishura ati: «Ego Mukama, urazi ko ngukunda.» Yezu amubwira ati: «Ragira intama zanje.» Asubira kumubwira ubwa gatatu ati: «Simoni mwene Yohani, urankunda?» Petero ababazwa n’uko Yezu amubwiye ubwa gatatu ati: «Urankunda?» ; ni ko kumwishura ati: «Mukama urazi vyose, urazi neza ko ngukunda.» Yezu amwishura ati: «Ragira intama zanje. Ni ukuri ni ukuri ndabikubwiye: ukiri muto, warikenyeza ukagenda iyo ushaka; naho niwamara gusaza, uzoramvura amaboko, uwundi agukenyeze, aheze akujane iyo udashaka.» Yezu yavuze ivyo ngo amumenyeshe ingene azopfa ngo aninahaze Imana. Hanyuma ahejeje kuvuga atyo amubwira ati: «Nkurikira.»*

```Iryo ni Ijambo ry’Umukama.```

IJAMBO RY'UMUKAMA🗓️ Indwi y’7 ya Pasika, ku wa kane📖 IGISOMWA CA MBERE📜 Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa (22...
21/05/2026

IJAMBO RY'UMUKAMA

🗓️ Indwi y’7 ya Pasika, ku wa kane

📖 IGISOMWA CA MBERE

📜 Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa (22, 30 ; 23, 6-11)

Muri irya misi, Umukuru w’abasirikare ashatse kumenya neza ico Abayuda bagiriza Pawulo, aramubohora, aca akoranya abaherezankuka bakuru n’abagize inama nkuru y’igihugu bose; Pawulo amanutse aca amushira hagati yabo. Pawulo yari azi ko bamwe ari Abasadukayo, abandi na bo Abafarizayo, ni ko rero gushira ijwi hejuru ati: «Yemwe benewacu, jewe ndi Umufarizayo, none ico nzize ni uko nemera ko abantu bazozuka.» Ntabaye akibivuze, Abafarizayo n’Abasadukayo basubira gutera kubiri. Koko Abasadukayo bigisha ko ata zuka rizobaho, ata Bamarayika, ata n’umutima uriho, Abafarizayo na bo bakavyemera vyose. Induru ija hejuru ga; barahazuka bati: Nta kibi c’uyo muntu. Ni nde azi ko umutima kibure umumarayika atoba yamubonekeye?» Umukuru w’abasirikare ngo abone bibaye nabi, atinya ko bohava bagwa kuri Pawulo ngo bamwegagure, abwira abasirikare kunyaruka ngo bamukure hagati yabo, ngo baheze bamujane mu kirimba. Mw’ijoro, ni ho rero Umukama yaza guhoza Pawulo ati: «Gumya umutima, nshaka ko n’i Roma unshingira intahe nk’uko wayinshingiye i Yeruzalemu.»

Iryo ni Ijambo ry’Umukama.

📖 IZABURI 15 (16) 1-2.5, 7-8, 9-10, 1

📜Icit. N’unzigame, Mukama, Mana yanje, kuko ari Wewe musa nizeye. Canke: Aleluya.

N’unzigame, Mana yanje, kuko ari Wewe mahungiro yanje. Nabwiye Umukama nti: «Umukama ni Wewe; nta mugisha mfise atari Wewe.» Mukama ni Wewe ntoranwa yanje, ni Wewe ruhara rwanje, ni Wewe natoranyeko iragi ryanje.

Mpezagira, Mukama, We muhanuzi wanje, kandi mw’ijoro hari ico umutima umbarira. Mpoza Umukama imbere yanje, kuri ico simpengeshanya, kandi ko asanzwe ari iburyo bwanje sintirimuka.

Umutima wanje urahimbarwa, kandi umushaha wanje ukanezerwa, umubiri wanje na wo ukaruhuka, ata co winona; na none, ntiwondeka ngo mpfe rubi, umugenzi wawe ngo ahere mu cobo.

Uzondangira inzira y’ubuzima, imbere yawe agahimbare ni kose; i buryo bwawe akanyamuneza kazokwamaho imyaka yose.

📖 INKURU NZIZ

🎼 Aleluya

📑 Ko mwazukanye na Krisu, rondere ivyiza vy’ijuru, aho Kristu avyagiye iburyo bw’Imana.

🎼 Aleluya

📖 Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (17, 20-26)

Muri irya misi, Yezu yariko arasenga, ahanga ijuru. Avuga ati: «Si abigishwa banje basa nsabiye, nsabiye n’abazonyemera kubera ijambo ryabo, ngo babe bose umwe, nk’uko wewe Dawe uri muri jewe nanje muri wewe, nibabe muri twebwe na bo nyene, isi yemere ko wantumye. Narabahaye ubuninahazwa wampaye, ngo babe umwe nk’uko turi umwe: jewe mbe muri bo nawe muri jewe, maze babe umwe rwose, ubumwe bwabo bwuzure, kandi isi imenye ko wantumye kandi ko wabakunze nk’uko wankunze. Dawe, abo wampaye, nshaka ko aho ndi, na bo bohabana nanje, maze barabe ubuninahazwa wampaye kuko wankunze isi itararemwa. Dawe utunganye, isi ntiyakumenye, jeho yamara narakumenye, aba na bo baramenye ko wantumye. Narabamenyesheje izina ryawe kandi nzoribahishuka. Maze urukundo wankunze rube muri bo, nanje nyene mbe muri bo.»

Iryo ni Ijambo ry’Umukama

IJAMBO RY'UMUKAMA🗓️ Indwi y’7 ya Pasika, ku wa gatatu📖 IGISOMWA CA MBERE📜 Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa (...
20/05/2026

IJAMBO RY'UMUKAMA

🗓️ Indwi y’7 ya Pasika, ku wa gatatu

📖 IGISOMWA CA MBERE

📜 Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa (20, 28-33)

Muri irya misi, Pawulo yabariye abakurambere b’Ekleziya y’i Efezi ati: «Ubu rero nimwitegereze, mwirinde mwebwe nyene hamwe n’ubusho Mutima Mweranda yabashinze ngo mububere abungere, muragire Ekleziya y’Imana ari yo Ekleziya yaguzwe amaraso y’Umwana wayo bwite. Ndazi ko maze kugenda, hazokwaduka abantu b’ibirēre basa n’amabingira mu busho ntibabubungabunge. Kandi no muri mwebwe, hari abazokwadukana amajambo mabi bakageza gukwegera abigishwa mu kabi kabo. Muravyitega rero mwibuke ko namaze imyaka itatu yose ndabakebura ijoro n’umutaga, nkabigirana amarira mbwira umwe wese muri mwebwe. Ubu ho rero ndabasize mu minwe y’Umukama n’ijambo ryiwe ry’ikigongwe rishobora kubaremesha n’ukubagira abaragwa mu beranda bose. Mu vy’amafaranga, inzahabu n’ivyambarwa, nta we narenganije. Ubukene bwanje n’ubw’abagenzi banje bwamazwe n’aya maboko: ni ico mwiyiziye namwe. Naraberetse neza ko mu gufasha abakene mwokwigora nkanje, tukibuka amjambo y’Umukama Yezu yagize ati: “Ukuronka kurutwa n’ugutanga”.» Amaze kuvuga ayo majambo arapfukama hamwe na bo. Barasenga bose. Ni ho bose baturikisha bakarira. Bahejeje bagwa mu nda Pawulo, nk’abakundana. Icabarya mu nda ni ya majambo yari yababwiye ngo: «Ntimukinkubita ijisho.» Barahava rero baramuherekeza gushika ku bwato.

```Iryo ni Ijambo ry’Umukama.```

📖 IZABURI 67 (68) 29-30, 33-34-35a, 35b-36

📜 Icit. Mwa ntara zo kw’isi yose, nimuririmbire Imana yanyu! Canke: Aleluya.

Mana yacu, ganza, uri intwari, komeza ivyo wadukoreye, kuva ku ngoro yawe y’i Yeruzalemu; abami bazokugana, baguture amashikanwa.

Mwa ntara zo kw’isi, nimuririmbire Umukama, mucurarangire Uwakaka kw’ijuru rya kera na rindi; ng’uyo asemerera n’ijwi ry’intwari: rimbuke mwemere ububasha bw’Imana.

Ubwiza bwayo bwibonekeza muri Israyeli, ububasha bwayo na bwo bukibonekeza mu bicu. Eka bane Imana irateye akoba mu Ngoro yayo; ni yo Mukama, ikaba ari yo Imana y’Israyeli, iha abantu bayo ubukomezi n’ubutwari. Imana iragahezagirwa!

📖 INKURU NZIZA

🎼 Aleluya

📑 Umukama yavuze ati: «Mutima Mweranda azobigisha vyose, yongere abibutse ivyo nababwiye vyose.»

🎼 Aleluya

📖 Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (17, 11b-19)

Muri irya misi, Yezu yariko arasenga, ahanga ijuru, avuga ati: «Dawe mweranda, n’ugumye mw’izina ryawe abo wampaye, kugira ngo babe umwe nkatwe. Aho nari kumwe na bo, narabazigamye mw’izina ryawe. Abo wampaye narabatunze, kandi nta n’umwe muri bo yatakaye, atari uwahariwe gutakara, kugira ngo iryanditswe ritahe. Yamara ubu ndaje iwawe, kandi mvuga ntyo nkiri kwMsi, kugira ngo akanyamuneza kanje kabuzure. Narabahaye ijambo ryawe, vyongeye isi yarabanse kuko batari abayo, nk’uko nanje ntari uw’isi. Singusavye ngo ubakure kw’isi, ariko ngo ubarinde akabi. Si ab’isi, nk’uko nanje ntari uw’isi. Bagire beranda mu kuri, kuko ijambo ryawe ari iry’ukuri. Nk’uko wantumye kw’isi, ni ko nanje nabatumye kw’isi. Kandi narakwituye ku bwabo, ngo na bo bakwiture mu kuri.»

```Iryo ni Ijambo ry’Umukama.```

Address

Bujumbura

Telephone

+25769435213

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Umwungere mwiza posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Place Of Worship

Send a message to Umwungere mwiza:

Share