03/11/2020
YESAYA 45
451 a Ibi ni vyo jewe Uhoraho mbgira uwo narobanuje amavuta, ni we Kuro, uwo mfashe ukuboko kw'i buryo, kugira ngo nsiribange amahanga imbere yiwe, kandi nzokenyurura inkindi z'abami, kugira ngo ndamwugururire inzugi imbere yiwe, kand' amarembo ntazokwugarirwa: 2 b nti Nzoja imbere yawe, kand' ahar' uduhogoro nzohasena; nzomenagura inzugi z'imiringa, nzovunagura ibihindizo vy'ivyuma: 3 c kandi nzoguha itunga rihishijwe mu mwiza, n'ubutunzi bunyegejwe mu mpisho, kugira ng'umenye kw ari jewe Uhoraho nguhamagaye mw izina, jewe nyene Imana y'Abisirayeli. 4 d Kubga Yakobo umusavyi wanje, Isirayeli uwo natoranije, nguhamagaye mw izina, nakwise iry' icubahiro, nah' utaribgammenye. 5 Ni jewe Uhoraho, nta wundi; atari jewe nta yindi Mana iriho. Nzogukenyeza nah' utigeze kummenya, 6 e kugira ngo bamenye uhereye i burasirazuba ugash*tsa i burengerazuba yukw ata yindi atari jewe: ni jewe Uhoraho, kandi nta wundi. 7 f Ni jewe nkomoko y'umuco, nd'umuremyi w'umwiza; nd'isoko y'impore, nd'umuremyi w'ivyago: ni jewe Uhoraho nkora ivyo vyose.
Ibi ni umugabane wacu.