01/04/2024
Amakoraniro y'umunsi wa 31/03/2024
-----------------------------------------
▪️ Pasika yacu si itariki, kubera ko igikorwa Kristo yakoze tucibuka imisi yacu yose, mwame mwibuka Yesu Kristo, yazutse mu bapfuye, mwame mwibuka Kristo yababambiwe
▪️ Pasika ntituyihimbaza mu kwambara agahuzu keza canke kurya imfugurwa nziza
▪️ Duhimbaza pasika mu gukuraho umwambiro wa kera, guhimbaza pasika kwiza nukureka Yesu akakugira mushasha.
▪️ Ntidushobora kuvuga ngo turiko turahimbaza pasika,
twuzuranye inzigo canke ukudaharira mu mitima yacu
Nuko ni mukureh' umwambiro wa kera, kugira ngo mube irobe risha, nk'uko mutarimw' umwambiro. K*k' umwagazi w'intama wa Pasika wacu watanzwe kw ikimazi, ari we Kristo.
1 Ab'i Korinto 5:7
▪️ Kuzuka kwa kristo bitubwira ko twebwe abamwizeye turi bashasha muri Kristo Yesu, turi ivyaremwe bishasha nuko rero tugende nk'abantu bashasha, tuvane umwambiro wa kera muri twebwe.
Umururazi wose no kujingitwa n'uburake no gutongana no gutukana bibavemwo, hamwe n'inzigo yose. Mugiriranire neza, mugiriranire imbabazi, muharirane, nk'ukw Imana na yo yabahaririye muri Kristo.
Abanyefeso 4:31-32
▪️ Uburyo bwiza bwo guhimbaza ukuzuka kwa Yesu Kristo ni mu gihe uzoraba ubuzima bwawe ukabona warabaye mushasha, ukavuga ati sinkiri wawundi canke sinkivuga kwakundi kubera ko Yesu yampinduye.
Uko niko duhimbaza pasika, mukuba bashasha.
- Pasteur Prudent NTIBUBERWA