25/04/2021
IJAMBO RYA PAPA FRANSISKO KU MUSI MPUZAMAKUNGU UGIRA 58 WO GUSABIRA ITORWA
«Yozefu Mweranda : Indoto z’umuhamagaro»
Bavukanyi,
Igenekerezo rya 08 Kigarama 2020, aho twahimbaza imyaka 150 Yozefu
Mweranda atangajwe nk’Umuvunyi w’Ekleziya yose, niho hatangurwa umwaka udasanzwe wamuhariwe . Ku ruhande rwanje, naranditse ikete ry’ubutumwa nise «Umutima Kivyeyi» mu ntumbero yo guteza imbere urukundo dufitiye uwo Mweranda.
Yozefu Mweranda ni ishusho idasanzwe kandi iri hagufi y’ukubaho kw’umw’umwe muri twebwe. Yozefu Mweranda ntiyari umuntu atangaje, w’ingabirano zihebuje ngo aboneke nk’umuntu w’agatangaza mu maso y’abamubona. Ntiyari umuntu amenyekana, bisubiye nawe nyene ntiyashima kumenyekana: Inkuru nziza ntiyerekana ijambo na rimwe ryoba ryaravuzwe na Yozefu. Ariko mu buzima bwiwe bubayabaye, yaranguye ibintu bihambaye mu maso y’Imana.
Imana irabona umutima (Raba igitabu ca mbere ca Samuweli16,17), kandi no muri Yozefu Mweranda yarabonyemwo umutima kivyeyi ushoboye gutanga no gukabura ubuzima bwa buri musi.
Iyo ni nayo ntumbero y’imihamagaro yose: gukabura no gusubiza itoto ubuzima buri musi. Umukama yipfuza ko tugira umutima kivyeyi : imitima yugurutse, ishoboye kuja imbere abandi, yitanga bish*tse, yitwararika abababaye, idahugumbwa kugira ikomereze umwizero abandi.
Nico ibanga ry’ubusaserdoti n’ukwihebera Imana bikeneye uyu musi mu buryo budasanzwe, muri ibi bihe aho benshi ari ba ntamagara bikunyurwa n’ububabare buva kuri iki kiza c’indwara yugarije isi catumye hongerekana amakenga n’ubwoba kuri kazoza, bamwe bagatakaza n’intumbero y’ubuzima nyene. Yozefu Mweranda aje kudusanganira n’ubwitonzi bwinshi nk’umwerandamubanyi, tubangikanije umuryango; vyongeye, akarorero k’intahe yiwe karatwerekeza mu nzira nyayo.
Yozefu Mweranda atwigisha amajambo atatu yofasha umwe wese mw’ihamagarwa ryiwe:
Ijambo rya mbere ni «Indoto». Umuntu wese arafise indoto yipfuza ko yoranguka mu buzima bwiwe. Birabereye guteza imbere no gukomeza umwizero w’ibiramba kuruta ivyo bintu vy’umwanya muto : ishimagizwa, amafaranga, kuryoherwa … bitigera bihaza. Uwobaza abantu ngo bavuge mw’ijambo rimwe indoto y’ubuzima bwabo, ntivyogora kwiyumvira iyi nyishu : « urukundo ». Urukundo nirwo ruha intumbero ubuzima, rurabwerekanamwo ikinyegezwa. Kubisanzwe, ubuzima uburonka ari uko nawe wabutanze ; utunga vy’ukuri ari uko nawe watanze bikwiye.
Kuri ico Yozefu Mweranda afise vyinshi yotubwira kubera ko ukubaho kwiwe kwabaye ingabirano ifatiye ku ndoto Imana yamwoheje.
Inkuru nziza itubwira indoto zine za Yozefu (Raba Matayo 1,20 ; 2,13.19.22). Ni imihamagaro y’Imana ariko itoroshe kwakira. inyuma y’indoto yose, Yozefu yategerezwa guhindura imigambi yiwe akinjira mu migambi ihambaye y’ibinyegezwa vy’Imana. Yaragize ukwizigira kudasanzwe gushika mu mpera y’ubuzima bwiwe. Ariko rero, turashobora kwibaza: « Ni iyihe ndoto y’ijoro twoshiramwo umwizero ungana uko?» Iyo twitegereje cane kahise, nta kintu kinini kiboneka mu buzima bwacu gikomotse ku ndoto zidushikira.
Yozefu we, yaremeye kuyoborwa n’indoto adahigimanze. Kubera iki ? kuko umutima wiwe waguma werekeye ku Mana, akaguma agabiye kwakira ishaka ryayo. Kubera ko yaguma agavye imbere mu mutima, Yozefu yapfa kuronka akamenyetso gato gusa, agaca ategera ko ari ijwi ry’Imana. Ico turagikeneye natwe kugira ngo dutegere insiguro y’amajwi twumva mu mutima: Imana ntishima kwimenyesha mu buryo burangutse, mu guhata umwidegemvyo wacu.
Iturungikira imigambi yayo mu bwitonzi, itadutera ubwoba n’ibintu bica ibibatsi. Iregera nyabuna buke buke intimatima y’ubuzima bwacu, ikigira umwe natwe, igaheza ikatuganirira iciye mu vyiyumviro n’ivyipfuzo vyacu. Vyongeye, nk’uko yabigiriye Yozefu Mweranda, Imana ishaka kutwerekeza ku migambi ikomeye kandi ihambaye.
Indoto, zafashije Yozefu mweranda ivyo atari n’ugushobora kwiyumvira. Iya mbere yahungabanije umugambi wiwe w’ukwubaka urwiwe, ariko imugira se w’Umukiza; iya kabiri imugira impunzi mu Misiri, mugabo ararokora ubuzima bw’Umuryango wiwe ; iya gatatu yamubwira guhunguka agaruka mu gihugu ciwe ; iya kane ica iramuhinduza aho yashaka kuba i Betlehemu, imurungika i Nazareti aho Yezu yatanguriye kwigisha Ubwami bw’Imana. Muri ayo mahindagu yose, ukugumiza umutima kw’ishaka ry’Imana vyamuhaye intsinzi. N’uko bitegerezwa kumera no mu muhamagaro wose : Ijwi ry’Imana rirasunika imisi yose risaba gusohoka, kwitanga, kugenda gushika kure. Nta kwemera kutagira ikigeragezo. Igikenewe, n’ukwiheba mu kwizigira inema y’Imana, maze imigambi yawe n’ivyawe vyose ukabishira ku ruhande kugira ngo ushobore kwishura Imana uti : « Ego ». « Ego » yose itanga ivyamwa kuko iba ifatanye n’umugambi w’Imana uhambaye uza uratwiyereka muri iki na kiriya buke buke.
Muri iyo ntumbero Yozefu Mweranda aratubera akarorero k’ukwakira imigambi y’Imana. We yakira akarangura ico yakiriye, ntiyigeze aja kubiri n’ishaka ry’Imana. Yari umuntu akomeye kandi w’ishaka . Arashobora gufasha uwo ari we wese, cane cane urwaruka rugitohoza umuhamagaro warwo bagategera indoto z’Imana kuri bo; akabosha gufata ingingo y’ukwishura Imana bati « Ego », ata bwoba, bigana we igihe cose vyamushikira giturumbuka ariko akabirangura.
Ijambo rya kabiri ryerekana amerekero ya Yozefu Mweranda be n’umuhamagaro wiwe, ni «Ugusukurira abandi». Inkuru nziza iratwereka ingene yabayeho kubw’abandi atari ku bwiwe. Igihugu c’Imana kimwita «Yozefu Muziranenge». Iryo zina ryerekana ubushobozi afise bw’ugukunda mu kwiheba we nyene ataco yiziganirije. Kugira ngo urwo rukundo rwiwe ntihagire ikindi kiruboha, yarihebeye ugukenurira abandi bimwe birangutse, ubwo butumwa buraheza burarondoka. Ubukenuzi bwiwe bwuzuye urukundo bwabereye imfashanyo inzaruka zose; ukwama agavye kwiwe kwamugize Umuvunyi w’Ekleziya yose. Kuberako yabaye akarorero mu guheba ubuzima bwiwe, Yosefu yabaye Umuhagarikizi w’abacikana, kuko arazi neza agaciro k’imperezwa y’ubuzima. Ukwitanga kwiwe be n’utwigoro yagira vyarashobotse kuko vyari bikomotse ku rukundo rwiwe rutagira imbibe. Na none, « Umuhamagaro nyakuri wose ukomoka ku kwiheba, ari naco camwa c’ubusuku bwa misi yose». Ukwo kwiheba mu butumwa nikwo gusabwa mw’ibanga ry’ubusaserdoti niry’ukwihebera Imana. Aho umuhamagaro w’ukwubaka, ukwigumira uri umusore canke umwigeme udashikira urugero nyarwo rwo kwivako, ukagarukira gusa ku ciyumviro c’ukwiheba, aho kukubera ikimenyetso c’ubwiza n’akanyamuneza k’urukundo ; ushobora guhinduka amagorwa, umubabaro n’ukwijirwa.
Ugusukurira abandi, n’insiguro ifadika y’ukwitanga ; Yozefu Mweranda we yari inama nziza y’ubuzima bwiwe bwa misi yose, ntivyaherera mu cipfuzo gusa. Yaragerageje kurondera no gutunganya uburaro bwo gufasha mw’ivuka rya Yezu ; aritanga agira urugendo gihutihuti kugira akingire umwana ishavu rya Herodi ahungira mu Misiri ; arabanguka mu gusubira i Yeruzalemu kurondera Yezu yari yazimiye ; yafashije umuryango yaragijwe mu gukora n’igihe nyene yari inyambukira. Muri make, ivyamushikiye bitandukanye, yabibayemwo n’inyifato y’umuntu atihebura na gato iyo ubuzima butariko bumera nk’uko avyipfuza : aguma ari wa wundi ariho kugira yitangire abandi. Ni muri uwo mutima Yozefu yakiriye ingendo nyinshi z’ubuzima kandi kenshi giturumbuka : ava i Nazareti aja i Yeruzalemu kwisansumisha, ava mu Misiri asubira i Nazareti, ku mwaka ku mwaka agenda i Yeruzalemu ; igihe cose akama agabiye guhangana n’ibimushikira bishasha ata kwidoga ku nkuririkizi yoshobora kuba, agakora kugira ibintu bitonde. Twoshobora kuvuga ko yari ikiganza c’Imana k’Umwana wayo ngaha kw’isi. Ni akarorero k’imihamagaro yose, ihamagariwe : « kuba ibiganza bifasha Data ku bahungu n’abakobwa biwe».
Ndakunda kwiyumvira Yozefu Mweranda umurinzi wa Yezu n’Ekleziya nk’umurinzi w’imihamagaro. Mu mwitwarariko wiwe wo gufasha vyamuviriyemwo igikorwa co kuba Umurinzi. « Avyuka ijoro, afata umwana na nyina, ahungira mu Misiri » (Raba Matayo 2,14). Inkuru nziza irerekana ububangutsi n’ukwitanga afitiye umuryango wiwe. Ntiyata umwanya yiyumvira ku bidashoboka kugira ntatakaze canke ngo yakwe uwo yashizwe mu biganza.
Uwo mwitwarariko wo kwumviriza be n’ugushaka, n’ikimenyetso c’ihamagarwa rirangutse. Ni intahe y’ubuzima bwakozweko n’urukundo rw’Imana. Mbega akarorero k’ubuzima rukristu duhereza igihe tudakurikira ivyiyumviro vy’ivyo duhahamiye, tukareka gukongatazwa n’imibabaro yacu, ariko tukitwararika kuzigama ico Imana yatujeje iciye kuri Ekleziya. Imana iraheza ikadushungururirako Mutima wayo akatwosha ivyo dukora, igaheza ikikorera ivyiza nko muri Yozefu mweranda.
Hanyuma kandi, ijwi ry’Imana, rirangura indoto nyamukuru zacu, n’inyishu yacu, birangukira mu kwitanga kwa buri mwanya be n’ukwumviriza.
Ijambo rya gatatu ryaranze ubuzima bwa Yozefu Mweranda ari naryo ryoranga umuhamagaro rukristu uwariwo wose, rikawuyobora imisi yose, ni ijambo «Ubutungane». Yozefu ni « Umuntu w’intungane » (Raba Matayo 1,19), kandi mu gacerere ko gukora, imisi yose yaguma yitura Imana, akakira ishaka ryayo. Mu gihe kigoye, yariyubara akaringaniza neza vyose, akazirikana, akiyumvira, ntiyahuruduka na gato, kandi ntiyakurikira inyosha mbi za kamere-muntu, ntiyari njanye n’abaja. Yari umuntu abush*tse atakoreshwa n’ibishobisho. Vyose yabikora mu bwitonzi. Yarategera neza ko ubuzima bwa muntu bwubakwa no gufata ingingo zihambaye. Ivyo vyaragaragaye mu bwitonzi yaranguranye umwuga wiwe wo kubaza (Raba Matayo13,55), ntiyabereye akarorero abantu ba kera gusa, ariko gushika n’ubu niwe karorero k’umuvyeyi wese, k’umukozi wese, k’umukristu wese. Atwigisha ko umuhamagaro wose n’ubuzima bwose, bitanga icamwa gikomotse ku buzigamabanga bwa misi yose. None ubwo buzigamabanga buvomerwa n’iki?
Buvoma umuco wabwo mu budahemuka bw’Imana. Amajambo ya mbere Yozefu Mweranda yabwiwe mu ndoto ziwe, yamutumirira kutagira ubwoba kubera ko Imana ari mudahemuka kw’isezerano yayo. Yamubwiye iti : « Yozefu mwene Daudi, ntutinye » (Raba Matayo 1,20).
Ntutinye : iryo niryo jambo Umukama akubwira wewe mubikira hamwe na wewe mufurera, igihe cose ubura ico ufata n’ico woreka, ukagira amakenga; iryo jambo riragukabura ukumva ko utoreka gutanga ubuzima bwawe. Niryo jambo aguma akwongorera, aho uri hose, na cane cane muri ca gihe udategerwa ariko ukihatira gukurikiza imisi yose ishaka ryiwe. Ni ijambo ryama rigaruka igihe cose, mu muhamagaro wawe, ugarutse kuri rwa rukundo rwawe rwa mbere. Niryo jambo rigaruka nk’icitabirizo, rigaherekeza uwo wese abwira Imana mu buzima bwiwe ya « ego » imeze nk’imwe ya Yozefu Mweranda, mu buzigamabanga bwa misi yose.
Ubwo buzigamabanga niko kabanga n’isoko ry’akanyamuneza. Mu rugo rw’i Nazareti, nkuko akaririmbo kamwe kabivuga, harangwamwo « akanyamuneza kamuje kandi keranda». Ako kanyamuneza kari aka misi yose kandi kari kuzuye ubwitonzi. Ni ka kanyamuneza kuzura uwamaze gufata ingingo yo kudahemukira Imana n’abagenzi. Ese ingene vyoba vyiza ako kanyamuneza keranda kandi kuzuye, akanyamuneza katarenza urugero kandi kuzuye ukwizigira, kosaga amaseminari yacu, kagasaga imiryango yose y’Abihebeyimana be n’amaparuwasi yacu yose! Ako kanyamuneza niko mbipfurije bafurera namwe babikira, mwebwe mwitanze mutiziganije mukagira
Imana indoto y’ubuzima bwanyu, ngo muyikorere muri benewanyu mujejwe. Na none muri ubwo buzigamabanga bwanyu, murabera akarorero keza isi ya none, ikunda guhitamwo ibitagira mvura, igatwarwa n’ibishobisho bishira umwanya ariko ntibitange akanyamuneza. Ese Yozefu Mweranda, we Muhagarikizi w’imihamagaro yose, yobaherekeza n’umutima wiwe kivyeyi.
Bigiriwe i Roma, ku cicaro citiriwe Yohani Mweranda w’i Laterano, igenekerezo rya 19 Ntwarante 2021
Ku musi mukuru wa Yozefu Mweranda
Papa Fransisko
Vyahinduwe mu kirundi n’Ibiro Ndemeshabutumwa bw’Ibikorwa vya Papa vyo kumenyesha Inkuru Nziza ya Yezu Kristu mu Burundi.