Eglise Eusebu au Burundi

Eglise Eusebu au Burundi We are all in our Church

29/06/2026

AKABUTO KA SINAPI

24/04/2026

Tubwire Abera mw'icunge aho muri hose:
Kand'amasumu agiye kwica benshi.
Umuyaga ugiye gusubira kuvuga, uzovunagura ibigatanya pe!

Mbega nawe woba wabwiwe kwitegurira igikorane kaminuza kizobera .,....muri commune Nyanza ?Erega kizoba kimeze nka kagah...
24/04/2026

Mbega nawe woba wabwiwe kwitegurira igikorane kaminuza kizobera .,....muri commune Nyanza ?

Erega kizoba kimeze nka kagahinyuza kabera i Karumeli!

19/04/2026

IGIKORANE - IGIKORANE
IGIKORANE C'AGAKURA MURI UKU KWEZI KUZA.
NI HARAMBE IJAMBO RYA YESU KRISTO !

23/03/2026

ISI N'UKU YUBATSE!

23/03/2026

INDIMBURO:

Kuva ingorane zaduka mw'ishengero ry'Ubumwe buva kuri Mpwemu Yera zibonekeje mu 2021.... hari ico woba umaze kuhigira?

1. Ivyavugishijwe (Ubuhanuzi)!
2. Ubutumwa bwoba bwaravuzwe ku bizoba!
3. Impfu z'abantu bapfa bakenyutse
4. Bamwe bahindutse abasazi
5. Abataye ulurongo twari tuzi ko bashikamye mu kuri....
6. Abaduga bamanuka n'ingabo zitwaje inkoho ubu baracafise ya manyama!
7. Mbe ijambo akabanga hari ico rikubwiye!

Erega abateje umudurumbanyo mu ntama za Yesu zitekaniye bariko bahanwa n'imiryango yabo turorera.

Enda ni bigarure basabe ikigongwe uwo bakwiye kugisaba......
Ni mwamubona agenda mw'ibarabara amenya ngira niho muzomenya ko Uhoraho ahana.

Erega na komanda wiwe yafashwe.... amakuru ariko acanacanako nawe asigaye agenda yitonganya!

Imyagazi y'intama yaterewe mu mvuto, yo iritekaniye. Isigaye ifise mu ntoke zayo nk'ah'inzoya.... Kandi Uhoraho yabakijije ingwara nka zose.

Ntawakoze mu jisho ry'Imana azobaho amahoro mur'ubu bugingo no mu buzoza.
Shalom

Ivyah16:1--14

23/03/2026

Ivyah16:10-11
Uwa gatanu asuka urwavya rwiwe ku ntebe y'ubgami ya ca gikoko. Ubgami bgaco bucura umwiza, uburibge butuma bahekenya indimi zabo, kand' uburibge bgabo n'ibisebe vyabo bituma barogota ku Mana Nyen' ijuru, kandi ntibihana ngo bareke ibikorwa vyabo.

Urupfu rw'umwana w'umuntu rushobora gutegurwa n'uwundi muntu. Ariko Imana yiwe ishobora kubiburizamwo naho yoshikanwa mu...
15/02/2026

Urupfu rw'umwana w'umuntu rushobora gutegurwa n'uwundi muntu. Ariko Imana yiwe ishobora kubiburizamwo naho yoshikanwa mu rwobo rw'intambwe canke mw'itanure ry'umuriro.

Uku niko vyaraye bihatswe kugenda ku bakozi bapfunzwe:
Basohoyemwo 3 amasaha y'umugoriba kugira baba konjige verube!

Uhoraho yarakinze....
Ubu barakomeye ni bazima....
Ariko uwabikoze ivyo, ubu yamaze kuba umusazi......

Mwubahe uwubarusha gusenga naho woba umurusha icubahiro n'agafaranga! Kuko agira ububasha ku Mana yiwe nayo inganza Impwemu n'umushaha vyawe.

Harambe Ubutumwa Bwiza bwa Yesu Kristo. Amen

15/02/2026

Zaburi: 124
2 Iyaba Uhoraho atari we yari mu ruhande rwacu,

Hamwe abantu badukurira hasi,

3 b Baba baratuyongobeje tukibona,

Hamwe uburake bgabo bgarurumba kuri twebge.

4 c Amazi aba yaraturengeye rwose,

Isuri iba yararenze ku bugingo bgacu,

5 Amazi asuriranya aba yararenze ku bugingo bgacu.

Ibi navyo abera b'i nyanza lake, baravyiboneye: ariko ubu barashima uko umutekano wabo wifashe!

Babonye rya jambo rigira riti:
Uwishira hejuru azocishwa bugufi.
None uwabirukako n'igipolisi n'inkoho n'urwaruka rwataye umurongo rwitirirwa imbonesi, Ubu yacitse umusazi bakibona, kandi ngo ntazopfa atabonye binjira urusengero biyubakiye!
Biranditswe.....

Address

Kayogoro
Bujumbura
2020

Telephone

+25761000000

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Eglise Eusebu au Burundi posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Shortcuts

Share