Jerusalem studio

Jerusalem studio Louange et adoration

𝐈𝐉𝐀𝐌𝐁𝐎 𝐑𝐘'𝐈𝐌𝐀𝐍𝐀Ku wa 29 Kigarama, Umusi mukuru w’Umuryango Mweranda wa Yezu,Mariya na Yozefu📖 IGISOMWA CA MBERE📜 Ivyo du...
28/12/2024

𝐈𝐉𝐀𝐌𝐁𝐎 𝐑𝐘'𝐈𝐌𝐀𝐍𝐀

Ku wa 29 Kigarama, Umusi mukuru w’Umuryango Mweranda wa Yezu,Mariya na Yozefu

📖 IGISOMWA CA MBERE

📜 Ivyo dusoma mu gitabu ca mbere ca Samuweli (1, 20-22. 24-28)

📑 Samuweli azoba uw’Umukama ubuzima bwiwe bwose.

Igihe kigeze, Ana arasama inda, araheza avyara umwana w’umuhungu, amwita Samuweli, kuko yavuga ati: «Namusavye Umukama.» Maze, umugabo wiwe Elikana araduga ari kumwe n’abo mu rugo rwiwe bose ngo ashikanire Umukama imbagwa y’uwo mwaka be n’ivyo yari yaramuraganiye. Ariko, Ana we ntiyadugayo, abarira umugabo wiwe ati: «Umwana niyamara gucuka niho nzoduga, ndamujane, yishikirize Umukama, aheze agumeyo imisi yose.» Amaze kumucutsa na ho, aramudugana, ajana n’ikimasa kimaze imyaka itatu, n’ingero imwe yitwa yefa y’ifu, be n’umubindi w’umuvinyu. Araheza amwinjiza mu Ngoro y’Umukama i Silo, umwana na we akaba umukorezi waho. Barabaga nya kimasa kandi bazanira Heli uwo mwana. Maze, Ana aravuga ati: «Nuzirikane, Muhanyi! Uko uri muzima, Muhanyi, jewe ndi wa mugore yari ahagaze iruhande yawe kandi yariko arasaba Umukama. Uyu mwana ni we nasaba kandi Umukama yampaye ico namusavye. Nanje rero, ndamuhebeye Umukama. Azoba uwihebeye Umukama mu buzima bwiwe bwose.» Baraheza barapfukamira Umukama aho nyene.

📖 IZABURI

📜 IZABURI 83 (84) 2-3, 5-6, 9-10

🎼 Icit. Hahiriwe abibera mu ngoro yawe, Mukama!

Ese ingene ingoro zawe zihimbaye, Mukama, Nyeningabo! Umushaha wanje warashashaye, ushaka gucikira inyubakwa z’Umukama.

Eka bane abibera mu ngoro yawe barahiriwe, bo bagushimagiza urudahengeshanya; hahiriwe abantu bakuzeyeko amagara, bahoza ku mutima kuza iwawe.

Ewe Mukama, Nyeningabo, ntega ugutwi, wumvirize igisabisho canje, se Mana ya Yakobo. Mana, Wewe nkinzo yacu, raba, itegereze uwo witoreye.

📖 IGISOMWA CA KABIRI

📜 Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere ry’Umutumwa Yohani (3, 1-2. 21-24)

📑 Twitwa abana b’Imana, n’ukuba bo turi bo.

Bakunzi banje, itegereze namwe urwo Data yadukunze, We yadutoye tukitwa abana b’Imana, mbere turi bo vy’ukuri. Ni co gituma isi itatuzi, kuko na we itamumenye. Bakunzi banje, kuva ubu turi abana b’Imana, nayo ico tuzoba ntikiramenyekana. Mugabo ico tuzi, ni uko muri ico gihe, aho Yezu azozira, tuzosa na we, kuko tuzomubona nkuko ari. Bakunzi banje, umutima wacu nutatwagiriza, turizerana umwidegemvyo imbere y’Imana, kandi ico dusaba cose turagihabwa na yo, kuko tuzigama amabwirizwa yayo, tugakora ibiyinezereza mu nyonga zayo. Kandi ng’iri ibwirizwa ryayo: ni uko twokwemera izina ry’umwana wayo Yezu Kristu kandi tugakundana nk’uko yabiduhayeko ibwirizwa. Uwuzigama amabwirizwa yayo aguma mu Mana, Imana na yo ikamugumamwo; kandi ikitumenyesha ko iguma muri twebwe ni wa Mutima yaduhaye.

📖 INKURU NZIZA

🎼 Aleluya, aleluya

Utwugururire umutima, Mukama, ngo twumvirize amajambo y’Umwana wawe.

🎼 Aleluya

📜 Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (2, 41-52)

📑 Abavyeyi ba Yezu bamusanga yicaye mu bigisha hagati.

Uko umwaka utashe, abavyeyi ba Yezu bahora baja i Yeruzalemu ku musi mukuru w’Ipasika. Aho Yezu amariye imyaka cumi n’ibiri, adugana n’abavyeyi biwe i Yeruzalemu nk’uko bama babigira ku musi mukuru w’Ipasika. Imisi y’Ipasika imaze guhera, barataha, umwana Yezu asigara i Yeruzalemu, na bo abavyeyi biwe batabizi. Bagira urugendo rw’umusi umwe bakeka ko ari kumwe n’abo bazananye, baraheza bamuronderera mu ncuti no mu bo bazinanyi. Ngo bamubure basubira i Yeruzalemu kumurondererayo. Bamaze gatatu, bamusanga mu Ngoro y’Imana yicaye mu bigisha hagati, abumviriza yongera ababaza. Abamwumva bose baratangazwa n’ubwenge bwiwe n’ivyo yabishura. Ngo bamurengukeko baratamarirwa. Nyina wiwe amubwira ati: «Mbega, mwana, watugize ibiki? Urabona aho twahereye tukurondera twe na so, turi mu maganya! Na we abishura ati: «Mwandonderera iki? Ntimwari muzi ko mbwirizwa kwama mu bikorwa vya Data?» Mugabo rero bo ntibategera iryo ababwiye. Araheza amanukana na bo, agenda i Nazareti, akama abagamburukira, Nyina wiwe na we akaguma azigama ayo majambo yose mu mutima wiwe. Yezu akurana ubwitonzi, igihagararo n’ubutore mu maso y’lmana n’ay’abantu.

*_Ijambo ry'Imana, indwi ya 4 ya Pasika, ku wa kabiri_**IGISOMWA CA MBERE*_Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa ...
22/04/2024

*_Ijambo ry'Imana, indwi ya 4 ya Pasika, ku wa kabiri_*

*IGISOMWA CA MBERE*

_Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa (11, 19-26)_

Muri irya misi, abari bahunze kubera amarushwa yatewe n’ivya Sitefano bari baciye mu Bufenisiya, mu Bushipure be n’i Antiyokiya, ata bandi bariko barigisha ijambo ry’Imana atari Abayuda bonyene. Ariko rero, bamwe muri bo b’Abanyashipure n’Abanyasireni bari baje i Antiyokiya bakaza barigisha Abagereki Inkuru nziza y’Umukama Yezu. Bitayeko, Umukama yari kumwe na bo kandi benshi muri bo baremera bakagirako bagahinduka bakemera Umukama. Biraheza bishikira Ekleziya y’i Yeruzalemu. Baca batuma Baranaba i Antiyokiya. Ngo ashike, abonye ivyo ubutore bw’Imana bwahakoze aranezerwa, arabahanura ngo bose bagumize umutima ku Mana. Kanatsinda, Baranaba yari umuntu mweranda, afise ukwemera kwinshi kandi ari kumwe na Mutima Mweranda. Abantu benshi baraheza begukira Umukama. Araheza aja i Tarsi kurondera Sawuli. Ngo bahwane amujana i Antiyokiya. Bamara umwaka wose bigisha abantu indiri. Kandi i Antiyokiya, ni ho izina «abakristu» ryatanguriye.

*IZABURI 86 (87) 1 -2-3, 4-5, 6-7*

_Icit.: Ntara zose, ni muninahaze Umukama. Canke: Aleluya._

Ese ingene Umukama agukunda, wewe wubatswe ku mirambi myeranda! Ewe Siyoni, urakundwakazwa kuruta izindi nyubakwa zose za Yakobo. Bakuvuga baguhaya, wewe gisagara c’Imana

«Jewe mparura Imisiri na Babiloni mu ntara zimaze kumenya.» Umuntu wese avuga ati: «Navukiye i Tiri canke mu Bufilisti canke muri Etiyopiya». Ariko, Siyoni yo umuntu wese ayibwira ati: «Uri Mawe, kuko umwe wese ari ho yavukiye.»

Uwo mw’ijuru arayigumizako ubwo bukuru; ariko akandika mu gitabu intara zose, ati: «Kanaka ni ho yavukiye.» Abaririmba n’abavyina bazovuga bati: «Amasôko yanje yose ari muri wewe.»

*INKURU NZIZA*

_*Aleluya.*_

_Umukama yavuze ati: «Intama zanje zirumviriza ijwi ryanje. Jeho ndazizi, na zo zikankurikira.»_

*_Aleluya._*

_Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (10, 22-30)_

*Ico gihe, i Yeruzalemu bahimbaza imisi mikuru y’uguhezagira isengero; hari mu rushana. Yezu aragendagenda mu gisengero, munsi y’ubwugamo bwa Salomo. Abayuda baramuhundarako rero, baramubwira bati: «Uzoduhagarika umutima kugeza ryari? Niwaba uri Kristu, bitubwire icese.» Yezu arababwira ati: «Narabibabwiye ntimwemera. Ibikorwa nkora kw’izina rya Data ni vyo binshingira ingingo; ariko ntimwemera kuko mutari abo mu ntama zanje. Intama zanje zirumviriza ijwi ryanje, kandi ndazizi vyongeye zirankurikira. Ndaziha ubuzima budahera, ntizizokwigera zipfa, bisubiye nta wuzozinkura mu minwe. Data yazimpaye aruta bose kandi nta wushobora kuzikura mu minwe ya Data. Jewe na Data turi umwe.»*

Ijambo ry'Imana, indwi ya 4 ya Pasika, ku wa mbereIGISOMWA CA MBEREIvyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa (11, 1-1...
22/04/2024

Ijambo ry'Imana, indwi ya 4 ya Pasika, ku wa mbere

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa (11, 1-18)

Muri irya misi, Abatumwa na benewabo bari mu Buyuda bari bumvise yuko n’abapagani nyene bemeye Ijambo ry’Imana. Petero aduze i Yeruzalemu, abari bavuye mu Bayuda bamugirira umwikomo bati: «Warinjiriye abapagani ugirako murasangira?» Niho rero Petero yabasigurira uko vyakurikiranye, avuga ati: «Nari mu gisagara c’i Yope ndiko ndasenga, hanyuma ndabonekerwa. Niho nabona ikintu gishusha n’umutamana, gihagatiwe mu mpande zine, kimanuka kiva mw’ijuru kiza kingana, kirateba kiranshikira. Ndacitegereza mbona ibikoko vy’imiryango yose, ibigenza amaguru ane, ibinyogomba n’inyoni zo mu kirere. Numva ijwi rimbarira riti: « Haguruka ufungure. » Nanje nti: « Oya, Muhanyi, sindigera mpumana. » Rya jwi rirasubira ubwa kabiri kuvugira mw’ijuru riti: « Ntuzokwigera uziririza ico Imana yazirukanije. » Iryo jwi ndaryumva gatatu kose. Hanyuma, ivyo nari nabonye vyose vyisubirira mw’ijuru. Buno nyene, abantu bantumweko bavuye i Sezareya baduturako amaguru. Mutima arahava arambwira kubaherekeza ntahigima. N’aba bagenzi batandatu mubona baramperekeje gushika kwa nyenukudutumira. Koroneriyo atubwira ingene Umumarayika yamubonekeye akamubarira gutuma i Yope kuri Simoni bita Petero, kugira ngo aze kumubwira icomukiza we n’abiwe bose. Ngo mbe ngitangura kuvuga, Mutima Mweranda abururukirako nk’uko yabitugiriye mu ntanguro. Nca nibuka ijambo ry’Umukama aho yavuga ati: “Yohani yabatirishije amazi, ariko mweho muzobatirizwa muri Mutima Mweranda.” None ko Imana yari yabahaye ingabirano nkatwe kuko bari bemeye Yezu Kristu, n’inda n’indesho nari guhaririza Imana!» Ngo bumve gutyo, basubiza hasi baninahaza Imana bati: «Yaragiriye n’abapagani imbabazi ngo bigaye babone gukira!»

IZABURI 41 (42) ; 42 (43) 2, 3 ; 3, 4

Icit.: Umutima wanje uranyotewe Imana nzima, nzogenda ryari kuyihweza imbonankubone? Canke: Aleluya.

Kumwe inyemera inyotewe yirukira isôko, ni ko umutima wanje uguhurumbira, Mana mfise.

Umutima wanje waranyotewe Imana, ari yo Mana nzima; mbega, nzogenda ryari kuyihweza imbonankubone?

Ndungikira umuco wawe n’ukuri kwawe, maze bindongōre, binjane ku murwa wawe mweranda, nshike no mu birimba vyawe.

Nzoheza nshike ku ruhimbi rw’Imana, kwa Mana nyene ari yo kanyamuneza kanje. Nzonezerwa, nkuninahaze, ngucurarangire, Mukama, Mana mfise.

*INKURU NZIZA*

*_Aleluya._*

_Umukama yavuze ati: «Jewe ndi wa Mwungere mwiza; ndazi intama zanje, na zo zikamenya.»_

*_Aleluya._*

_Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (10, 11-18)_

*Muri irya misi, Yezu yabariye Abayuda ati: «Jewe ndi wa Mwungere mwiza. Umwungere mwiza yigura intama ziwe. Umucangero atari umwungere kandi atari we nyenintama, abona impfyisi ije, akazita hano agahunga, na yo nya mfyisi ikazigwamwo, ikazishwiragiza. Ubwo rero ahunga kuko ari umucangero atababaye izo ntama. Jewe ndi wa Mwungere mwiza: ndazi intama zanje na zo nya ntama zikamenya, nk’uko Data anzi nanje nkamumenya. Kandi ndigura intama zanje. Ndafise n’izindi ntama zitari muri ubu busho, na zo nyene mbwirizwa kuzizana ngo zizokwumve ijwi ryanje kandi hazobe ubusho bumwe n’umwungere umwe. Ico Data ankundira ni uko ntanga ubuzima bwanje, nze nsubire kubwakira. Ntawubunyaka, ni jewe nyene ubwanje ndabutanga. Ndi n’ubukuru bwo kubutanga n’ubwo gusubira kubwakira; ni ryo teka naciriwe na Data.»*

18/07/2023
*_Indwi ya 14 yo mu mwaka : ku wa gatandatu (Années impaires)_**IGISOMWA CA MBERE*_Ivyo dusoma mu gitabu c’Amamuko (49, ...
14/07/2023

*_Indwi ya 14 yo mu mwaka : ku wa gatandatu (Années impaires)_*

*IGISOMWA CA MBERE*

_Ivyo dusoma mu gitabu c’Amamuko (49, 29-33 ; 50, 15-24)_

Muri irya misi, Yakobo yabwirije abahungu biwe ati: «Ubu, ngira mpamvye abacu. Muze mumpambe hamwe na data na sokuru muri rya senga ryo mw’itongo rya Efuroni Umuheti, riri mw’itongo ry’i Makipela aharabana n’i Mamure, mu gihugu c’i Kanahani; iryo tongo Aburahamu yariguriye Efuroni Umuheti ngo rimubere imva y’uguhambwamwo. Ni ho bahamvye Aburahamu n’umugore wiwe Sara; ni ho bahamvye Izahaki n’umugore wiwe Rebeka; ni ho bahamvye Leya. Iryo tongo n’isenga ririmwo vyaguzwe kwa bene Heti.» Yakobo arangije kwihanikiriza abana biwe, arikwega asubiza amaguru ku buriri, araheza aracikana, ahamvya abiwe. Benewabo na Yozefu babonye ko se yapfuye, baravugana bati: «Kumbure Yozefu azotwanka, adusubirize mu nkoko ibihwanye n’ibibi vyose twamukoreye.» Batuma kuri Yozefu bati: «Data atarapfa yaratubariye ati: Muze mubwire Yozefu muti: Turagusavye, girira ikigongwe benewanyu ku gicumuro no ku caha cabo, kuko bakugiriye nabi. Ubu rero, turabigusavye, n’uturekurire igicumuro abasavyi b’Imana ya so wawe bakoze!» Yozefu yumvise amajambo yabo, aca ararira. Maze, benewabo bariyizira bamukubitira ibipfukamiro, bati: «Turengutse imbere yawe nk’abasavyi bawe.» Yozefu na we arabishura ati: «Ntaco mutinya! Mbe, noshobora kwihora Imana? Ku bwanyu, mwari mwashatse kungirira nabi, ariko Imana yakuyemwo ivyiza, kugira ngo ivyo turimwo uyu musi bitahe: ugukiza abantu benshi, ntibapfe. None rero, reke gutinya: ni je nzobatunga, mwebwe n’abana banyu.» Ayo majambo yababwira atyo arabaremesha rwose. Uko ni ko Yozefu n’umuryango wa se wiwe bagumye mu Misiri; Yozefu na we amara imyaka ijana na cumi, yibonera abuzukuruza yahawe na Efurayimu; abana ba Makiri, mwene Manase, abahindura abana biwe, Yozefu ahengereye ari mu gupfa, abarira benewabo ati: «Ndi hafi yo gupfa, ariko Imana izobagendera ngo ibakure muri iki gihugu, ibajane muri ca gihugu yarahiye Aburahamu na Izahaki na Yakobo ko izobaha.»

*IZABURI 104 (105), 1-2, 3-4, 6-7*

_Icit.: Mwa barushwa murondera Imana, muzobona ubuzima!_

Nimushimire Umukama, mwambaze izina ryiwe, mumenyeshe mu ntara zindi ivyiza ntangere yabagiriye! Nimumuvyinire, mumucurarangire inanga, mutangarire ivyiza vy’agatangaza yagize.

Murate izina ryiwe ryeranda, imitima y’abarondera Imana inezerwe! Murondere Umukama n’ubukomezi bwiwe, ntimwigere mumukurako ijisho.

Yemwe ruvyaro rwa Aburahamu umusavyi wiwe, yemwe bana ba Yakobo Imana yatoye ikamutonesha, Umukama ni we Mana yacu, ingingo ziwe na zo zigenza isi yose.

*INKURU NZIZA*

*_Aleluya, aleluya._*

_Hahiriwe uwuzigama ijambo ry’Imana mu mutima mwiza n’umwete, agaheza akagira ico yimarira kuko ahozako._

*_Aleluya._*

_Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (10, 24-33)_

*Muri irya misi, Yezu yabariye abatumwa biwe Icumi na babiri, ati: «Umwigishwa ntaruta umwigisha, umusuku ntaruta shebuja; birabereye ko umwigishwa afatwa nk’umwigisha, umusuku agafatwa nka shebuja. Nibaba nyenurugo bamwise Belizebuli, abiwe bo bazobageza kure. None rero ntimuze mubatinye. Nta gihishijwe kitazosokororwa, nta canyegejwe kitazomenyekana. Ico ndababwiriye ahihishije, muragisemerera muhagaze ku masunzu y’inzu. Ntimwigere mutinya abica umubiri badashobora kwica umutima; muratinye nyabuna urya ashobora guta mu muriro udahera umutima n’umubiri wanyu. None utunuma tubiri ntitugurwa amakuta abiri n’isenge? Ariko rero, nta na kamwe muri two gapfa, So wanyu atabishatse. Mweho rero, muraruta isinzi ry’inuma. Uwuzokwemera wese imbere y’abantu ko ari uwanje, nanje nzomwemera mu maso ya Data ahangamye mw’ijuru; na we uwuzonyihakana wese imbere y’abantu, nanje nzomwihakana imbere ya Data wo mw’ijuru.»*

13/07/2023

Shimagizwa Bikira Mariya

Address

Avenue De L'amitié
Bujumbura

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Jerusalem studio posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Place Of Worship

Send a message to Jerusalem studio:

Share