YESU Ninyishu

YESU Ninyishu Évangélisation

02/05/2022

Yesu Ninyishu:Ijambo ry'Unomunsi.Matayo 6:33 Mwitwararike ivy'Ubwami bw'Imana nukugororoka kwayo ibindi muzovyongerwa.Mukundwa ,simvuze ngwivyawe ntuvyitwararike,ariko mubaze Mwitwararike ivya kristo,nawe azosh*tsa ivyawe.Kukw'Arakuzi.Muhezagirwe ,Yesu Ninyishu

01/05/2022

Yesu Ninyishu:Yobu 14:7-9 Kuko hariho ivyizigiro vy'Igiti,iyo giciwe ,yuko kizokwongera kunaga,kandi ibitontomya vyaco kobitazobura.Nahumuzi waco usazira mw'ivu,N'Igish*tsi caco kigahera mukuzimu,Ariko iyo cunvise amazi gica kinaga,kigashamika nk'Igiti kikiri gito.Mwene data,nturabe ivyo woba umaze gucamwo vyose,nturabe ama échec woba waragize murugendo rwawe ,ndagutangarije inkuru nziza,nvuga nti ntutinye ,haracariho ivyizigiro .Yesu Ninyishu

30/04/2022

2Timote2:8 Wame wibuka Yesu kristo,yazutse mu bapfuye,yakomotse muruvyaro rwa Dawidi,nk'uko ubutumwa nahawe buvuga:Ncuti yanje ,ntawundi wokwibuka ubwambere ,ataruyo yabambwe kumusaraba,agapfa ,akazuka kubwanje nawewe.Yesu Ninyishu kandi ni Muzima.Amen

29/04/2022

Yesu Ninyishu:Ijambo ry'Unomunsi.2Ngoma7:14 Maz'Abantu banje bitirigwa izina ryanje ni bicisha bugufi bagasenga barondera munyonga hanje,bagahindukira bakareka ingeso zabo mbi,nuko nanje nzokwunva ndimw'Ijuru ,mparire ivyaha vyabo ,nkize n'Igihugu cabo.Mwami,ndagusavye uhe umuntu wese yunvise iri jambo ,umutima wokwicisha bugufi imbere yawe.Umuharire ivyaha vyiwe ,wongere ukure izinaryiwe mugitabo curupfu,uryandike mugitabo c'Ubugingo .Amen,Yesu Ninyishu.

28/04/2022

Shalom,Shalom:Twagomba dusangire ijambo ryo kumunsi mukiganiro Yesu Ninyishu:2AB'IKORENTO4:17.Umutwe wamajambo uratubwira ngw'Amarushwa nayigihe gito.Kuko amarushwa yacu ahwahutse yakanya kanone yiyongeranije cane kudushikiriza ubwiza buremereye bw'Ibihe bidashira.Natwe ntituraba kubiboneka,ariko turaba kubitaboneka:Kuko ibiboneka arivyigihe gito,ariko ibitaboneka bikaba ivy'ibihe bidashira.Mugenzi,rondera Imana bigishoboka,nturabe ibi vyo mw'Isi ,ijambo ry'Imana riratubwira,ngwaha kw'Isi siwacu,Iwacu ni mw'Ijuru,raba kubitaboneka bizogushikana kubugingo budashira Amen.YESU NINYISHU muhezagirwe.

27/04/2022

Yesu Ashimwe Bavukanyi.Narinifuje, kudusangira Ijambo ry'Imana ryokuri uyumunsi Imana yanshize kumutima:Ivyakozwe N'Intumwa 9:3-5 Umutwe wamajambo uratubwira ngo: Yesu yiyerekera Sauli munzira ija i Damasiko.Maze arikwaragenda,agire ashike i Damasiko,haza umuco giturumbuka,uvuye mw'Ijuru,umukayanganira irya n'ino.Yikubita hasi,yunva ijwi rimubaza,riti Sauli,Sauli,umpigira iki?Aramubaza,at'Urinde ga Mwami?Nawe ati Nijewe Yesu,uwo urik'urahiga.Ijambo ry'Imana ririko rigusaba nguhinduke,uve muvyaha kugira uzoragwe ubw'Ami bw'Ijuru.Yesu yiyeretse Sauli ,nawewe niworosha Umutima ntiyoreka kukwiyereka.Yesu Ninyishu muhezagirwe.

26/04/2022

Ijambo ry'okumunsi:Yohana 5:5-9 Uwaragwariye ku kidengeri citwa Betesida.Harihumuntu yarafise indwara ayimaranye imyaka mirongo itatu numunani .Yesu amubonye aryamyeho,kandi amenye kwahamaze igihe kirekire,aramubaza ,ati wunva ugomba gukora?Uno arwaye aramwishura ,ati Mugenzi,ntamuntu mfise wokunyinikira mukidengeri iy'amazi azikurutse:Kuko ngira ngondaza uwundi akantanga gushungurukiramwo.Yesu aramubwira,ati Va hasi,ikorere ikirago cawe ,ugende.Bunonyene uwo muntu arakora,yikorera ikirago ciwe ,aragenda.Mukunzi wikiganiro Yesu Ninyishu.Ntacobitwaye imyaka umaranye ubugwara bwawe,ntacobitwaye imyaka umaranye ibibazo vyawe, izere Yesu gusa,urakira ,ibibazo birahera ,ahari imibabaro harasubira umunezero.YESU NINYISHU.Muhezagirwe

25/04/2022

Ijambo ry'umunsi:Esiteri 9:1 Nuko mukwezi kw'icumi nakabiri kwitwa Adari,kumunsi wakwo w'icumi nagatatu, ariwo munsi nyene icagezwe c'Umwami n'iteka ryiwe vyari bish*tse kuntaho ,ni womunsi abansi b'Abayuda baziga ko babahagarara ku gakanu:ariko birahinduka,Abayuda baba aribo babahagarara kugakanu abari babafitiye urwanko.Mwene data ,ntiwihebure muvyo woburiko uracamwo vyose,ihangane,ibintu umwanya n'umwanya birashobora guhinduka,iyatabaye Abayuda nawewe ntiyoreka kugutabara,wewe wizere gusa, Yesu Ninyishu.Muhezagirwe.

23/04/2022
23/04/2022

Ijambo ryo kumunsi:Yohana 14:1-6.Yesu ati:Ntimuhagarike imitima yanyu,mwizere Imana,nanje munyizere. Imuhira kwa Data har'amazu menshi,iy'aba atariho ,mba ndabibabwiye,kuko ngiye kubategurira ahanyu.Kandi kongiye kubategurira ahanyu,nzogaruka kubajana iwanje,ngwahondi namwe abe ariho muba.Kandi iyonja murazi inzira ijayo.Thomas aramubwira,ati Mugenzi,ntituzi iyuja,dushobora dute kumenya inzira?Yesu aramubwira,ati nijewe nzira n'ukuri n'ubugingo:ntawushika kuri Data ntamujanye.Mwene Data,izere Umwami Yesu nabo munzu yawe,murakira.Yesu Ninyishu kubamw'Izera Bose.Niwe yavuze ngo nimugume muri jewe,ngw'Amajambo yanje agume muri mwebwe, ngwahasigaye ico muzosaba cose muzogihabwa.Imana ibahezagire.

22/04/2022

Kwirikirana Ijambo ry'Imana kururu rubuga rwa Yesu Ninyishu iminsi yose muzohakura umugisha numuhezagiro,noguhinduka kubwo ubushobozi bw'Imana.

Address

Bujumbura

Telephone

+25779822960

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when YESU Ninyishu posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Share